Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Twigane ukudahemuka kwa Itayi

Twigane ukudahemuka kwa Itayi

Twigane ukudahemuka kwa Itayi

“IBIKORWA vyawe birakomeye kandi ni agatangaza, Yehova Mana, Mushoboravyose. Inzira zawe ziragororotse kandi ni iz’ukuri, Mwami w’ibihe bidahera. Ni nde vy’ukuri atazogutinya ga Yehova, akaninahaza izina ryawe, kuko wewe wenyene ari wewe uri intahemuka?” Iyo ndirimbo, iyaririmbiwe mw’ijuru iririmbwa n’“abatahukana intsinzi kuri ca gikoko no kw’ishusho yaco,” yerekeza ku kudahemuka kw’Imana. (Ivyah. 15:2-4) Yehova ashaka yuko abasavyi biwe bamwigana mu kugaragaza iyo kamere ihimbaye.​—Ef. 4:24.

Ku rundi ruhande, Shetani wa Mubesheranyi arakora uko ashoboye kwose kugira ngo akure abasavyi b’Imana bo kw’isi mu rukundo rw’Imana. Naho ari ukwo, abenshi baragumye ari intahemuka ku Mana, no mu bintu bigoye cane. Ese ukuntu dukenguruka kubona Yehova aha agaciro cane mwene ukwo kumwihebera! Nkako, dukurwa amazinda duti: “Uhoraho akunda imanza ziroranye, ntaheba [“intahemuka ziwe,” NW].” (Zab. 37:28) Kugira ngo Yehova adufashe kuguma turi intahemuka, yarashize mw’Ijambo ryiwe inkuru zivuga ivyo abantu benshi b’intahemuka bakoze. Imwe muri izo nkuru, ni iya Itayi Umunyegati.

Umunyamahanga akaba n’uwangajwe’

Bivugwa yuko Itayi yari imvukira yo mu gisagara kizwi cane c’Abafilisitiya c’i Gati, aho hakaba ari ho ca kigatanya Goliyati be n’abandi bansi ba Isirayeli bateye ubwoba bavukiye. Ata bindi bintu birinze kuvugwa ku bimwerekeye, umurwanyi w’umuhinga Itayi avugwa muri Bibiliya ari bwo bwa mbere igihe Abusalomu yari yagararije Umwami Dawidi. Ico gihe Itayi n’abantu 600 b’Abafilisitiya bari bamukurikiye, baba mu micungararo ya Yeruzalemu aho bari barangarijwe.

Ukuntu ivya Itayi n’abantu biwe vyari vyifashe, bishobora kuba vyaratumye Dawidi yibuka imisi yamaze yangara kandi arara ntibuca igihe we n’abarwanyi 600 b’Abisirayeli bimukira mu karere k’Abafilisitiya maze bakinjira mu karere kagenzurwa n’Umwami Akishi w’i Gati. (1 Sam. 27:2, 3) None Itayi n’abantu biwe bari gukora iki mu gihe Dawidi yari ahanganye n’umugararizo w’umuhungu wiwe Abusalomu? Boba bari kuja ku ruhande rwa Abusalomu, boba bari kuguma ataho bahengamiye canke bari kuja hamwe na Dawidi be n’abantu biwe?

Niwihe ishusho Dawidi ariko arahunga ava i Yeruzalemu, agashika ahantu hitwa Beti-merihaki, bisigura ngo “inzu iri kure cane,” maze agahagarara. Kumbure ni yo nzu ya nyuma uvuye i Yeruzalemu werekeza ku Musozi w’Imyelayo utarajabuka Umwonga Kidironi. (2 Sam. 15:17) Aho, Dawidi arasuzuma ingabo ziwe uko zija zirarengana imbere yiwe. Ehe ntuze! Ntari kumwe n’Abisirayeli b’intahemuka gusa, ariko kandi, harimwo n’Abakereti bose be n’Abapeleti bose. Vyongeye, harimwo n’Abanyegati bose ni ukuvuga Itayi n’abarwanyi biwe 600.​—2 Sam. 15:18.

Dawidi abigiranye umutima w’impuhwe, abwira Itayi ati: “Mbega wewe n’iki gitumye ugomba kujana natwe? Subirayo, wisabire uwo mwami [bikaba biboneka ko yashaka kuvuga Abusalomu], kuk’ur’umunyamahanga, wavuye iwanyu wāngājwe. Mbega ko waje ejo bundi, non’uyu musi noshobora nte kukwemerera kuyererana natwe hirya no hino, ko ngiye kuja ahampaye uburyo hose? Subira inyuma, ujane na bagenzi bawe, Uhoraho akugirire imbabazi, akubere umwizigirwa.”​—2 Sam. 15:19, 20.

Itayi aca aserura ukudahemuka kwiwe gukomeye. Yishura ati: “Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, nawe nyene mwami wanje nyen’ingoma, ni wewe ndahiro yanje, ah’uzoba, mugenzi, ni ho nzoba, jewe umusavyi wawe, ar’ugupfa ar’ugukira.” (2 Sam. 15:21) Ivyo bishobora kuba vyaribukije Dawidi amajambo nk’ayo yavuzwe na inakuruza wiwe Rusi. (Rusi 1:16, 17) Dawidi yarakozwe ku mutima n’amajambo ya Itayi, maze amubwira ati: “Nuko genda, ujabuke” Umwonga Kidironi. Avuze ivyo, “Itayi Umunyegati arajabuka, bo n’ingabo ziwe zose n’abana bose bari kumwe na we.”​—2 Sam. 15:22.

“Kugira bitwigishe”

Mu Baroma 15:4 hagira hati: “Ibintu vyose vyanditswe kera vyanditswe kugira bitwigishe.” Ku bw’ivyo, vyoba vyiza twibajije duti: Ni ivyigwa ibihe dushobora gukura ku karorero ka Itayi? Rimbura ivyoba vyaratumye aba intahemuka kuri Dawidi. Naho nyene Itayi yari umunyamahanga akaba n’uwangajwe ava mu Bufilisitiya, yaremera yuko Yehova ari Imana nzima kandi ko Dawidi ari uwarobanuwe wa Yehova. Itayi yarashoboye kurengera inzika yari hagati y’Abisirayeli n’Abafilisitiya. Yabona muri Dawidi uwundi muntu uretse gusa ukuba yarishe wa muhizi w’Abafilisitiya Goliyati be n’abandi benshi bo muri bene wabo na Itayi. (1 Sam. 18:6, 7) Itayi yarabona ko Dawidi ari umuntu akunda Yehova kandi nta gukeka yuko yabona kamere ziwe zidasanzwe. Ivyo vyatumye Dawidi na we ahava agaha agaciro kanini Itayi. Dawidi yahavuye mbere ‘aha Itayi’ ica gatatu c’ingabo ziwe igihe haba intambara ikomeye yo kurwanya ingabo za Abusalomu!​—2 Sam. 18:2.

Na twebwe turakwiye kurengera amacakubiri ashingiye ku mico kama, kw’ibara ry’urukoba canke ku bwoko, ni ukuvuga ukwinubana uko ari kwo kwose be n’urwanko urwo ari rwo rwose vyoba bikiturimwo, maze tukabona kamere nziza mu bandi. Ubucuti bwabaye hagati ya Dawidi na Itayi burerekana yuko kumenya Yehova no kumukunda bishobora kudufasha gutsinda izo ntambamyi.

Igihe tuzirikanye ku karorero ka Itayi, turashobora kwibaza duti: ‘Noba ngaragariza Dawidi Mukuru, ari we Kristu Yezu, ukudahemuka nk’ukwo kwa Itayi? Noba nerekana ko ndi intahemuka mu kugira uruhara n’umwete mwinshi mu gikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa?’ (Mat. 24:14; 28:19, 20) ‘Noba mfise umutima ukunze wo kwihangana ukungana iki kugira ngo nerekane ko ndi intahemuka?’

Ba serugo na bo nyene barungukira ku kuzirikana ku karorero ka Itayi k’ukudahemuka. Kuba Itayi yagumye ari intahemuka kuri Dawidi akaba yarafashe n’ingingo yo gukurikira umwami yarobanuwe w’Imana vyaragize ico bikoze ku bantu biwe. Muri ubwo buryo nyene, ingingo ba serugo bafata mu gushigikira ugusenga kw’ukuri ziragira ico zikoze ku miryango yabo kandi ivyo vyoshobora mbere no gutuma imara igihe gito ishikirwa n’ibintu bigoye. Ariko rero, dukurwa amazinda duti: “Ku ntahemuka [Yehova a]zokorana ukudahemuka.”​—Zab. 18:25, NW.

Inyuma y’intambara Dawidi yarwanye na Abusalomo, nta kindi Ivyanditswe bivuga ku vyerekeye Itayi. Ariko rero, iyo nkuru ngufi iri mw’Ijambo ry’Imana ivuga ibimwerekeye iratuma dutahura neza ukuntu yavyifashemwo mu kiringo c’ivyo bihe bigoye vyashitse mu buzima bwa Dawidi. Kuba Itayi avugwa muri Bibiliya, ni ikimenyamenya c’uko Yehova atibagira abantu b’intahemuka nk’abo kandi ko abaha impera.​—Heb. 6:10.