Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Yobu yarashize hejuru izina rya Yehova

Yobu yarashize hejuru izina rya Yehova

Yobu yarashize hejuru izina rya Yehova

“Izina ry’Uhoraho ni rishemagizwe.”​—YOBU 1:21.

1. Bishoboka ko ari nde yanditse igitabu ca Yobu, kandi yacanditse ryari?

 MUSA yari afise imyaka nka 40 igihe yayanyaga akava mu Misiri ahunze uburake bwa Farawo, maze akaja kugerera i Midiyani. (Ibik. 7:23) Igihe yari muri ico gihugu c’i Midiyani, ashobora kuba yarumvise ibijanye n’ibigeragezo vyashikiye Yobu, uno akaba yaba mu micungararo yaho, mu gihugu c’i Uzi. Haciye imyaka itari mike, igihe Musa be n’ihanga rya Isirayeli bari hafi y’i Uzi begereje kurangiza urugendo rwabo rwo mu bugaragwa, Musa ashobora kuba yaramenye ibijanye n’imyaka ya nyuma y’ubuzima bwa Yobu. Inkuru mpererekanwa z’Abayuda zivuga yuko Musa yanditse igitabu ca Yobu gatoyi inyuma y’urupfu rwa Yobu.

2. Ni mu buryo ubuhe igitabu ca Yobu kiremesha abasavyi ba Yehova bo mu bihe vya none?

2 Igitabu ca Yobu kirakomeza ukwizera kw’abasavyi b’Imana bo mu bihe vya none. Uti mu buhe buryo? Inkuru ivuga ivya Yobu iratuma tubona neza ibintu bihambaye cane vyabaye mw’ijuru ikongera igashira ahabona ca kibazo gihambaye cerekeye uburenganzira Imana ifise bwo kugaba no kuganza ibiriho vyose. Iyo nkuru yigana ivya Yobu iratuma kandi dutahura bimwe bigera kure ico bisaba kugira ngo tugumane ugutungana kwacu, ikongera ikadufasha gutahura igituma rimwe na rimwe Yehova areka abasavyi biwe bagacumukura. Ikigeretseko, igitabu ca Yobu kirerekana ko Shetani wa Mubesheranyi ari we Mwansi mukuru wa Yehova n’abantu. Ico gitabu kirerekana kandi ko abantu b’abanyagasembwa nka Yobu bashobora kuguma ari intahemuka kuri Yehova naho boshikirwa n’ikigeragezo gikaze gute. Nimuze twihweze ibintu bimwebimwe vyabaye bivugwa muri ico gitabu ca Yobu.

Yobu ageragezwa na Shetani

3. Tuzi iki ku vyerekeye Yobu, kandi ni kubera iki Shetani yamuteye?

3 Yobu yari umuntu yifise, yemerwa cane mu kibano akaba na sekuruza w’imiryango w’imico myiza. Bigaragara ko yari umuntu azi guhanura kandi yubahwa cane, yafasha abakene. N’igihambaye kuruta vyose, Yobu yaratinya Imana. Yobu adondorwa ko yari umuntu “atunganye w’umugororotsi, yubaha Imana, akitandukanya n’ikibi.” Ukwihebera Imana kwa Yobu ni kwo kwatumye Shetani wa Mubesheranyi amutera, ntiyamuhoye ubutunzi yari afise canke ukuba yaremerwa mu kibano.​—Yobu 1:1; 29:7-16; 31:1.

4. Ugutungana ni iki?

4 Inkuru yiganwa mu gitabu ca Yobu itangura ivuga ibijanye n’igihe abamarayika batororokanira hamwe mw’ijuru imbere ya Yehova. Shetani na we nyene ni ho yari ari ico gihe, aca atangura kwagiriza ibinyoma Yobu. (Soma Yobu 1:6-11.) Naho Shetani yavuze ibijanye n’amatungo ya Yobu, yibanze canecane ku kuvyura inkeka ku bijanye n’ugutungana kwa Yobu. Ijambo “ugutungana” ritanga iciyumviro co kuba umuntu agororotse, atariko umugayo, w’intadohoka kandi atariko amahinyu. Twisunze uko iryo jambo rikoreshwa muri Bibiliya, ugutungana kw’abantu kwerekeza ku kwihebera Yehova n’umutima wose.

5. Shetani yashatse kuvuga iki ku bijanye na Yobu?

5 Shetani yashatse kuvuga yuko Yobu yasenga Imana abitumwe n’ubwikunzi, ko ataba abitumwe n’ugutungana. Shetani yagirije Yobu yuko ngo yogumye ari intahemuka kuri Yehova igihe gusa Imana yobandanije imuha impera kandi ikamukingira. Kugira ngo Yehova yishure ico kirego ca Shetani, yararetse Shetani aratera uwo mugabo w’umwizigirwa. Ico vyavuyemwo ni uko ku musi umwe gusa, Yobu yaronse amakuru amumenyesha ko ibitungwa vyiwe vyibwe ibindi biratikizwa, ko abasuku biwe bishwe, be n’uko abana biwe cumi bapfuye. (Yobu 1:13-19) Yobu yoba yaciye atana n’akabando kubera ivyo bitero vya Shetani? Iyo nkuru yahumetswe iravuga ukuntu Yobu yavyifashemwo, iti: “Uhoraho ni we yagavye, kand’Uhoraho ni we agaburuje: izina ry’Uhoraho ni rishemagizwe.”​—Yobu 1:21.

6. (a) Ni igiki cabaye igihe abamarayika basubira gutororokanira hamwe mw’ijuru? (b) Ni nde Shetani yabona mu bwenge igihe yavyura inkeka ku bijanye n’uko Yobu yari atunganye imbere ya Yehova?

6 Haciye igihe, abamarayika barasubiye gutororokanira hamwe mw’ijuru. Shetani yarasubiye kwagiriza ibinyoma Yobu, mu kuvuga ati: “Amagara akābga ayandi! Mber’ivy’umuntu atunze vyose yobitanga ku magara yiwe. Ariko pfa gutuma ukuboko kwawe, utere amagufa yiwe n’umubiri wiwe, urābe kw atazokurogotako imbonankubone.” Urabona ko Shetani ibirego vyiwe ata vyerekeje kuri Yobu gusa. Mu kuvuga ngo “Ivy’umuntu atunze vyose yobitanga ku magara yiwe,” wa Mubesheranyi yari avyuye inkeka ku bijanye n’ugutungana kw’“umuntu” wese asenga Yehova, atari ku bijanye n’ukwa Yobu gusa. Mu nyuma, Imana yararetse Shetani arateza Yobu indwara ibabaza cane. (Yobu 2:1-8, ni twe dushimitse.) Mugabo, ntugire ngo aho ni ho ibigeragezo vyashikiye Yobu vyagarukiye.

Ico twokwigira ku mpagararo Yobu yagize

7. Ni mu buryo ubuhe muka Yobu be n’abaje kumugarukirako bamushizeko imikazo?

7 Ubwa mbere, muka Yobu yaragize intuntu nk’iyo umunega wiwe yagize. Ategerezwa kuba yaravunywe umutima n’ukubura abana biwe be n’itunga ry’umuryango wabo. Ategerezwa kuba yaratuntujwe no kubona umunega wiwe arembejwe n’indwara ibabaza cane. Yabwiye Yobu n’ijwi rirenga, ati: “Mbega n’ubu uracakomeje kwa kugororoka kwawe? Tuka Imana, upfe uveho!” Mu nyuma, haraje abagabo batatu, ari bo Elifazi, Biludadi na Zofari, bigira ngo baje guhoza Yobu. Aho kumuhoza, nya bagabo bakoresheje ivyiyumviro bitari vyo, maze bacika “abahoza batera umubabaro.” Nk’akarorero, Biludadi yatanze iciyumviro c’uko abana ba Yobu bari baramogoreye ikibi kandi ko ivyabashikiye ari vyo bari bakwiriye. Elifazi asa n’uwerekanye ko ugucumukura kwa Yobu cari igihano c’ibicumuro yari yarakoze. Yaranavyuye inkeka ku vy’uko ngo abagumana ugutungana kwabo boba ata gaciro bafise ku Mana! (Yobu 2:9, 11; 4:8; 8:4; 16:2, NW; 22:2, 3) Muri iyo mikazo ikomeye Yobu yarimwo, yagumanye ugutungana kwiwe. Vy’ukuri, yari yihenze igihe ‘[yavuga ko ari] umugororotsi kurusha Imana.’ (Yobu 32:2) Naho vyagenze ukwo, yagumye ari umwizigirwa muri ivyo bigeragezo vyose.

8. Ni akarorero keza akahe Elihu yahaye abahanura abandi muri iki gihe?

8 Ubukurikira, turasoma ivyo Elihu yavuze, na we nyene akaba yari yaje kugarukira kuri Yobu. Elihu yabanje kwumviriza ivyiyumviro Yobu be na ba bagenzi biwe batatu bashikirije. Naho Elihu yari akiri mutoyi umugereranije n’abo bagabo bane, yaragaragaje ubukerebutsi buhambaye. Yayagishije Yobu mu rupfasoni. Elihu yarakeje Yobu kubera ukugororoka kwiwe. Ariko kandi yaravuze ko Yobu yari yarengeje urugero mu kugerageza kwerekana ko we ata mahinyu yari afise. Elihu yaciye akura amazinda Yobu ko gusukurira Imana udahemuka ari ikintu cama nantaryo gifise agaciro. (Soma Yobu 36:1, 11.) Ese ukuntu ari akarorero keza ku bahanura abandi muri iki gihe! Elihu yaragaragaje ukwihangana, arumviriza yitonze, arakeza aho bishoboka yongera aratanga impanuro zubaka.​—Yobu 32:6; 33:32.

9. Yehova yafashije gute Yobu?

9 Ubwa nyuma, Yobu yagiye yagenderwa n’umushitsi vy’ukuri ateye akoba! Iyo nkuru ivuga iti: “Uhoraho yishurira Yobu mu gashururu.” Yehova akoreshe ibibazo indiri abigiranye ubuntu kandi ashikamye, yarafashije Yobu kubogora ivyiyumviro vyiwe. Yobu yaremeye n’umutima ukunze igikangiro yahawe, maze yiyemerera ati: “Ndi nta kimazi . . . [Ndigaye nigaraguye] mu mukungugu no mu munyota.” Yehova ahejeje kuvugana na Yobu, yaciye aserura ishavu yari afitiye ba bagenzi batatu ba Yobu, kubera ko batari bavuze “ibiroranye.” Yobu yategerezwa kubasengera. “Yobu agisengera bagenzi biwe, Uhoraho amukūrak’uburushwa bgiwe, amushumbusha ibingana n’ivyo yar’afise ibihetangabo kabiri.”​—Yobu 38:1; 40:4; 42:6-10.

Mbega ukunda Yehova ku rugero rungana iki?

10. Ni kubera iki Yehova atirengagije ivyo Shetani yavuze canke ngo ace amurandura?

10 Yehova ni we Muremyi w’ibiriho vyose, Umukama Segaba w’ibiremwa vyose. Ni kubera iki none atirengagije ca kirego ca wa Mubesheranyi? Imana yari izi yuko kwirengagiza Shetani canke kumurandura bitotoreye umuti ikibazo cari cavyuwe. Wa Mubesheranyi yashatse kuvuga yuko Yobu, uno akaba yari umusavyi wa Yehova adasanzwe afise ugutungana, atogumye ari intahemuka mu gihe yotakaje ubutunzi bwiwe. Yobu yagumye ari intahemuka muri ico kigeragezo. Shetani yaciye asa n’uwivugisha yuko umuntu wese yohevye gukorera Imana igihe yoramuka amerewe nabi ku mubiri. Yobu yaragiriwe nabi ku mubiri, ariko ugutungana kwiwe ntikwahungabanye. Ni co gituma Shetani yagaragaye ko ari umubeshi igihe Yobu yaguma ari umwizigirwa naho yari umunyagasembwa. Bite ho ku bijanye n’abandi basavyi b’Imana?

11. Yezu yatanze gute inyishu itagira agahaze kuri ca kirego ca Shetani?

11 Ku bwa ngingo, igihe umusavyi w’Imana uwo ari we wese agumanye ugutungana kwiwe naho Shetani yomuteza ibigeragezo bimeze gute, aba yerekanye ku giti ciwe yuko ibirego vy’uwo mwansi ruburakigongwe ari ibinyoma. Yezu yaraje ng’aha kw’isi maze aratanga inyishu itagira agahaze kuri ca kirego ca Shetani. Yezu yari umuntu atunganye nka kumwe kwa wa muvyeyi wacu wa mbere, ari we Adamu. Ukuba Yezu yaragumye ari umwizigirwa gushika ku rupfu, vyarerekanye bimwe bidasubirwamwo yuko Shetani ari umubeshi kandi ko ibirego vyiwe ari ibinyoma.​—Ivyah. 12:10.

12. Ni akaryo akahe umusavyi wa Yehova wese afise, kandi ajejwe ibanga irihe?

12 Naho biri ukwo, Shetani aguma agerageza abasavyi ba Yehova. Umwe wese muri twebwe arafise akaryo be n’ibanga vyo kugaragaza biciye ku gutungana kwiwe bwite yuko dusukurira Yehova tubitumwe n’urukundo tumukunda, tutabitumwe n’ubwikunzi. None tubona gute iryo banga twajejwe? Turabona ko kuguma turi intahemuka kuri Yehova ari agateka twatewe. Vyongeye, biraduhumuriza kumenya ko Yehova aturonsa inkomezi zo kwihangana be n’uko ibigeragezo vyose bidushikira abishingira akarimbi, nk’uko yabigize kuri Yobu.​—1 Kor. 10:13.

Shetani ni umwansi akaba n’umuhuni ata co yibanga

13. Ni amakuru y’ido n’ido ayahe igitabu ca Yobu gihishura ku vyerekeye Shetani?

13 Ivyanditswe vy’igiheburayo biratanga amakuru y’ido n’ido ku bijanye n’uruhara rugayitse Shetani yagize mu kuvyura inkeka kuri Yehova no mu kuyovya umuryango w’abantu. Ivyanditswe vy’ikigiriki turabisangamwo amakuru yiyongereye yerekana ukuntu Shetani arwanya Yehova, kandi igitabu c’Ivyahishuwe kiratwereka ukuntu ubusegaba bwa Yehova buzokwemezwa be n’ingene Shetani amaherezo azokurwaho. Igitabu ca Yobu kiratuma turushiriza kumenya ivyerekeye ingendo ya Shetani y’ubugarariji. Igihe Shetani yari kumwe n’abamarayika bari bakoraniye hamwe mw’ijuru, ntiyari yazanywe no gushemeza Yehova. Wa Mubesheranyi yari afise umutima mubi n’umugambi wo gukora ikibi. Inyuma y’aho Shetani yagirije Yobu ibinyoma maze akemererwa kumugerageza, “[yaciye] asohoka, ava imbere y’Uhoraho.”​—Yobu 1:12; 2:7.

14. Shetani yagaragaje agatima akahe ku bijanye na Yobu?

14 Ku bw’ivyo rero, igitabu ca Yobu kirerekana ko Shetani ari umwansi w’abantu w’imburakigongwe. Hagati y’ugutororokanira hamwe kw’abamarayika mw’ijuru kuvugwa muri Yobu 1:6 be n’ukudondorwa muri Yobu 2:1, haraciye ikiringo kitazwi, ico Yobu yamaze ageragezwa bunyamaswa. Kuba Yobu yagumye ari umwizigirwa vyatumye Yehova abwira Shetani ati: “Erega [Yobu] yakomeje ukugororoka kwiwe gushitsa n’ubu, naho wanteye kumugeseza ata co ndamuhōye.” Ariko Shetani ntiyashizwe ngo yemere ko ibirego vyiwe vyari vyagaragaye ko ari ikinyoma. Ahubwo riho, yasavye ko Yobu yogeragereshwa ikindi kigeragezo gikaze kuruta. Ni co catumye wa Mubesheranyi agerageza Yobu mu gihe yari afise itunga be no mu gihe yari akenye. Biragaragara neza ko Shetani ata mpuhwe agirira abakene canke abasinzikajwe n’ivyago. Aranka urunuka abantu bagumana ugutungana kwabo. (Yobu 2:3-5) Yamara rero, ukuba Yobu yagumye ari umwizigirwa vyaragaragaje ko Shetani ari umubeshi.

15. Ni ibiki abahuni bo mu gihe ca none bahuriyeko na Shetani?

15 Shetani ni we kiremwa ca mbere catanguye kuba umuhuni. Abahuni bo mu gihe ca none baragaragaza ko bameze nka wa Mubesheranyi. Imizirikanyi yabo yoshobora kwononwa n’agatima bafise ko kunebagura abagize amashengero, abakurambere bakirisu canke Inama Nyobozi. Hari abahuni baterekwa na gatoyi ivyo gukoresha izina ry’Imana, ari ryo Yehova. Ntibashimishwa no kwiga ivyerekeye Yehova canke kumusukurira. Cokimwe na se wabo, ari we Shetani, abahuni barondera kugerageza abantu bagumana ugutungana kwabo. (Yoh. 8:44) Ntibitangaje rero kubona abasavyi ba Yehova baharira ivomo abahuni.​—2 Yoh. 10, 11.

Yobu yarashize hejuru izina rya Yehova

16. Yobu yagaragaje agatima akahe ku bijanye na Yehova?

16 Yobu yarakoresheje izina rya Yehova yongera ararishemeza. N’igihe Yobu yari yavunywe umutima n’inkuru yerekeye urupfu rw’abana biwe, ntiyigeze yagiriza Imana ikintu na kimwe kitabereye. Naho Yobu yihenze mu kuvuga ko Imana ari yo yari yatumye ivyo bimushikira, ntiyigeze areka gushira hejuru izina rya Yehova. Mu majambo amwe ncakagani Yobu yavuze mu nyuma, yagize ati: “Rāba kwubaha Uhoraho ni bgo bgenge, kandi kuva mu vyaha ni kwo gutahura.”​—Yobu 28:28.

17. Ni igiki cafashije Yobu kugumana ugutungana kwiwe?

17 Ni igiki cafashije Yobu kugumana ugutungana kwiwe? Bigaragara ko imbere y’uko ivyago bimushikira, yari yaratsimbataje ubucuti bwa hafi na Yehova. Naho ata kimenyamenya na kimwe dufise c’uko Yobu yoba yari azi ko Shetani yari yaraharirije Yehova, we yari yiyemeje kuguma ari intahemuka. Yavuze ati: “Kugeza aho nzopfira, sinzokwigera mva ku gutungana kwanje.” (Yobu 27:5) None Yobu yatsimbataje gute ubwo bucuti bwa hafi? Ata gukeka, yarafatana uburemere ivyo yari yarumvise ku bijanye n’ivyo Imana yari yaragiranye na Aburahamu, Izahaki be na Yakobo, bano bakaba bari incuti ziwe za kure. Vyongeye, biciye ku kwihweza ivyaremwe, Yobu yarashoboye kuzirikana kuri kamere nyinshi za Yehova.​—Soma Yobu 12:7-9, 13, 16.

18. (a) Yobu yerekanye gute ko yari umuntu yihebeye Yehova? (b) Ni mu buryo butandukanye ubuhe twokwigana akarorero keza ka Yobu?

18 Ivyigwa Yobu yigiye ku vyamushikiye vyaratumye yipfuza gushemeza Yehova. Yobu yama ashikana ibimazi abitumwe n’uko yibaza ko abagize umuryango wiwe boba bakoze ikintu kidahimbara Imana canke boba “barogo[se] ku Mana mu mitima yabo.” (Yobu 1:5) N’igihe Yobu yari mu bigeragezo bikaze, yagumye avuga neza Yehova. (Yobu 10:12) Ese ukuntu ako ari akarorero keza! Na twebwe nyene dutegerezwa kwama twironsa ubumenyi butagira amakosa bwerekeye Yehova be n’imigambi yiwe. Turumira ku rutonde rwiza dufise rwo kwitwararika ibikorwa vyo mu buryo bw’impwemu nko kwiyigisha, kwitaba amakoraniro, isengesho be no kwamamaza inkuru nziza. Vyongeye, turakora uko dushoboye kugira ngo tumenyekanishe izina rya Yehova. Nk’uko nyene ugutungana kwa Yobu kwahimbaye Yehova, ni ko n’ugutungana kw’abasavyi b’Imana bo muri kino gihe kunezereza umutima wa Yehova. Ico ciyumviro kizorimburwa mu kiganiro gikurikira.

Woba uvyibuka?

• Ni kubera iki Shetani wa Mubesheranyi yahisemwo gutera Yobu?

• Ni ibigeragezo ibihe Yobu yihanganiye, kandi yavyakiriye gute?

• Ni igiki kizodufasha kugumana ugutungana kwacu nka Yobu?

• Ni ivyigwa ibihe twigiye ku gitabu ca Yobu ku vyerekeye Shetani?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Ifoto ku rup. 4]

Inkuru yigana ivyashikiye Yobu iratuma tuguma turi maso ku bijanye na ca kibazo gihambaye cerekeye uburenganzira Imana ifise bwo kugaba no kuganza ibiriho vyose

[Ifoto ku rup. 6]

Ni ryari ugutungana kwawe kwoshobora kugeragezwa?