Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

‘Tugirire umwete ibikorwa vyiza’!

‘Tugirire umwete ibikorwa vyiza’!

‘Tugirire umwete ibikorwa vyiza’!

“[Yezu yi]tanze ku bwacu kugira ngo aturokore mu bugarariji bw’uburyo bwose yongere yihumanurire igisata yiharije, kigirira umwete ibikorwa vyiza.”​—TITO 2:14.

1. Ni ibiki biba igihe Yezu ashika mu rusengero ku wa 10 Nisani mu 33 G.C.?

 NI KU wa 10 Nisani mu 33 G.C., hakaba hasigaye imisi mikeyi gusa ngo Pasika ihimbazwe. Amasinzi y’abasavyi b’Imana ari mu rusengero i Yeruzalemu, si bo babona uwo musi urageze. Ni igiki none kiza kuba Yezu niyashika? Abanditsi batatu b’Injili, ari bo Matayo, Mariko na Luka, bose baremeza ko bubaye ubugira kabiri Yezu ahindira hanze abariko bagurishiriza muri urwo rusengero be n’abariko bahagurira. Arahenagura imeza z’abakaba amahera be n’intebe z’abariko bagurisha inuma. (Mat. 21:12; Mrk. 11:15; Luka 19:45) Biboneka ko umwete Yezu yari afise utari wagabanutse narirya hari haciye imyaka itatu akoze igikorwa nk’ico nyene.​—Yoh. 2:13-17.

2, 3. Tuzi gute ko umwete Yezu yari afise utagarukiye gusa ku guhumanura urusengero?

2 Inkuru ya Matayo irerekana ko umwete Yezu yari afise ico gihe utagarukiye gusa ku guhumanura urusengero. Yaranakijije impumyi n’abacumbagira baza kuri we ku rusengero. (Mat. 21:14) Inkuru ya Luka iravuga ibindi bikorwa Yezu yakoze. Igira iti: “[Yezu] yarigisha ku musi ku musi mu rusengero.” (Luka 19:47; 20:1) Ku bw’ivyo, umwete Yezu yari afise waribonekeje mu buryo bukomeye mu busuku yarangura ku mugaragaro.

3 Mu nyuma, intumwa Paulo yarandikiye Tito maze arasigura ko Yezu “[yi]tanze ku bwacu kugira ngo aturokore mu bugarariji bw’uburyo bwose yongere yihumanurire igisata yiharije, kigirira umwete ibikorwa vyiza.” (Tito 2:14) Ni mu buryo ubuhe muri iki gihe dushobora “[ku]girira umwete ibikorwa vyiza”? Vyongeye, uburorero bw’abami beza batwaye Ubuyuda bushobora gute kuturemesha?

Tugirire umwete igikorwa co kwamamaza no kwigisha

4, 5. Ni mu buryo butandukanye ubuhe abami bane b’Abayuda bagaragaje ko bagiriye umwete ibikorwa vyiza?

4 Asa, Yehoshafati, Hezekiya na Yosiya bose baragize isekeza ryo kurandurana n’imizi ugusenga ibigirwamana. Asa “[yarakuyeho] ibicaniro vyubakiwe ibigirwamana vy’abanyamahanga bo n’ibitabo vyo ku mpinga z’imisozi, amenagura amabuye bāshinze, atemagura inkingi bāshingiye Ashera.” (2 Ngo. 14:3) Yehoshafati, abitumwe n’umwete mwinshi yari afitiye ugusenga Yehova, “[yarakuye] mu Buyuda ibitabo vyatabge mu mpinga z’imisozi n’inkingi zashingiwe Ashera.”​—2 Ngo. 17:6; 19:3. a

5 Ihimbazwa ry’agakura rya Pasika ryabaye ku musi ugira indwi, iryo Hezekiya yari yatunganirije i Yeruzalemu rirangiye, “Abisirayeli bose bāri bakoraniye aho, ba[ciye] baja mu bisagara vy’i Buyuda, bamenagura inkingi bāshingiye Ashera, basibanganya ibitabo vyo ku mpinga z’imisozi, basangangura n’ibicaniro vy’i Buyuda n’i Bubenyamini, bo n’i Bgefurayimu no mu bg’Abamanase, gushitsa aho babiherengetereje vyose.” (2 Ngo. 31:1) Yosiya yabaye umwami akiri muto afise imyaka umunani gusa. Ivyanditswe bivuga biti: “Mu mwaka ugira umunani ari ku ngoma, akir’umwana, yatanguye kurondera Imana ya sekuruza Dawidi; maze mu mwaka ugira icumi na kabiri atangura gutunganya i Buyuda n’i Yerusalemu, ahakūra ibitabo vyo ku mpinga z’imisozi, n’inkingi bāshingiye Ashera, n’ibishushanyo bibājwe bo n’ivyavugutiwe mu nkero.” (2 Ngo. 34:3) Uca ubona rero ko abo bami bose bane bagiriye umwete ibikorwa vyiza.

6. Ni kubera iki ubusuku turangura bushobora kugereranywa n’amasekeza abami b’abizigirwa b’Ubuyuda bagize?

6 Nk’uko kw’abo bami, na twebwe muri iki gihe turagira isekeza ryo gufasha abantu ngo bavavanure n’inyigisho z’amadini y’ikinyoma harimwo n’imigenzo ijanye no gusenga ibigirwamana. Ubusuku turangura bw’inzu ku nzu buradufasha guhura n’abantu b’uburyo bwose. (1 Tim. 2:4) Umwigeme umwe wo muri Aziya aribuka ingene nyina wiwe yagirira imigenzo imbere y’ibishushanyo bitari bike vyari mu nzu yabo. Uwo mwigeme amaze kuzirikana ku vy’uko ivyo bishushanyo vyose bidashobora guserukira Imana y’ukuri, yarasenze akatari gake asaba ko yomenya Imana y’ukuri. Igihe yaza kuraba awari adodoye ku muryango w’inzu yiwe, yasanze ari Ivyabona babiri bari biteguriye kumufasha kumenya izina rihambaye ry’Imana y’ukuri, ari ryo Yehova. Kandi, ese ukuntu yakengurutse cane kuba yaramenye ukuri ku vyerekeye ibigirwamana! Ubu aragaragaza umwete udasanzwe mu kugira uruhara atiziganya mu murimo wo mu ndimiro, agafasha abandi bantu mu vy’impwemu.​—Zab. 83:18; 115:4-8; 1 Yoh. 5:21.

7. Dushobora gukora iki kugira ngo twigane ba bigisha barungitswe guca mu gihugu cose mu gihe ca Yehoshafati?

7 Igihe dukora ubusuku bw’inzu ku nzu, icibare twahawe twoba tugihetura ku rugero rungana iki? Igishimishije, mu mwaka ugira gatatu Yehoshafati ari ku ngoma, yararungitse abaganwa batanu, Abalewi icenda be n’abaherezi babiri. Yabategetse guca mu bisagara vyose bigisha abantu amategeko ya Yehova. Iryo sekeza bagize ryarabaye kirumara ku buryo abantu bo mu mahanga yari abakikuje baciye batangura gutinya Yehova. (Soma 2 Ngoma 17:9, 10.) Igihe tugendera imihana mu bihe bitandukanye no ku misi itandukanye, twoshobora kuyaga n’abanyamihana batari bake.

8. Twoshobora gute kwongereza uturyo two kubwira abantu inkuru nziza?

8 Benshi mu basavyi b’Imana bo mu bihe vya none, baritanze babikunze baraheba amazu yabo maze baja gukorera aho Ivyabona b’abanyamwete bakenewe cane. Woba ushobora kubigenza gutyo? Bamwebamwe muri twebwe badashobora kuja gukorera ahandi hantu, boshobora kugerageza kubwira inkuru nziza abantu bavuga urundi rurimi bo mu karere babamwo. Kubera yuko uwitwa Ron yaza arahura n’abantu baturuka mu bihugu bitandukanye mu cibare ciwe, afise imyaka 81 yarize ingene baramukanya mu ndimi 32! Haraciye igihe gito ahuriye mw’ibarabara n’umugore n’umugabo bubakanye baturuka muri Afirika maze abaramutsa mu rurimi rwabo kavukire rw’ikiyoruba. Barabajije Ron nimba yarigeze gukubitira muri Afirika. Aho ababwiriye yuko atigeze ahonyozayo ikirenge, baciye bamubaza ingene yamenye ururimi rwabo. Ivyo vyaramuhaye akaryo keza ko kubabwira inkuru nziza. Barakiriye bitagoranye ibinyamakuru bimwebimwe bongera baramuha aderese yabo ata kugonanwa, ino akaba yaciye ayiha ishengero ryo muri ako karere kugira ngo uwo mugore n’umugabo bagirirwe inyigisho ya Bibiliya.

9. Igihe turi mu busuku, ni kubera iki gusoma muri Bibiliya bihambaye? Bitangire akarorero.

9 Ba bigisha bategekwa na Yehoshafati guca mu gihugu cose, bagiye bajanye “igitabu c’ivyagezwe vy’Uhoraho.” Hirya no hino kw’isi, turihatira kwigisha abantu ibiri muri Bibiliya, kubera ko ari Ijambo ry’Imana. Igihe turi mu busuku turihatira kwereka abandi arya majambo nyene yo muri Bibiliya, tukabasaba ko boyisomera. Hari umunyamuhana umwe yasiguriye umuvukanyikazi yitwa Linda yuko umunega wiwe yari arwaye indwara yonona ubwonko yitwa apoplexie kandi ko yari akeneye ko amwitwararika. Uwo munyamuhana yidoze ati: “Sinzi ico nakoreye Imana kuba yararetse ibintu nk’ibi bikanshikira.” Linda na we, ati: “Wonkundira nkagukura amazinda kuri iki kintu?” Yaciye asoma amajambo dusanga muri Yakobo 1:13 maze aca yongerako ati: “Imibabaro yose tugira be n’iyo abacu bagira si igihano kiva ku Mana.” Ivyo vyatumye uwo mukenyezi agumbira Linda n’igishika cinshi. Linda yiyemera ati: “Narashoboye kumuhumuriza nkoresheje Bibiliya. Rimwe na rimwe, ivyanditswe dusoma muri Bibiliya usanga ari bwo bwa mbere abanyamuhana bavyumva.” Ico kiyago catumye nya mukenyezi agirirwa inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana idahorereza.

Abakiri bato basukura babigiranye umwete

10. Yosiya yabereye gute akarorero abakiri bato muri iki gihe?

10 Tugarutse ku karorero ka Yosiya, turabona ko yakurikiranye ugusenga kw’ukuri akiri muto, kandi ko yari afise imyaka nka 20 igihe yatanguza isekeza ridasanzwe ryo gukuraho ugusenga ibigirwamana. (Soma 2 Ngoma 34:1-3.) Abakiri bato benshi cane muri iki gihe baragaragaza umwete nk’uwo mu murimo w’Ubwami barangura.

11-13. Ni ivyigwa ibihe dushobora kwigira ku bakiri bato bo mu bihe vya none basukurira Yehova babigiranye umwete?

11 Uwitwa Hannah aba mu Bwongereza, yari afise imyaka 13 kandi akaba yariko yiga igifaransa kw’ishure igihe yamenya ko mu gisagara co hafi y’iwabo hashinzwe umugwi ukoresha ururimi rw’igifaransa. Se wiwe yaremeye kuza aramuherekeza kugira ngo yitabe amakoraniro muri ico gisagara. Ubu ku myaka 18 afise, Hannah arabwira abandi inkuru nziza n’umwete mwinshi mu gifaransa ari umutsimvyi asanzwe. Ubona nawe woshobora kwiga urundi rurimi maze ugafasha abandi bantu kwiga ivyerekeye Yehova?

12 Uwitwa Rachel yarahimbawe cane no kuraba ya videwo ivuga ngo Poursuivez les objectifs qui honorent Dieu (Nukurikirane imigambi itera iteka Imana). Mu kugira ico avuze ku kuntu yabona ibintu igihe yatangura gukorera Yehova mu 1995, avuga ati: “Nibaza ko ukuri nari narakugize ukwanje.” Aca yongerako ati: “Kuva aho ndabiye ico gikino c’ivya Bibiliya, ubu ndabona ko namaze imyaka myinshi nkora gusa ibintu vy’ishimikiro. Ntegerezwa kurwanira ukuri kandi nkagira akigoro gakomeye mu kwiyigisha no mu murimo ndangura nkongera nkabizirikanako ata gufyina.” Ubu Rachel ariyumvamwo ko ariko asukurira Yehova abigiranye umwete kuruta. None ivyo vyavuyemwo iki? Avuga ati: “Ubucuti mfitaniye na Yehova bwarongerakanye. Amasengesho ntura ararushiriza kugira ico avuze koko, ndiyigisha mu buryo bwimbitse kandi nkarushiriza kwumva nshize akanyota, vyongeye ndarushiriza kubona ko inkuru zo muri Bibiliya ari iz’ukuri. Ivyo bituma nezerererwa cane ubusuku ndangura kandi nkumva nshize akanyota vy’ukuri, uko nibonera ingene amajambo ya Yehova ahumuriza abandi.”

13 Luke ni uwukiri umuto yaremeshejwe n’iyindi videwo ivuga ngo Les jeunes s’interrogent . . . Que vais-je faire de ma vie? (Urwaruka ruribaza​Nzokoresha gute ubuzima bwanje?) Inyuma y’aho Luke arabiye iyo videwo, yanditse ati: “Numvise mvyuriwe umutima wo kuzirikana ku co nariko nkoresha ubuzima bwanje.” Yiyemerera ati: “Imbere y’aho, narahatiwe gukurikirana ugutekanirwa kwo mu vy’amahera mu gutangura kwiga amashure ahanitse ngo maze mu nyuma abe ari ho nitwararika imigambi yo mu vy’impwemu. Mwene uwo mukazo ntutuma umuntu atera imbere mu vy’impwemu; ahubwo riho utuma asubira inyuma nk’ibirenge.” Yemwe bavukanyi namwe bavukanyikazi mukiri bato, mubona gute muravye niba mwokoresha ivyo mwize kw’ishure kugira ngo mwagure ubusuku murangura nk’uko Hannah yabigize? Vyongeye, mubona gute mwiganye akarorero ka Rachel mu gukurikirana n’umwete mwinshi imigambi itera iteka Imana vy’ukuri? Nimukurikize akarorero ka Luke maze mwirinde ibintu biteye akaga abakiri bato benshi baguyemwo.

Twumvire imburi tubigiranye umwete

14. Ni ugusenga bwoko ki Yehova yemera, kandi ni kubera iki kubigenza gutyo ari urugamba muri iki gihe?

14 Abasavyi ba Yehova barakeneye kuba abadahumanye niba bipfuza ko yemera ugusenga kwabo. Yesaya yagabishije ati: “Ni mugende, ni mugende, muveyo; ntimugakore ku kintu gihumanya na kimwe; muve hagati yaho [muri Babiloni]; mwitunganye, yemwe abashorezi b’imbombovu z’Uhoraho.” (Yes. 52:11) Imyaka myinshi imbere y’uko Yesaya yandika ayo majambo, Umwami mwiza Asa yari yaragize isekeza n’ishaka ryinshi ryo kurandurana n’imizi ubushegabo bwari bwiraye i Buyuda. (Soma 1 Abami 15:11-13.) Haciye ibinjana bitari bike, intumwa Paulo nawe yabwiye Tito yuko Yezu yitanze kugira yihumanurire abayoboke biwe ngo abagire “igisata yiharije, kigirira umwete ibikorwa vyiza.” (Tito 2:14) Muri iki kibano cononekaye, ntivyorohera abantu na canecane abakiri bato, kuguma badahumanye mu nyifato runtu. Nk’akarorero, abasavyi b’Imana bose, baba abakiri bato canke abakuze, bategerezwa kurwana urugamba rwo kuguma birinda ngo ntibanduzwe n’amashusho y’ubushegabo yerekanwa ku bicapo, kuri televiziyo, mu masenema na canecane kuri Internet.

15. Ni igiki gishobora kudufasha kuguma twanka ikibi?

15 Umwete tugira mu kwumvira imburi Imana itanga urashobora kudufasha gutsimbataza ukwanka ikibi. (Zab. 97:10; Rom. 12:9) Turakeneye kwamirira kure amashusho yerekana ubushegabo kugira ngo, nk’uko umukirisu umwe yabivuze, “twiganzure ububasha bwayo budukwegakwega nka kurya kw’isumaku.” Kugira ngo icuma camase kw’isumaku ukimature, urakeneye gukoresha inguvu ziruta izatumye kimata kuri iyo sumaku. Muri ubwo buryo nyene, birasaba akigoro gakomeye kugira ngo tunanire akosho k’amashusho yerekana ubushegabo. Ariko, nitwatahura ko ayo mashusho ashobora kutwonona bimwe bikomeye, bizodufasha kuguma tuyanka urunuka. Umuvukanyi umwe yaragize akigoro kadasanzwe kugira ngo avavanure n’akamenyero yari afise ko kwinjira mu mihora ya Internet yerekana amashusho y’ubushegabo. Yarimuriye orodinateri yiwe mu kibanza abandi bagize umuryango wiwe bashobora kubona bitagoranye. Ikigeretse kuri ivyo, yaragize umwiyemezo ukomeye wo kwihumanura no kugirira umwete ibikorwa vyiza. Yaranateye n’iyindi ntambwe. Kubera ko akazi yakora kamusaba gukoresha Internet, yafashe ingingo yo kuyikoresha igihe gusa umukenyezi wiwe yaba ari iruhande yiwe.

Agaciro ko kugira inyifato nziza

16, 17. Inyifato nziza tugaragaza ishobora gute kugira ico ikoze ku batwitegereza? Bitangire akarorero.

16 Mbega agatima keza imisore n’inkumi bagaragaza mu murimo wa Yehova be n’ukuntu ivyo bitangaza ababitegereza! (Soma 1 Petero 2:12.) Umugabo umwe yigeze kuja kuri Beteli y’i Londres yarahinduye rwose ukuntu yari asanzwe abona Ivyabona vya Yehova inyuma y’aho ahamariye umusi wose ariko akwamura imashini yo gucapura. Umukenyezi wiwe, uno akaba yariko arigana Bibiliya n’Icabona wo mu karere yabamwo, yarabonye ko umunega wiwe yahinduye ukuntu yahora abona ibintu. Imbere y’aho, ntiyashaka ko Ivyabona baza i muhira iwe. Mugabo aho aviriye kuri ico gikorwa kuri Beteli, yaje ashemagiza cane ukuntu bamufashe neza. Yaravuze ko ata n’umwe yakoresheje imvugo mbi. Umwe wese wasanga afise ukwihangana, kandi harangwa amahoro. Yaratangajwe canecane no kubona abavukanyi n’abavukanyikazi bakiri bato bakorana umwete kandi ata mushahara baronswa, bagakoresha babikunze umwanya wabo be n’inguvu zabo kugira ngo bafashe mu gukwiragiza inkuru nziza.

17 Abavukanyi n’abavukanyikazi bakora ubundi buzi kugira ngo baronse ivyo imiryango yabo ikeneye na bo nyene usanga ari abakozi bakorana umutima wabo wose. (Kol. 3:23, 24) Ivyo akenshi bituma abo bavukanyi barushiriza kurambira mu kazi bakora, kubera ko abakoresha babo baha agaciro agatima bagaragaza ko kwitwararika ibintu, kikaba ari co gituma badashima gutakaza mwene abo bakozi.

18. Dushobora gute “[ku]girira umwete ibikorwa vyiza”?

18 Kuba twizigira Yehova, kuba tugamburuka ubuyobozi atanga be no kuba twitwararika aho tugirira amakoraniro ni bumwe mu buryo butandukanye tugaragarizamwo umwete dufitiye inzu ya Yehova. Ikigeretse kuri ivyo, turipfuza kugira uruhara uko dushoboye kwose mu gikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa. Twaba tukiri bato canke dukuze, nitwashigikira tubigiranye umwete ingingo mfatirwako zityoroye zijanye n’ugusenga kwacu, tuzokwimbura ivyiza vyinshi. N’ikindi kandi, tuzobandanya kumenyekana ko turi igisata “kigirira umwete ibikorwa vyiza.”​—Tito 2:14.

[Utujambo tw’epfo]

a Asa ashobora kuba ari we yakuyeho ibibanza bikirurutse vyari bifitaniye isano n’ugusenga kw’imana z’ikinyoma, ariko ntiyakuraho ivyo abanyagihugu basengeramwo Yehova. Canke na ho bishoboka ko ivyo bibanza bikirurutse vyoba vyasubiye kwubakwa mu gice ca nyuma c’ingoma ya Asa be n’uko vyakuweho n’umuhungu wiwe Yehoshafati.​—1 Abm. 15:14; 2 Ngo. 15:17.

Ufatiye ku burorero bwo muri Bibiliya be n’ubwo mu gihe ca none, ni igiki wize ku

• kuntu wogaragaza umwete mu kwamamaza no mu kwigisha?

• kuntu abakirisu bakiri bato bashobora “[ku]girira umwete ibikorwa vyiza”?

• kuntu wovavanura n’utumenyero twonona?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Ifoto ku rup. 13]

Woba wama ukoresha Bibiliya mu busuku urangura?

[Ifoto ku rup. 15]

Kwiga urundi rurimi ukiri ku ntebe y’ishure vyoshobora kugufasha kuzokwagura ubusuku bwawe