Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Gusenyera ku mugozi umwe biratuma mutera imbere mu vy’impwemu

Gusenyera ku mugozi umwe biratuma mutera imbere mu vy’impwemu

Gusenyera ku mugozi umwe biratuma mutera imbere mu vy’impwemu

AGATIMA ko gusenyera ku mugozi umwe karakenewe cane ku bantu bipfuza kugira umuryango ukomeye mu vy’impwemu. Igihe Yehova yarema wa mugabo n’umugore ba mbere, yarashimitse ku vy’uko gusenyera ku mugozi umwe bikenewe. Eva yabwirizwa gukorana na Adamu ari “umufasha [wiwe] bikwiranye.” (Ita. 2:18) Umubano w’ababiranye ukwiye kugirwa n’abantu bafadikanya mu gukora, ivyo bigashoboka igihe umugabo n’umugore bashigikirana. (Umus. 4:9-12) Gushitsa uruhara Yehova yashinze abavyeyi n’abana na vyo nyene bisaba gusenyera ku mugozi umwe.

Ugusenga kwo mu muryango

Barry na Heidi bafise abana batanu. Babona ko gusenyera ku mugozi umwe kugira ngo bagire inyigisho ya Bibiliya y’umuryango bibafasha gutera imbere. Barry asigura ati: “Mu ntumbero yo kwitegurira inyigisho y’umuryango, rimwe na rimwe ndaha abana udukorwa dutoduto bokora. Ndashobora kubasaba gutegura insasanuro zimwezimwe zishingiye ku biganiro vyo muri Réveillez-vous! Turanasubiramwo mu buryo bw’udukino ukuntu tuzovyifatamwo mu murimo wo mu ndimiro kugira ngo umwana umwumwe wese abe azi uburyo bwo gushikiriza igisohokayandikiro.” Heidi yongerako ati: “Twese turafise urutonde rw’imigambi yo mu vy’impwemu twipfuza gushikako, kandi twama dusubira kuyihweza mu kiringo c’inyigisho y’umuryango kugira ngo turabe ukuntu turiko turatera imbere.” Uwo mugabo n’umugore babona kandi ko kugira urutonde rudahorereza rwo kumara amajoro manaka ata televiziyo barorereye bituma umuryango wose uko ungana uronka akaryo ko gusoma utekanye.

Amakoraniro y’ishengero

Mike na Denise barareze abana bane. None umuryango wabo wungukiye gute ku gukorera hamwe? Mike avuga ati: “Vyarashika n’igihe twaba twategekanije tuvyitondeye gushika ku makoraniro hakiri kare ntibishoboke, ariko twasanze gusenyera ku mugozi umwe bidufasha gushika ku makoraniro kare.” Denise asigura ati: “Igihe abana baba bariko barakura, umwumwe wese yarahabwa udukorwa tw’i muhira yokora. Umukobwa wacu Kim yarafasha mu guteka no gutegura imeza.” Umuhungu wabo yitwa Michael aravuga ivyo yibuka ati: “Ku wa kabiri mw’ijoro twaragirira ikoraniro ry’ishengero i muhira iwacu. Twaca rero tugira isuku mu nzu, tugakubura, tukongera tugapanga intebe.” Uwundi muhungu wabo yitwa Matthew yongerako ati: “ Ku misi twaba dufise ikoraniro mw’ijoro, dawe yaritwararika cane ivyo gutaha kare avuye ku kazi kugira ngo adufashe kwitegurira iryo koraniro.” None ivyo vyavuyemwo iki?

Birabereye ko hagirwa utwigoro twose dushoboka

Mike yigana ati: “Mu 1987, jewe na Denise twaratanguye gusukura turi abatsimvyi. Muri ico gihe, batatu mu bana bacu bari bakiri i muhira. Babiri mu bana bacu na bo nyene barabaye abatsimvyi, abandi na bo baragize uruhara mu maporoje yo kwubaka Amabeteli. Ikindi kintu gituma umuryango wacu ugira umunezero ni uko twashoboye gufasha abantu 40 bagashika ku kwiyegura no ku kubatizwa. N’ikindi kandi, twaratewe agateka ko kugira uruhara uko tugize umuryango mu maporoje y’ubwubatsi, mbere no mu mahanga.”

Vy’ukuri, birabereye ko mugira utwigoro twose dushoboka kugira ngo musenyere ku mugozi umwe uko mugize umuryango. Mwoba mushobora kubona ubundi buryo mwoshobora gusenyera ku mugozi umwe mu muryango wanyu? Murashobora guhera amazinda yuko ukugira agatima ko gusenyera ku mugozi umwe bizofasha umuryango wanyu kurushiriza gutera imbere mu vy’impwemu.

[Ifoto ku rup. 28]

Ibiringo vyo gusubiramwo mu buryo bw’udukino ingene muzovyifatamwo mu busuku bwo mu ndimiro biratuma mutera imbere muri ubwo busuku