Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Banega, nimwigane urukundo rwa Kristu!

Banega, nimwigane urukundo rwa Kristu!

Banega, nimwigane urukundo rwa Kristu!

MW’IJORO rya nyuma Yezu yamaze ng’aha kw’isi, yabwiye intumwa ziwe z’intahemuka ati: “Ndabahaye ibwirizwa rishasha: mukundane; nk’uko nabakunze, abe ari ko namwe mukundana. Iki ni co bose bazomenyerako yuko muri abigishwa banje, nimwagiriranira urukundo hagati yanyu.” (Yoh. 13:34, 35) Mu vy’ukuri, abakirisu b’ukuri bategerezwa gukundana.

Intumwa Paulo ubwiwe yarerekeje ku bagabo bakirisu igihe yandika ati: “Bagabo, mushishikare gukunda abagore banyu nk’uko na Kristu yakunze ishengero kandi akitanga ku bwaryo.” (Ef. 5:25) None umugabo mukirisu ashobora gute gushira mu ngiro iyo mpanuro dusanga mu Vyanditswe mu mubano wiwe, na canecane igihe umukenyezi wiwe ari umusavyi wa Yehova yiyeguye?

Kristu yarakunda cane ishengero

Bibiliya ivuga iti: “Abagabo babwirizwa gukunda abagore babo nk’imibiri yabo bwite. Uwukunda umugore wiwe aba yikunda, kuko ata muntu yigeze kwanka umubiri wiwe bwite; ahubwo arawugaburira akawubungabungana urukundo, nk’uko na Kristu agirira ishengero.” (Ef. 5:28, 29) Yezu yaragirira igishika abigishwa biwe kandi yarabakunda cane. Naho bari abanyagasembwa, yabafatana ubugwaneza n’ubuntu. Kubera ko yipfuza “[kuzana] ishengero kuri we nyene mu bwiza bwakaka bwaryo,” yaguma yibanda kuri kamere nziza abigishwa biwe bari bafise.​—Ef. 5:27.

Nk’uko nyene Kristu yagaragaje ko akunda ishengero, umunega ategerezwa kugaragariza urukundo umukenyezi wiwe mu mvugo no mu ngiro. Umukenyezi yama agaragarizwa urukundo n’umunega wiwe, arumva ko akundwa cane kandi arahimbarwa. Igihushanye n’ivyo, umukenyezi afise ibitayega vyose vyo mu rugo ruteye igomwe, arashobora kubura agahimbare bimwe bibi niba umunega wiwe atamwitaho canke amwirengagiza.

Umunega yogaragaza gute ko akunda cane umukenyezi wiwe? Iyo bari kumwe n’abandi bantu, arababwira ko ari umukenyezi wiwe abigiranye icubahiro akongera akamushemagiza atarya umunwa kubera ko amufata mu mugongo. Niba umukenyezi wiwe hari ikintu gihambaye yaranguye kugira ngo umuryango wabo uroranirwe, ntagonanwa kubibwira abandi. Iyo bari bonyene na ho, umukenyezi arumva ko umunega wiwe amufitiye igishika. Kumukorako, kumumwenyurira, kumugumbira be no kumukeza vyoshobora gusa naho ari ibintu ata kintu kinini bimaze, ariko usanga bikora ku mutima cane umukenyezi.

‘Ntiyaterwa isoni no kubita “abavukanyi”’

Kristu Yezu ‘ntiyaterwa isoni no kubita [abayoboke biwe barobanuwe] “abavukanyi.”’ (Heb. 2:11, 12, 17) Niba uri umunega mukirisu, uribuka kandi yuko umukenyezi wawe ari umuvukanyikazi wawe. Kuba yariyeguriye Yehova birahambaye cane kuruta indagano y’ababiranye mwagiraniye, yaba yabatijwe imbere y’uko mwubakana canke inyuma yaho. Igihe umukenyezi wawe asabwe gutanga insasanuro, umuvukanyi aba ahagarikiye ikoraniro rinaka ryo mw’ishengero amuvuga mu buryo bubereye ngo “muvukanyikazi naka.” Ni umuvukanyikazi wawe no muhira, si uwo ku Ngoro y’Ubwami gusa. Birahambaye rero ko umufatana ubugwaneza n’icubahiro i muhira nk’uko ubigira ku Ngoro y’Ubwami.

Niba ufise uduteka tw’umurimo twiyongereye mw’ishengero, woshobora rimwe na rimwe gusanga bitakworohera gushira ku burimbane amabanga ujejwe mw’ishengero be n’ayo ujejwe mu muryango. Ugukorana neza hagati y’abakurambere be n’abakozi b’ishengero hamwe n’ugushinga amabanga amwamwe abayashoboye, birashobora kugufasha kuronka umwanya wiyongereye wokoresha mu kwitwararika uwo muvukanyikazi agukeneye kuruta abandi, ari we mukenyezi wawe. Uribuka ko hari abavukanyi batari bake bashoboye ata gukeka gukora ibikorwa vyo mw’ishengero ujejwe, ariko wewe ubwawe ni we muvukanyi wenyene yunze ubumwe n’umukenyezi wawe biciye mu mubano w’ababiranye.

Vyongeye, uri umutwe w’umukenyezi wawe. Bibiliya ivuga iti: “Umutwe w’umugabo wese [ni] Kristu; umutwe w’umugore na wo ni umugabo.” (1 Kor. 11:3) None ukwiye gukoresha gute ubwo bukuru ufise? Ukwiye kubukoresha mu buryo buranga urukundo, si mu kwama usubiramwo ico canditswe duhejeje kuvuga maze ugaca umutegeka ngo nakwubahe. Uburyo bwiza bwo kubukoresha ni mu kwigana Yezu Kristu mu kuntu ufata umukenyezi wawe.​—1 Pet. 2:21.

“Muri abagenzi banje”

Yezu yise abigishwa biwe abagenzi biwe. Yababwiye ati: “Sinkibita abashumba, kuko umushumba atamenya ico shebuja akora. Mugabo nabise abagenzi, kuko ibintu vyose numvise kuri Data nabibamenyesheje.” (Yoh. 15:14, 15) Yezu n’abigishwa biwe baraseruranira akari ku mutima. Baranakorera ibintu hamwe. “Yezu hamwe n’abigishwa biwe” baratumiwe mu birori vy’ubugeni i Kana. (Yoh. 2:2) Bari bafise ahantu bakunda kuja, nko muri wa murima w’i Getsemani. Bibiliya ivuga yuko “Yezu yari yarahahuriye kenshi n’abigishwa biwe.”​—Yoh. 18:2.

Ata gukeka, umukenyezi arakeneye kwumva ko ari umugenzi somambike w’umunega wiwe. Ese ukuntu bihambaye cane ko mwebwe abanega na mwebwe abakenyezi mwinovorera hamwe ubuzima! Nimusukurire Imana muri kumwe. Nimuhimbarwe no kwigira hamwe Bibiliya. Nimumare umwanya muri kumwe, ni ukuvuga mutemberane, muyage, musangirire hamwe ibifungurwa. Ntimwitwe gusa umugabo n’umugore, ariko kandi nimube abagenzi.

“Yarabakunze gushika kw’iherezo”

Yezu ‘yarakunze abigishwa biwe gushika kw’iherezo.’ (Yoh. 13:1) Hari abanega bananirwa kwigana Kristu muri uwo muce. Boshobora mbere no guheba ‘abagore babo bo mu bucance,’ kumbure babitumwe n’ukurondera uwukiri muto.​—Mal. 2:14, 15.

Ariko hari abandi banega, nk’uwitwa Willi, bigana Kristu. Kubera ingorane z’amagara, umukenyezi wa Willi vyarabaye ngombwa ko aguma yitwararikwa mu myaka myinshi. None Willi yumvise amerewe gute? Yavuze ati: “Namye nantaryo mbona ko umukenyezi wanje ari ingabirano iva ku Mana kandi ni ko gaciro namuha. Turetse n’ivyo, imyaka 60 irarangiye nsezeranye ko nzomwitwararika mu mahirwe no mu magorwa. Sinzokwigera nibagira iryo sezerano.”

Yemwe bagabo bakirisu, nimwigane urukundo rwa Kristu. Nimukunde cane abakenyezi banyu batinya Imana, ni ukuvuga abavukanyikazi banyu bakaba n’abagenzi banyu.

[Ifoto ku rup. 20]

Umukenyezi wawe yoba ari umugenzi wawe somambike?

[Ifoto ku rup. 20]

‘Nushishikare gukunda umugore wawe’