Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Dutahure ko Yezu ari we Dawidi Mukuru akaba na we Salomo Mukuru

Dutahure ko Yezu ari we Dawidi Mukuru akaba na we Salomo Mukuru

Dutahure ko Yezu ari we Dawidi Mukuru akaba na we Salomo Mukuru

“Ehe ikiruta Salomo kiri ng’aha.”​—MAT. 12:42.

1, 2. Dufatiye ku kuntu abantu babona ibintu, ni kubera iki vyari bitangaje kubona Samweli ategekwa kurobanuza amavuta Dawidi ngo azobe umwami?

 WAMENGO ntiyobaye umwami. Hari ukuntu n’umuhanuzi Samweli yabona ko yari umwungere gusa akiri muto. N’ikindi kandi, igisagara ciwe c’amavukiro, ari co Betelehemu, nticari gihambaye. Cadondowe ko ari “inkehwa mu bihumbi vy’i Buyuda.” (Mika 5:2) Naho vyari ukwo, uwo muhungu yasa n’uwukengeretse akaba yava no mu gasagara gatoyi, umuhanuzi Samweli yari agiye kumurobanuza amavuta kugira ngo azobe umwami wa Isirayeli.

2 Nya muhungu Dawidi, si we se wiwe Yese yabanje kwereka Samweli kugira ngo amurobanuze amavuta, eka mbere si na we yamweretse ubugira kabiri canke ubugira gatatu. Dawidi, uno akaba yari we wa nyuma mu bahungu umunani ba Yese, si ho mbere yari ari igihe Samweli yaza kwa Yese kugira ngo arobanuze amavuta umwe mu bahungu b’uwo mugabo w’umwizigirwa ngo azobe umwami w’ico gihugu. Ariko Dawidi ni we Yehova yari yahisemwo, kandi ni we yabona ko abereye.​—1 Sam. 16:1-10.

3. (a) Ni igiki Yehova abona ko gihambaye kuruta ibindi igihe asuzuma umuntu munaka? (b) Igihe Dawidi yarobanuzwa amavuta, ni igiki caciye gikorera kuri we?

3 Yehova yabona ivyo Samweli atashobora kubona. Imana yari izi neza ukuntu umutima wa Dawidi umeze, kandi ukwo kuntu yari ameze vyaramuhimbara. Ukuntu umuntu aboneka inyuma si vyo vyonyene Imana ibona ko bihambaye, ahubwo nyabuna ni ukuntu uwo muntu vy’ukuri ameze. (Soma 1 Samweli 16:7.) Rero, igihe Samweli yamenya ko ata n’umwe muri abo bahungu indwi bakuze ba Yese Yehova yari yahisemwo, yaciye asaba ko bahamagara mutoyi wabo iyo yari kuragira. Iyo nkuru yigana iti: ‘Nuko [Yese] atuma uwuja kuzana [Dawidi]. Kandi yari umuhungu w’inzobe, w’amaso meza, w’umunyakaranga. Maze Uhoraho aravuga, ati Va hasi, umusukeko amavuta, kuko wa wundi ari uyo. Nuko Samweli aca yabira rya hembe ry’amavuta, ayamusukako bakuru be bamukikije. Kuva uwo musi [“impwemu ya Yehova ica itangura gukorera,” NW] kuri Dawidi.’​—1 Sam. 16:12, 13.

Dawidi yagereranya Kristu

4, 5. (a) Vuga ibintu bimwebimwe Dawidi na Yezu bahuriyeko. (b) Ni kubera ki Yezu ashobora kwitwa Dawidi Mukuru?

4 Cokimwe na Dawidi, Yezu yavukiye i Betelehemu, haciye imyaka nka 1.100 Dawidi abayeho. Ku bantu benshi, Yezu na we nyene yabonwa ko atobaye umwami. Ivyo ni ko biri kubera ko atari ameze nk’umwami Abisirayeli benshi bari biteze. Yamara, nka kumwe kwa Dawidi, ni we Yehova yari yahisemwo. Cokimwe na Dawidi, na we nyene yari umukundwa wa Yehova. a (Luka 3:22) N’igihe Yezu yarobanurwa, ‘impwemu ya Yehova yaciye ikorera kuri we.’

5 Hariho n’ibindi bintu Dawidi na Yezu bahuriyeko. Nk’akarorero, Dawidi yarahemukiwe n’umuhanuzi wiwe Ahitofeli, na Yezu nyene yarahemukiwe n’intumwa yiwe Yuda Isikariyoti. (Zab. 41:9; Yoh. 13:18) Yaba Dawidi canke Yezu, umwete bompi bari bafitiye ikibanza c’ugusengeramwo Yehova warabarya. (Zab. 27:4; 69:9; Yoh. 2:17) Yezu kandi yari samuragwa akomoka kuri Dawidi. Imbere y’uko Yezu avuka, umumarayika yari yabwiye nyina wiwe ati: “Yehova Imana azomuha intebe y’ubwami ya Dawidi se wiwe.” (Luka 1:32; Mat. 1:1) Ariko, kubera yuko imihango yose ijanye na Mesiya itegerezwa kuzoranguka biciye kuri Yezu, araruta cane Dawidi. Ni we Dawidi Mukuru, Umwami Mesiya, uwari amaze igihe kirekire yitezwe.​—Yoh. 7:42.

Dukurikire wa Mwami akaba n’Umwungere

6. Ni mu buryo ubuhe Dawidi yari umwungere mwiza?

6 Vyongeye, Yezu ni umwungere. Ni ibiki none biranga umwungere mwiza? Umwungere mwiza ni umuntu aguma yitaho ubusho bwiwe, akaburonsa ivyo bukeneye kandi akabukingira abigiranye umutima rugabo. (Zab. 23:2-4) Dawidi akiri muto, yari umwungere, kandi yaritaho intama za se. Yaragaragaza umutima rugabo igihe ubusho bwaba bugeramiwe kandi yarahatswe kuhasiga ubuzima kugira ngo akure intama mu vyara vy’intare n’idubu.​—1 Sam. 17:34, 35.

7. (a) Ni ibiki vyafashije Dawidi kwitegurira amabanga yojejwe ari umwami? (b) Yezu yagaragaje gute ko ari we Mwungere mwiza?

7 Imyaka Dawidi yamaze mu gahinga no ku misozi ariko yitwararika intama yaramufashije kwitegurira amabanga atoroshe yojejwe ajanye n’ukuragira ihanga rya Isirayeli. b (Zab. 78:70, 71) Yezu na we nyene yaragaragaje ko ari umwungere w’intangakarorero. Yehova aramuronsa inkomezi n’ubuyobozi uko aragira abayoboke biwe bagize “ubusho buto” be n’abagize “izindi ntama.” (Luka 12:32; Yoh. 10:16) Gutyo, Yezu aragaragaza ko ari we Mwungere mwiza. Arazi neza ubusho bwiwe ku buryo ahamagara intama imwimwe yose mw’izina ryayo. Arakunda cane intama ziwe ku buryo igihe yari ng’aha kw’isi yitanze abikunze ku bwazo. (Yoh. 10:3, 11, 14, 15) Kubera ko ari Umwungere Mwiza, Yezu ararangura ikintu Dawidi atokwigeze akora. Inkuka y’incungu yatanze yararonkeje umuryango w’abantu akaryo ko gukurwako urupfu. Nta kintu na kimwe kizomubuza kuragira abayoboke biwe bagize “ubusho buto” ngo abashikane ku buzima budapfa bwo mw’ijuru canke ngo kimubuze kuyobora abagize “izindi ntama” ngo abashikane ku buzima budahera mw’isi nshasha igororotse itazoba irimwo abansi bameze nk’ibikoko biryana.​—Soma Yohani 10:27-29.

Dukurikire wa Mwami agenda atsinda

8. Dawidi yagaragaye gute ko ari umwami agenda atsinda?

8 Kubera ko Dawidi yari umwami, yari umurwanantambara w’intatinyurukamvye yakingiye igihugu c’abasavyi b’Imana, kandi “Uhoraho yahora aha Dawidi intsinzi aho yaja hose.” Mu gihe c’ingoma ya Dawidi, imbibe z’ico gihugu zahera ku ruzi rwo mu Misiri zigashika ku Ruzi Efurate. (2 Sam. 8:1-14) Yarabaye umutegetsi w’umunyabubasha kuruta abandi bose kubera ko Yehova ari we yamuronsa inkomezi. Bibiliya ivuga iti: “Inkuru za Dawidi zikwira mu bihugu vyose; Uhoraho atuma amahanga yose amutinya.”​—1 Ngo. 14:17.

9. Sigura ukuntu Yezu bwa Mwami yagenywe, yatsinze.

9 Cokimwe n’Umwami Dawidi, Yezu yari intatinyurukamvye. Kubera ko yari Umwami yagenywe, yarerekanye ubukuru yari afise ku madayimoni, arakiza abari basinzikajwe na yo. (Mrk. 5:2, 6-13; Luka 4:36) Mbere na wa mwansi mukuru, ari we Shetani wa Mubesheranyi, nta bubasha amufiseko. Yezu abifashijwemwo na Yehova, yaratsinze isi iri mu bubasha bwa Shetani.​—Yoh. 14:30; 16:33; 1 Yoh. 5:19.

10, 11. Ni uruhara uruhe Yezu arangura ari Umwami w’Umurwanantambara mw’ijuru?

10 Haciye imyaka nka 60 Yezu apfuye hanyuma akazurirwa ubuzima bwo mw’ijuru, intumwa Yohani yareretswe ibintu vy’ubuhanuzi vyerekeye Yezu ariko ashitsa uruhara rwiwe rw’Umwami w’Umurwanantambara mw’ijuru. Yohani yandika ati: “Ehe ifarasi yera; kandi uwuyicayeko yari afise umuheto; kandi ahabwa urugori, hanyuma agenda atsinda no kugira ngo anonosore intsinzi yiwe.” (Ivyah. 6:2) Uwo muntu agendera kw’ifarasi yera ni Yezu. ‘Yahawe urugori’ mu 1914 igihe yimikwa akaba Umwami mu Bwami bwo mw’ijuru. Inyuma y’aho, “agenda atsinda.” Egome, nka kumwe kwa Dawidi, Yezu ni Umwami agenda atsinda. Gatoyi inyuma y’aho abereye Umwami w’Ubwami bw’Imana, yaratsinze Shetani mu ntambara yabaye maze aca amuraririza kw’isi n’amadayimoni yiwe. (Ivyah. 12:7-9) Azoguma agenda atsinda gushika “anonoso[y]e intsinzi yiwe,” agakuraho buhere ivy’iyi si mbi ya Shetani.​—Soma Ivyahishuwe 19:11, 19-21.

11 Yamara, cokimwe na Dawidi, Yezu ni umwami w’impuhwe kandi azokingira rya “sinzi rinini” kuri Harumagedoni. (Ivyah. 7:9, 14) Ikigeretseko, igihe Yezu azoba ategeka ari kumwe n’abaraganwa biwe, ni ukuvuga bamwe 144.000 bazoba bazuwe, hazoba “izuka ry’abagororotse n’abatagororotse.” (Ibik. 24:15) Abazozurirwa kuba ng’aha kw’isi bazoba bafise icizigiro co kubaho ibihe bidahera. Mbega kazoza keza biteze! Ese twese twokwiyemeza kubandanya ‘gukora ivyiza,’ kugira ngo tuzobe ari ho turi igihe isi izoba yuzuye abatwarwa ba Dawidi Mukuru bagororotse kandi bahiriwe!​—Zab. 37:27-29.

Isengesho Salomo yatuye asaba ubukerebutsi ryishurwa

12. Salomo yasenze asaba iki?

12 Salomo umuhungu wa Dawidi na we nyene yagereranya Yezu. c Igihe Salomo yimikwa, Yehova yaramwiyeretse mu ndoto maze amubwira yuko yomuhaye ico yomusavye cose. Salomo yari gushobora gusaba ubutunzi bwinshi, ububasha canke kuramba. Ariko, yasavye Yehova ata bwikunzi namba abigiranye, ati: “None rero ndagusavye umpe ubgenge no gutahura, kugira ngo mmenye iyo bija n’iyo biva mur’aba bantu. None ni nde yoshobora gucira imanza iri hanga ryawe, n’ukuntu ar’irihambaye?” (2 Ngo. 1:7-10) Yehova yarishuye iryo sengesho rya Salomo.​—Soma 2 Ngoma 1:11, 12.

13. Ni kubera iki twoshobora kuvuga ko Salomo ata we banganya ubukerebutsi, kandi bwakomoka he?

13 Igihe cose Salomo yamaze ari umwizigirwa kuri Yehova, amajambo yiwe y’ubukerebutsi nta ho yari ahuriye n’ay’abo mu gihe ciwe. Salomo yavuze “imigani ibihumbi bitatu.” (1 Abm. 4:30, 32, 34) Myinshi muri yo yaranditswe kandi n’ubu abarondera ubukerebutsi baracabona ko ari iy’agaciro. Umwamikazi w’i Sheba yaragize urugendo rw’ibilometero hafi 2.400 kugira ngo ageze ubukerebutsi bwa Salomo akoresheje “ibibazo bigoye.” Yarakubiswe n’inkuba aho yumviye amajambo ya Salomo akabona n’ubutunzi bw’ubwami bwiwe. (1 Abm. 10:1-9) Bibiliya irerekana Isôko ry’ubukerebutsi bwa Salomo iryo ari ryo, mu kuvuga iti: “Mu bihugu vyose vyo mw isi hāhora haza abagomba kubona Salomo, no kwumva ivyo avugishwa n’ubgenge Imana yashize mu mutima wiwe.”​—1 Abm. 10:24.

Dukurikire wa Mwami w’inkerebutsi

14. Ni mu buryo ubuhe Yezu yari “ikiruta Salomo”?

14 Umuntu umwe gusa ni we vyagaragaye ko yarushije Salomo ubukerebutsi. Uwo na we ni Yezu Kristu, uwidondoye ko ari “ikiruta Salomo.” (Mat. 12:42) Yezu yavuze “amajambo y’ubuzima budahera.” (Yoh. 6:68) Nk’akarorero, ya Nsiguro yo ku Musozi irimwo ingingo ngenderwako nyinshi zitomora neza imwimwe mu migani ya Salomo. Salomo yaradondoye ibintu bitari bike bituma umusavyi wa Yehova agira ubuhirwe. (Imig. 3:13; 8:32, 33; 14:21; 16:20) Yezu yarashimitse ku vy’uko ubuhirwe nyakuri buva ku bintu bifitaniye isano n’ugusenga Yehova be n’iranguka ry’imihango Imana yatanze. Yavuze ati: “Hahiriwe abazi ko bakeneye ivy’impwemu, kuko ubwami bwo mw’ijuru ari ubwabo.” (Mat. 5:3) Abashira mu ngiro ingingo ngenderwako dusanga mu nyigisho za Yezu bararushiriza kwiyegereza Yehova, we “sōko y’ubu[zima].” (Zab. 36:9; Imig. 22:11; Mat. 5:8) Kristu agereranya “ubukerebutsi bw’Imana.” (1 Kor. 1:24, 30) Kubera ko Yezu Kristu ari we Mwami Mesiya, arafise “impwemu y’ubukerebutsi.”​—Yes. 11:2, NW.

15. Dushobora gute kwungukira ku bukerebutsi buva ku Mana?

15 Twebwe abayoboke ba Salomo Mukuru, dushobora gute kwungukira ku bukerebutsi buva ku Mana? Kubera ko ubukerebutsi bwa Yehova buhishurirwa mw’Ijambo ryiwe, turakwiye gukora uko dushoboye kwose kugira ngo tuburondere mu kwiyigisha Bibiliya twitonze, na canecane amajambo Yezu yavuze tuyisangamwo, maze tukazirikana ku vyo tuba twasomye. (Imig. 2:1-5) Vyongeye, turakeneye gushishikara gusaba Imana ubukerebutsi. Ijambo ry’Imana riradukura amazinda yuko amasengesho avuye ku mutima dutura dusaba gufashwa azokwishurwa. (Yak. 1:5) Tubifashijwemwo n’impwemu nyeranda, tuzoronka ubukerebutsi bw’agaciro bwo mw’Ijambo ry’Imana bushobora kudufasha kwihanganira ingorane no gufata ingingo ziranga ubukerebutsi. (Luka 11:13) Salomo yitwa kandi “umukoranyashengero” kubera yuko yararika abatwarwa biwe bose kugira ngo basenge Imana yongere ‘abigishe ubumenyi ubudahengeshanya.’ (Umus. 12:9, 10, NW) Narirya Yezu ari Umutwe w’ishengero rya gikirisu, na we nyene ni umukoranyashengero kubera ko atumira abayoboke biwe kugira ngo basenge Yehova. (Yoh. 10:16; Kol. 1:18) Ku bw’ivyo rero, vyoba vyiza twitavye amakoraniro y’ishengero, aho tuguma ‘twigishirizwa.’

16. Ni igiki Salomo na Yezu bahuriyeko?

16 Salomo yari umwami w’umunyamwete. Yaratunganije ibikorwa vy’ubwubatsi mu gihugu cose, arahagarikira iyubakwa ry’ibirimba, amabarabara, amariba y’amazi, ibisagara vy’ibigega, ibisagara vyabikwamwo imikogote be n’ibisagara vy’abagendera ku mafarasi. (1 Abm. 9:17-19) Abantu bose batwarwa n’ubwo bwami barungukira kuri ivyo bikorwa vyiwe vy’ubwubatsi. Yezu na we nyene ni umwubatsi. Yarubatse ishengero ryiwe ku “gitandara.” (Mat. 16:18) Azohagarikira kandi igikorwa c’ubwubatsi kizorangurwa mw’isi nshasha.​—Yes. 65:21, 22.

Dukurikire wa Mwami w’amahoro

17. (a) Ni ikintu kidasanzwe ikihe caranze ubutegetsi bwa Salomo? (b) Ni ibiki Salomo atoshoboye kurangura?

17 Izina Salomo rikomoka mw’ijambo risobanura ngo “amahoro.” Umwami Salomo yaganza ari i Yeruzalemu, rino rikaba ari izina ritanga iciyumviro c’ukugira amahoro y’umusesekara. Ingoma yiwe, iyamaze imyaka 40, yaranzwemwo amahoro ihanga rya Isirayeli ritigeze risubira kugira. Bibiliya ivuga ku bijanye n’iyo myaka iti: “Abayuda n’Abisirayeli bībēra amahoro, umuntu wese mu mizabibu yiwe no mu misukoni yiwe, uhereye i Dani ugashitsa i Berisheba, igihe cose Salomo yari ku ngoma.” (1 Abm. 4:25) Yamara rero, naho Salomo yari afise ubwo bukerebutsi bwose, abatwarwa biwe ntiyashoboye kubakurako indwara, igicumuro n’urupfu. Salomo Mukuru wewe, abatwarwa biwe azobakurako ivyo bintu vyose.​—Soma Abaroma 8:19-21.

18. Mw’ishengero rya gikirisu, ni imihezagiro iyihe tuharonkera?

18 No mw’ishengero rya gikirisu muri iki gihe, turafise amahoro. Nkako, turi mw’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu. Turafitaniye amahoro n’Imana be n’abantu nkatwe. Raba ivyo umuhanuzi Yesaya yavuze ku bijanye n’ukuntu ivyacu vyifashe muri iki gihe. Yavuze ati: “Inkota zabo bazozivunjamw’amasuka, n’amacumu bazoyavunjamw’inkero; nta hanga rizobangurira irindi hanga inkota, kandi ntibazokwiga kurwana ukundi.” (Yes. 2:3, 4) Igihe dukoze twisunga impwemu y’Imana, tuba tugize ico duterereye ku bwiza bw’iyo paradizo yo mu buryo bw’impwemu.

19, 20. Ni imvo izihe zotuma tunezerwa?

19 Ariko rero, muri kazoza ibintu bizoba mbere ari vyiza kuruta. Uko abantu bagamburuka bazoba batwarwa na Yezu bazogira amahoro atigeze kubaho, ni ko bazogenda buhorobuhoro ‘baragirwa abidegemvya ngo bave mu buja bw’ukubora’ gushika babaye abatagira agasembwa. (Rom. 8:21) Nibamara kurengana ca kigeragezo ca nyuma kizoba mu mpera ya ya Ngoma y’imyaka igihumbi, ‘abagwaneza bazoragwa isi, maze banezererwe amahoro y’umusesekara.’ (Zab. 37:11; Ivyah. 20:7-10) Emwe, ubutegetsi bwa Kristu Yezu buzoruta kure n’iyo ubwa Salomo mu buryo n’ubu tudashobora kwiyumvira!

20 Naho Isirayeli yari ihimbawe igihe yari iyobowe na Musa, Dawidi be na Salomo, tweho tuzorushiriza kuba abahimbawe igihe tuzoba dutwarwa na Kristu. (1 Abm. 8:66) Twese turakwiye gukurira ubwatsi Yehova kubona yaraduhaye Umwana wiwe w’ikinege, uno akaba ari we Musa Mukuru, Dawidi Mukuru akaba na we Salomo Mukuru!

[Utujambo tw’epfo]

a Izina Dawidi rishobora kuba risobanura ngo “Umukundwa.” Igihe Yezu yabatizwa be n’igihe yahinduka ukundi, Yehova yaravugiye aho avyagiye mw’ijuru maze amwita ngo “Umwana wanje, umukundwa.”​—Mat. 3:17; 17:5.

b Muri ico gihe nyene, Dawidi yarabaye nk’umwagazi w’intama wizigira umwungere wawo. Yagumye ahanze amaso wa Mwungere Ruheta, ari we Yehova, ngo abe ari we amukingira yongere amuyobore. Yavuganye ukwizigira aherejeko ati: “Uhoraho ni we mwungere wanje, sinzokena.” (Zab. 23:1) Yohani Umubatizi yerekanye ko Yezu ari “Umwagazi w’intama w’Imana.”​—Yoh. 1:29.

c Biri n’ico bivuze kuba izina rigira kabiri rya Salomo ryari Yedidiya, rino rikaba risobanura ngo “Umukundwa wa Yah.”​—2 Sam. 12:24, 25.

Woshobora kubisigura?

• Ni mu buryo ki Yezu ari Dawidi Mukuru?

• Ni mu buryo ki Yezu ari Salomo Mukuru?

• Ni ibiki watahuye ku bijanye na Dawidi Mukuru, akaba kandi ari Salomo Mukuru?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Ifoto ku rup. 31]

Ubukerebutsi Salomo yahawe n’Imana bwagereranya ubukerebutsi bwa Salomo Mukuru

[Ifoto ku rup. 32]

Ubutegetsi bwa Yezu buzoruta kure n’iyo ubwa Salomo be n’ubwa Dawidi mu buryo burengeye ubwo dushobora kuba twiyumvira!