Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba warigeze gusukura? Woba ushobora kwongera gusukura?

Woba warigeze gusukura? Woba ushobora kwongera gusukura?

Woba warigeze gusukura? Woba ushobora kwongera gusukura?

WOBA warigeze gusukura ufise amabanga mw’ishengero rya gikirisu? Kumbure wasukura uri umukozi w’ishengero canke umukurambere. Ushobora kuba wahora ukora umurimo w’igihe cose. Nta gukeka ko ibikorwa wari ujejwe vyatuma ugira umunezero, bikanatuma wumva ushize akanyota bimwe bigera kure. Ariko kubera imvo yinaka, vyarabaye ngombwa ko ubihagarika.

Kumbure woba wahagaritse uduteka wari ufise kugira ngo witwararike abagize umuryango wawe. Canke na ho, bishobora kuba vyatewe n’ubusaza kibure amagara make. Kuba warafashe ingingo nk’iyo ntibigaragaza ko utari ubishoboye. (1 Tim. 5:8) Mu kinjana ca mbere, Filipo yasukura ari umumisiyonari, mugabo yahavuye aguma i Sezariya kugira ngo yitwararike umuryango wiwe. (Ibik. 21:8, 9) Umwami Dawidi wa Isirayeli ya kera amaze gusaza, yaratunganije ivy’uko umuhungu wiwe Salomo amusubirira ku ngoma. (1 Abm. 1:1, 32-35) Yamara, Yehova yagumye akunda Filipo na Dawidi kandi abashima, vyongeye n’ubu baracavugwa neza.

Ariko rero, hari aho woba waratswe agateka k’umurimo wari ufise. Vyoba vyatewe n’ukutigenza mu buryo buranga ubukerebutsi? Canke vyoba vyavuye ku ngorane zo mu muryango? (1 Tim. 3:2, 4, 10, 12) Hari aho mbere woba ubona ko warenganijwe ku bijanye n’iyo ngingo yafashwe, kandi ukaba ugifise agashavu.

Urashobora kurondera kwongera gusukura

Igihe watswe agateka k’umurimo vyoba bisobanura ko utazokwigera usubira kugaterwa? Si ko vyama biri. Naho biri ukwo, kugira ngo wongere gusukura, ubwirizwa kugira icipfuzo co kurondera kubishikira. (1 Tim. 3:1) Ariko none ni kubera iki wovyipfuza? Ni ukubera ya mvo nyene yatuma wiyegurira Yehova Imana, ni ukuvuga urukundo umukunda be n’urwo ukunda abamusukurira. Niba ufise umutima ukunze wo kugaragaza urwo rukundo mu kwongera gusukura, ivyo bizotuma Yehova akoresha ivyo wari umaze kumenya imbere y’uko wakwa ako gateka be n’ivyo wigiye ku vyagushikiye inyuma y’aho.

Niwibuke amajambo asubiriza umutima mu nda Yehova yabwiye Abisirayeli inyuma y’aho, hisunzwe ubutungane, iryo hanga ryakiwe uduteka tw’umurimo ryari ryaratewe. Ijambo ryiwe rivuga riti: “Jewe Uhoraho [nta] ho mpinduka; ni co gituma, mwebge bana ba Yakobo, mutāmazwe rwose.” (Mal. 3:6) Yehova yarakunda Abisirayeli kandi yipfuza kwongera kubakoresha. Nta kindi Yehova yitwararika atari ukugukoresha muri kazoza. Ni igiki none wokora wisunze uko ivyawe vyifashe muri iki gihe? Gusukura ku bw’inyungu za gitewokarasi biva ahanini ku bucuti ufitaniye na Yehova kuruta ububangukirwe usanzwe ufise. Ku bw’ivyo rero, naho ata mabanga yiyongereye ufise mw’ishengero, niwitunire cane ku gukomeza ubucuti ufitaniye na Yehova.

Kugira ngo ‘ukomere’ mu kwizera, utegerezwa ‘kurondera Uhoraho n’inkomezi ziwe.’ (1 Kor. 16:13; Zab. 105:4) Uburyo bumwe ushobora kubigira ni mu gutura isengesho rivuye ku mutima. Igihe uganirira Yehova uko ivyawe vyifashe, numuserurire ukuntu wiyumva wongere umusabe impwemu yiwe. Niwabigenza gutyo, uzorushiriza kwiyegereza Yehova, kandi bizotuma uguma ushikamye. (Zab. 62:8; Flp. 4:6, 13) Ubundi buryo bwogufasha gukomeza ubucuti ufitaniye n’Imana ni mu kuryohora ibijanye n’ukwiyigisha Ijambo ryayo. Muri ico gihe ufise amabanga make cane, woshobora gukora vyinshi mu bijanye n’ukwiyigisha no mu bijanye n’inyigisho y’umuryango, kumbure ukaba wosubizaho urutonde rwahora rukugora gukurikiza.

Mu vy’ukuri, uracaserukira Yehova uri Icabona ciwe. (Yes. 43:10-12) Agateka keza kuruta ubundi bwose umwe wese muri twebwe ashobora guterwa ni ako kuba umwe mu “bakozi bakorana n’Imana.” (1 Kor. 3:9) Kurangura ibikorwa vyiyongereye mu murimo wo mu ndimiro ni uburyo ntangere bwo gukomeza ubucuti ufitaniye na Yehova no gufasha abo mukorana mu busuku kubigenza gutyo.

Niwihanganire inyiyumvo ufise

Kwakwa agateka k’umurimo wari ufise vyoshobora gutuma wumva umaramaye canke ukicuza. Woshobora kugira impengamiro yo kwisigura ku vyo wakoze. Ariko, bite ho nka hamwe abavukanyi babijejwe boba barumvirije ingene wiregura yamara bakaba n’ico gihe nyene babona ko udakwiye kubandanya ufise agateka kanaka? Hari aho woba ukibafitiye agashavu, maze ivyo bikaba vyokubuza kurondera kugira ico wigiye ku vyagushikiye canke mbere bikakubera urugamba kubigira. Reka turimbure ukuntu ivyashikiye Yobu, Manase na Yozefu bishobora kugufasha kwihanganira izo nyiyumvo zitabereye.

Yobu yari yahoze aserukira abandi imbere ya Yehova, vyongeye yari inararibonye akaba n’umucamanza mu kibano yabamwo. (Yobu 1:5; 29:7-17, 21-25) Mu nyuma, mu gihe kigoye cane yaciyemwo mu buzima bwiwe, Yobu yaratakaje amatungo yiwe, arabura abana biwe yongera arakikwa n’amagara. Ikigeretse kuri ivyo, ntiyari akivugwa neza. Yavuze ati: “Abo nduta ubukuru ni bo bampinduye agatwengo.”​—Yobu 30:1.

Yobu yabona ko ata kintu na kimwe kimwagira kandi yaripfuza kwiregura imbere y’Imana. (Yobu 13:15) Yamara, Yobu yari afise umutima ukunze wo kurindira Yehova, kandi ivyo vyaravuyemwo ivyiza. Yaratahuye ko yari akeneye gukosorwa, canecane ku bijanye n’ingene yavyifashemwo mu kigeragezo cari kimuhanze. (Yobu 40:6-8; 42:3, 6) Amaherezo, ukwicisha bugufi kwiwe kwatumye Imana imuhunda imihezagiro myinshi.​—Yobu 42:10-13.

Niba waratswe agateka wari ufise bitumwe n’uko wakoze ikintu kitabereye, hari aho woba wibaza nimba Yehova be n’abavukanyi bawe bazoguharira vy’ukuri kandi bakibagira ivyo wakoze. Niba ari uko biri, rimbura ivyashikiye Umwami Manase w’Ubuyuda. Bibiliya ivuga yuko “yakora ibibi vyinshi imbere y’Uhoraho, bimutera umwikomo.” (2 Abm. 21:6) Ariko rero, Manase yapfuye ari umwizigirwa, akiganza ari umwami. Uti ivyo vyagenze gute?

Manase yahavuye yemera gutozwa indero. Inyuma y’aho yirengagirije ingabisho yari yahawe, Yehova yaratumye Abashuri baza kumutera, bamubohesha ivyuma maze bamujana ari inyagano kure cane i Babiloni. Manase ari aho i Babiloni, ‘yaringinze Uhoraho Imana yiwe, yicisha bugufi ashika hasi imbere y’Imana ya ba sekuruza, arayisenga.’ Ukwigaya kuvuye ku mutima Manase yagize kwagaragariye mu bikorwa, kandi yarahiriwe.​—2 Ngo. 33:12, 13.

Usanga ari gake aho umuntu aca asubizwa uduteka twose yari yaratswe. Naho ari ukwo, uko igihe kigenda kirahaca, woshobora kuza uraronswa amabanga amwamwe abayabaye. Kwemera ayo mabanga no gukora uko ushoboye kwose ngo uyashitse, akenshi bizotuma ushingwa n’ibindi bikorwa. Ivyo ntibisobanura ko bizokwama bishika mu buryo bwihuta nk’uko woba uvyipfuza. Vyoshobora kuguca intege. Yamara rero, kugira umutima ukunze no kwumirako biravamwo ivyiza.

Rimbura ivyashikiye Yozefu umuhungu wa Yakobo. Igihe Yozefu yari afise imyaka 17, yaragurishijwe na bene wabo ku karenganyo ngo aje kuba umuja. (Ita. 37:2, 26-28) Ntiyari yiteze ko bene se bomufashe ukuraho. Naho vyagenze ukwo, yari afise umutima ukunze wo gukora ahuza n’uko ivyiwe vyari vyifashe, kandi Yehova yaramuhezagiye, “[‘ashirwa hejuru,’ NW] mu rugo rwa shebuja.” (Ita. 39:2) Mu nyuma, Yozefu yaratawe mw’ibohero. Ariko yagumye ari umwizigirwa, kandi Yehova yari kumwe na we ku buryo yahavuye azezwa kugaba ivyo muri nya bohero.​—Ita. 39:21-23.

Yozefu ntiyari azi ko ivyo vyose vyogize ico bishikako. Yabandanije gusa akora ivyo yari ashoboye. Gutyo, Yehova yarashoboye kumukoresha mu bijanye no kuzigama umuryango rwa Ruvyaro rwari rwarasezeranywe rwokomotsemwo. (Ita. 3:15; 45:5-8) Naho ata n’umwe yokwitega kurangura uruhara nyamukuru nk’urwo Yozefu yaranguye, iyo nkuru yahumetswe irerekana ko Yehova agira uruhara mu bijanye n’uduteka abasavyi biwe baterwa. Mu kwigana Yozefu, nugume witeguriye gukoreshwa na Yehova.

Niwigire ku ngorane zigushikira

Yobu, Manase na Yozefu barashikiwe n’ibintu bivuna umutima. Bose uko ari batatu baremeye ivyo Yehova yaretse birabashikira, kandi umwe wese muri bo yarahakuye ivyigwa ngirakamaro. None weho ni ibiki wohigira?

Nurondere gutahura ico Yehova yoba ariko aragerageza kukwigisha. Igihe Yobu yari yishwe n’umwiheburo, yahavuye yitwararika cane ivyiwe maze aribagira ibintu bihambaye kuruta. Yamara rero, kubera ko Yehova yamukosoye abigiranye urukundo, yarasubiye kubona ibintu mu buryo bubereye ku buryo yiyemereye ko ‘yavuze ivyo atatahuye.’ (Yobu 42:3) Niba ubabajwe n’uko watswe uduteka wari ufise, ‘ntiwiyumvire ko uhambaye kuruta uko ubwirizwa kwiyumvira, ahubwo niwiyumvire kugira umuzirikanyi uroranye.’ (Rom. 12:3) Hari aho Yehova yoba ariko aragerageza kukubogora mu buryo utaratahura neza gushika ubu.

Niwemere gutozwa indero. Manase ashobora kuba mu ntango yabona ko atari akwiye gukangirwa mu buryo bukaze ukuraho. Yamara, yaravyemeye, arigaya maze araheba ingendo yiwe mbi. Naho wogira inyiyumvo zimeze gute igihe utojwe indero, ‘niwicisha bugufi mu maso ya Yehova, na we azogushira hejuru.’​—1 Pet. 5:6; Yak. 4:10.

Niwihangane kandi ugire umutima ukunze wo kugira ico ukoze. Ivyashikiye Yozefu vyari gushobora bitagoranye gutuma atsimbaza agatima ko kwanka benewabo no kubihora. Aho kubigenza gutyo, yatsimbataje ugutahura kwimbitse be n’ukugira imbabazi. (Ita. 50:15-21) Niba vyarashitse ukavunika umutima, niwihangane. Nugire umutima ukunze wo kwemera kumenyerezwa na Yehova.

Woba warigeze gusukura ufise amabanga mw’ishengero rya gikirisu? Nuronse Yehova akaryo ko kuzogutera uduteka muri kazoza. Nukomeze ubucuti ufitaniye na we. Nuhwamike inyiyumvo ufise mu kwihangana no mu kwicisha bugufi. Niwemere n’umutima ukunze ibikorwa ivyo ari vyo vyose woshingwa gukora. Niwemere udakeka ko “Uhoraho . . . [ata]zogira iciza na kimwe yima abagenda batunganye.”​—Zab. 84:11.

[Iciyumviro ku rup. 30]

Nukomere mu kwizera biciye ku gutura isengesho rivuye ku mutima

[Ifoto ku rup. 31]

Kurangura ibikorwa vyiyongereye mu murimo wo mu ndimiro ni uburyo ntangere bwo gukomeza ubucuti ufitaniye na Yehova

[Ifoto ku rup. 32]

Nuronse Yehova akaryo ko kuzogutera uduteka muri kazoza