Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Umumarayika wa Yehova ashagaje impande zose”

“Umumarayika wa Yehova ashagaje impande zose”

“Umumarayika wa Yehova ashagaje impande zose”

Nk’uko vyavuzwe na Christabel Connell

Twari twatwawe cane no kwishura ibibazo bishingiye kuri Bibiliya Christopher yari afise ku buryo tutigeze duca n’ikanda ko bwari bumaze kwiterera; canke ngo tumenye ko Christopher yaza aratereza akajisho mw’idirisha. Yahavuye atubwira ati: “Ubu murashobora kugenda ata nkomanzi.” Yaciye aduherekeza gushika aho twari twasize amakinga yacu maze aca aradusezera atwipfuriza ijoro ryiza. Ni ingeramizi iyihe ikomeye yari yabonye?

NAVUKIYE i Christabel Earl mu gisagara ca Sheffield mu Bwongereza mu 1927. Kubera ko inzu yacu yari yahitanywe n’amabombe mu gihe ca ya Ntambara ya kabiri y’isi yose, aho ndangirije amashure naciye ndungikwa kubana na nyokuru. Mw’ishure rimwe ry’ababikira nizemwo, naguma ndababaza igituma ubukozi bw’ikibi n’ubukazi vyiraye. Baba abo babikira canke abandi banyedini nabajije, nta n’umwe yashoboye kumpa inyishu imara akanyota.

Ya Ntambara ya kabiri y’isi yose irangiye, narigishijwe ivy’ubuforoma. Nahavuye nimukira i Londres gukorera mu bitaro vyaho vyitwa Paddington General Hospital, ariko muri ico gisagara, narahabonye ubukazi ntari bwabone. Aho musazanje anduta amariye gukura ikirenge agiye mu ntambara yo muri Koreya, narabonye abantu babiri bariko barwanira bunyamaswa hafi y’ibitaro. Nta n’umwe yatabaye uwaneshejwe, uno akaba yaciye ahuma kubera gukubitwa. Muri ico gihe, mawe yaramperekeje ku bapfumu kubaza ivy’ico kibazo, ariko n’ico gihe nyene sinatahuye igituma hari ubukozi bw’ikibi bwinshi gutyo.

Ndemeshwa kwiga Bibiliya

Umusi umwe, musazanje mukuru yitwa John, uno akaba yari amaze kuba Icabona ca Yehova, yaraje kuturamutsa. Yarambajije ati: “Woba uzi igituma ibi bibi vyose bishika?” Namwishuye nti: “Oya.” Yaciye azingurura Bibiliya yiwe maze asoma mu Vyahishuwe 12:7-12. Ico gihe, narashoboye kubona ko Shetani n’amadayimoni ari bo ahanini nkwezi z’ikibi kiri mw’isi. Kubera ko nashize ku mutima impanuro John yampaye, hadaciye na kabiri naremeye kugirirwa inyigisho ya Bibiliya. Yamara ico gihe, nararetse ugutinya abantu kurambuza kubatizwa.​—Imig. 29:25.

Mwene wacu, uwitwa Dorothy, na we nyene yari amaze kuba Icabona. Aho agarukiye avuye kw’ihwaniro mpuzamakungu ryari ryabereye i New York (mu 1953) ari kumwe n’uwo bari bareshanije yitwa Bill Roberts, narababwiye yuko nari maze kwiga Bibiliya. Bill yambajije ati: “Warasuzumye ivyanditswe vyose? Waraciye umurongo ku nyishu ziri mu gitabu?” Igihe navuga nti oya, yasubijeyo ati: “Nta co uriga rero! Nurondere umuvukanyikazi yahora akwigisha, maze wongere utangure.” Muri ico gihe, amadayimoni yaciye atangura kungirira nabi. Ndibuka ndiko nsaba Yehova ngo ankingire yongere ankureko akosho kayo.

Nkorera ubutsimvyi muri Ekose no muri Irilande

Nabatijwe ku wa 16 Nzero mu 1954, ndangiza kontara yanje y’ivy’ubuforoma muri Rusama, maze nca ntangura ubutsimvyi muri Ruheshi. Haciye amezi umunani, nararungitswe gukora ndi umutsimvyi adasanzwe i Grangemouth muri Ekose. Ndi aho muri Ekose, nariboneye yuko abamarayika ba Yehova bari “[b]ashagaje impande zose” igihe naba ndiko nkorera muri ako karere ka kure.​—Zab. 34:7.

Mu 1956, narasabwe kuja gusukurira muri Irilande. Jewe n’abandi babiri twashinzwe gukorera mu gisagara ca Galway. Umusi wa mbere nyene nja mu busuku, nadodoye ku nzu yabamwo umupatiri. Haciye iminuta nk’ingahe, haraje umupolisi maze aca aramfata n’uwo twari kumwe atujana ku bapolisi. Aho nya mupolisi amenyeye uko twitwa be n’aho tuba, yaciye ubwo nyene asimbira kw’itelefone. Twumvise avuga ati: “Ego, Pati, ndazi neza na neza aho baba.” Yari yahamagawe n’uwo mupatiri! Nyene inzu twabamwo yarahatiwe kutwirukana, maze ibiro vy’ishami bica bidusaba ko tuva muri ako karere. Twashitse ku gituro c’igariyamoshi tumaze gucerwa iminuta cumi. Mugabo igariyamoshi ntiyari bwahaguruke, kandi hari umugabo yari ahagaze ng’aho kugira ngo yiyemeze neza ko tuyinjiramwo. Hari haciye gusa amayinga atatu turi i Galway!

Twaciye turungikwa i Limerick, ico kikaba cari ikindi gisagara idini rya gatolika ryari ryarifatiye mu minwe. Akenshi isinzi ry’abantu ryaradushinyagurira. Benshi baratinya kutwugururira. Umwaka umwe imbere y’aho, hari umuvukanyi yakubiswe arashaya mu gasagara kabanyi kitwa Cloonlara. Twarahimbawe cane no kubonana na Christopher, umwe navuga mu ntango, uno akaba yari yadusavye kugaruka kugira ngo twishure ibibazo bishingiye kuri Bibiliya yari afise. Igihe twari twamugendeye, umupatiri yarinjiye maze asaba Christopher kutwirukana. Na we yaciye abwira nya mupatiri amuhangaye ati: “Aba bakenyezi baje mu nzu yanje batumiwe kandi badodoye imbere yo kwinjira. Wewe ntiwari watumiwe, no kudodora ntiwadodoye.” Wa mupatiri yaciye agenda ishavu riniga.

Ntitwamenye ko uwo mupatiri yari yakoranije umugwi munini w’abantu bari baturindiriye hanze. Christopher amaze kumenya ko nya bantu bari bashangashiwe, yaciye akora bimwe navuga mu ntango. Yatugumije mu nzu iwe gushika bagiye. Twahavuye tumenya ko we hamwe n’umuryango wiwe baciye bategekwa kuva muri ako karere ubutarariye, maze bimukira mu Bwongereza.

Ntumirwa i Gileyadi

Igihe naronka ubutumire bwo kwitaba Ishure ry’i Gileyadi mu mugwi waryo ugira 33, nari maze gutegekanya kwitaba Ihwaniro mpuzamakungu ryataziriwe ngo “Ivyo Imana igomba,” rino rikaba ryabereye i New York mu 1958. Aho guca nsubira muri Irilande iryo hwaniro rirangiye, naciye nja gukorera i Collingwood, i Ontario muri Canada, ngumayo gushika aho Ishure ry’i Gileyadi ritanguriye mu 1959. Ariko rero mu kiringo c’ihwaniro, naramenyanye na Eric Connell. Yari yamenye ukuri mu 1957 kandi yari yatanguye ubutsimvyi mu 1958. Iryo hwaniro riheze, mu kiringo cose namaze ndi muri Canada be no mu vyigwa vy’i Gileyadi, nta musi wijana atanyandikiye. Nari nshashaye kumenya uko vyotugendeye nsohotse iryo shure.

Kwitaba Ishure ry’i Gileyadi, cari ikintu gihambaye cabaye mu buzima bwanje. Dorothy n’umunega wiwe bari muri iryo shure nyene. Barungitswe gukorera muri Porotigali, nanje ntari ndavyiteze ndungikwa muri Irilande. Ese ukuntu numvise mvunitse umutima kuko ntari ndungitswe hamwe na mwene wacu! Narabajije umwe mu batwigisha niba hari ikintu kibi nari nakoze. Yanyishuye ati: “Habe namba, wewe n’uwo muzokorana, Eileen Mahoney, mwaremeye kuja aho ari ho hose kw’isi,” kandi nta gukeka ko aho harimwo na Irilande.

Nsubira muri Irilande

Nasubiye muri Irilande muri Myandagaro 1959 kandi nari nagenywe gukorana n’ishengero ry’i Dun Laoghaire. Muri ico gihe, Eric yari yarasubiye mu Bwongereza, kandi yarahimbawe cane n’uko ntari kure yiwe. Na we nyene yaripfuza kuba umumisiyonari. Yaciye yiyumvira kuja gukorera ubutsimvyi muri Irilande kubera yuko ico gihe vyari bigikenewe ko harungikwayo abamisiyonari. Yarimukiye i Dun Laoghaire, maze dushinga urwacu mu 1961.

Inyuma y’amezi atandatu, Eric yaragize isanganya rikomeye n’ipikipiki. Umutwe warahatswe kujanjagurika, kandi abaganga ntibari bizigiye ko boshoboye kurokora ubuzima bwiwe. Inyuma y’amayinga atatu yamaze mu bitaro, naramaze amezi atanu ndamufashiriza i muhira gushika akize. Narabandanije uko nshoboye kwose ubusuku narangura.

Mu 1965, twararungitswe gukorera mw’ishengero ryarimwo abamamaji umunani i Sligo, ikivuko kiri ku nkengera yo mu Buraruko bushira Uburengero. Haciye imyaka itatu, twararungitswe gukorera mu rindi shengero ritoyi i Londonderry, kure cane mu Buraruko. Umusi umwe tuvuye mu busuku, twasanze ibarabara ry’aho twaba rirunzemwo mwene vya bitsinga bihanda. Ya midurumbanyo yo mu Buraruko bwa Irilande yari imaze gutangura. Imigwi y’imiyabaga yaraturira imiduga. Igisagara cari kimaze kugaburwamwo ibice bibiri, hamwe abaporotisanti ahandi abagatolika. Muri ico gisagara, kuva mu gice kimwe uja mu kindi kwari nk’ukwiroha.

Kubaho no kwamamaza mu midurumbanyo

Ariko rero, ubusuku twarangura bwatuma dushika hose. N’ico gihe nyene twariboneye ko ari nk’aho abamarayika bari badushagaje iruhande. Igihe twasanga turi mu karere kadutsemwo imigumuko, twaca ubwo nyene tukavamwo, maze tukagasubiramwo ari uko nya migumuko ihoshorotse. Igihe haduka imigumuko hafi y’inzu twabamwo, twaje twumva ibisigarira vy’ibintu vyari vyahiye vyikubita kw’idirisha ryacu bivuye mu mangazini y’irangi yari mu micungararo yaho. Twagumye turi maso kubera ko twibaza ko inyubakwa twabamwo yari gusha. Tumaze kwimukira i Belfast mu 1970, twahavuye tumenya ko ku bwa ngingo ikibombe gikozwe mu gitoro ari co cari caraturikiye muri ya mangazini kandi ko mu nyuma na ya nyubakwa twabamwo na yo nyene yahavuye isha.

Ikindi gihe, jewe n’umuvukanyikazi umwe twari mu busuku maze tuza tubona kw’idirisha akantu kameze nk’akaringoti karekare gateye amakenga. Twaciye twibandaniriza. Haciye iminuta nk’ingahe, ka kantu karaturitse. Abantu bo muri ako karere, abaciye bahaseruka, bibajije ko ari twebwe twari twateze iyo bombe yari ikozwe mu kantu kameze nk’akaringoti! Ubwo nyene umuvukanyikazi yaba muri ako karere yaradutumiye iwe. Ico kintu uwo muvukanyikazi yakoze caratumye ababanyi biwe bemera ko atari twebwe twari twateze iyo bombe.

Mu 1971, twarasubiye i Londonderry tugiye kuramutsa umuvukanyikazi umwe. Igihe twamwiganira urugendo twari twagize be n’ibariyeri twarenganye, yaciye atubaza ati: “Nta n’umwe yari kuri iyo bariyeri?” Aho tumubwiriye ko bari bahari, ariko yuko umenga ntibatubona, yaratangaye cane. Uti kubera iki? Kubera ko mu misi y’imbere y’aho hari umuganga n’umupolisi, imiduga yabo yanyurujwe yongera iraturirwa.

Mu 1972 twarimukiye i Cork. Haciye igihe, twarakoreye i Naas, mu nyuma na ho dukorera i Arklow. Amaherezo mu 1987, twararungitswe gukorera i Castlebar, aho hakaba ari ho turi muri iki gihe. Aho i Castlebar, twaratewe agateka kadasanzwe ko gufasha kwubaka Ingoro y’Ubwami. Mu 1999, Eric yararwaye cane. Yamara, mfashijwe na Yehova kandi nshigikiwe mu buryo buranga urukundo n’abagize ishengero, narashoboye kandi kuvyihanganira nongera ndamwitwararika maze aratora mitende.

Jewe na Eric twaritavye ubugira kabiri Ishure ry’abatsimvyi. N’ubu aracasukura ari umukurambere. Ndarembejwe na ya ndwara yitwa arthrite ikaze kandi amagufa yo mu mafyinga n’ayo mu mavi yarasubirijwe. Naho narwanijwe bimwe bikaze n’abanyamadini nkongera ngaca mu bihe birimwo imidurumbanyo ikomeye yo mu vya politike no mu vy’imibano, ingorane imwe ihambaye kuruta izindi zose nagize ni iy’uko ubu ntagitwara umuduga. Ico cambereye ikigeragezo kubera yuko catumye ntaba ngishoboye kuja aho nipfuza hose. Ishengero ryaramfashije cane, riranshigikira bimwe bikomeye. Ubu nsigaye ngendera ku kibando, kandi iyo ngiye kure na ho ngira kw’ikinga ry’ibimuga rikoreshwa n’ibateri.

Jewe na Eric tumaze imyaka irenga 100 turi abatsimvyi badasanzwe, 98 muri iyo tukaba tuyimaze hano muri Irilande. Kwiyumvira ko twohagarika uwo murimo ngo ni uko dushaje, biri kure nk’ukwezi. Ivyo vyose ntitwabishitseko ku bw’ibitangaro, ariko turemera yuko abamarayika ba Yehova b’inkomezi “[ba]shagaje impande zose” z’abamutinya kandi bamukorera badahemuka.