Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ni hehe ukwiye kuba uri umuhero niwaza?

Ni hehe ukwiye kuba uri umuhero niwaza?

Ni hehe ukwiye kuba uri umuhero niwaza?

YEHOVA niyazana umuhero w’ivy’iyi si mbi kuri Harumagedoni, abagororotsi bizobagendera gute? Mu Migani 2:21, 22 hishura hati: “Abagororotsi bazokwībēra mu gihugu, kand’abatunganye bazokwamayo. Arikw abanyavyaha bazokomborwa mu gihugu, kand’abaguranyi bazorandurwa muri co.”

Ni gute none abatunganye, ni ukuvuga abatagirako umugayo, bazoguma kw’isi? Hoba hari ikibanza bazohungiramwo? Ni hehe abagororotsi bakwiye kuba bari umuhero niwaza? Inkuru zine zo mu Vyanditswe zigana ivy’abantu bigeze kurokoka zirafasha kwishura ivyo bibazo.

Igihe vyari bihambaye ko umuntu aba ari mu kibanza kandondwa

Ku bijanye n’ukurokorwa kwa ba sekuruza b’imiryango Nowa na Loti, muri 2 Petero 2:5-7 dusoma duti: “[Imana ntiya]retse guhana isi ya kera, mugabo [yarazigamye] Nowa, umwamamaji w’ubugororotsi, hamwe n’abandi indwi igihe yazana umwuzure kw’isi y’abantu batibanga Imana; kandi mu guhindura iminyota vya bisagara Sodomu na Gomora [yarabitsindishije], [iba] ishiriyeho abantu batibanga Imana icitegererezo c’ibintu bizoza; kandi [yararokoye] wa mugororotsi Loti yatuntuzwa cane n’ukuntu abantu batibanga amategeko bivobeka mu bushirasoni.”

Nowa yarokotse gute Umwuzure? Imana yabwiye Nowa iti: “Ndamaramaje guherengeteza abari n’umubiri bose, kukw’isi yuzuye umuryano kubgabo; nuko nzobarandurana n’isi. Wibāzire ubgato mu biti vyitwa goferu.” (Ita. 6:13, 14) Nowa yubatse ubwato nk’uko nyene Yehova yabimutegetse. Hagisigaye imisi indwi ngo Umwuzure utangure, Yehova yarategetse Nowa ngo akoranirize muri nya bwato ibikoko yongere abwinjiremwo ari kumwe n’abo mu rugo rwiwe bose. Ku musi ugira indwi, umuryango wa nya bwato warugawe, “imvura [ica] imara imisi mirongwine igwa kw isi umurango n’ijoro.” (Ita. 7:1-4, 11, 12, 16) Nowa n’umuryango wiwe ‘barakijijwe biciye mu mazi.’ (1 Pet. 3:20) Ukurokorwa kwabo bagukesha ukuba bari mu bwato. Nta kindi kibanza kw’isi kitagiramwo inkomanzi bari gushobora kuronka.​—Ita. 7:19, 20.

Ku vyerekeye Loti, ubuyobozi yahawe hari ukuntu bwari butandukanye n’ubwo. Abamarayika babiri baramumenyesheje ahantu yabwirizwa kutaba ari. Bamubwiye bati: “Ab’ufise bose mur’iki gisagara [ca Sodomu], bakure aha hantu. Kuko tugira tuhahonnye.” Babwirizwa ‘guhungira ku misozi.’​—Ita. 19:12, 13, 17.

Ivyashikiye Nowa na Loti biragaragaza yuko “Yehova [azi] kurokora mu kigeragezo abantu bari n’ukwihebera Imana, mugabo akamenya kubikira abantu batagororotse umusi w’urubanza.” (2 Pet. 2:9) Muri ivyo bihe vyompi, ukurokoka kw’abo bantu bagukesha ukuba bari mu kibanza kandondwa. Nowa yabwirizwa kwinjira mu bwato, Loti na we yabwirizwa kuva i Sodomu. Ariko none, ivyo vyoba ari ukwo vyama bigenda? Yehova yoba ashobora kurokorera abagororotsi aho boba bari hose, batarinze kuja mu kibanza kandondwa? Kugira ngo turonke inyishu y’ico kibazo, rimbura izindi nkuru zibiri z’abigeze kurokorwa.

Vyoba nantaryo bihambaye ko umuntu aba ari mu kibanza kandondwa?

Imbere y’uko Yehova atuma Abanyamisiri barengerwa n’umubabaro mu kubateza icago c’icumi mu gihe ca Musa, yategetse Abisirayeli kumijagira amaraso y’umwagazi wa Pasika ku bishimaryango no hejuru y’imiryango y’inzu zabo. Uti kubera iki? Kubera ko ‘igihe Uhoraho yohaciye azanywe no kwica Abanyegiputa, maze akabona ayo maraso hejuru y’umuryango no ku bishimaryango vyompi, yorenganye iyo nzu, ntakundire umuranduzi kwinjira mu nzu zabo ngo abice.’ Muri iryo joro, “Uhoraho [yarishe] abana bose b’imfura bo mu gihugu ca Egiputa, uhereye ku mfura ya Farawo nyen’ingoma, ukageza ku mfura y’imbohe ipfungiwe mw ibohero, n’ivy’uburiza vyose vy’ibitunzwe.” Imfura z’Abisirayeli zararokotse bitarinze kuba ngombwa ko hagira n’umwe ava aho ari.​—Kuv. 12:22, 23, 29.

Rimbura kandi ivyerekeye Rahabu, imaraya yaba mu gisagara c’i Yeriko. Abisirayeli bari hafi yo gutangura kwigarurira Igihugu c’isezerano. Igihe Rahabu yamenya yuko ico gisagara c’i Yeriko cari cimirije gusangangurwa, yabwiye abatasi babiri b’Abisirayeli yuko abantu bo muri co bari bahindishijwe agashitsi n’ugutinya Abisirayeli bariko begereza cane. Yaranyegeje abo batasi maze abasaba yuko bomurahira ko we hamwe n’abagize umuryango wiwe wose bozigurizwa igihe i Yeriko hokwigarurirwa. Abo batasi bategetse Rahabu gukoraniriza mu nzu yiwe yari ku ruzitiro rw’igisagara abagize umuryango wiwe. Kuva muri iyo nzu vyasigura kuranduranwa n’abandi bo muri ico gisagara. (Yos. 2:8-13, 15, 18, 19) Ariko rero, mu nyuma Yehova yarabwiye Yosuwa yuko “uruzitiro rw’amabuye rw’ico gisagara ruzoca ruhomvokera hasi.” (Yos. 6:5) Ico ba batasi babona ko ari ikibanza gitekanye, ico gihe casa n’icarimwo akaga gakomeye. None Rahabu be n’abo mu nzu yiwe borokotse gute?

Igihe kigeze co kwigarurira i Yeriko, Abisirayeli barihaye akamo maze baca bavuza inzamba. Muri Yosuwa 6:20 hagira hati: “[Abisirayeli] bacumva ijwi ryazo, baciye biha akāmo icarimwe, inzitiro zica zihomvokera hasi.” Nta muntu n’umwe yari gushobora guhagarika ukwo guhomvokera hasi kw’urwo ruhome. Ariko rero mu buryo bw’igitangaro, ukwo guhomvokera hasi kw’uruzitiro rw’ico gisagara kwarahagaze inzu ya Rahabu ishikiriwe. Yosuwa yaciye ategeka ba batasi babiri ati: “Ni mwinjire mu nzu ya wa mugore maraya, mumusohorane n’ab’afise bose, nk’uko mwamurahiye.” (Yos. 6:22) Abari mu nzu ya Rahabu bose bararokowe.

Ni igiki cari gihambaye cane?

Ni igiki dushobora kwigira ku kurokorwa kwa Nowa, ukwa Loti, ukw’Abisirayeli mu gihe ca Musa, be n’ukwa Rahabu? Izo nkuru zidufasha gute kugenekereza aho dukwiye kuba turi umuhero w’ivy’iyi si mbi niwaza?

Mu vy’ukuri, Nowa yarokokeye mu bwato. Ariko none ni kubera iki yari mu bwato? Ubwo none si ukubera yagaragaje ukwizera kandi akaba yaragamburutse? Bibiliya igira iti: “Nowa abigenza artyo: ukw Imana yamubariye kwose ni ko yakoze.” (Ita. 6:22; Heb. 11:7) Tweho bite? Twoba turiko turakora ivyo Imana yadutegetse vyose? Nowa kandi yari “umwamamaji w’ubugororotsi.” (2 Pet. 2:5) Nk’ukwo kwa Nowa, twoba turi abanyamwete mu gikorwa co kwamamaza n’igihe nyene abantu bo mu cibare cacu boba batakira neza ubutumwa tubashikiriza?

Loti yararokotse ugusangangurwa kubera ko yahunze akava i Sodomu. Yarokotse kubera yuko yari umugororotsi mu nyonga z’Imana kandi akaba yaratuntuzwa cane n’ubushirasoni bw’abantu batibanga amategeko b’i Sodomu n’i Gomora. Twoba vy’ukuri dutuntuzwa n’ubushirasoni bwimonogoje muri iki gihe? Canke twoba tubona ko umengo nta co budutwaye? Twoba turiko turakora uko dushoboye kwose kugira ngo tuzosangwe “[t]utagirako agatosi, [t]utagirako ikirabagu, [t]uri mu mahoro?”​—2 Pet. 3:14.

Ku vyerekeye Abisirayeli igihe bari mu Misiri be na Rahabu w’i Yeriko, barokotse kubera ko bagumye mu mazu yabo. Ivyo vyasavye ukwizera be n’ukugamburuka. (Heb. 11:28, 30, 31) Iyumvire ukuntu umuryango umwumwe wose wa Isirayeli utegerezwa kuba wagumye ushinze ijisho imfura yawo mu gihe “[hariko] hacura umuborogo mwinshi” muri buri rugo rw’Abanyamisiri. (Kuv. 12:30) Iyumvire ukuntu Rahabu ategerezwa kuba yarituniye hamwe n’umuryango wiwe atekewe n’ubwoba uko yumva urwamo rutewe n’uguhomvagurika kw’inzitiro z’i Yeriko kwaguma kwegereza inzu barimwo. Vyamusavye ukwizera nyakuri kugira ngo agume agamburuka kandi agume mu nzu.

Vuba umuhero w’isi mbi ya Shetani ugiye gushika. Ukuntu Yehova azokingira abasavyi biwe mu gihe c’‘umusi w’uburake bwiwe’ uteye ubwoba, gushika ubu nta vyo tuzi. (Zef. 2:3) Ariko rero, naho twoba tuzoba turi he n’ivyacu bikazoba vyifashe gute ico gihe, turashobora kwizigira tudakeka ko ukurokoka kwacu kuzovana n’ukwizera Yehova kwacu be n’ukuba tumugamburukira. Mu kurindira, turakwiye gutsimbataza ukubona ibintu mu buryo bwiza ku bijanye n’ivyo ubuhanuzi bwa Yesaya buvuga ko ari “ivyumba vya[cu] vy’indani.”

‘Injira mu vyumba vyawe vy’indani’

Muri Yesaya 26:20 hagira hati: “Wa bgoko bganje, ngwino winjire mu [“vyumba vyawe vy’indani,” NW], wiyugarane, ube urihishije akanya gato, gushitsa ah’ubushangashirwe buzoshirira.” Ubwo buhanuzi bushobora kuba bwatanguye kuranguka mu 539 B.G.C., igihe Abamedi n’Abaperesi bigarurira Babiloni. Bariko barinjira i Babiloni, bisa n’uko Kuro Umuperesi yategetse umuntu wese kuguma mu nzu kubera yuko abasoda biwe bari bahawe itegeko ryo kwica uwo ari we wese bosanze hanze.

Muri iki gihe cacu, ‘ivyumba vy’indani’ bivugwa muri ubwo buhanuzi birashobora kuba bifitaniye isano rya hafi n’amashengero arenga 100.000 y’Ivyabona vya Yehova ari hirya no hino kw’isi. Ayo mashengero ararangura uruhara ruhambaye mu buzima bwacu. Azobandanya kubigenza gutyo gushika kuri “ya makuba akomeye.” (Ivyah. 7:14) Abasavyi b’Imana bategekwa kwinjira “mu vyumba vya[bo] vy’indani,” maze bakihisha “gushitsa ah’ubushangashirwe buzoshirira.” Birahambaye cane ko dutsimbataza ukubona ishengero mu buryo bubereye kandi tukakugumana, vyongeye tukiyemeza dushikamye kuguma turyiyegereje. Turashobora kugumiza ku mutima impanuro Paulo yatanze igira iti: “Twiyumvirane kugira tuvyuriranire ugukundana n’ibikorwa vyiza, tudaheba kwa gukoranira hamwe kwacu, nk’uko bamwe babimenyereye, mugabo turemeshanya, kandi birushirize kumera gutyo uko [t]ubona wa musi wegereza.”​—Heb. 10:24, 25.

[Amafoto ku rup. 7]

Ni igiki dushobora kwigira ku bikorwa vy’ukurokora Imana yakoze kera?

[Ifoto ku rup. 8]

Ni igiki ‘ivyumba vy’indani’ vyoba vyerekezako muri ibi bihe vya none?