Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba uvyibuka?

Woba uvyibuka?

Woba uvyibuka?

Woba warinovoye ugusoma inomero z’Umunara w’Inderetsi za vuba? Raba nimba ushobora kwishura ibibazo bikurikira:

• Ni kubera iki bihambaye cane ko tuguma ku gutungana kwacu kwa gikirisu?

Tugumye ku gutungana kwacu biradufasha gushigikira ubusegaba bwa Yehova tubitumwe n’urukundo, bikanadufasha kugaragaza ko Shetani ari umubeshi. N’ikindi kandi, ugutungana kwacu ni ikintu Imana yisunga mu kuducira urubanza, kikaba ari co gituma guhambaye cane mu bijanye n’icizigiro cacu ca kazoza.​—15/12, urupapuro rwa 4-6.

• Amazina amwamwe y’icubahiro yerekana uruhara Yezu arangura mu mugambi w’Imana ni ayahe?

Umwana w’ikinege. Jambo. Amen. Umuhuza w’isezerano rishasha. Umuherezi Mukuru. Uruvyaro rwari rwarasezeranywe.​—15/12, urupapuro rwa 15.

• Ni kubera iki biri n’ico bivuze kuba Eliya yarasavye umusuku wiwe ngo arabe ku kiyaga igihe uwo mu muhanuzi yariko arasenga asaba ko imvura yogwa? (1 Abm. 18:43-45)

Eliya yarerekanye ko atahura ibijanye na ya nzinguzingu y’amazi. Ibicu vyari vyibumbabumbiye hejuru y’ikiyaga vyogiye hejuru y’igihugu, aho vyoviriyemwo imvura.​—1/1, urupapuro rwa 15-16.

• Twoshobora gute kwongereza umunezero dukura mu busuku?

Turashobora gutegura umutima wacu, tukibanda ku kuntu tworushiriza gufasha abandi. Turakwiye kwamamaza dufise intumbero yo gutanguza inyigisho za Bibiliya. Igihe duhuye n’abantu batabinezwe, turashobora guhindura uburyo bwacu bwo gutanguza ikiyago maze tukavuga ibintu vyoshimisha abo mu cibare cacu.​—15/1, urupapuro rwa 8-10.

• Imibembe ivugwa muri Bibiliya yoba yari cokimwe n’indwara yitwa gutyo muri iki gihe?

Umugera utera imibembe wariho mu bihe vya Bibiliya. (Lew. 13:4, 5) Bibiliya kandi iravuga imibembe yaboneka ku mpuzu no ku nzu. Bene iyo “mibembe” yashobora kuba ari ururyi canke ifira. (Lew. 13:47-52)​—1/2, urupapuro rwa 19.

• Ni gute inyigisho zo muri Bibiliya zikwiye kugira ico zikoze ku kuntu umukirisu abona amaziko be n’imigenzo bijanye?

Naho umukirisu ashobora kubabazwa n’ukuba yabuze abiwe, arazi ko abapfuye ata co baba bazi. Naho mbere abatizera bomunebagura, aririnda imigenzo ifitaniye isano n’inyigisho ivuga ko abapfuye bashobora kugira ico bakoze ku bariho. Kugira ngo birinde ingorane, abakirisu bamwebamwe barandika ingene amaziko yabo azogenda.​—15/2, urupapuro rwa 29-31.

• Nk’uko muri Zaburi 1:1 habivuga, ni ibintu bitatu ibihe dukwiye kwirinda nimba dushaka kuba abahiriwe?

Uwo murongo uravuga ibijanye n’“inama z’ababi,” “inzira y’abanyavyaha,” be n’ ‘ukwicarana n’abacokoranyi.’ Ni vyo, kugira tube abahiriwe, turakeneye kuvavanura n’abantu basuzugura canke birengagiza amategeko y’Imana. Aho gucudika na bo, turakwiye guhimbarwa n’itegeko rya Yehova.​—1/3, urupapuro rwa 17.

• “Igitabo ca Yashari” be n’“igitabo c’Intambara z’Uhoraho” vyoba ari ibitabu vyo muri Bibiliya vyazimanganye? (Yos. 10:13; Guh. 21:14)

Oya. Biboneka ko vyari ibitabu bitahumetswe vyariho mu bihe vya Bibiliya, abanditsi ba Bibiliya bakaba barabivuze.​—15/3, urupapuro rwa 32.

• Ni ikintu gikomeye ikihe cahinduwe mu mpinduro ya Bibiliya y’ikilatini yo mu gihe ca none?

Mu 1979, Papa Yohani Paulo wa kabiri yaremeje ko hasohorwa impinduro nshasha yo mu kilatini yitwa Nova Vulgata. Iyo nteguro ya mbere yarimwo izina ry’Imana, Iahveh, ahantu hamwehamwe. (Kuv. 3:15; 6:3) Ariko rero, igihe integuro igira kabiri yemezwa igaheza igasohorwa mu 1986, ahari izina Iahveh hari hashizwe ijambo Dominus [Umukama].​—1/4, urupapuro rwa 22.