Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Rwaruka, nimutume iterambere ryanyu ryibonekeza

Rwaruka, nimutume iterambere ryanyu ryibonekeza

Rwaruka, nimutume iterambere ryanyu ryibonekeza

“Uzirikane kuri ivyo bintu; ubicokeremwo, kugira ngo iterambere ryawe ryibonekeze ku bantu bose.”​—1 TIM. 4:15.

1. Ni igiki Imana yipfuriza abakiri bato?

“EWE wa musore, nezererwa ubusore bgawe, kand’umutima wawe ukunezereze mu misi y’ubusore bgawe.” (Umus. 11:9) Ukwo ni ko Umwami w’inkerebutsi Salomo wa Isirayeli ya kera yanditse. Nta gukeka ko Uwo ubwo butumwa bukomokako, ari we Yehova Imana, ashaka ko mwebwe urwaruka muhimbarwa. N’ikiruta ivyo, Yehova ntashaka ko munezerwa mu buto bwanyu gusa, ariko ko munezerwa no mu gihe muzoba mugeze mu bigero. Yamara muri iyo myaka y’ubuto, akenshi usanga abakiri bato bakora amakosa ababaje yoshobora kugira ico akoze ku gahimbare bogize muri kazoza. Na wa mwizigirwa Yobu yarababajwe cane n’‘[“ingaruka z’amakosa,” NW] yo mu busore bwiwe.’ (Yobu 13:26) Mu buyabaga be no mu myaka ikurikira, akenshi usanga umukirisu akiri muto abwirizwa gufata ingingo zihambaye cane. Gufata ingingo zitabereye birashobora gutuma asigarana inkovu ku mutima kandi akagira ingorane zoshobora kugira ico zikoze ku gihe cose asigaje kubaho.​—Umus. 11:10.

2. Ni impanuro iyihe yo muri Bibiliya yoshobora gutuma abakiri bato birinda gukora amakosa akomeye mu gihe boyikurikiza?

Abakiri bato barakeneye kwimenyereza gufata ingingo zibereye. Rimbura impanuro intumwa Paulo yahaye Abakorinto. Yanditse ati: “Ntimucike abana batoyi mu bubasha bwo gutahura . . . Mucike abakuze mu bubasha bwo gutahura.” (1 Kor. 14:20) Kwumvira iyo mpanuro yo kwironsa ubushobozi bwo kuzirikana no kubona ibintu nka kurya kw’umuntu akuze bizofasha abakiri bato kwirinda gukora amakosa akomeye.

3. Ni igiki ushobora gukora kugira ngo ube umuntu ahumuye?

3 Niba uri uwukiri muto, urama wibuka ko kugira ngo ube umuntu ahumuye bisaba akigoro. Paulo yabwiye Timoteyo ati: “Ntihagire umuntu n’umwe yigera agaya ubuto bwawe. Ahubwo, nubere akarorero abizigirwa mu mvugo, mu ngeso, mu rukundo, mu kwizera, mu kutandura. . . . Ushishikare kwijukira ugusomera imbere y’abantu, uguhimiriza, ukwigisha. . . . Uzirikane kuri ivyo bintu; ubicokeremwo, kugira ngo iterambere ryawe ryibonekeze ku bantu bose.” (1 Tim. 4:12-15) Urwaruka rukirisu rurakeneye gutera imbere rukongera rugatuma iterambere ryarwo ryibonekeza ku bandi.

Iterambere ni iki?

4. Gutera imbere mu vy’impwemu bisobanura iki?

4 Gutera imbere ni “ukurushiriza gukora ikintu gusumvya ukwo wahora, ukagira ivyo uryohoye.” Paulo yariko ahimiriza Timoteyo kuguma yihata kugira ngo atere imbere mu mvugo, mu ngeso, mu rukundo, mu kwizera no mu kutandura, tutibagiye no mu kuntu yarangura ubusuku bwiwe. Yabwirizwa kwihata kugira ngo abe intangakarorero mu kuntu yari abayeho. Rero, Timoteyo yari akeneye kubandanya atera imbere mu vy’impwemu.

5, 6. (a) Iterambere rya Timoteyo ryatanguye kwibonekeza ryari? (b) Ku bijanye no gutera imbere, abakiri bato muri iki gihe bashobora gute kwigana Timoteyo?

5 Igihe Paulo yandika iyo mpanuro nko hagati yo mu 61 no mu 64 G.C., Timoteyo yari amaze kuba umukurambere azi utuntu n’utundi. Si ho yari agitangura gutera imbere mu vy’impwemu. Mu 49 canke mu 50 G.C., igihe Timoteyo yariko arababa imyaka 20 canke ayirengeje gatoyi, “yavugwa neza n’abavukanyi b’i Lisitira no muri Ikoniyo,” bano bakaba bari barakurikiraniye hafi iterambere ryiwe ryo mu vy’impwemu. (Ibik. 16:1-5) Ico gihe, Paulo yarajanye na Timoteyo mu rugendo rwiwe rw’ubumisiyonari. Paulo amaze amezi nk’angahe yihweza iterambere Timoteyo yari yarushirije kugira, yaramurungitse i Tesalonika kugira ngo abere uruhoza abakirisu bo muri ico gisagara yongere abakomeze. (Soma 1 Abanyatesalonika 3:1-3, 6.) Biragaragara ko Timoteyo yatanguye gutuma iterambere ryiwe ryibonekeza ku bandi igihe yari akiri muto.

6 Yewe uwukiri muto uri mw’ishengero, niwihatire gutsimbataza kamere zo mu vy’impwemu ukeneye ubu kugira ngo iterambere ugira mu kuntu ubayeho rukirisu no mu bushobozi bwawe bwo kwigisha ukuri kwo muri Bibiliya rirushirize kwibonekeza. Kuva Yezu afise imyaka 12, ‘yabandanije atera imbere mu bukerebutsi.’ (Luka 2:52) Reka ubu na ho twihweze ingene ushobora gutuma iterambere ryawe ryibonekeza mu mice itatu y’ubuzima bwawe: (1) Igihe ushikiwe n’ibintu bigoye, (2) igihe witegurira kwubaka urwawe, (3) be n’igihe wihatira kuba “umusuku mwiza.”​—1 Tim. 4:6.

Nuhangane n’ibintu bigoye ubigiranye “ukurorana kw’umuzirikanyi”

7. Ibintu bigoye bishobora gute kugira ico bikoze ku wukiri muto?

7 Umuvukanyikazi umwe w’imyaka 17 yitwa Carol yavuze ati: “Vyarashika nkumva ndundumiwe mu mutima, ndushe cane ku mubiri no mu bwenge ku buryo mu gitondo nashaka kuguma niryamiye.” * Kubera iki none yari afise umubabaro mwinshi gutyo? Igihe Carol yari afise imyaka cumi, ukwahukana kw’abavyeyi biwe kwaratumye abagize umuryango basabagira, maze biba ngombwa ko abana na nyina wiwe, uno akaba aterekwa ingingo mfatirwako zo muri Bibiliya zigenga inyifato runtu. Nk’ukwo kwa Carol, hari aho woba uriko uranyinyana n’ibintu binaka bitesha umutwe, kandi ukaba ubona ko ufise ubushobozi buke bwo kugira ico uhinduye.

8. Ni ibintu bigoye ibihe vyashikiye Timoteyo?

8 Igihe Timoteyo yariko aratera imbere mu vy’impwemu, na we nyene yarashikiwe n’ibintu bigoye cane. Nk’akarorero, “[yara]rwaragurika” kubera ko yari afise ingorane y’umushishito. (1 Tim. 5:23) Igihe Paulo yamurungika i Korinto kugira ngo atunganye ingorane zimwezimwe zari zatewe n’abantu batemera ko Paulo ari intumwa, Paulo yahimirije iryo shengero gusenyera ku mugozi umwe kugira ngo Timoteyo yoye ‘kugira ubwoba’ muri bo. (1 Kor. 4:17; 16:10, 11) Bishoboka ko Timoteyo yari umunyamasoni.

9. Ukurorana kw’umuzirikanyi ni iki, kandi gutandukanye gute n’impwemu y’ubwoba?

9 Kugira ngo Paulo afashe Timoteyo, mu nyuma yamwibukije ati: “Imana [ntiya]duhaye impwemu y’ubwoba, ahubwo iy’ububasha n’urukundo n’ukurorana kw’umuzirikanyi.” (2 Tim. 1:7) “Ukurorana kw’umuzirikanyi” bisobanura kuba uwushoboye kuzirikana no kubona ibintu mu buryo bwiza. Birimwo n’ubushobozi bwo guhangana n’ingorane uko yoba imeze kwose, naho kwoba gutandukanye n’ukwo wewe wipfuza ko yomera. Hari abakiri bato badahumuye bagaragaza impwemu y’ubwoba maze bakagerageza kwiyumvira ingene bohunga ibintu bitesha umutwe mu kuguma biryamiye canke birabira televiziyo, mu kunywa ibiyayuramutwe canke mu kuborerwa, mu kwamira mu misi mikuru canke mu kwisuka mu buhumbu. Abakirisu bahanurwa “kwikunkumura ukutibanga Imana n’ivyipfuzo vy’isi no kubaho [ba]fise ukurorana kw’umuzirikanyi n’ubugororotsi n’ukwihebera Imana hagati muri iyi si.”​—Tito 2:12.

10, 11. Ukurorana kw’umuzirikanyi kudufasha gute kurushiriza gukomera mu vy’impwemu?

10 Bibiliya ihimiriza ‘abagabo bakiri bato kuba abaroranye mu muzirikanyi.’ (Tito 2:6) Kwumvira iyo mpanuro bigaragaza yuko uzokwihanganira ingorane ubijanishije n’isengesho kandi ko uzokwiheka ku nkomezi Imana itanga. (Soma 1 Petero 4:7.) Gutyo uzorushiriza kwizigira n’umutima wawe wose “inkomezi Imana itanga.”​—1 Pet. 4:11.

11 Ukurorana kw’umuzirikanyi be n’isengesho ni vyo vyafashije Carol. Yigana ati: “Kwiyamiriza ubuzima buranga ubuhumbu mawe yarimwo cari kimwe mu bintu bigoye kuruta ibindi vyose ntari bwigere nkora. Ariko, isengesho ryaramfashije vy’ukuri. Ndazi ko Yehova ari kumwe nanje, kikaba ari co gituma ata bwoba namba bintera.” Uribuka ko ibintu bigoye bishobora kugutyorora no kugukomeza. (Zab. 105:17-19; Int. 3:27) Imana ntizokwigera iguheba naho woshikirwa n’ibintu bimeze gute. ‘Izogutabara.’​—Yes. 41:10.

Kwitegurira umubano w’ababiranye uroraniwe

12. Ni kubera iki umukirisu yipfuza gushinga urwiwe akwiye gushira mu ngiro ingingo ngenderwako dusanga mu Migani 20:25?

12 Hari ababa ari ho bakigera mu bigero maze bagaca bihutira kwubaka izabo bibaza ko ubwo ari bwo buryo bwo gutorera umuti ukubura agahimbare, irungu, ukwihebura be n’ingorane z’i muhira. Yamara rero, ukugiranira indagano z’ababiranye si ikintu co gufata minenegwe. Bamwebamwe mu bihe vya Bibiliya barihutiye kugira indagano nyeranda batabanje kuzirikana bitonze ku co ivyo vyasaba. (Soma Imigani 20:25.) Rimwe na rimwe, abubaka izabo ari ho bakigera mu bigero usanga batarimbura bitonze ico umubano w’ababiranye usaba. Mu nyuma, basanga umubano w’ababiranye usaba vyinshi kuruta ivyo biyumvira batarubaka.

13. Ni ibibazo ibihe abariko biyumvira ivyo kureshanya bakwiye kurimbura, kandi ni impanuro ngirakamaro izihe zihari ku bwabo?

13 Ku bw’ivyo rero, imbere y’uko utangura kureshanya, niwibaze uti: ‘Ni kubera iki nshaka kwubaka urwanje? Ni ibiki niteze? Uwu yoba ari we muntu dukwiranye vy’ukuri? Noba niteguriye kurangura ibanga nzoba njejwe mu mubano?’ Kugira ngo “umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” agufashe kwisuzuma ubigiranye ugutahura kwimbitse, yarasohoye ibiganiro bidomako neza kuri ico kibazo. * (Mat. 24:45-47) Nubone ko ivyo biganiro ari impanuro Yehova ariko araguha. Nusuzume witonze ibivugwa muri ivyo biganiro maze ubishire mu ngiro. Ntiwigere wirekerana ngo uhave uba “nk’ifarasi cank’inyumbu, bitagira ubgenge.” (Zab. 32:8, 9) Nube umuntu akuze mu kuntu utahura ivyo umubano w’ababiranye usaba. Niba wiyumvamwo ko ugeze gutangura ivyo kureshanya, urama wibuka kuba “akarorero . . . mu kutandura.”​—1 Tim. 4:12.

14. Iterambere ryo mu vy’impwemu rishobora gute kugufasha igihe ushinze urwawe?

14 Kuba uwuhumuye mu vy’impwemu biratuma kandi uroranirwa n’inyuma y’ukwubaka urwawe. Umukirisu akuze mu vy’impwemu arihata gushikira “urugero rw’igihagararo rw’ukunengesera kwa Kristu.” (Ef. 4:11-14) Arihata cane kugira ngo atsimbataze kamere nk’iza Kristu. Kristu we Karorero kacu, ‘ntiyishimishije ubwiwe.’ (Rom. 15:3) Igihe umwe wese mu bubakanye agumye arondera akarusho k’uwundi, atari akiwe bwite gusa, ubuzima bwo mu rugo buzoca burangwamwo amahoro n’uguhozanya. (1 Kor. 10:24) Umunega azogaragaza urukundo rwo kwitanga, umukenyezi na we agire umwiyemezo wo kuyobokera umunega wiwe nk’uko na we ayobokera Yezu we Mutwe wiwe.​—1 Kor. 11:3; Ef. 5:25.

‘Nurangure ubusuku bwawe bimwe bishitse’

15, 16. Ushobora gute gutuma iterambere ryawe ryibonekeza mu busuku?

15 Mu kwerekana ko igikorwa ca Timoteyo cari gihambaye, Paulo yanditse ati: “Ndagutegetse nshimitse imbere y’Imana na Kristu Yezu, . . . wamamaze rya jambo, uvyihati[y]e.” Yongeyeko ati: “Ukore igikorwa c’umwamamaji w’injili, urangure ubusuku bwawe bimwe bishitse.” (2 Tim. 4:1, 2, 5) Kugira ngo Timoteyo ashitse ico gikorwa, yategerezwa ‘kugaburirwa amajambo y’ukwizera.’​—Soma 1 Timoteyo 4:6.

16 Ushobora gute ‘kugaburirwa amajambo y’ukwizera’? Paulo yanditse ati: “Ushishikare kwijukira ugusomera imbere y’abantu, uguhimiriza, ukwigisha. Uzirikane kuri ivyo bintu; ubicokeremwo.” (1 Tim. 4:13, 15) Kugira ngo ugire ivyo uryohoye bisaba ko wiyigisha ubigiranye umwete. Imvugo ngo “ubicokeremwo” itanga iciyumviro co kwinjira mu mizi igikorwa kinaka. Utumenyero twawe two kwiyigisha tumeze gute? Woba ucokera mu “bintu vyimbitse vy’Imana”? (1 Kor. 2:10) Canke woba ubigira mu buryo budashemeye? Kuzirikana ku vyo wiga bizokuvyurira umutima wo kugira ico ukoze.​—Soma Imigani 2:1-5.

17, 18. (a) Ni ubushobozi ubuhe ukwiye kwihatira gutsimbataza? (b) Gutsimbataza agatima nk’aka Timoteyo bizogufasha gute mu busuku?

17 Umuvukanyikazi umwe w’umutsimvyi akiri muto yitwa Michelle yavuze ati: “Kugira ngo mbe kirumara mu busuku, ndafise urutonde rwiza rwo kwiyigisha, kandi nditaba amakoraniro ntahorereza. Ivyo bituma nama nantaryo ntera imbere mu vy’impwemu.” Mu vy’ukuri, gusukura uri umutsimvyi bizogufasha kuryohora ubushobozi bwo gukoresha neza Bibiliya mu busuku no gutuma utera imbere mu vy’impwemu. Niwihatire kuryohora ubuhanga ufise bwo gusoma no gutanga insasanuro zubaka ku makoraniro ya gikirisu. Kugira ngo ugaragaze ko uri uwukiri muto ahumuye mu vy’impwemu, urakwiye gutegura neza ibiganiro ushingwa gushikiriza mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi, ukibanda ku mayagwa y’ikiganiro uba wahawe.

18 ‘Gukora igikorwa c’umwamamaji w’injili’ bisobanura gutuma ubusuku urangura burushiriza kuba kirumara no gufasha abandi kugira ngo baze barokoke. Ivyo bisaba gutsimbataza “ubuhanga bwo kwigisha.” (2 Tim. 4:2) Niwagira ivyo utunganije kugira ngo ugire uruhara mu busuku uri kumwe n’abamenyereye ico gikorwa, uzoshobora kwigira ku buryo bakoresha mu kwigisha, nk’uko na Timoteyo yavyigiye ku gukorana na Paulo. (1 Kor. 4:17) Mu kwerekeza ku bo yari yarafashije, Paulo yavuze ko atababwiye inkuru nziza gusa, ariko kandi ko yabahaye ‘ubuzima bwiwe bwite,’ kuko bari babaye abakundwa kuri we. (1 Tes. 2:8) Kugira ngo ukurikize akarorero ka Paulo mu busuku, utegerezwa kugira agatima nk’aka Timoteyo, uwitwararika vy’ukuri abandi kandi “[agakora] nk’umushumba mu guteza imbere inkuru nziza.” (Soma Abafilipi 2:19-23.) Woba ugaragaza ako gatima ko kwitanga mu busuku urangura?

Gutera imbere mu vy’impwemu bituma ushira akanyota koko

19, 20. Ni kubera iki gutera imbere mu vy’impwemu bizana umunezero?

19 Gutera imbere mu vy’impwemu bisaba akigoro. Ariko, niwabandanya gutsimbataza ubuhinga bwawe bwo kwigisha ubigiranye ukwihangana, mu nyuma uzoterwa agateka ko ‘gutungisha benshi’ mu vy’impwemu, na bo bazoba “akanyamuneza ka[we] canke urugori rwa[we] rw’ukwirata.” (2 Kor. 6:10; 1 Tes. 2:19) Umusuku w’igihe cose umwe yitwa Fred, yasiguye ati: “Ubu kuruta ikindi gihe cose, umwanya wanje ndawukoresha mu gufasha abandi. Ni ivy’ukuri koko yuko gutanga birimwo agahimbare kuruta guhabwa.”

20 Ku bijanye n’umunezero be n’agahimbare yironkeye bivuye ku gutera imbere mu vy’impwemu, umutsimvyi umwe akiri muto yitwa Daphne yavuze ati: “Naguma ntsimbataza ubucuti bwa hafi na Yehova uko narushiriza gutahura neza ibimwerekeye. Iyo ukoze n’ubushobozi bwawe bwose kugira ngo uhimbare Yehova, urumva umerewe neza, ukumva vy’ukuri ushize akanyota!” Naho iterambere ryawe ryo mu vy’impwemu ritokwama nantaryo rimenyekana ku bantu, Yehova we yama aribona kandi akariha agaciro. (Heb. 4:13) Ata gukeka, mwebwe rwaruka rukirisu murashobora gutuma Data wa twese wo mw’ijuru aninahazwa kandi agashemezwa. Nimubandanye kunezereza umutima wiwe uko murushiriza ata buryarya gutuma iterambere ryanyu ryibonekeza.​—Imig. 27:11.

[Utujambo tw’epfo]

^ ing. 7 Bamwebamwe si ko bitwa.

^ ing. 13 Ivyo biganiro ni nk’ibi: “Est-ce la bonne personne pour moi?” (Uwu yoba ari we muntu dukwiranye vy’ukuri?) casohowe mu gitabu Ibibazo Urwaruka rwibaza​—Inyishu ngirakimazi, imbumbe ya 2 (mu gifaransa); “Ubuyobozi Buva ku Mana mu Bijanye no Guhitamwo Uwo Muzokwubakana” casohowe mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ruheshi 2001; be n’ikivuga ngo “Est-ce sage de se marier pendant l’adolescence?” (Vyoba biranga ubukerebutsi kwubaka urwawe ukiri umuyabaga?) casohowe muri Réveillez-vous! yo ku wa 22 Nyakanga 1983.

Wize iki?

• Gutera imbere mu vy’impwemu bisobanura iki?

• Ushobora gute gutuma iterambere ryawe ryibonekeza . . .

igihe uri mu bintu bigoye?

igihe witegurira kwubaka urwawe?

mu busuku?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Ifoto ku rup. 15]

Isengesho rirashobora kugufasha kwihanganira ibintu bigoye

[Ifoto ku rup. 16]

Abamamaji bakiri imiyabaga bashobora gute gutsimbataza ubuhinga kirumara bwo kwigisha?