Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Abamarayika ni “impwemu ku bw’igikorwa gikorerwa abantu”

Abamarayika ni “impwemu ku bw’igikorwa gikorerwa abantu”

Abamarayika ni “impwemu ku bw’igikorwa gikorerwa abantu”

“Mbega bose si impwemu ku bw’igikorwa gikorerwa abantu, zatumwe gusukurira abagiye kuzotorana ubukiriro?”​—HEB. 1:14.

1. Ni ikintu ikihe gihumuriza dushobora gusanga muri Matayo 18:10 no mu Baheburayo 1:14?

YEZU KRISTU yagabishije uwo wese yotsitaje abayoboke biwe, ati: “Murabe ntimusuzugure n’umwe muri aba batoya; kuko ndababwiye yuko abamarayika babo mw’ijuru bama nantaryo bitegereza mu nyonga ha Data ari mw’ijuru.” (Mat. 18:10) Ku bijanye n’abamarayika b’abizigirwa, intumwa Paulo yanditse ati: “Mbega bose si impwemu ku bw’igikorwa gikorerwa abantu, zatumwe gusukurira abagiye kuzotorana ubukiriro?” (Heb. 1:14) Ayo majambo aratanga ikimenyamenya gihumuriza c’uko Imana ikoresha ivyo biremwa vyo mw’ijuru kugira ngo bifashe abantu. Bibiliya itubwira iki ku vyerekeye abamarayika? Badufasha gute? Ni igiki dushobora kubigirako?

2, 3. Bimwebimwe mu bikorwa ibiremwa vy’impwemu vyo mw’ijuru bikora, ni ibihe?

2 Mw’ijuru hariyo abamarayika b’abizigirwa amamiliyoni. Bose ni “abanyenkomezi nyinshi bashikisha ijambo ryiwe.” (Zab. 103:20; soma Ivyahishuwe 5:11.) Abo bana b’Imana b’impwemu barafise kamere umwumwe yisangije, bakagira kamere nk’iz’Imana be n’ubushobozi bwo kwihitiramwo. Batunganijwe mu buryo bwiza igitangaza kandi barafise ibibanza bihambaye mu ndinganizo y’Imana, umumarayika mukuru akaba ari Mikaheli (ukwo akaba ariko Yezu yitwa mw’ijuru). (Dan. 10:13; Yuda 9) Iyo “mfura mu biremwa vyose” ni we “Jambo” w’Imana canke umuvugizi wayo, kandi yarakoreshejwe na Yehova mu kurema ibindi bintu vyose.​—Kol. 1:15-17; Yoh. 1:1-3.

3 Havuye uwo mumarayika mukuru haca hakurikira abaserafi, bano bakaba batangaza ubweranda bwa Yehova kandi bagafasha kugira ngo abasavyi biwe bagume batyoroye mu buryo bw’impwemu. Hariho kandi abakerubi, bano bakaba basukura ari abashigikira ubukuru bw’Imana. (Ita. 3:24; Yes. 6:1-3, 6, 7) Abandi bamarayika, canke intwarabutumwa, bararangura ibikorwa bitandukanye mu gushitsa ivyo Imana igomba.​—Heb. 12:22, 23.

4. Abamarayika bavyakiriye gute igihe amatanguriro y’isi yashirwaho, kandi ugukoresha neza ubushobozi bwo kwihitiramwo vyozaniye iki abantu?

4 Abamarayika bose baranezerewe igihe ‘amatanguriro y’isi yashirwaho’ bongera baragira uruhara babigiranye umunezero mwinshi mu vyo bashinzwe gukora igihe ako kabuyenge kadasanzwe ko mu kirere katunganywa kugira ngo abantu bashobore kukabako. (Yobu 38:4, 7) Yehova yaremye umuntu ari “munsi gatoyi y’abamarayika,” ariko amurema mw’“ishusho” yiwe, ivyo bikaba bituma abantu bashobora kugaragaza kamere ziri hejuru z’Umuremyi wabo. (Heb. 2:7; Ita. 1:26) Iyo Adamu na Eva be n’ababakomotseko bakoresha neza ingabirano bahawe y’ubushobozi bwo kwihitiramwo, bokwinovoye ubuzima mw’Iparadizo bagize igihimba c’umuryango wa Yehova wo kw’isi no mw’ijuru ugizwe n’ibiremwa bifise ubwenge.

5, 6. Ni ubugarariji ubuhe bwabaye mw’ijuru, kandi Imana yavyifashemwo gute?

5 Ata gukeka, abamarayika beranda bategerezwa kuba barababaye cane igihe babona ingene ubugarariji bwatanguye mu muryango w’Imana wo mw’ijuru. Umwe muri bo ntiyari akibumbwa no gushemeza Yehova, ahubwo yipfuza gusengwa. Yigize Shetani (bisobanura ngo “Umurwanizi”) mu guharira ku vy’uko Yehova yoba ari we abereye gutegeka no mu kugerageza gushinga ubundi butegetsi burwanya ubwa Yehova abigiranye agatima ko guhahamira ubukuru. Shetani akoresheje ikinyoma ciwe ca mbere kivugwa muri Bibiliya, yaratumye n’uruyeri n’akantu umugabo n’umugore ba mbere bifatanya na we mu kugarariza Umuremyi wabo munyarukundo.​—Ita. 3:4, 5; Yoh. 8:44.

6 Yehova yaciye ubwo nyene acira urubanza Shetani mu gushikiriza ubuhanuzi bwa mbere bwo muri Bibiliya, ati: “Nzoshira inyankane hagati yawe n’uwu mugore, no hagati y’uruvyaro rwawe n’urwiwe: ruzogukomeretsa umutwe, nawe uzorukomeretsa igitsintsiri.” (Ita. 3:15) Iyo nyankane yobandanije hagati ya Shetani n’“umugore” w’Imana. Mu vy’ukuri, Yehova yabona yuko ishirahamwe ryo mw’ijuru rigizwe n’ibiremwa vy’impwemu vy’intahemuka rifitaniye na we ubucuti nk’ubw’umugore n’umugabo. Ubwo buhanuzi bwarabaye ikintu ntakekeranywa gitanga icizigiro naho amakuru y’ido n’ido abwerekeye yagumye ari “ibanga ryeranda” ryogiye rirahishurwa intambwe ku yindi. Imana yarashinze ko umwe mu bagize igihimba co mw’ijuru c’ishirahamwe ryiwe yokuyeho buhere abagarariji bose be n’uko biciye kuri we ibintu “vyo mw’ijuru n’ivyo kw’isi” vyokoranirijwe hamwe.​—Ef. 1:8-10.

7. Ni ibiki abamarayika bamwebamwe bakoze mu gihe ca Nowa, kandi vyagize ingaruka iyihe kuri bo?

7 Mu gihe ca Nowa, abamarayika batari bake barahevye “ahantu habo . . . ho kuba hababereye” maze biyambika imibiri y’abantu kugira ngo bakurikirane ibibanezereza biranga ubwikunzi bari kw’isi. (Yuda 6; Ita. 6:1-4) Yehova yarashiburiye abo bagarariji mu mwiza w’umuzitanya, gutyo baca bifatanya na Shetani mu gucika “ibinyankomezi vy’impwemu bibi” n’abansi b’ababisha b’abasavyi b’Imana.​—Ef. 6:11-13; 2 Pet. 2:4.

Abamarayika badufasha gute?

8, 9. Yehova yakoresheje gute abamarayika kugira ngo bafashe abantu?

8 Aburahamu, Yakobo, Musa, Yosuwa, Yesaya, Daniyeli, Yezu, Petero, Yohani na Paulo bari mu bantu basukuriwe n’abamarayika. Abamarayika b’abizigirwa barashikije imanza z’Imana bongera barashikiriza ubuhanuzi be n’ubuyobozi butandukanye, harimwo na rya Tegeko rya Musa. (2 Abm. 19:35; Dan. 10:5, 11, 14; Ibik. 7:53; Ivyah. 1:1) Kubera ko ubu dufise Ijambo ry’Imana ryuzuye, vyoshobora kuba bidakenewe ko abamarayika bashikiriza ubutumwa bw’Imana. (2 Tim. 3:16, 17) Ariko rero, naho abamarayika tutababona, barafise vyinshi bakora mu gushitsa ivyo Imana igomba no mu gushigikira abasavyi bayo.

9 Bibiliya idukura amazinda iti: “Umumarayika w’Uhoraho ashagaje impande zose z’abamwubaha, akabarokora.” (Zab. 34:7; 91:11) Kubera ico kibazo c’ugutungana, Yehova arareka Shetani akaduteza ibigeragezo vy’ubwoko bwose. (Luka 21:16-19) Yamara rero, Imana irazi urugero twoshikanako mu kwihanganira ikigeragezo kinaka kijanye n’ugutungana kwacu imbere yayo. (Soma 1 Abakorinto 10:13.) Abamarayika bama bagavye kugira ngo bagire ico bakoze bisunze ivyo Imana igomba. Bararokoye Shaduraka, Meshaki, Abedunego, Daniyeli na Petero mugabo ntibabujije ko Sitefano na Yakobo bicwa n’abansi. (Dan. 3:17, 18, 28; 6:22; Ibik. 7:59, 60; 12:1-3, 7, 11) Uko ibintu vyari vyifashe be n’ingorane bari bafise vyari bitandukanye. Mu buryo busa n’ubwo, bamwebamwe mu bavukanyi bacu bari mu makambi y’itunatuniro y’Abanazi barishwe, ariko abenshi muri bo Yehova arabarokora.

10. Uretse ugufashwa n’abamarayika, ni imfashanyo iyihe twoshobora kuronswa?

10 Ivyanditswe ntivyigisha ko umuntu wese kw’isi afise umumarayika amukingira. Turasenga twizigiye yuko “ico dusaba cose twisunze ukugomba [kw’Imana], itwumva.” (1 Yoh. 5:14) Ego ni ko, Yehova yoshobora kurungika umumarayika kugira ngo adufashe, ariko imfashanyo yoshobora kuboneka mu buryo butandukanye n’ubwo. Abakirisu bagenzi bacu boshobora kuvyurirwa umutima wo kudufasha no kuduhoza. Imana yoshobora kuturonsa ubukerebutsi be n’inkomezi dukeneye kugira ngo twihanganire “ihwa mu mubiri” ridusesereza nk’aho twoba turiko dukubitwa n’“umumarayika wa Shetani.”​—2 Kor. 12:7-10; 1 Tes. 5:14.

Twigane Yezu

11. Abamarayika bakoreshejwe gute kugira ngo bafashe Yezu, kandi ni igiki yaranguye mu kuguma ari umwizigirwa ku Mana?

11 Rimbura ingene Yehova yakoresheje abamarayika ku bijanye na Yezu. Baratangaje ivuka ryiwe be n’izuka ryiwe bongera baramusukurira igihe yari ng’aha kw’isi. Abamarayika bari gushobora kubuza ngo ntafatwe canke ngo yicwe bunyamaswa. Mugabo, umumarayika yararungitswe ngo amukomeze. (Mat. 28:5, 6; Luka 2:8-11; 22:43) Mu buryo buhuje n’umugambi wa Yehova, Yezu yarapfuye urupfu rwo kwitangako inkuka maze aba atanze ikimenyamenya c’uko umuntu atagira agasembwa ashobora kuguma atunganye imbere y’Imana naho yoba ari mu kigeragezo gikomeye gute. Ku bw’ivyo, Yehova yarazuriye Yezu ubuzima budapfa mw’ijuru, amuronsa “ubukuru bwose” yongera atuma abamarayika bamuyobokera. (Mat. 28:18; Ibik. 2:32; 1 Pet. 3:22) Yezu rero yaragaragaje ko ari igihimba nyamukuru c’“uruvyaro” rw’“umugore” w’Imana.​—Ita. 3:15; Gal. 3:16.

12. Ni mu buryo ubuhe dushobora kwigana ukuntu Yezu yakoresheje “ukurorana kw’umuzirikanyi”?

12 Yezu yari azi ko atari vyiza kugerageza Yehova yiteze ko abamarayika bomutabaye igihe yokoze ibintu nk’uko yishakiye. (Soma Matayo 4:5-7.) Nimuze rero twigane akarorero ka Yezu mu kubaho dufise “ukurorana kw’umuzirikanyi,” tutishira mu kaga bidakenewe, ariko tugahangana n’uruhamo twizigiye ko ibintu bizogenda neza.​—Tito 2:12.

Ivyo dushobora kwigira ku bamarayika b’abizigirwa

13. Ni igiki dushobora kwigira ku karorero k’abamarayika b’abizigirwa kavugwa muri 2 Petero 2:9-11?

13 Mu gukangira ‘abatuka’ abasavyi ba Yehova batoranijwe, intumwa Petero aradoma urutoke ku karorero keza k’abamarayika b’abizigirwa. Naho abamarayika bafise ububasha buhambaye, baririnda bicishije bugufi kubarega babacira urubanza, ivyo bakabigira “ku bw’icubahiro bafitiye Yehova.” (Soma 2 Petero 2:9-11.) Ese na twe twokwirinda gucira abandi rubi, tukubaha abafise ibanga ry’ubucungezi mw’ishengero, kandi tukarekera ibintu mu maboko ya Yehova, we Mucamanza Ruheta!​—Rom. 12:18, 19; Heb. 13:17.

14. Ni uburorero ubuhe bugaragaza ukuntu abamarayika basukura bicishije bugufi?

14 Abamarayika ba Yehova baraduha uburorero mu bijanye n’ugusukura bicishije bugufi. Hari abamarayika banse guhishurira amazina yabo abantu. (Ita. 32:29; Abac. 13:17, 18) Naho hariho abamarayika amamiliyoni mw’ijuru, Bibiliya ihishura gusa amazina y’abamarayika babiri, rimwe rikaba ari Mikaheli irindi Gaburiyeli. Ivyo vyoshobora kuturinda guha abamarayika icubahiro kibarengeye. (Luka 1:26; Ivyah. 12:7) Igihe intumwa Yohani yikubita imbere y’umumarayika ngo amusenge, yahanuwe ati: “Uragaba! Ntugire ivyo! Nta kindi ndi atari umushumba mugenzawe n’uw’abavukanyi bawe.” (Ivyah. 22:8, 9) Imirimo turangura ijanye n’ugusenga kwacu, ushizemwo n’amasengesho dutura, ikwiye kwerekezwa gusa ku Mana.​—Soma Matayo 4:8-10.

15. Abamarayika batubera gute akarorero mu bijanye no kwihangana?

15 Abamarayika kandi baratubera akarorero mu bijanye no kwihangana. Naho bashashaye kumenya amabanga meranda y’Imana, ntibayabwirwa yose. Bibiliya ivuga iti: “Abamarayika baripfuza kwihweza bitonze muri ivyo bintu nyene.” (1 Pet. 1:12) None bakora iki? Bararindira bihanganye gushika igihe Imana yashinze kigeze c’uko ‘ubukerebutsi bwayo bw’uburyo bwinshi bumenyeshwa biciye kw’ishengero.’​—Ef. 3:10, 11.

16. Inyifato tugaragaza ishobora kugira ico ikoze gute ku bamarayika?

16 Abakirisu bari mu kigeragezo ni ‘ibirori ku bamarayika.’ (1 Kor. 4:9) Abamarayika baritegereza ivyo dukora tudahemuka babigiranye umunezero mwinshi, eka mbere akanyamuneza kakabasya igihe umucumuzi yigaye. (Luka 15:10) Abamarayika barabona inyifato ishimwa n’Imana abakenyezi bakirisu bagaragaza. Bibiliya yerekana ko “umugore abwirizwa kugira ikimenyetso c’ubukuru ku mutwe wiwe kubera abamarayika.” (1 Kor. 11:3, 10) Egome, abamarayika barahimbarwa no kubona abakenyezi bakirisu be n’abandi basavyi b’Imana bose bo kw’isi bagamburuka urutonde be n’ubukuru vya gitewokarasi. Ukwo kugamburuka ni icibutswa kibereye kuri abo bana b’Imana bo mw’ijuru.

Abamarayika barashigikira igikorwa co kwamamaza babigiranye umwete

17, 18. Ni kubera iki dushobora kuvuga yuko abamarayika bashigikira igikorwa turangura co kwamamaza?

17 Abamarayika baragira uruhara mu bintu bimwebimwe bihambaye biba mu “musi w’Umukama.” Ivyo birimwo ukuvuka kw’Ubwami mu 1914 be n’ukwirukanwa kwa Shetani n’amadayimoni yiwe bakava mw’ijuru kwagizwe na “Mikaheli n’abamarayika biwe.” (Ivyah. 1:10; 11:15; 12:5-9) Intumwa Yohani yarabonye “umumarayika aguruka hagati mu kirere, kandi yari afise inkuru nziza y’ibihe bidahera yo gutangaza bwa makuru y’akamwemwe ku baba kw’isi.” Uwo mumarayika yatangaje ati: “Nimutinye Imana kandi muyihe ubuninahazwa, kuko isaha y’urubanza rwayo ishitse; ku bw’ico rero nimusenge Uwaremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’amasôko y’amazi.” (Ivyah. 14:6, 7) Gutyo, abasavyi ba Yehova barakurwa amazinda ko abamarayika babashigikira uko bamamaza inkuru nziza y’Ubwami bwashinzwe naho wa Mubesheranyi abarwanya yivuye inyuma.​—Ivyah. 12:13, 17.

18 Muri iki gihe, abamarayika ntibatuyobora ku bantu b’umutima nziraburyarya mu kuvugana natwe nka kurya umumarayika yavuganye na Filipo maze akamuyobora kuri ya nkone y’Umunyetiyopiya. (Ibik. 8:26-29) Naho ari ukwo, ibintu vyinshi biba mu bihe vya none biratanga ikimenyamenya c’uko abamarayika, naho tutababona, bariko bashigikira igikorwa turangura co kwamamaza Ubwami kandi ko bariko batuyobora ku “bafise agatima kabereye kotuma baronka ubuzima budahera.” * (Ibik. 13:48) Ese ukuntu bihambaye kugira uruhara mu busuku tudahorereza kugira ngo dushobore gushitsa uruhara rutwega mu kurondera abantu bipfuza ‘gusenga Data mu mpwemu no mu kuri’!​—Yoh. 4:23, 24.

19, 20. Ni uruhara uruhe abamarayika barangura mu bintu biranga “insozero y’ivy’isi”?

19 Mu kwerekeza ku gihe cacu, Yezu yavuze yuko “ku nsozero y’ivy’isi,” abamarayika “[borobanuye] ababi mu bagororotsi.” (Mat. 13:37-43, 49) Abamarayika baragira uruhara mu gikorwa ca nyuma co gutororokanya no gushira ikimenyetso ku barobanuwe. (Soma Matayo 24:31; Ivyah. 7:1-3) Vyongeye, Yezu akorana n’abamarayika igihe “atandukanya intama n’impene.”​—Mat. 25:31-33, 46.

20 Mu “gihe c’ihishurwa ry’Umukama Yezu avuye mw’ijuru ari kumwe n’abamarayika biwe b’ububasha,” abo bose “batazi Imana be n’abatagamburukira inkuru nziza yerekeye Umukama wacu Yezu” bazokurwaho. (2 Tes. 1:6-10) Igihe Yohani yabona ivyo bintu nyene mu vyo yeretswe, yaradondoye Yezu n’ingabo z’abamarayika bo mw’ijuru ko bagendera ku mafarasi yera kugira ngo bashishikare kurwana intambara mu bugororotsi.​—Ivyah. 19:11-14.

21. Ni igiki umumarayika “afise urupfunguruzo rw’inyenga be n’ikinyororo kinini mu minwe” azokorera Shetani n’amadayimoni yiwe?

21 Yohani kandi “[yarabonye] umumarayika amanuka ava mw’ijuru afise urupfunguruzo rw’inyenga be n’ikinyororo kinini mu minwe.” Uwo si uwundi atari wa mumarayika mukuru Mikaheli, uno akaba azoboha wa Mubesheranyi maze amuraririze mu nyenga, kandi bigaragara ko azoraririzanywa n’amadayimoni yiwe. Bazobohorwa ya Ngoma ya Kristu y’imyaka igihumbi ikimara kurangira, aho abantu batagira agasembwa bazogeragezwa ubwa nyuma. Mu nyuma, Shetani n’abandi bagarariji bose bazosangangurwa. (Ivyah. 20:1-3, 7-10; 1 Yoh. 3:8) Ukugarariza Imana kwose kuzoba gukuweho.

22. Ni gute abamarayika bagira uruhara mu bintu biraririye gushika, kandi dukwiye kwumva tumerewe gute ku bijanye n’uruhara barangura?

22 Kurokorwa tugakurwa mu vy’iyi si mbi ya Shetani kuregereje. Abamarayika bazorangura uruhara rukomeye muri ivyo bintu bihambaye bizotuma ubusegaba bwa Yehova bwemezwa vyongere bitume umugambi afitiye isi n’abantu uranguka bimwe bishitse. Abamarayika b’abizigirwa mu vy’ukuri ni “impwemu ku bw’igikorwa gikorerwa abantu, zatumwe gusukurira abagiye kuzotorana ubukiriro.” Nimuze rero dukengurukire Yehova Imana ku bw’ukuntu akoresha abamarayika kugira ngo badufashe gukora ivyo agomba maze tuze turonke ubuzima budahera.

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 18 Raba igitabu Les Témoins de Jéhovah:Prédicateurs du Royaume de Dieu, urupapuro rwa 549-551.

Wokwishura gute?

• Ibiremwa vy’impwemu vyo mw’ijuru bitunganijwe gute?

• Abamarayika bamwebamwe bakoze iki mu gihe ca Nowa?

• Imana yakoresheje gute abamarayika kugira ngo badufashe?

• Abamarayika b’abizigirwa barangura uruhara uruhe mu gihe cacu?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Ifoto ku rup. 21]

Abamarayika baranezerezwa no gushitsa ivyo Imana igomba

[Ifoto ku rup. 23]

Nk’uko vyagenze kuri Daniyeli, abamarayika bama bagavye kugira ngo bagire ico bakoze bisunze ivyo Imana igomba

[Ifoto ku rup. 24]

Nugire umutima rugabo kubera ko abamarayika bariko barashigikira igikorwa co kwamamaza Ubwami!

[Credit line]

Umubumbe: Ifoto ya NASA