Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Mbega nokwishura iki Yehova?

Mbega nokwishura iki Yehova?

Mbega nokwishura iki Yehova?

Nk’uko vyavuzwe na Ruth Danner

Mawe akoresheje amajambo atwenza, yarakunda kwivugira yuko umwaka wa 1933 wari umwaka w’ivyago: Hitler yaragiye ku butegetsi, umupapa yariho atangaza ko uwo mwaka ari Mweranda, hanyuma nanje ndavuka.

 ABAVYEYI banje baba mu gisagara citwa Yutz, muri Lorraine, kano kakaba kari akarere k’Ubufaransa kazwi cane muri kahise, kari ku rubibe Ubufaransa buhana n’Ubudagi. Mu 1921, mawe, uwari umugatolika w’umwete, yarubakanye na dawe, uno akaba yari umuporotisanti. Mukurwanje Helen, yavutse mu 1922, maze abavyeyi banje baca bamubatirisha akiri uruyoya muri Ekeleziya gatolika.

Umusi umwe mu 1925, dawe yararonse igitabu cavuga ngo La Harpe de Dieu, mu kidagi. Gusoma ico gitabu vyaramujijuye yuko yari yubuye ukuri. Yarandikiye abagisohoye, bano bakaba baciye batunganya ivy’uko yobonana n’abo bita ngo Bibelforscher, ukwo kukaba ari ko Ivyabona vya Yehova bitwa ico gihe mu Budagi. Bidatevye, dawe yaciye atangura kwamamaza ivyo yari amaze kwiga. Ivyo ntivyashimishije mawe. Yaramubwiye yaratse mu kidagi kiryoshe yavuga, ati: “Ugire ivyo ushaka vyose, ariko ntuhirahire ngo wifatanye n’abo ba Bibelforscher!” Ariko rero, dawe yari yaramaze gufata ingingo, maze mu 1927 arabatizwa aba umwe muri bo.

Ivyo vyatumye nyokuru avyara mawe atangura kwosha mawe ngo yahukane. Umusi umwe mu misa, umupatiri yaragabishije abakirisu bo mw’iparuwasi yiwe ababwira ngo “birinde umuhanuzi w’ikinyoma Danner.” Nyokuru amaze gutaha avuye mu misa, yarahagaze kw’igorofa y’inzu twabamwo atiburira kuri dawe agakono karimwo amashurwe. Ako gakono kari karemereye cane karahushije umutwe wa dawe, gaca kamusenya igitugu. Ico kintu cabaye catumye mawe yiyumvira ati: ‘Idini rituma abantu baba abicanyi ntirishobora kuba ari ryiza.’ Yaciye atangura gusoma ibisohokayandikiro vy’Ivyabona vya Yehova. Ntiyatevye kujijuka ko yubuye ukuri, maze mu 1929 arabatizwa.

Abavyeyi bacu barakoze uko bashoboye kwose kugira ngo jewe na mukurwanje batwereke ko Yehova abaho koko. Baradusomera inkuru zo muri Bibiliya maze bagaca batubaza igituma abavugwa muri zo bakoze ibintu muri ubwo buryo tuba duhejeje gusoma. Ico gihe, dawe yaranse ivyo gukora mw’ijoro canke ku mugoroba, naho nyene iyo ngingo yatumye umuryango ubura amahera atari make woshoboye kuronka. Yashaka kuronka umwanya wo kwitaba amakoraniro ya gikirisu, kuja mu busuku be no kuza arigana n’abana biwe.

Imvura y’igihuhusi ikuba

Abavyeyi banje bama bagaragarije ubwakiranyi abacungezi b’ingenzi be n’abanyabeteli bava mu Busuwisi no mu Bufaransa, bano bakaba baratwiganira ingorane abo twari dusangiye ukwemera bariko bahura na zo mu Budagi, aho hakaba hari ku bilometero bikeya gusa uvuye i muhira. Intwaro y’Abanazi yariko iratwara Ivyabona vya Yehova mu makambi y’itunatuniro ikongera ikaka abavyeyi b’Ivyabona abana babo.

Jewe na Helen twari twarateguwe kugira ngo tuze twihanganire ibigeragezo vyari vyimirije kudushikira. Abavyeyi bacu baradufashije gufata ku mutwe imirongo yo muri Bibiliya yotuyoboye. Barashobora nko kuvuga bati: “Igihe muzoba mutabona ico mwokora, muribuke Imigani 3:5, 6. Mutewe ubwoba no guhura n’ibigeragezo kw’ishure, murakoreshe 1 Abakorinto 10:13. Nibabatandukanya natwe, murasubiremwo Imigani 18:10.” Narafashe ku mutwe Zaburi ya 23 n’iya 91 nongera ndizigira yuko Yehova yokwamye nantaryo ankingira.

Mu 1940, Ubudagi bw’Abanazi bwarigaruriye akarere ka Alsace-Lorraine, maze iyo ntwaro nshasha ica itegeka abantu bose bakuze kuja mu mugambwe w’Abanazi. Dawe yaranse, maze ca gipolisi c’Abanazi citwa Gestapo gica kimutera ubwoba bw’uko kizomufata. Igihe mawe yanka gushona imyambaro ya gisirikare, ca gipolisi Gestapo caciye gitangura na we nyene kumutera ubwoba.

Kuja kw’ishure vyarambereye ikintu c’agacavutu. Buri musi, imbere y’uko dutangura ivyigwa habanza kuvugwa isengesho ryaturwa Hitler, ni ukuvuga ya ndamukanyo yo kumuhayagiza yavuga ngo “Heil Hitler,” be no kuririmba ururirimbo rwo guhayagiza igihugu, bakaba baruririmba bataritse ukuboko kw’iburyo. Aho kumbwira ngo simvuge ya ndamukanyo yo guhayagiza Hitler, abavyeyi banje baramfashije kumenyereza ijwi ryanje ryo mu mutima. Gutyo rero, jewe ubwanje narafashe ingingo yo kutavuga iyo ndamukanyo y’Abanazi. Abigisha barankubise amakofe bongera bantera ubwoba ngo bazonyirukana kw’ishure. Umusi umwe, igihe nari mfise imyaka indwi, narabwirijwe guhangana n’abigisha bose bo kw’ishure uko bari 12. Baragerageje kumpatira kuvuga ya ndamukanyo yo guhayagiza Hitler. Naho vyari ukwo, narahagaze nshikamye ndabifashijwemwo na Yehova.

Umwigisha umwe yaciye atangura kundyosharyosha. Yambwiye ko nari umunyeshure mwiza, ko yankunda cane be n’uko yobabara nirukanywe kw’ishure. Yavuze ati: “Si ngombwa ngo uduze cane ukuboko kwawe. Nukuduze gatoya gusa. Vyongeye, si ngombwa ngo uvuge ‘Heil Hitler!’ Nukubite iminwa gusa wigirishe nk’uwuriko arabivuga.”

Igihe nabwira mawe ivyo uwo mwigisha wanje yamye ambwira, yaranyibukije inkuru yo muri Bibiliya ivuga ivya ba basore batatu b’Abaheburayo bari imbere y’igishushanyo cari cahagaritswe n’umwami wa Babiloni. Mawe yambajije ati: “Ni igiki basabwa kugira?” Nishuye nti: “Kwunama.” Yaciye ambwira ati: “Mbega muri ico gihe vyasabwa ko bunama imbere y’ico gishushanyo, iyo baza guca bunama kugira ngo bafunge imigozi y’ibirato vyabo, boba bari kuba bagize neza? Fata ingingo; urakora ico ubona ko kibereye.” Nka kumwe kwa Shaduraka, Meshaki na Abedunego, nafashe ingingo yo guha icubahiro Yehova wenyene.​—Dan. 3:1, 13-18.

Abigisha baranyirukanye kw’ishure incuro nyinshi bongera barantera ubwoba yuko bazontandukanya n’abavyeyi banje. Narahagaritse umutima cane, ariko abavyeyi banje bagumye bandemesha. Igihe naba mvuye i muhira ngiye kw’ishure, mawe yaratura isengesho turi kumwe, agasaba Yehova ngo ankingire. Nari nzi yuko yonkomeje kugira ngo nshigikire ukuri nshikamye. (2 Kor. 4:7) Dawe yarambwira ko ntari nkwiye gutinya gutaha i muhira bishitse imikazo igakomera cane. Yavuze ati: “Turagukunda. Uzokwama nantaryo uri umukobwa wacu. Ico ni ikibazo kiri hagati ya wewe na Yehova.” Ayo majambo yarakomeje icipfuzo nari mfise co kugumana ugutungana.​—Yobu 27:5.

Ca gipolisi c’Abanazi carakunda kuza i muhira iwacu gusaka ibisohokayandikiro vy’Ivyabona be no kubazagiza abavyeyi banje. Abo bapolisi barashobora gutwara mawe akamara amasaha n’ayandi ataragaruka, kandi barashobora kuja gufata dawe na mukurwanje babakuye aho bakorera. Sinigera menya nimba nza gusanga mawe i muhira igihe naba mvuye kw’ishure. Rimwe na rimwe, umubanyi ni we yambwira ati: “Nyoko wawe bamutwaye.” Naca ninyegeza mu nzu, nibaza nti: ‘Mbega basha boba bariko baramusinzikariza ubuzima? Ubwo nzopfa nsubiye kumubona?’

Twangazwa

Ku wa 28 Nzero 1943, ca gipolisi Gestapo caratuvyuye isaha icenda n’igice z’ijoro. Abo bapolisi bavuze yuko jewe, abavyeyi banje na mukurwanje tutokwangajwe turamutse twifatanije n’umugambwe w’Abanazi. Baduhaye amasaha atatu ngo tube twiteguye. Mawe yari yaramaze kwitegurira ico kintu kandi yari yarapakiye amasakoshi yacu impuzu be na Bibiliya, gutyo duca dukoresha uwo mwanya mu gusenga no kuremeshanya. Dawe yaranyibukije yuko ‘ata na kimwe cashobora kudutandukanya n’urukundo rw’Imana.’​—Rom. 8:35-39.

Ca gipolisi Gestapo caragarutse. Sinzokwigera nibagira ukuntu umuvukanyikazi umwe yari ageze mu zabukuru yitwa Anglade yadugije ukuboko akuzungagiza mu kudusezera, amosozi yuzuye mu maso yiwe. Ca gipolisi Gestapo caradutwaye mu muduga ku gituro ca gariyamoshi i Metz. Tumaze imisi itatu tugendera mw’igariyamoshi, twarashitse ahitwa Kochlowice, ino ikaba yari ikambi yagabwa n’ikambi ry’itunatuniro ry’i Auschwitz, muri Polonye. Haciye amezi abiri, twarimuriwe ahitwa Gliwice, kino kikaba cari ikigo c’ababikira cahinduwemwo ikambi y’ibikorwa. Abanazi batubwiye yuko hamwe umwumwe wese muri twebwe yotera umukono ku rukaratasi rwemeza ko ahakanye ukwizera kwiwe, bociye baturekura bakanadusubiza ivyacu. Dawe na mawe baranse, maze abo bari badufashe baca bavuga bati: “Ntimuzopfa musubiye iwanyu.”

Muri Ruheshi, twarimuriwe ahitwa Swietochlowice, aho hakaba ari ho natanguriye kwumva menetse umutwe kandi n’ubu bikaba bikibandanya. Narafashwe n’indwara ku ntoke, kandi umuganga yarankuye nyinshi mu nzara z’intoke atabanje kuntimbisha. Agahengwe nari mfise, ni uko igikorwa nakora co kuza ndaja kuronderera abarinzi b’ikambi utuntu tumwetumwe baba bakeneye akenshi catuma nja aho bakorera imikate. Aho hari umupfasoni yakunda kumpa utwo ntamira.

Gushika ico gihe, twari twagumye turi hamwe uko tugize umuryango dutandukanijwe n’abandi banyororo. Muri Gitugutu 1943, twararungitswe mw’ikambi ry’i Ząbkowice. Twaryama ku bitanda bigerekeranye vyari mu cumba co hejuru turi kumwe n’abandi bagabo, abagore n’abana bashika nka 60. Abasoda b’Abanazi bararaba neza ko ibifungurwa twaronka vyaba bigashe kandi bitoroshe kurenza ururinga.

Naho twari muri izo ngorane, ntitwigeze dutakaza icizigiro. Twari twarasomye mu Munara w’Inderetsi ibijanye n’igikorwa gikomeye cokozwe intambara imaze guhera. Twari tuzi rero igituma turiko turacumukura be n’uko vuba izo ngorane twarimwo zari zigiye guhera.

Igihe twumva yuko ingabo za vya bihugu vyari vyagize urunani zariko ziregereza, twaramenye ko Abanazi bariko baratsindwa ku rugamba. Mu ntango zo mu 1945, abasoda b’Abanazi barafashe ingingo yo guheba ikambi twarimwo. Ku wa 19 Ruhuhuma, twabwirijwe kugira urugendo rw’ibilometero nka 240 ku nguvu. Tumaze indwi zine tugenda, twarashitse i Steinfels, mu Budagi, aho abarinzi baciye bajana abanyororo ahantu bacukura ubutare. Abenshi biyumvira ko twokwishwe. Ariko uwo musi, za ngabo zagize urunani zarashitse, abasoda b’Abanazi barahunga, maze amakuba twarimwo ararangira.

Nshika ku migambi yanje

Ku wa 5 Rusama 1945, haheze hafi imyaka ibiri n’igice, twarashitse i muhira i Yutz, ducafuye kandi tujejeta inda. Kuva muri Ruhuhuma ntitwari bwahindure impuzu, kikaba ari co gituma twaciye dufata ingingo yo guturira izo mpuzu zari zishaje. Ndibuka mawe ariko aratubwira ati: “Uwu musi nubabere wo musi mwiza gusumba iyindi yose mu buzima bwanyu. Nta kintu na kimwe dufise. Mbere n’impuzu twambaye si rwacu. Ariko twese uko turi bane twagarutse turi abizigirwa. Ntitwigeze duhemuka.”

Inyuma y’amezi atatu namaze mu Busuwisi nkiriko ndasubirana, narasubiye kw’ishure, ata bwoba ngifise bwo kwirukanwa. Ico gihe hoho twarashobora gukoranira hamwe n’abavukanyi bacu tukongera tukamamaza ku mugaragaro. Ku wa 28 Myandagaro 1947, mfise imyaka 13, naragaragaje indagano hari haheze imyaka itari mike ndaganiye Yehova. Dawe yambatirije mu Ruzi Moselle. Nashaka guca ubwo nyene mba umutsimvyi, mugabo dawe yansavye ashimitse ko nobanza kwiga umwuga. Naciye rero niga kubarira. Mu 1951, mfise imyaka 17, naragenywe ngo mbe umutsimvyi, nkaba narungitswe gukorera mu gisagara kibanyi ca Thionville.

Muri uwo mwaka, naritavye iteraniro ryabereye i Paris maze nduzuza urukaratasi rwo gusabirako umurimo w’ubumisiyonari. Sinari bwakwize imyaka isabwa, mugabo umuvukanyi Nathan Knorr yavuze ko yokwakiriye urwo rukaratasi rwanje “kugira ngo ruze rwihwezwe mu nyuma.” Muri Ruheshi 1952, nararonse ubutumire bwo kwitaba umugwi ugira 21 w’Ishure ry’ivya Bibiliya ry’i Gileyadi rya Watchtower ryabera i South Lansing mu gisagara ca New York, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Ishure ry’i Gileyadi be n’ivyakurikiye

Mbega ikintu ciza canshikiye! Nari nsanzwe ntoroherwa kuvugira imbere y’abantu mu rurimi rwanje bwite. Ico gihe hoho nabwirizwa kuvuga mu congereza. Ariko rero, abigisha baramfashe mu mugongo babigiranye urukundo. Umuvukanyi umwe yantaziriye ngo Kamwemwe k’Ubwami kubera yuko naca mwenyura igihe naba ngize udusoni.

Ku wa 19 Mukakaro 1953, ibirori vyo kuduha impapuro z’umutsindo vyabereye ku kibuga c’inkino citwa Yankee Stadium c’i New York, nkaba naciye ndungikwa gukorera i Paris ndi kumwe na Ida Candusso (uwahavuye yitwa Seignobos). Kubwira ubutumwa bwiza abantu batunze b’i Paris vyari biteye ubwoba, ariko narashoboye kwigana Bibiliya n’abantu benshi bicisha bugufi. Ida yarubatse urwiwe aca aja gukorera muri Afirika mu 1956, mugabo jewe nagumye i Paris.

Mu 1960, narubakanye n’umuvukanyi yakorera kuri Beteli, maze duca tuja gusukurira i Chaumont n’i Vichy turi abatsimvyi badasanzwe. Haciye imyaka itanu, nararwaye igituntu nca mbwirizwa guhagarika ubutsimvyi. Narababaye cane kubera yuko kuva mu bwana bwanje nari mfise umugambi wo gutangura umurimo w’igihe cose no kuwugumamwo. Haciye igihe gito, umunega wanje yarantaye arongora uwundi mugore. Ukuntu abavukanyi n’abavukanyikazi banje bo mu vy’impwemu bamfashe mu mugongo vyaramfashije muri iyo myaka y’amakuba, kandi Yehova yagumye anyikorerera umutwaro.​—Zab. 68:19.

Ubu mba i Louviers, muri Normandie, hafi y’ibiro vy’ishami ry’Ubufaransa. Naho mfise ingorane z’amagara, ndahimbarwa no kuba nariboneye ivyo Yehova yagiye arankorera mu buzima bwanje. Indero naronse iramfasha kugumana agatima kabereye no muri iki gihe. Abavyeyi banje baranyigishije yuko Yehova abaho koko, nkaba nshobora kumukunda no kumuyagira, be n’uko yishura amasengesho ndamutura. Mbega vy’ukuri, “ivyiza Uhoraho yangiriye vyose ndabimwishur[e] iki?”​—Zab. 116:12.

[Ifoto ku rup. 5]

Mfise ikintu co kwikingira imyuka mibi, igihe nari mfise imyaka itandatu

[Ifoto ku rup. 5]

Ndi kumwe n’abamisiyonari be n’abatsimvyi muri Luxembourg mw’isekeza ridasanzwe ryo kwamamaza, igihe nari mfise imyaka 16

[Ifoto ku rup. 5]

Ndi kumwe na dawe na mawe kw’ihwaniro mu 1953

[Ifoto ku rup. 6]

“Ndahimbarwa no kuba nariboneye ivyo Yehova yagiye arankorera mu buzima bwanje”