Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ntukibagire Yehova

Ntukibagire Yehova

Ntukibagire Yehova

BAMWEBAMWE mu bari muri nya mugwi bari barigeze gukora ikintu gisa n’ico. Ariko kuri benshi muri bo, bwari bwo bwa mbere n’ubwa nyuma baca hagati mu ruzi batarinze kujoba. Yehova ni we yari ahejeje gutuma amazi y’Uruzi Yorodani yicamwo kubiri. Ico gihe, umurongo muremure w’Abisirayeli ibihumbi n’ibihumbi waraciye muri urwo ruzi werekeza mu Gihugu c’isezerano. Cokimwe na ba sekuruza babo, abari baraciye mu Kiyaga Gitukura, ico gihe hakaba hari haciye imyaka 40, benshi mu bariko barajabuka Yorodani bategerezwa kuba bariyumviriye bati: ‘Sinzokwigera nibagira ivyo Yehova akoreye ng’aha.’​—Yos. 3:13-17.

Yamara rero, Yehova yari azi ko Abisirayeli bamwebamwe ‘bokwibagiye n’ingoga ibikorwa vyiwe.’ (Zab. 106:13) Ni co gituma yaciye ategeka indongozi ya Isirayeli, ari we Yosuwa, gutora amabuye 12 ayakuye hagati muri urwo ruzi maze akayashira aho botanguriye gukambika. Yosuwa yasiguye ati: “Aya mabuye [“ategerezwa,” NW] kuba icibutso c’Abisirayeli.” (Yos. 4:1-8) Ico cibutso c’amabuye cokwibukije iryo hanga ibikorwa vy’ububasha Yehova yakoze kandi cobafashije kubona igituma bari bakwiye kuguma bamusukurira badahemuka.

None iyo nkuru yoba ifitiye akamaro abasavyi b’Imana bo muri iki gihe? Ego cane. Na twebwe ntidukwiye kwigera twibagira Yehova; dukwiye kubandanya tumusukurira tudahemuka. Izindi mburi iryo hanga rya Isirayeli ryaronse zirashobora kwerekezwa no ku basavyi ba Yehova bo muri iki gihe. Rimbura aya majambo Musa yavuze, ati: “Muze mwirinde, mwoye kwibagira Uhoraho Imana yanyu, mukareka kwitondera ivyagezwe vyiwe, n’amatēka yiwe ashinzwe, n’amabgirizwa yiwe.” (Gus. 8:11) Ayo majambo yerekana ko kwibagira Yehova bishobora gutuma umuntu amugambararira n’ibigirankana. No muri iki gihe, birashoboka ko umuntu agwa muri uwo mutego. Igihe intumwa Paulo yandikira abakirisu, yarabagabisha ku bijanye n’“ico citegererezo nyene c’ubugambarazi” Abisirayeli bagaragaje mu bugaragwa.​—Heb. 4:8-11.

Reka turimbure ibintu bimwebimwe vyashitse muri kahise ka Isirayeli bishobora kutwereka neza ko tudakwiye kwibagira Imana. N’ikindi kandi, ivyo twigira ku buzima Abisirayeli babiri b’intahemuka baciyemwo birashobora kudufasha gusukurira Yehova tubigiranye ukwihangana n’ugukenguruka.

Imvo zotuma twibuka Yehova

Mu myaka yose Abisirayeli bamaze mu Misiri, Yehova ntiyigeze abibagira. Yagumye “yibuka isezerano [ryiwe] yasezeraniye Aburahamu na Isaka na Yakobo.” (Kuv. 2:23, 24) Ikintu yaciye akora kugira ngo abakure mu buja barimwo, cari intibagirwa vy’ukuri.

Yehova yarateje Misiri ivyago icenda. Abanyamareba ba Farawo ntibashoboye guhagarika ivyo vyago. Naho vyari ukwo, Farawo yagumye asuzugura Yehova, aranka kurekura Abisirayeli. (Kuv. 7:14–10:29) Ariko rero, ingaruka z’icago kigira cumi zaragondoje uwo mutware w’umunyabwibone, araheza akora nk’uko Imana ishaka. (Kuv. 11:1-10; 12:12) Abagize iryo hanga rya Isirayeli be n’uruvange runini rw’abantu bajanye na bo, bose hamwe bakaba kumbure bashika ku 3.000.000, baravuye mu Misiri bayobowe na Musa. (Kuv. 12:37, 38) Batarashika kure, Farawo yaciye yihindukiza mw’ijambo. Yarategetse ingabo ziwe zigendera ku mikogote no ku mafarasi, igisirikare ciwe ico gihe kikaba ari co cari gikomeye kuruta ibindi vyose kw’isi, kugira ngo agarukane abo bantu bahora ari abaja biwe. Ico gihe, Yehova yaciye abwira Musa kujana Abisirayeli ahantu hatagira isaganirizo hari hagati y’Ikiyaga Gitukura be n’imisozi ihanamye hitwa Pihahiroti, ahasa n’aho batokuye agatwe.​—Kuv. 14:1-9.

Farawo we yabona ko Abisirayeli bariko baja mu mutego, kandi hari kabiri na rimwe izo ngabo ziwe zikabacakira. Ariko Yehova yaratumye Abanyamisiri baguma inyuma y’Abisirayeli mu gushira hagati yabo inkingi y’igicu be n’iy’umuriro. Imana yaciye icamwo kubiri ico Kiyaga Gitukura, ituma haboneka inzira yaca hagati y’ivyo twokwita ibihome bibiri vy’amazi, kimwekimwe kikaba kumbure careha n’imetero 15. Isirayeli yaciye itangura kujabuka ico kiyaga, ica ahumutse. Mu kanya isase, Abanyamisiri barashitse ku nkengera y’ico kiyaga maze bitegereza ingene Abisirayeli barenga hirya berekeza ku yindi nkengera.​—Kuv. 13:21; 14:10-22.

Iyo Farawo aza kuba umuntu yiyubara, ntiyari kuboma inyuma. N’ukwiyemera n’akantu, yarategetse abagendesha imikogote n’abarwanira ku mafarasi biwe kwinjira muri nya kiyaga. Abo Banyamisiri barabandanije kwinjira muri nya kiyaga. Ariko imbere y’uko bashikira Abisirayeli, vyaranse ko babandanya. Imikogote y’Abanyamisiri ntiyari ikiva aho iri kuko Yehova yaguma ayikurako amakurudumu yayo.​—Kuv. 14:23-25; 15:9.

Mu gihe Abanyamisiri bariko baragwa inzura n’imikogote yabo y’intambara, Abisirayeli bose bari bamaze kujabuka. Musa yaciye aramvurira ukuboko kwiwe hejuru y’Ikiyaga Gitukura, Yehova na we aca atuma vya bihome bihomvoka. Amazi menshi cane yaciye arundumukira kuri Farawo be n’ingabo ziwe, baramirwa. Nta n’umwe muri abo bansi yahakuye agatwe. Abisirayeli baza baronka umwidegemvyo!​—Kuv. 14:26-28; Zab. 136:13-15.

Amakuru yigana ico kintu cabaye yatumye amahanga yo mu micungararo yaho amara igihe kirekire atekewe n’ubwoba. (Kuv. 15:14-16) Haciye imyaka 40, Rahabu w’i Yeriko yarabwiye abagabo babiri b’Abisirayeli ati: “Mwaduciye ivutu, . . . kuko twumvise ingen’Uhoraho yakamije Ikiyaga Gitukura imbere yanyu, igihe mwava muri Egiputa.” (Yos. 2:9, 10) Urabona ko n’ayo mahanga y’abapagani atibagiye ukuntu Yehova yarokoye abasavyi biwe. Biragaragara rero ko Abisirayeli bari n’imvo nyinshi kuruta zotumye bamwibuka.

‘Abazigama nk’imbone y’ijisho ryiwe’

Inyuma y’aho Abisirayeli baciriye mu Kiyaga Gitukura, baciye binjira mu Bugaragwa bwa Sinayi, “ubugaragwa bunini buteye ubgoba.” Igihe bariko baca muri ico “gihugu kigataye kitagira amazi” kandi kikaba kitarimwo ibifungurwa iryo sinzi ry’abantu ryokwihereje, Yehova yarabitwararitse. Musa yabibukije ati: “Uhoraho yasanze [Isirayeli] mu gihugu c’ubugaragwa, mu bugaragwa bg’ubgeranyange, humvikanamw’ibihūrira; abakikiza irya n’ino, arababungabunga, abazigama nk’imbone y’ijisho.” (Gus. 8:15; 32:10) None Imana yabitwararitse gute?

Yehova yarabahaye ‘umutsima uvuye mw’ijuru,’ witwa mana, waboneka “hasi aho mu bugaragwa” ku gitangaro. (Kuv. 16:4, 14, 15, 35) Yehova kandi yaratumye amazi yisuka avuye “mu gitandara c’isare.” Kubera ko Imana yabahezagiye mu myaka 40 yose bamaze muri ubwo bugaragwa, impuzu zabo ntizabashiriyeko canke ibirenge vyabo ngo bivyimbe. (Gus. 8:4) None, Yehova yari akwiye kubitegako iki mu buryo bwumvikana? Musa yabwiye Abisirayeli ati: “Mwiyubare, mugire umwete wo kwirinda mu mitima, mwoye kwibagira ivyo amaso yiboneye, vyoye kuva mu mitima yanyu imisi yose muzoba mukiriho.” (Gus. 4:9) Iyo Abisirayeli baguma bibuka babigiranye ugukenguruka ibikorwa Yehova yakoze vyo kubarokora, bogumye nantaryo bamusukurira kandi bakihatira kugamburuka amategeko yiwe. None Abisirayeli bari gukora iki?

Kwibagira bishikana ku kudakenguruka

Musa yavuze ati: “Ca Gitandara mwavutseko ntimukicibuka: mwibagiye Imana yabavyaye.” (Gus. 32:18) Budakeye na kabiri, iryo hanga ryaribagiye ibikorwa Yehova yarikoreye ku Kiyaga Gitukura, intunganyo yashizeho kugira ngo ribandanye kubaho mu bugaragwa be n’ibindi vyiza vyose yarigiriye. Abisirayeli bahavuye baba abagarariji.

Igihe kimwe Abisirayeli bararyagaguye Musa bamuhora ngo babuze amazi. (Guh. 20:2-5) Ku vyerekeye ya mana na yo yari ibabeshejeho, bidoze bavuga bati: “Tubihiwe n’ibi vyokurya bitagira ikimazi.” (Guh. 21:5) Barakekeranije ku bijanye n’ukuntu Imana ibona ibintu bongera bararahira bararengwa ko Musa atari indongozi yabo, mu kuvuga bati: “Es’iyo tuba twaraguye mu gihugu ca Egiputa! Canke tukagwa mur’ubu bugaragwa! . . . Enda twitoranirize uwo kutugaba, twisubirire muri Egiputa.”​—Guh. 14:2-4.

Yehova yumvise amerewe gute igihe Abisirayeli bamugambararira? Igihe umwanditsi wa Zaburi yazirikana kuri ivyo bintu vyabaye, yanditse ati: “Erega ni kenshi bayigarariza mu bugaragwa, bayibabaririza mu karēre! Bakihindukiranya, bakagerageza Imana, bakaratsa Iyera y’Abisirayeli. Ntibibuka ukuboko kwayo, cank’umusi yabacunguyeko, ikabakiza umurwanizi. Kandi yuko yashize ibimenyetso vyayo muri Egiputa.” (Zab. 78:40-43) Emwe, ukwibagira kwa Isirayeli kwarababaje cane Yehova.

Abantu babiri batibagiye

Ariko rero, hari Abisirayeli batibagiye Yehova. Babiri muri abo ni Yosuwa na Kalebu. Bari muri ba batasi 12 barungikwa bari i Kadeshi-baruneya ngo baje gutata Igihugu c’isezerano. Cumi muri abo bazanye amakuru avuna umutima, ariko Yosuwa na Kalebu bo babwiye Abisirayeli bati: “Igihugu twanyuragiyemwo tugitata, n’igihugu ciza c’agahebuza. Uhoraho namba tumuhimbaye, azotujana mur’ico gihugu, akiduhe; kandi n’igihugu gitemba amata n’ubūki. Mugabo ntimugararize Uhoraho.” Igihe Abisirayeli bumva ayo majambo, baciye bavuga yuko Yosuwa na Kalebu bakwiye guterwa amabuye. Ariko abo bagabo babiri bagumye bashikamye bizigiye Yehova.​—Guh. 14:6-10.

Haciye igihe, Kalebu yabwiye Yosuwa ati: “Mose umusavyi w’Uhoraho yantum[ye], ngo mve i Kadeshi-baruneya nje gutata igihugu; ngarutse nkamubarira inkuru ntacishije i ruhande; ariko bagenzi banje twari twadūganye bakarandura abantu imitima: mugabo jeho nakurikiye Uhoraho Imana yanje muri vyose.” (Yos. 14:6-8) Kubera ko Kalebu na Yosuwa bari bizigiye Imana, barihanganiye ibintu bigoye bitandukanye. Bari biyemeje kuguma bibuka Yehova mu buzima bwabo bwose.

Vyongeye, Kalebu na Yosuwa baragaragaje ugukenguruka, baremera icese ko Yehova yari yarashikije umuhango wiwe wo kuronsa abasavyi biwe igihugu cimbuka. Emwe, Abisirayeli ni we bakesha uburaro n’uburamuko. Yosuwa yanditse ati: “Uhoraho yahaye Abisirayeli bose igihugu yasezeraniye ba sekuruza . . . Nta kintu na kimwe mu vyiza vyose Uhoraho yasezeraniye ab’inzu ya Isirayeli kitāshitse: ariko vyose vyarasohoye.” (Yos. 21:43, 45) Dushobora gute muri iki gihe kugaragaza ugukenguruka nk’ukwo Kalebu na Yosuwa bagaragaje?

Nube umuntu akenguruka

Hari umuntu atinya Imana yigeze kubaza ati: “Ivyiza Uhoraho yangiriye vyose [nzo]bimwishura iki?” (Zab. 116:12) Turavye ivyiza vyo mu buryo bw’umubiri Imana itugirira, ubuyobozi bwo mu vy’impwemu ituronsa be n’uburyo izokoresha kugira ngo iturokore, usanga tuyifitiye umwenda munini cane ku buryo tutokwigera tuwuriha naho twoguma tuyikengurukira gushika ibihe bidahera. Mu vy’ukuri, ntidushobora kwigera dusubiriza mu nkoko Yehova ivyo atugirira. Ariko umwe wese muri twebwe arashobora kugaragaza ko akenguruka.

Impanuro Yehova atanga zoba zaragufashije kwirinda ingorane? Ikigongwe ciwe coba caragufashije gusubira kugira ijwi ryo mu mutima ritakwagiriza ikibi? Nk’uko ivyiza biva kuri ivyo bintu Imana yakoze bimara igihe kirekire, ni ko n’ukumukengurukira kwawe gukwiye kumera. Akigeme kamwe k’imyaka 14 kitwa Sandra karigeze gushikirwa n’ingorane zikomeye mugabo karazitsinda kabifashijwemwo na Yehova. Kavuga gati: “Narasenga Yehova ndamusaba imfashanyo, kandi naratangajwe cane n’ukuntu atunganya ibintu. Ubu ndatahura igituma dawe yakunda kumbwira amajambo dusanga mu Migani 3:5, 6, ati: ‘Wizigize Yehova umutima wawe wose, kandi ntiwishimikize ubwenge bwawe. Niwamumenya mu ngendo zawe zose, na we azogorora inzira zawe.’ Ndazi neza ko Yehova azoguma amfasha nk’uko nyene yamye amfasha gushika n’ubu.”

Niwerekane ko uguma wibuka Yehova ubigiranye ukwihangana

Bibiliya irashimika ku yindi kamere ifitaniye isano n’ukwibuka Yehova, iti: “Ukwihangana nikunonosore igikorwa cakwo, kugira mube abanonosoye kandi mutagira agahonzi muri vyose, mudahajije mu kintu na kimwe.” (Yak. 1:4) Kuba ‘abanonosoye kandi batagira agahonzi muri vyose’ bisobanura iki? Bisobanura gutsimbataza kamere zizodufasha kunyinyana n’ibigeragezo bidushikira twizigiye Yehova kandi dufise umwiyemezo wo kuvyihanganira, aho gutana n’akabando. Mwene ukwo kwihangana gutuma tugira umunezero mwinshi igihe ivyagerageza ukwizera kwacu birangiye. Nkako, vyama bihera.​—1 Kor. 10:13.

Umusavyi wa Yehova umwe amaze igihe kirekire amusukurira, maze akaba yarashikiwe n’ingorane nyinshi zikomeye zijanye n’amagara yiwe arasigura icamufashije kwihangana ati: “Naza ndagerageza kwiyumvira ivyo Yehova ariko arakora, atari ivyo nipfuza ko yokora. Kutadohoka bisobanura kugumiza amaso yanje ku migambi y’Imana, atari ku vyipfuzo vyanje. Igihe nshikiwe n’ingorane, sinca mbaza ngo ‘Yehova, kubera iki ari jewe bishikiye?’ Ndabandanya kumusukurira no kumwihekako n’igihe nyene mba nshikiwe n’ikintu gitesha umutwe ntari niteze.”

Muri iki gihe abagize ishengero rya gikirisu basenga Yehova “mu mpwemu no mu kuri.” (Yoh. 4:23, 24) Abakirisu b’ukuri, uko bagize umugwi, ntibazokwigera bibagira Imana nk’uko vyashikiye rya hanga rya Isirayeli. Ariko, kuba turi mu bagize iryo shengero ubwavyo ntibica vyemeza ko umwumwe wese muri twebwe azoguma ari intadohoka. Nka kumwe kwa Kalebu na Yosuwa, umwe wese ategerezwa kugaragaza ugukenguruka n’ukwihangana mu murimo arangurira Yehova. Turafise imvo yumvikana yo kubigenza gutyo, kubera ko Yehova abandanya kutuyobora no kutwitwararika umwumwe ukwiwe muri iki gihe kigoye ca nyuma.

Nka kumwe kwa ca cibutso c’amabuye Yosuwa yubaka, inkuru zigana ibikorwa vy’ukurokora Imana yakoze biradukura amazinda ko atazoheba abasavyi biwe. Ku bw’ivyo rero, ese twokwumva tumerewe nk’uko umwanditsi wa Zaburi yumvise amerewe, uno akaba yanditse ati: “Nzovuga ibikorwa vy’Uhoraho, kuko nzokwibuka ibitangaza vyawe vya kera. Nzokwiyumvira ivyo wakoze vyose, nshire umutima ku bikomeye wakoze.”​—Zab. 77:11, 12.

[Ifoto ku rup. 7]

Ihanga ryose ryabwirizwa guca mu “gihugu kigataye”

[Credit line]

Pictorial Archive (Near Eastern History) Est.

[Ifoto ku rup. 8]

Igihe Abisirayeli bari bakambitse i Kadeshi-baruneya, ni ho harungikwa abaja gutata Igihugu c’isezerano

[Credit line]

Pictorial Archive (Near Eastern History) Est.

[Ifoto ku rup. 9]

Inyuma y’imyaka n’iyindi Abisirayeli bamaze mu bugaragwa, bari bakwiye gukenguruka ku bwa ca Gihugu c’isezerano cimbuka

[Credit line]

Pictorial Archive (Near Eastern History) Est.

[Ifoto ku rup. 10]

Kuguma twituniye ku migambi ya Yehova biradufasha kwihanganira ingorane izo ari zo zose zodushikira