Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ushobora gute kwihangana mu busuku?

Ushobora gute kwihangana mu busuku?

Ushobora gute kwihangana mu busuku?

VYOBA birashika ukumva wasanzaye cane ku buryo wumva ko wohagarika kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza? Ukurwanywa gukaze, ukwiganyira, amagara make, akosho k’urunganwe canke kuba ivyo dukora ata kintu kiboneka bivamwo, vyoshobora kugerageza ukwihangana kwacu. Ariko rero, nuzirikane ku karorero ka Yezu. Yarihanganiye ikigeragezo gikaze kuruta ibindi vyose “ku bw’akanyamuneza yashizwe imbere.” (Heb. 12:2) Yari azi yuko yariko aranezereza umutima wa Yehova, mu kwerekana ko ibirego Imana yarezwe bitagira ishingiro na gato.​—Imig. 27:11.

Na wewe nyene, wihanganye mu busuku urashobora gutuma umutima wa Yehova unezerwa. Ariko none, vyogenda gute nka hamwe hoba hariho intambamyi zisa n’iziriko ziratuma utakaza inkomezi zo mu vy’impwemu? Uwitwa Krystyna, uno akaba ageze mu za bukuru kandi akaba afise amagara make, yiyemerera ati: “Ndakunze kwumva ndushe kandi ndundumiwe. Ingorane mfise zituruka ku busaza, nko kugira amagara make be n’imyitwarariko yerekeye ubuzima bwa misi yose, zirashobora gutuma mara igihe umwete mfise wagabanutse.” None ushobora gute kwumira kw’ibanga mu busuku, naho woba uhura n’intambamyi mwene izo?

Niwigane abahanuzi

Kugira ngo abamamaji b’Ubwami b’abizigirwa bumire kw’ibanga mu gikorwa co kwamamaza, bakwiye kwihatira kubona ibintu nk’uko abahanuzi ba kera babibona. Fata nk’akarorero ibijanye na Yeremiya. Igihe yahamagarwa ngo asukure ari umuhanuzi, yabanje kugonanwa. Ariko rero, Yeremiya yarashoboye kumara imyaka irenga 40 yihanganye mu gikorwa kitoroshe yaranguye, kubera yize kwizigira Imana bimwe vyuzuye.​—Yer. 1:6; 20:7-11.

Uwitwa Henryk arakura indemesho ku karorero ka Yeremiya. Avuga ati: “Mu kiringo c’imyaka irenga 70 maze mu busuku, rimwe na rimwe vyarashika ngacika intege kubera ukuntu abantu bakira ubutumwa, ni ukuvuga ukuntu baburwanya canke ukuntu batabinerwa. Mu bihe nk’ivyo, nca nibuka akarorero ka Yeremiya. Urukundo yakunda Yehova be n’ukuntu yari akomeye cane mu vy’impwemu vyaramufashije kubandanya avuga ubuhanuzi.” (Yer. 1:17) Uwitwa Rafał na we nyene yarakomejwe n’akarorero ka Yeremiya. Avuga ati: “Aho kwitwararika cane ibimwerekeye canke inyiyumvo ziwe, Yeremiya yihetse ku Mana. Yarumiye kw’ibanga ata bwoba naho abantu benshi bamurwanya. Ndagerageza kugumiza ico kintu ku muzirikanyi.”

Uwundi muhanuzi yatanze akarorero gafasha benshi kwihangana mu busuku, ni Yesaya. Imana yamubwiye yuko abantu bo mu gihugu iwabo batomwumvirije. Yehova yavuze ati: “Wame ukomantaza umutima w’ubgo bgoko, uhindure amatwi yabo bihurugutwi.” None Yesaya yoba yabwirizwa kuruhira ubusa? Ukwo si ko Imana yabibona na gato! Igihe yahabwa igikorwa co kuba umuhanuzi, yaciye avuga ati: “Ndi hano, ba ari jewe utuma.” (Yes. 6:8-10) Yesaya yarumiye ku gikorwa yari yashinzwe. Ukwo kwoba ari ko ushira mu ngiro itegeko ryo kwamamaza?

Kugira ngo dushobore kwumira kw’ibanga mu busuku nk’uko Yesaya yabigize, naho abatwumviriza boba batabinerwa, turakeneye kwirinda ivyo kuguma twiyumvira ibijanye n’ibihe usanga abantu batakira neza ubutumwa tubashikiriza. Rafał aratsinda ugucika intege muri ubwo buryo. Avuga ati: “Ndagerageza kutagumiza umutima ku majambo abantu bavuga adahumuriza. Abantu bo mu cibare canje barafise uburenganzira bwo kwakira inkuru nziza uko bashaka kwose.” Uwitwa Anna yongerako ati: “Sindeka ngo mare umwanya munini niyumvira ikintu ico ari co cose kidashimishije canke gica intege. Ikimfasha kubigenza gutyo ni isengesho be n’ukurimbura icanditswe c’umusi imbere y’uko nsohoka mu busuku bwo mu ndimiro. Ivyiyumviro bibi ivyo ari vyo vyose bica bikamangana bidatevye.”

Umuhanuzi Ezekiyeli yaranguriye igikorwa ciwe mu Bayuda b’intagondwa bari batwawe ari inyagano i Babiloni. (Ezk. 2:6) Iyo uwo muhanuzi areka kubwira abantu amajambo y’Imana, kandi iyo hagira umuntu n’umwe apfa atumvise imburi, Ezekiyeli ubwiwe yari kubibazwa. Yehova yabwiye Ezekiyeli ati: “Amaraso yiwe nzoyakuronderako.”​—Ezk. 3:17, 18.

Henryk aragerageza kubona ibintu nk’uko Ezekiyeli yabibona. Avuga ati: “Sinshaka kwagirwa n’amaraso y’umuntu n’umwe. Ubuzima bw’agaciro bw’abantu burabangamiwe.” (Ibik. 20:26, 27) Uwitwa Zbigniew abona ibintu muri ubwo buryo nyene. Avuga ati: “Ezekiyeli yategerezwa kubandanya igikorwa yarangura ataravye ivyo abandi biyumvira. Ico kintu kiramfasha kubona igikorwa co kwamamaza nk’uko Umuremyi akibona.”

Nturi wenyene

Ntuba uri wenyene igihe urangura igikorwa co kwamamaza. Nka kumwe kw’intumwa Paulo, turashobora kuvuga duti: “Turi abakozi bakorana n’Imana.” (1 Kor. 3:9) Krystyna, uwiyemerera yuko bihora bishika akumva adundumiwe, avuga ati: “Ico ni co gituma nguma ntakambira Yehova ngo andonse inkomezi. Ntiyigera anyirengagiza na rimwe.” Ego cane, turakeneye impwemu y’Imana kugira ngo idushigikire mu busuku turangura.​—Zek. 4:6.

Igihe tugira uruhara mu busuku bwo mu ndimiro, impwemu nyeranda iradufasha kandi kugaragaza kamere zigize “ivyamwa vy’impwemu.” (Gal. 5:22, 23) Ivyo biraheza bikadufasha kwumira kw’ibanga mu gikorwa co kwamamaza naho ibintu vyogenda gute. Henryk avuga ati: “Kugira uruhara mu busuku bwo mu ndimiro biramfasha kuryohora kamere zanje. Ndiga kuba umuntu yihangana kandi yitwararikana, be no kutihutira gutana n’akabando.” Kwihangana mu busuku naho woba uhura n’intambamyi zitandukanye, birashobora kugufasha mbere kurushiriza gutsimbataza ivyamwa vy’impwemu.

Mu kuyobora ico gikorwa kidasanzwe, Yehova akoresha abamarayika biwe. (Ivyah. 14:6) Bibiliya ivuga yuko hari ibiremwa mwene ivyo vy’impwemu “ibihumbi mirongo vy’ibihumbi mirongo n’ibihumbi vy’ibihumbi.” (Ivyah. 5:11) Abo bamarayika, barongowe na Yezu, barashigikira abasavyi b’Imana bo kw’isi. Woba ugumiza ku muzirikanyi ico kintu igihe cose uba uri mu murimo?

Anna avuga ati: “Kuzirikana ku vy’uko abamarayika baba bari kumwe natwe mu busuku ni isôko ry’indemesho kuri jewe. Ndaha agaciro imfashanyo batanga bahagarikiwe na Yehova be na Yezu.” Ese ingene ari agateka kuba dushobora gukorana n’abo bamarayika b’abizigirwa!

Tuvuge iki ku bijanye n’abamamaji b’Ubwami bagenzi bacu? Twarahezagiwe kuba twaramenyanye n’isinzi rinini ry’Ivyabona b’abizigirwa. Nta gukeka ko umaze kwibonera yuko uwu mugani wo muri Bibiliya uvuga ukuri. Ugira uti: “Ukw icuma gikarisha ikindi, ni k’umuntu akarisha mugenzi we.”​—Imig. 27:17.

Gukorana n’abandi mu busuku biraturonsa akaryo keza igitangaza ko kubona uburyo ngirakamaro bwo kwamamaza bwoshobora kuba ari bushasha kuri twebwe. Uwitwa Elżbieta avuga ati: “Gukorana n’abamamaji batandukanye birandonsa uturyo two kugaragariza urukundo, baba abo dusangiye ukwemera canke abantu duhura.” Nugerageze gukorana mu busuku n’abamamaji batandukanye. Ivyo bizotuma ubusuku urangura buba ubushimishije.

Niwitwararike neza ibikwerekeye

Kugira ngo tugumane urweze mu busuku, dutegerezwa gutunganya ibintu neza, tukagira utumenyero twiza two kwiyigisha, tukongera tukaruhuka bihagije. Mu yandi majambo, dutegerezwa kwitwararika ivyo dukeneye haba mu vy’impwemu canke mu vy’umubiri.

Bibiliya ivuga iti: “Ivyiyumviro vy’umunyamwete bizana ubukenuke gusa.” (Imig. 21:5) Uwitwa Zygmunt, uno ubu akaba afise imyaka 88, avuga ati: “Kugira urutonde rwiza mu murimo biramfasha kugira ivyo nshitseko. Ndatunganya ibijanye n’umwanya wanje ndavyitondeye kugira ngo ndonke umwanya uhagije wo gushinga intahe.”

Kugira ubumenyi bwimbitse bw’Ivyanditswe biradukomeza bikongera bikaturonsa ibikenewe vyose ku bw’ubusuku. Nka kurya nyene dukeneye kwihereza ibifungurwa vy’umubiri kugira ngo tubandanye kubaho, dutegerezwa kwihereza tudahorereza ibifungurwa vy’impwemu kugira ngo tubandanye kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza. Kwihereza Ijambo ry’Imana ku musi ku musi be no kwihereza “ibifungurwa . . . ku gihe kibereye” birashobora kudukomeza kugira ngo turangure ubusuku.​—Mat. 24:45-47.

Elżbieta yaragize ibintu bikomeye ahinduye mu buryo yari abayeho kugira ngo aryohore ubusuku arangura. Avuga ati: “Naragabanije bimwe biboneka umwanya namara ndiko ndarorera televiziyo kugira ngo ndonke umwanya wiyongereye wo kwitegurira ubusuku. Iyo ndiko ndasoma Bibiliya buri mugoroba, ndazirikana ku bijanye n’abantu duhura mu cibare. Ndarondera ivyanditswe be n’ibiganiro vyoshobora kubafasha.”

Kuruhuka mu buryo bubereye bizogufasha kugira ngo inkomezi zawe ntizigabanuke kandi bizogushoboza kugira uruhara mu busuku bimwe vyuzuye. Yamara rero, kwiruhura birengeje urugero birashobora kugira ingaruka mbi ku gikorwa urangura. Uwitwa Andrzej, uno akaba ari umwamamaji w’umwete, avuga ati: “Igihe umuntu ataruhuka bimushikana ku kwumva arushe cane, kandi haba ari gato bikamushikana ku gucika intege. Ndakora ivyo nshoboye vyose kugira ngo nirinde ico kintu.”​—Umus. 4:6.

Naho tugira utwigoro dukomeye, hari ukuntu usanga abaha agaciro inkuru nziza bari ku rushi. Ariko rero, Yehova ntazokwigera yibagira igikorwa turangura. (Heb. 6:10) Naho benshi badashima kuvugana natwe, tumaze kuva ku mihana yabo boshobora gusigara baravuga ibijanye n’ukuba twabagendeye. Ibivamwo birashobora mu buryo bunaka kuba nk’ivyo dusoma ku bijanye na Ezekiyeli, aho dusoma duti: “[Abantu] bazomenya yuk’ūvugishwa n’Imana yabaye muri bo.” (Ezk. 2:5) Mu vy’ukuri, ubusuku turangura ntibworoshe, mugabo turabwungukirako bimwe biboneka kandi abantu batwumviriza na bo nyene bazobwungukirako.

Zygmunt avuga ati: “Kugira uruhara mu busuku biradufasha kwambara kamere nshasha be no kugaragaza urukundo dufitiye Imana be na bagenzi bacu.” Andrzej yongerako ati: “Ni agateka kugira uruhara muri ico gikorwa ndokorabuzima. Ntikizokwigera gisubira gukorwa ku rugero nk’uru canke mu bihe bimeze nk’ibi turimwo.” Na wewe nyene urashobora kwironkera imihezagiro myinshi mu kwumira kw’ibanga mu busuku muri kino gihe.​—2 Kor. 4:1, 2.

[Amafoto ku rup. 31]

Kwitwararika ivyo dukeneye mu vy’impwemu no mu vy’umubiri biradufasha kwihangana mu busuku