Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ukuntu wonezerererwa ingabirano y’ubwirebange

Ukuntu wonezerererwa ingabirano y’ubwirebange

Ukuntu wonezerererwa ingabirano y’ubwirebange

“BARAHEZA barubakana maze kuva ico gihe baca baguma bibanira mu gahimbare.” Amajambo mwene ayo ni yo akunze gusozera nyinshi mu nkuru ziganirwa abana. Amasenema avuga ivy’urukundo be n’ibitabu bivuga ibintu mwene ivyo akenshi usanga birimwo ubutumwa busa n’ubwo, bw’uko ngo kugira umuntu ahimbarwe vy’ukuri abwirizwa kwubaka urwiwe! Vyongeye, imico kama myinshi irashira umukazo ukomeye ku rwaruka rugeze mu bigero ngo bubake izabo. Igihe uwitwa Debby yari afise imyaka nka 25, yavuze ati: “Abantu baragerageza kukwumvisha yuko intumbero yonyene umwigeme afise mu buzima ari iyo kwubaka urwiwe. Baraserura iciyumviro c’uko ubuzima butangura igihe umuntu aba amaze kwubaka urwiwe.”

Umuntu akomeye mu vy’impwemu ntiyihutira guca abona ibintu muri ubwo buryo. Naho ukwabirana vyari bimenyerewe cane mu Bisirayeli, Bibiliya iravuga imisore n’inkumi b’abirebange bagize ubuzima bumara akanyota cane. Muri kino gihe, hari abakirisu bahitamwo kuguma ari abirebange, mu gihe abandi benshi baguma ari abirebange bitumwe n’ukuntu ivyabo vyifashe. Impamvu yoba ituma abo bantu baguma ari abirebange yaba iyihe, ikibazo gihambaye twokwibaza ni kimwe: Umukirisu yoshobora gute gutuma ubwirebange bwiwe buba ngirakamaro?

Yezu ubwiwe ntiyigeze yubaka urwiwe, ivyo bikaba vyumvikana cane umuntu aravye igikorwa yari yarashinzwe. Yabwiye abigishwa biwe yuko bamwebamwe mu bayoboke biwe na bo nyene ‘bokwemeye’ ubwirebange. (Mat. 19:10-12) Gutyo rero, Yezu yarerekanye ko kugira ngo dutume ubwirebange bwacu buba ngirakamaro, dutegerezwa kwemera mu bwenge bwacu no mu mutima wacu ubwo buryo bwo kubaho.

None iyo mpanuro ya Yezu yoba iraba gusa umuntu yahisemwo avyishakiye kuguma ari umwirebange kugira ngo yitunire bimwe bishitse ku bikorwa vya gitewokarasi? (1 Kor. 7:34, 35) Si ngombwa. Rimbura ivy’umukirisu yoshobora kuba ashaka kwubaka urwiwe mugabo muri uwo mwanya akaba atabona umuntu abereye bokwubakana. Umuvukanyikazi w’umwirebange yitwa Ana ageze mu myaka 30 yavuze ati: “Hari uwo dukorana atari Icabona aherutse kunsaba ko twokwubakana ntari niteze ko yombaza ikintu nk’ico. Mu buryo bumwe numvise ndavyishimiye, ariko naciye ubwo nyene nikuramwo iyo nyiyumvo kubera yuko nshaka kwubakana gusa n’umuntu azomfasha kurushiriza kwiyegereza Yehova.”

Icipfuzo co kwubaka “mu Mukama” kirafasha abavukanyikazi benshi nka Ana kwirinda kwubakana n’uwutizera. a (1 Kor. 7:39; 2 Kor. 6:14) Babitumwe n’ukwubaha impanuro Imana itanga, baremera ubwirebange, n’imiburiburi mu gihe baba batararonka uwo bokwubakana. None ivyo bashobora kubigira gute kandi bakererwa?

Niwige kwibanda ku vyiza

Kugira ngo dushobore kwemera ikintu coba kidasa n’ico twari twiteze, ahanini bivana n’agatima dufise. Umuvukanyikazi w’umwirebange ageze mu myaka 40 yitwa Carmen avuga ati: “Ndahimbarirwa ivyo mfise, nkirinda guhahamira ivyo ntafise.” Ni ivy’ukuri yuko hoshobora kuba ibihe usanga twumva dufise irungu canke tuvunitse umutima. Ariko kumenya yuko hari abandi benshi mu muryango wose w’abavukanyi ukwiye kw’isi bariko barashikirwa n’ibintu nk’ivyo, birashobora kuturemesha kwumira kw’ibanga dufise ukwizigira. Yehova yarafashije abatari bake gutuma ubwirebange buba ngirakamaro be no gutorera umuti izindi ntambamyi.​—1 Pet. 5:9, 10.

Abavukanyi n’abavukanyikazi bakirisu benshi barabonye ivyiza biva ku kuba umuntu ari umwirebange. Umuvukanyikazi w’umwirebange ageze mu myaka 35 yitwa Ester avuga ati: “Nibaza ko akabanga ko kuronka agahimbare ari ukuba uwushoboye kunezerererwa imice myiza y’ukuntu ivyawe biba vyifashe kwose.” Carmen yongerako ati: “Ndemera yuko naho nokwubaka urwanje canke sinubake, ninaramuka nshize ivyungura Ubwami mu kibanza ca mbere, Yehova atazonyima iciza na kimwe. (Zab. 84:11) Ubuzima bwanje bwoshobora kuba butagenze neza na neza nk’uko nari narabitegekanije, ariko ndahimbawe kandi nzobandanya guhimbarwa.”

Uburorero dusanga muri Bibiliya bw’abantu bagumye ari abirebange

Umukobwa wa Yefuta ntiyari yarategekanije ko yogumye ari umwirebange. Ariko indagano se yari yagize yatumye abwirizwa gusukurira kw’ihema kuva mu buto bwiwe no kubandanya. Ico gikorwa atari yiteze nta gukeka ko cahinduye imigambi yiwe kikaba kandi cari gihushanye n’inyiyumvo mvukanwa ziwe. Yaramaze amezi abiri atuntuye igihe yamenya ko atokwubatse urwiwe ngo agire umuryango. Yamara rero, yaremeye ukwo kuntu ivyiwe vyari bihindutse maze arasukura abigiranye umutima ukunze igihe cose yari asigaje kubaho. Abandi bigeme b’Abisirayelikazi bama bamukeza buri mwaka kubera agatima kiwe ko kwitanga.​—Abac. 11:36-40.

Abantu bamwebamwe bari inkone ku mubiri mu gihe ca Yesaya boshobora kuba baravunwa umutima n’ukuntu ivyabo vyari vyifashe. Bibiliya ntivuga icatumye abo bantu baba inkone. Kubera yuko bari bameze gutyo, ntivyashoboka ko baba abo mw’ishengero rya Isirayeli bimwe bishitse, eka kandi ntibashobora kwubaka izabo be no kuvyara abana. (Gus. 23:1) Ariko rero, Yehova yaratahura inyiyumvo zabo, kandi yarabakeje kubera ko bagamburuka isezerano ryiwe babigiranye umutima wabo wose. Yababwiye yuko boronse “icibutso” be n’“izina ritazoshira” mu nzu yiwe. Mu yandi majambo, izo nkone z’intahemuka zoronse icizigiro ntakekeranywa co kwinovora ubuzima budahera mu gihe c’ubutegetsi bwa Mesiya ari we Yezu. Yehova ntiyokwigeze abibagira.​—Yes. 56:3-5.

Uko ivya Yeremiya vyari vyifashe kwari gutandukanye cane n’ivyo. Imana imaze gushinga Yeremiya igikorwa co kuba umuhanuzi, yamutegetse kuguma ari umwirebange bivanye n’ibihe bigoye yari abayemwo be n’ukuntu ico gikorwa yamushinze cari kimeze. Yehova yavuze ati: “Ntukābire umugore, canke ng’uvyarire abahungu n’abakobga aha hantu.” (Yer. 16:1-4) Naho Bibiliya idukura amazinda ko Yeremiya yari umuntu yahimbarwa n’ijambo rya Yehova, ntiduhishurira ukuntu yumvise amerewe ku bijanye n’ubwo buyobozi. (Yer. 15:16) Mu myaka yakurikiye, igihe Yeremiya yihanganira amezi 18 Yeruzalemu yamaze iri mu vyago yugarijwe n’abansi, nta gukeka ko yabonye ubukerebutsi bwo kugamburuka itegeko Yehova yamuhaye ryo kuguma ari umwirebange.​—Int. 4:4, 10.

Uburyo bwo gutuma ubuzima bwawe burushiriza kuryoha

Abo bantu bavugwa muri Bibiliya duhejeje kwumva bari abirebange, ariko bariboneye ingene Yehova abashigikira kandi barituniye cane ku murimo wiwe. Muri ubwo buryo nyene muri iki gihe, gukora ikintu ngirakamaro vyoshobora kugira ikintu kinini bikoze mu gutuma ubuzima bwacu burushiriza kuryoha. Bibiliya yari yaravuze ko abakenyezi bamenyesha inkuru nziza bobaye ingabo nyinshi. (Zab. 68:11) Muri ayo masinzi harimwo abavukanyikazi b’abirebange ibihumbi n’ibihumbi. Uko ubusuku barangura bwagiye burama ivyamwa, abenshi barahezagiwe mu kuronka abahungu n’abakobwa bo mu buryo bw’impwemu.​—Mrk. 10:29, 30; 1 Tes. 2:7, 8.

“Gukora ubutsimvyi bituma ubuzima bwanje bugira intumbero.” Ivyo ni ibivugwa n’uwitwa Loli inyuma y’imyaka 14 amaze mu murimo nk’uwo. Abandanya ati: “Bwa muvukanyikazi w’umwirebange, mfise vyinshi nkora mu buzima, ivyo bikaba bimfasha kwirinda kugira irungu. Ku mpera y’umusi umwumwe wose numva nshize akanyota kubera mbona yuko ubusuku ndangura bufasha abantu vy’ukuri. Ivyo biratuma ngira umunezero mwinshi.”

Abavukanyikazi benshi barashoboye kwiga ururimi rushasha, maze baragura ubusuku bwabo mu kubwira inkuru nziza abantu bavuga indimi zo mu mahanga. Ana, umwe twamara kuvuga, agira ati: “Mu gisagara mbamwo, hariho abantu ibihumbi n’ibihumbi b’abanyamahanga.” Arahimbarwa no kubwira inkuru nziza abantu bavuga igifaransa. Abandanya ati: “Kwiga ururimi nshobora gukoresha mu kuvugana na benshi muri bo vyaranyugururiye uwundi muce w’igikorwa vyongera bituma igikorwa canje co kwamamaza kiba igishimishije cane.”

Kubera yuko ukuba umwirebange akenshi bituma umuntu agira amabanga makeya mu muryango, hari abungukiye ku kuntu ivyabo vyari vyifashe baja gusukurira ahari inkenero gusumba ahandi. Umuvukanyikazi w’umwirebange yitwa Lidiana ageze mu myaka 35, uno akaba yarasukuriye ahari inkero gusumba ahandi mu bindi bihugu, avuga ati: “Ndemera cane ko uko umuntu akora vyinshi mu murimo wa Yehova ari ko birushiriza kumworohera kuronka abagenzi somambike be no kwumva ko akundwa. Ndamaze kwironkera abagenzi somambike benshi bakuriye mu mico kama itandukanye kandi baturuka mu bihugu bitandukanye, ubwo bugenzi bukaba bwaratumye ubuzima bwanje burushiriza kuryoha.”

Bibiliya iravuga ivy’umwamamazanjili Filipo yari afise abakobwa bane batari bubatse izabo bavuga ubuhanuzi. (Ibik. 21:8, 9) Bategerezwa kuba bari bafise umwete nk’uwa se. Boba barakoresheje ingabirano yabo y’ukuvuga ubuhanuzi ku bw’ineza y’abakirisu bagenzi babo b’i Sezariya? (1 Kor. 14:1, 3) Muri kino gihe, abavukanyikazi benshi b’abirebange na bo nyene bararemesha abandi mu kwitaba amakoraniro ya gikirisu badahorereza no mu kuyagiramwo uruhara.

Lidiya na we nyene, yari umukirisu wo mu ntango w’i Filipi, Bibiliya ikaba imuvuga neza kubera ubwakiranyi bwiwe. (Ibik. 16:14, 15, 40) Lidiya, uwo bishoboka ko yari umwirebange canke umupfakazi, yari afise umutima wo gutanga cane watumye ashobora guhimbarwa no kwifatanya n’abacungezi b’ingenzi, nka Paulo, Silasi na Luka. Kugira umutima nk’uwo birazana imihezagiro nk’iyo nyene muri kino gihe.

Uburyo woshitsa icipfuzo ufise co gukundwa

Uretse ko dukeneye kugira igikorwa kimara akanyota turangura mu buzima, twese turakeneye gukundwa no kugaragarizwa igishika. None abirebange boronka gute ico kintu bakeneye? Kimwe coco, Yehova yama ari kumwe natwe kugira ngo atugaragarize urukundo, adukomeze, yongere adutege yompi. Umwami Dawidi vyarashika akumva ari “inyakamwe n’umurushwa,” ariko yari azi ko ashobora kwama yitura Yehova ngo amufashe. (Zab. 25:16, NW; 55:22) Yanditse ati: “N’iyo data na mama bonta, Uhoraho azonyitorera.” (Zab. 27:10) Imana iratera akamo abasavyi bayo bose ngo bayiyegereze, kugira ngo babe abagenzi bayo somambike.​—Zab. 25:14; Yak. 2:23; 4:8.

N’ikindi kandi, mu kivukano gikwiye kw’isi yose, turashobora no kuronka ba data, ba mawe, abavukanyi n’abavukanyikazi bo mu buryo bw’impwemu, abo urukundo rwabo rutuma ubuzima bwacu burushiriza kuryoha. (Mat. 19:29; 1 Pet. 2:17) Abakirisu benshi b’abirebange barashira akanyota bimwe bikomeye mu gukurikiza akarorero ka Doruka, uwari “agwije ibikorwa vyiza, . . . n’ingabirano nyinshi z’imbabazi.” (Ibik. 9:36, 39) Loli asigura ati: “Aho nja hose, ndarondera mw’ishengero abagenzi nyakuri bazonkunda bakongera bakamfata mu mugongo bishitse ngacika intege. Kugira ngo nkomeze ubwo bugenzi, ndagerageza kugaragariza abandi urukundo n’ukubitwararika. Narakoreye mu mashengero umunani atandukanye, kandi namye nantaryo ndonka abagenzi nyakuri. Akenshi usanga atari abavukanyikazi tungana, ahubwo rimwe na rimwe baba ari abanyokuru canke imiyabaga.” Mw’ishengero iryo ari ryo ryose, usanga hariho abantu bakeneye kugaragarizwa igishika no kugirwa abagenzi. Kwitwararika bimwe bivuye ku mutima abantu mwene abo birashobora kubafasha cane kandi birashobora gutuma dushitsa icipfuzo twebwe ubwacu dufise co gukunda no gukundwa.​—Luka 6:38.

Imana ntizokwibagira

Bibiliya irerekana ko abakirisu bose bategerezwa kugira ibintu binaka bahevye kubera ibihe bigoye tubayemwo. (1 Kor. 7:29-31) Abaguma ari abirebange kubera umwiyemezo bafise wo kugamburuka itegeko ry’Imana ryo kwubaka mu Mukama gusa, nta gukeka ko babereye kwubahwa no kwitwararikwa bimwe bidasanzwe. (Mat. 19:12) Ariko rero, ukwo kwitanga kubereye gushimwa ntigusobanura ko badashobora kuryohererwa ubuzima bimwe vyuzuye.

Lidiana agira ati: “Ndafise ubuzima bumara akanyota bivuye ku bucuti mfitaniye na Yehova be no ku murimo ndamurangurira. Ndazi abantu bubatse izabo bahimbawe be n’abandi badahimbawe. Ico kintu nibonera kiranjijura yuko agahimbare kanje kadahagaze ku kwubaka canke ku kutubaka urwanje muri kazoza.” Nk’uko Yezu yavyerekanye, agahimbare gahagaze ahanini ku gutanga no gusukurira abandi, ico kikaba ari ikintu abakirisu bose bashobora kugira.​—Yoh. 13:14-17; Ibik. 20:35.

Ata gukeka, ikintu gihambaye gituma tugira umunezero ni ukumenya yuko Yehova azoduhezagira kubera ukwitanga uko ari kwo kwose tugira turondera gukora ivyo agomba. Bibiliya idusubiriza umutima mu nda iti: “Imana [si] iyitagororotse ku buryo yibagira igikorwa canyu n’urukundo mwerekanye ku bw’izina ryayo.”​—Heb. 6:10.

[Akajambo k’epfo]

a Naho turiko twerekeza ku bavukanyikazi bakirisu, izi ngingo ngenderwako zirakora no ku bavukanyi.

[Ifoto ku rup. 25]

“Ndahimbarirwa ivyo mfise, nkirinda guhahamira ivyo ntafise.”​—Carmen

[Ifoto ku rup. 26]

Loli na Lidiana barahimbarwa no gusukurira ahari inkenero gusumba ahandi

[Ifoto ku rup. 27]

Imana iratera akamo abasavyi bayo bose ngo bayiyegereze