Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ubukerebutsi bwa Yehova burabonekera mu vyo yaremye

Ubukerebutsi bwa Yehova burabonekera mu vyo yaremye

Ubukerebutsi bwa Yehova burabonekera mu vyo yaremye

“Kamere zayo zitaboneka . . . zitahurirwa ku bintu vyakozwe.”​—ROM. 1:20.

1. Ubukerebutsi bw’isi bwagize ico bukoze gute ku bantu benshi muri iki gihe?

 IJAMBO “ubukerebutsi” usanga abantu bapfa uko barikoresheje. Hari abavuga yuko umuntu munaka ari inkerebutsi kubera gusa ko azi ibintu vyinshi. Ariko rero, abo isi yita incabwenge usanga badashobora gutanga ubuyobozi bwo kwizigirwa bwofasha umuntu kugira ubuzima buri n’ico buvuze koko. Ahubwo riho, abareka bakoshwa na mwene abo bantu baruhira “[ku]mera nk’abazungazungishwa n’ibisebuzi [ba]janwa irya n’ino n’umuyaga uwo ari wo wose w’inyigisho.”​—Ef. 4:14.

2, 3. (a) Ni kubera iki Yehova ari we ari “inkerebutsi [we]nyene”? (b) Ubukerebutsi buva ku Mana butandukaniye he n’ubukerebutsi bw’isi?

2 Ese ukuntu abo bantu ata ho bahuriye n’abironkera ubukerebutsi nyakuri buva kuri Yehova Imana! Bibiliya itubwira yuko Yehova ari we ari “inkerebutsi [we]nyene.” (Rom. 16:27) Arazi akantu kose komenyekana ku bijanye n’ibiriho vyose, harimwo ingene bikozwe be na kahise kavyo. Amategeko agenga ibidukikije abantu bisunga mu bushakashatsi bagira, yose yashizweho na Yehova. Ni co gituma Yehova adatangazwa n’ibintu bishasha abantu bahingura, kandi ntajorezwe n’ivyitwa ngo ni ivyiyumviro bihanitse bishingiye kuri filozofiya y’abantu. “Ubukerebutsi bw’iyi si [ni] ubupfu ku Mana.”​—1 Kor. 3:19.

3 Bibiliya itubwira ko Yehova ‘aha ubukerebutsi’ abasavyi biwe. (Imig. 2:6, NW) Ubukerebutsi buva ku Mana nta ho buhuriye n’amafilozofiya y’abantu; bwobwo buratomoye. Usanga bushimika ku gutandukanya ikibereye n’ikitabereye kandi bushingiye ku bumenyi n’ugutahura bitagiramwo amakosa. (Soma Yakobo 3:17.) Intumwa Paulo yaratangariye cane ubukerebutsi bwa Yehova. Yanditse ati: “Ewe bwimbike bw’ubutunzi n’ubukerebutsi n’ubumenyi vy’Imana! Ese ukuntu imanza zayo zidaserangurika be n’ukuntu inzira zayo ata wushobora kuzitora!” (Rom. 11:33) Kubera ko Yehova ari we afise ubukerebutsi bwose, turizigiye tudakeka ko amategeko yiwe atuyobora mu nzira nziza kuruta izindi zose mu buzima. Nkako, Yehova ni we azi ivyo dukeneye kuruta uwundi muntu uwo ari we wese kugira ngo tugire ubuhirwe.​—Imig. 3:5, 6.

Yezu yari “umukozi w’umuhanga”

4. Ni mu buryo bumwe ubuhe dushobora gutegera ubukerebutsi bwa Yehova?

4 Ubukerebutsi bwa Yehova be n’izindi kamere ziwe ntangere birashobora kubonekera mu vyo yaremye. (Soma Abaroma 1:20.) Uhereye ku biremwa binini kuruta ibindi ugashika ku biremwa bitoyi kuruta ibindi, ivyo Yehova yaremye birahishura kamere ziwe. Aho ari ho hose twotereza amaso, haba mu kirere canke kw’isi, turahasanga ibimenyamenya indiri vyerekana ko hariho Umuremyi afise ubukerebutsi bwose kandi w’umunyarukundo. Turashobora kwiga vyinshi ku bimwerekeye mu kwihweza ibintu yaremye.​—Zab. 19:1; Yes. 40:26.

5, 6. (a) Uretse Yehova, ni nde kandi yagize uruhara mw’irema? (b) Ni ibiki tugiye kurimbura, kandi kubera iki?

5 Yehova ntiyari wenyene igihe “yarem[a] ijuru n’isi.” (Ita. 1:1) Bibiliya yerekana ko kera cane imbere y’uko ibintu tubona vyo kw’isi bitangura kuremwa, Yehova yabanje kurema ikiremwa c’impwemu, ico yakoresheje mu kurema “ibindi bintu vyose.” Ico kiremwa c’impwemu ni wa Mwana w’ikinege w’Imana, ya “mfura mu biremwa vyose,” uwahavuye aba ng’aha kw’isi yitwa Yezu. (Kol. 1:15-17) Nka kumwe kwa Yehova, Yezu arafise ubukerebutsi. Nkako, mu Migani ikigabane ca 8, Yezu agereranywa n’ubukerebutsi bwafashwe nk’umuntu. Ico kigabane co muri Bibiliya kiravuga kandi ko Yezu ari “umukozi w’umuhanga” w’Imana.​—Imig. 8:12, 22-31.

6 Ku bw’ivyo rero, ibiremwa tubona vyo kw’isi birahishura ubukerebutsi bwa Yehova be n’ubw’Umukozi wiwe w’Umuhanga, ari we Yezu. Turabikuramwo ivyigwa ngirakamaro. Reka turimbure uburorero bune bw’ibiremwa bidondorwa mu Migani 30:24-28 (Gereranya na NW.), ko ari “inkerebutsi bivuye kw’itima.” a

Icigwa co kuba abanyamwete

7, 8. Ni ibiki bigutangaza ku bijanye n’ikimonyo?

7 Igihe dusuzumye ukuntu n’ibintu bishobora kwitwa ko ari ‘bitobito kw’isi’ vyaremwe be n’ivyo bikora, hariho ivyigwa tuvyigirako. Nk’akarorero, rimbura ibijanye n’ubukerebutsi ndemanwa ikimonyo gifise.​—Soma Imigani 30:24, 25.

8 Hari abashakashatsi bavuga yuko igitigiri cose c’ibimonyo biriho, coba kiruta incuro 200.000 igitigiri c’abantu bose bariho, vyose bikaba bikorera kw’isi no mu butaka n’umwete mwinshi. Ibimonyo biba mu migina, kandi imigina nka yose ushobora kuyisangamwo imigwi itatu y’ibimonyo, ni ukuvuga ivyitwa abamikazi, ibigabo n’abakozi. Buri mugwi uragira ico uterereye mu buryo wisangije kugira ngo uwo mugina uronke ivyo ukeneye. Hari ubwoko bumwe bw’ikimonyo co muri Amerika y’Epfo gica amababi, twokwita umurimyi w’umuhanga. Ako gakoko karatabira imirima yako y’ibizinu, kakabibadika kakongera kakabituturira kugira ngo haboneke umwimbu mwinshi ushoboka. Abashakashatsi basanze inguvu be n’umwanya ako gakoko kameze nk’umurimyi w’umuhanga gakoresha, bivana n’ivyo umugina uba ukeneye. b

9, 10. Twokwigana gute umwete w’ikimonyo?

9 Turashobora kugira ico twigiye ku bimonyo. Biratwigisha ko dukeneye gukora tubigiranye umwete niba twipfuza kuronka ivyiza. Bibiliya itubwira iti: “Genda ku kimonyo, wa munyabute; witegereze ingeso zaco, uce ubgenge: Naho kitagira umucamanza, cank’umubgiriza cank’ūganza, ciziganiriza indya zaco zo mu ci, kikēgeranya ivyo kurya vyaco mw iyimbura.” (Imig. 6:6-8) Yehova be n’Umukozi wiwe w’umuhanga Yezu, ni abanyamwete. Yezu yavuze ati: “Data aguma akora gushika ubu, nanje nguma nkora.”​—Yoh. 5:17.

10 Kubera ko twigana Imana na Kristu, na twe turakwiye kuba abanyamwete. Naho twoba turangura igikorwa ikihe mw’ishirahamwe ry’Imana, twese dukwiye kuba ‘dufise vyinshi dukora mu gikorwa c’Umukama.’ (1 Kor. 15:58) Vyoba vyiza rero dukurikije impanuro Paulo yahaye abakirisu b’i Roma, ati: “Ntimunebwe ku bikorwa vyanyu. Mururumbe impwemu. Mushumbire Yehova.” (Rom. 12:11) Utwigoro tugira mu gukora ivyo Yehova agomba si utw’impfagusa, kubera ko Bibiliya idusubiriza umutima mu nda iti: “Imana [si] iyitagororotse ku buryo yibagira igikorwa canyu n’urukundo mwerekanye ku bw’izina ryayo.”​—Heb. 6:10.

Icigwa co kwikingira ivyotugirira nabi mu vy’impwemu

11. Dondora ibintu bimwebimwe biranga inkezi yo mu bitandara.

11 Inkezi yo mu bitandara ni ikindi kiremwa kiboneka ko ari gitoyi gishobora kutwigisha ivyigwa bihambaye. (Soma Imigani 30:26.) Iyo nkezi imeze nk’urukwavu rwasatuye ariko usanga ifise amatwi magufi kandi yiburungushuye be n’utuguru tugufi. Ako gakoko kaba mu bitandara. Ako gakoko karakoresha ubushobozi bwako bwo kubona kure kugira kikingire, kandi imyobo be n’imigaga yo mu bitandara vy’ahantu hahanamye biragakingira ibikoko vyohava bikarya. Iyo nkezi iremwe mu buryo butuma ikurira mu muryango ufatanye mu nda, uyikingira kandi uyifasha kuguma isusurutse mu rushana. c

12, 13. Ni ivyigwa ibihe dushobora kwigira ku nkezi yo mu bitandara?

12 Ni ibiki dushobora kwigira ku nkezi yo mu bitandara? Ica mbere, urabona ko ako gakoko katirekerana ngo hagire icogacakira. Ahubwo riho, karakoresha ubushobozi bwako bwo kubona kure kugira ngo kabone ibikoko vyohava bikarya naho vyoba bikiri nka hariya, kandi kakaguma hafi y’imyobo be n’imigaga gashobora guhungiramwo. Na twebwe nyene, turakwiye kuguma tubona kure mu buryo bw’impwemu kugira ngo dushobore kumenya ingeramizi zo mw’isi ya Shetani zoba zihishije. Intumwa Petero yahanuye abakirisu ati: “Muzigame ubwenge bwanyu, mube maso. Umwansi wanyu, wa Mubesheranyi, agendagenda nk’intambwe yivuga, arondera kurotsa umuntu.” (1 Pet. 5:8) Igihe Yezu yari ng’aha kw’isi, yagumye ari maso, agavye kugira ngo atsinde ibintu vyose Shetani yagize arondera gusenyura ugutungana kwiwe. (Mat. 4:1-11) Ese ukuntu ari akarorero keza Yezu yasigiye abayoboke biwe!

13 Uburyo bumwe dushobora kuguma turi maso ni mu kwungukira ku gukingirwa kwo mu buryo bw’impwemu Yehova aturonsa. Dukwiye kudafata minenegwe ukwiyigisha Ijambo ry’Imana n’ukwitaba amakoraniro ya gikirisu. (Luka 4:4; Heb. 10:24, 25) N’ikindi kandi, nk’uko inkezi yo mu bitandara yihatira kuguma mu muryango wayo ufatanye mu nda, ni ko na twebwe dukeneye kuguma twiyegereje abakirisu bagenzi bacu kugira ngo dushobore “guhanahana indemesho” na bo. (Rom. 1:12) Mu gukora ivyo dushoboye vyose kugira ngo twungukire ku ntunganyo Yehova yashizeho yo kudukingira, tuba twerekanye ko twemeranya n’umwanditsi wa zaburi Dawidi, uwanditse ati: “Uhoraho n’igitandara canje, n’ubuhungiro bganje, n’umurokozi wanje, n’Imana yanje, n’igitandara canje gikomeye, ni we nzohungirako.”​—Zab. 18:2.

Icigwa co kwumira kw’ibanga naho tworwanywa

14. Naho inzige imwe yoshobora kuba idateye ubwoba, twovuga iki none ku bijanye n’igitero cazo?

14 Turashobora kandi gukura icigwa ku nzige. Inzige imwe yonyene, iyireha na santimetero zitanu gusa, yoshobora kuba idateye ubwoba, ariko igitero c’inzige coco, ntawokwirirwa arabaza ko giteye ubwoba. (Soma Imigani 30:27.) Kubera bizwi ko inzige zirya cane, igitero c’utwo dukoko tutaruha kirashobora mu kanya isase kuba catemye kigatongora umurima ugeze kwimburwa. Urwamo rw’igitero ca mwene utwo dukoko, Bibiliya irugereranya n’uguhinda kw’imikogote y’intambara be n’uguturagurika kw’imbeya z’umuriro uriko urayigiza ibishakashaka. (Yow. 2:3, 5) Abantu barigeze kuza baracana imiriro kugira ngo bahagarike ibitero vy’inzige, ariko akenshi nta co vyashikako. Uti kubera iki? Inzige zaba zapfuye zarazimya uwo muriro, maze izisigaye muri nya gitero zikabandanya zitema zitongora ata kizitangira. Naho ata mwami canke indongozi inzige zigira, igitero cazo gikora nka kurya kw’ingabo zitunganijwe neza, zikarengana imitego nka yose zihura na yo. d​—Yow. 2:25.

15, 16. Ni mu buryo ki abamamaji b’Ubwami bo mu gihe ca none bameze nk’igitero c’inzige?

15 Umurimo abasavyi ba Yehova barangura umuhanuzi Yoweli yawugereranije n’ivyo inzige zikora. Yanditse ati: “Bīrasa nk’abahizi; būrira inzitiro z’amabuye nk’abagabo b’abarwanyi; umuntu wese aramiriza imbere yiwe, nta wizanguza. Nta wuca ku wundi, umuntu wese aramiriza ah’atumbereye; bīroha mu macumu, nta kibahagarika.”​—Yow. 2:7, 8.

16 Ese ukuntu ubwo buhanuzi budondora neza abamamaji b’Ubwami bw’Imana bo mu gihe ca none! Nta ‘ruzitiro’ rwo kubarwanya rwashoboye guhagarika igikorwa cabo c’ukwamamaza. Ahubwo riho, barigana Yezu, uwagumye akora ivyo Imana igomba naho yakengerwa na benshi. (Yes. 53:3) Ego ni ko, hariho abakirisu ‘biroshe mu macumu,’ ni ukuvuga bayaguyemwo, mu kwemera bakicwa bahowe ukwizera kwabo. Ariko, igikorwa co kwamamaza carabandanije, kandi abamamaji b’Ubwami baguma bongerekana. Emwe, akenshi uruhamo rwaratumye inkuru nziza yamamazwa ku bantu bitoshobotse ko bumva ubutumwa bw’Ubwami mu bundi buryo. (Ibik. 8:1, 4) Mu busuku urangura, woba wagumye wumiye kw’ibanga nka kurya kw’inzige, naho nyene woba wagiye urahura n’abatabunegwa be n’abakurwanya?​—Heb. 10:39.

Icigwa co ‘kwumira ku ciza’

17. Ni kubera iki utuguru tw’icugu tumata ahantu hasenye neza?

17 Ku bijanye n’agakoko kamwe ko mu bwoko bw’umuserebanyi kitwa icugu, bisa n’aho gukorokera hasi ari umugani kuri ko. (Soma Imigani 30:28.) Nkako, abanyasiyansi baratangazwa cane n’ubushobozi ako karemwa gafise bwo guca ku mpome mbere no ku gisenge gisenye neza kanyaragasa ntigakorokere hasi. None ako gakoko kabishobora gute? Ubuhinga bwako ntibuhagaze ku vy’uko amaguru yako yoba ariko ibintu bifata nka birya vy’igifyera canke ubwoko bunaka bw’uburembo. Ahubwo riho, ino iryo ari ryo ryose ry’ako gakoko ririko uduhirohiro turimwo utuntu ibihumbi n’ibihumbi tumeze nk’utwoya. Kamwekamwe muri utwo twoya na ko usanga gafise utuntu tumeze nk’utunyuzinyuzi amajana n’amajana dufata. Inguvu zihingurwa n’utugingo dutoduto two muri utwo tuntu tumeze nk’utunyuzinyuzi twose hamwe zirahagije kugira ngo zigumye uburemere usanga buruta ubw’ako gakoko kose uko kangana, n’igihe nyene koba kariko kagenda kanyaragasa munsi y’ikiyo! Kubera ko abashakashatsi bajorezwa cane n’ubwo bushobozi ako gakoko gafise, bavuga yuko ibintu bimata vyohingurwa hisunzwe ukuntu utuguru tw’ako gakoko tumeze vyoshobora gukoreshwa ku bintu bimata cane. e

18. Dushobora gute kwiyemeza neza ko twama nantaryo ‘twumiye ku ciza’?

18 Ni icigwa ikihe dushobora kwigira ku cugu? Bibiliya iduhanura iti: “Muzinukwe ikibi, mwumire ku ciza.” (Rom. 12:9) Utwosho tubi twiraye mw’isi ya Shetani twoshobora gutuma tutaguma twumiye ku ngingo ngenderwako z’Imana. Nk’akarorero, kwifatanya n’abatumira ku mategeko y’Imana, baba ari abo twigana canke abo dukorana kibure biciye ku kwisamaza mu buryo bunaka budashimwa n’Imana, vyoshobora kwonona umwiyemezo dufise wo gukora ibigororotse. Ntiwigere ureka ngo ivyo bigushikire! Ijambo ry’Imana rigabisha riti: “Ntukiyite umunyabgenge wewe ubgawe.” (Imig. 3:7) Ahubwo nyabuna, nukurikize impanuro iranga ubukerebutsi Musa yahaye abasavyi b’Imana bo mu bihe vya kera ati: “Mwubahe Uhoraho Imana yanyu, abe ari we musaba, mwifatanye na we akaramata.” (Gus. 10:20) Nitwifatanya na Yehova akaramata, tuzoba turiko turigana Yezu, uwo Bibiliya ivuga ku bimwerekeye, iti: “Wakunze ubugororotsi, wanka ubugarariji.”​—Heb. 1:9.

Ivyigwa dukura ku vyaremwe

19. (a) Ni kamere za Yehova izihe wewe utahura wihweje ivyo yaremye? (b) Ubukerebutsi buva ku Mana bushobora gute kutugirira akamaro?

19 Nk’uko twabibonye, kamere za Yehova zitahurirwa neza mu vyo yakoze, kandi ivyo yaremye na vyo nyene turabikurako ivyigwa vy’ingirakamaro. Uko turushiriza gusuzuma ivyo Yehova yakoze, ni ko turushiriza gutangarira ubukerebutsi bwiwe. Kwitwararika ubukerebutsi buva ku Mana bizotuma turushiriza kugira ubuhirwe muri iki gihe, muri kazoza na ho bidukingire. (Umus. 7:12) Emwe, tuzokwibonera ko aya majambo dusanga mu Migani 3:13, 18 ari ay’ukuri, na yo akaba agira ati: “Hahirwa umuntu yironkera [“ubukerebutsi,” NW], n’umuntu aronse ugutahura. Bubera igiti c’ubu[zima] ababucakira: hahirwa umuntu wese abgumirako.”

[Utujambo tw’epfo]

a Abakiri bato canecane boshobora guhimbarwa no kuraba ibivugwa mu marabiro yatanzwe mu tujambo tw’epfo dukurikira, maze bakazogira ico bavuze ku bijanye n’ubushakashatsi bwabo igihe iki kiganiro kizoba kiriko kirarimburwa mu Nyigisho y’Umunara w’Inderetsi y’ishengero.

b Niba wipfuza kumenya vyinshi ku vyerekeye ico kimonyo gica amababi, raba Réveillez-vous! yo ku 22 Ntwarante 1997, urupapuro rwa 31, be n’iyo ku wa 22 Rusama 2002, urupapuro rwa 31.

c Niba wipfuza kumenya vyinshi ku vyerekeye inkezi yo mu bitandara, raba Réveillez-vous! yo ku wa 8 Nyakanga 1990, urupapuro rwa 15-16.

d Niba wipfuza kumenya vyinshi ku vyerekeye inzige, raba Réveillez-vous! yo ku wa 8 Ruhuhuma 1977, urupapuro rwa 11.

e Niba wipfuza kumenya vyinshi ku vyerekeye ako gakoko, raba Réveillez-vous! yo muri Ndamukiza 2008, urupapuro rwa 26.

Woba uvyibuka?

Ni icigwa c’ingirakamaro ikihe dukura ku . . .

• kimonyo?

• nkezi yo mu bitandara?

• nzige?

• cugu?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Ifoto ku rup. 16]

Woba uri umunyamwete nka ca kimonyo gica amababi?

[Pictures on page 17]

Inkezi yo mu bitandara ironkera uburinzi mu muryango wayo ufatanye mu nda. Woba nawe ari ukwo ubigenza?

[Pictures on page 18]

Nka kurya kw’inzige, abasuku bakirisu baguma bumiye kw’ibanga

[Ifoto ku rup. 18]

Nka kurya icugu kimata ahantu hasenye neza, ni ko n’abakirisu bumira ku ciza

[Credit line]

Stockbyte/Getty Images