Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Igihe co gucereza”

“Igihe co gucereza”

“Igihe co gucereza”

“UKUVUGA ni ifeza, agacerere ni inzahabu.” Ukwo ni ko umwibutsa umwe wa kera uvuga, bikaba bivugwa ko ukomoka mu Buseruko bwa Aziya. Twisunze inyizamvugo imwe (Brewer’s Dictionary of Phrase and Fable), umwibutsa w’igiheburayo usa n’uwo, ugira uti: “Niba ijambo rivuzwe ringanya agaciro na shekeli imwe, agacerere ko kanganya agaciro na zibiri.” Vyongeye, wa Mwami w’inkerebutsi Salomo wa Isirayeli ya kera yanditse ati: “Ikintu cose cashingiwe igihe caco, kand’igikorwa cose musi y’ijuru gifise akanya kaco . . . [hari] igihe co gucereza n’igihe co kuvuga.”​—Umus. 3:1, 7.

None ni ryari kunuma biba ibibereye kuruta kuvuga? Ijambo “gucereza” be n’ijambo “agacerere” araboneka incuro zirenga ijana muri Bibiliya. Aho usanga ayo majambo akoreshwa, harerekana ko kuguma umuntu acereje ari ikintu kibereye n’imiburiburi mu mice itatu y’ubuzima. Reka turimbure twitonze ukuntu agacerere usanga ari uburyo bwo kugaragaza icubahiro, ari ikimenyamenya c’ubwenge n’ugutahura, be n’uko ari ikintu gifasha kuzirikana.

Uburyo bwo kugaragaza icubahiro

Agacerere ni uburyo bwo kugaragaza icubahiro canke urupfasoni. Umuhanuzi Habakuki yavuze ati: “Uhoraho . . . , ari mu rusengero rwiwe rwera: isi yose [‘nicereze,’ NW] imbere yiwe.” (Hab. 2:20) Abasavyi b’Imana b’ukuri babwirizwa “[kw]itega agakiza k’Uhoraho [b]atekereje.” (Int. 3:26) Umwanditsi wa zaburi yaririmvye ati: “[“Guma wicerereje,” NW] imbere y’Uhoraho, umurorēre wihanganye: ntuhagarikwe umutima n’ūguwe neza mu rugendo rwiwe.”​—Zab. 37:7.

Twoba dushobora gushemeza Yehova ata jambo tuvuze? Ntibihora bishika none tukumva twumiwe igihe tubonye ubwiza bw’ivyo Imana yaremye ku buryo tubura n’ico tuvuga? Kuzirikana kuri mwene ivyo bintu bitangaje, wumva none atari uburyo bwo gushemeza Umuremyi mu mutima wacu? Umwanditsi wa zaburi Dawidi yatanguje imwe mu ndirimbo ziwe aya majambo agira ati: “Mana, i Siyoni [“hari ishemezo​—agacerere​—,” NW], kuri wewe bazoshitsa amasezerano.”​—Zab. 65:1.

Kubera ko Yehova ubwiwe abereye ko tumwubaha, ni na ko dukwiye kwubaha ivyo yavuze. Nk’akarorero, igihe umuhanuzi w’Imana Musa yashikiriza ijambo ryo gusezera ihanga rya Isirayeli, we hamwe n’abaherezi bahanuye abari bahari bose, bati: “Ni muhore . . . , [kandi] mukwiye kwumvira Uhoraho Imana yanyu.” N’abana b’Abisirayeli barasabwa kwumviriza bitonze igihe Abisirayeli baba bahuriye hamwe kugira ngo basomerwe Itegeko ry’Imana. Musa yavuze ati: ‘Muze mukoranye abantu, abagabo n’abagore n’abana kugira ngo bavyige.’​—Gus. 27:9, 10; 31:11, 12.

Ese ukuntu bibereye ko abasavyi ba Yehova bo mu bihe vya none bumviriza babigiranye icubahiro inyigisho baronkera ku makoraniro ya gikirisu, harimwo n’amahwaniro maninimanini! Ubwo ntivyoba biranga ukutubaha Ijambo ry’Imana be n’ishirahamwe ryayo mu gihe twoza turiyagira kandi ukuri guhambaye kwo muri Bibiliya kuriko kurashikirizwa ku mukiruruko? Ikiringo ca porogarama, kiba ari igihe co kuguma ducereje kandi twumviriza.

Mbere no mu biyago bisanzwe tugirana, kuba umuntu yumviriza ni ikintu kigaragaza icubahiro. Nk’akarorero, umwe sekuruza w’imiryango Yobu yabwiye bamwe bariko bamwagiriza, ati: “Ni munyigishe, nanje ni ho ndibuhore.” Yobu yari afise umutima ukunze wo kwumviriza acereje igihe baba bariko baravuga. Igihe na ho yagira avuge, yabasavye ati: “[“Nimucereze imbere yanje,” NW], mbone kuvuga.”​—Yobu 6:24; 13:13.

Ikimenyamenya c’ubwenge n’ugutahura

Bibiliya ivuga iti: “Uwuguma atangiriye iminwa yiwe aba akoranye ubwenge.” Yongerako iti: “Umuntu w’ugutahura kwagutse aguma yicerereje.” (Imig. 10:19; 11:12, NW) Rimbura ukuntu Yezu yagaragaje ubwenge n’ugutahura mu buryo bwiza cane mu kuguma acereje. Aho atahuriye ko kuvugana n’abansi bamwanka urunuka ata co vyoshitseko, ‘Yezu yagumye acereje.’ (Mat. 26:63) Mu nyuma, igihe Yezu yariko arasambishwa imbere ya Pilato, ‘ntiyagize ico yishura.’ Yahisemwo abigiranye ubwenge kureka ngo ivyo yavugiye ku mugaragaro bibe ari vyo bimushingira intahe.​—Mat. 27:11-14.

Na twebwe nyene twoba tugaragaje ubukerebutsi tugumye dutangiriye iminwa yacu, na canecane igihe dusomborokejwe. Umugani umwe ugira uti: “Ūteba kuraka aba ar’umunyabgenge bginshi, arikw ikirandamuke cihaya ubupfu.” (Imig. 14:29) Kwishura gihutihuti mu bintu bitesha umutwe birashobora gutuma tuvuga ivyo tutabanje kwiyumvira, maze tukazokwicuza mu nyuma. Muri mwene ivyo bihe, ivyo tuvuga vyoshobora kuboneka ko ari ubupfu, ivyo bigatuma tubura amahoro yo mu muzirikanyi.

Ni ingendo iranga ubwenge kurinda iminwa yacu igihe turi kumwe n’abanyakibi. Igihe duhuye n’abaducokora mu busuku, agacerere koshobora kuba yo nyishu ibereye twotanga. Vyongeye, ubwo ntivyoba rimwe na rimwe biranga ubukerebutsi tugumye ducereje kugira ngo ntidusange twashigikiye abo twigana kw’ishure canke abo dukorana igihe bavuze ibitebu bibi canke bakoresheje imvugo iteye isoni? (Ef. 5:3) Umwanditsi wa zaburi yanditse ati: “Nzoshira ikirumyo ku munwa wanje umunyakibi akir’imbere yanje.”​—Zab. 39:1.

Umuntu w’“ugutahura kwagutse” ntamena ibanga. (Imig. 11:12, NW) Umukirisu w’ukuri ntazomena ibanga mu kudacungera ivyo avuga. Abakurambere bakirisu bategerezwa kwiyubara na canecane kuri ico kintu kugira ngo abagize ishengero bagume babizigiye.

Naho ugucereza bituma umuntu ata majambo asohora, birashobora kugira ikintu ciza bikoze ku bandi. Umwanditsi umwe w’Umwongereza wo mu kinjana ca 19 yitwa Sydney Smith yanditse ku bijanye n’umuntu umwe wo mu gihe ciwe ati: “Birashika agacereza, maze ivyo bigatuma ikiyago ciwe kiryoha cane.” Mu vy’ukuri, abagenzi babiri barakwiye guhanahana ijambo mu biyago vyabo vya misi yose. Umuyazi mwiza ategerezwa kuba umuntu yumviriza neza abandi.

Salomo yagabishije ati: “Mw’isinzi ry’amajambo ntihaburamw’ugucumura, arik’[“uwuguma atangiriye iminwa yiwe,” NW] n’umunyabgenge.” (Imig. 10:19) Ku bw’ivyo, uko umuntu arushiriza kuvuga amajambo make, ni ko arushiriza kutavuga ibintu bitaranga ubwenge. Nkako, “mbere n’igipfu, kigumye gicereje, kizobonwa nk’inkerebutsi; uwo wese yugaye iminwa yiwe, nk’uwutegera.” (Imig. 17:28, NW) Nimuze rero dusenge dusaba Yehova ‘kurinda umuryango w’iminwa yacu.’​—Zab. 141:3.

Ikintu kidufasha kuzirikana

Ku bijanye n’umuntu akurikira inzira y’ubugororotsi, Ivyanditswe bitumenyesha yuko “ivyagezwe vy’[Imana ari] vyo [‘asoma n’ijwi ritoyi,’ NW] ku murango no mw’ijoro.” (Zab. 1:2) Muri Bibiliya imwe (The Amplified Bible), ico canditswe kivuga giti: “Itegeko ryayo . . . akunda kurizirikanako . . . umurango n’ijoro.” Ni ryari kuzirikana vyotworohera cane?

Umuhungu w’umwe sekuruza w’imiryango Aburahamu, ari we Izahaki, “yari yasohotse kugira azirikane mu gahinga, nko ku kagoroba.” (Ita. 24:63, NW) Yahisemwo kuzirikanira mu kibanza gitekanye be no mu kiringo gitekanye. Umwami Dawidi yazirikana mu gicugu igihe haba hari agacerere. (Zab. 63:6) Na Yezu, wa muntu atagira agasembwa, yaragira akigoro gakomeye kugira ngo yironse ivyo yari akeneye mu kurondera akaryo ko kuba ari wenyene n’ako kuzirikana, ari kure y’urwamo rw’amasinzi y’abantu, mu misozi, mu bugaragwa be n’ahandi hantu mu gahinga.​—Mat. 14:23; Luka 4:42; 5:16.

Ntawohakana ko agacerere katugirira akamaro. Agacerere karashobora gutuma turondera ahantu habereye kugira ngo twisuzume ubwacu, ico na co kikaba ari ikintu nyamukuru umuntu asabwa kugira ngo we ubwiwe agire ivyo aryohoye. Agacerere karashobora gutuma umuntu agira amahoro yo mu muzirikanyi. Kuzirikana igihe hari agacerere birashobora gutuma tugira kamere y’ukwifata ruto be n’ukwicisha bugufi, kandi birashobora gutuma turushiriza guha agaciro ibintu mu vy’ukuri bihambaye mu buzima.

Naho gucereza bishobora kuba ari vyiza, hariho kandi “igihe co kuvuga.” (Umus. 3:7) Abasavyi b’Imana b’ukuri muri iki gihe bariko bakora cane mu kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana “mw’isi yose.” (Mat. 24:14) Amajwi y’umunezero ava muri ico gikorwa aguma yumvikana uko igitigiri cabo kigenda congerekana. (Mika 2:12) Uko bishoboka kwose, nimuze twifatanye n’abo batangaza inkuru nziza y’Ubwami bongera bavuga ibikorwa vyiza igitangaza vy’Imana babigiranye umwete. Uko tugira uruhara muri ico gikorwa gihambaye, ese ukuntu tubayeho na vyo nyene vyogaragaza yuko dutahura ko gucereza rimwe na rimwe biri n’agaciro nk’inzahabu!

[Ifoto ku rup. 3]

Mu kiringo c’amakoraniro ya gikirisu, turakwiye kwumviriza kandi tukiga

[Ifoto ku rup. 4]

Agacerere koshobora kuba yo nyishu ibereye ku majambo ababaza tubwirwa mu busuku

[Ifoto ku rup. 5]

Agacerere ni ikintu gifasha umuntu kuzirikana