Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Agaciro gahebuje k’inyigisho iva Ku Mana

Agaciro gahebuje k’inyigisho iva Ku Mana

Agaciro gahebuje k’inyigisho iva Ku Mana

“Mbere ibintu vyose mbona koko yuko ari uruhombo kubera agaciro gahebuje ko kumenya Kristu Yezu.”​—FLP. 3:8.

1, 2. Ni ihitamwo irihe abakirisu bamwebamwe bagize, kandi kubera iki?

 KUVA Robert akiri muto, yamye ari umunyeshure aciye ubwenge cane. Igihe yari afise imyaka umunani gusa, umwe mu bigisha biwe yarabagendeye i muhira iwabo maze aca amubwira yuko yoshoboye gushika ku kintu cose yipfuza mu buzima. Yaravuze yuko yari yizigiye ko umusi uri izina Robert yocitse umuganga. Amanuta meza yaronse igihe yiga amashure yisumbuye yatumye aronka uburenganzira bwo kuja kwiga kuri kaminuza iyo ari yo yose mu makaminuza meza gusumba ayandi yose yo mu gihugu c’iwabo. Ariko rero Robert yahisemwo guheba ico benshi babona ko ari akaryo k’imbonekarimwe mu buzima kugira ngo akurikirane umugambi wiwe wo gusukura ari umutsimvyi asanzwe.

2 Nk’uko kwa Robert, abakirisu benshi, baba abato canke abakuze, barafise uturyo two gutera imbere mu vy’iyi si. Hari abahitamwo kudatwarwa n’utwo turyo kugira ngo bashobore gukurikirana imigambi yo mu vy’impwemu. (1 Kor. 7:29-31) Ni igiki none kivyurira umutima abakirisu nka Robert wo kwitanga mu gikorwa co kwamamaza? Uretse urukundo bakunda Yehova, na rwo akaba ari yo mvo nyamukuru ibibatuma, baranafatana uburemere agaciro gahebuje k’inyigisho iva ku Mana. Woba uheruka kwibaza ukuntu ubuzima bwawe buba bumeze iyo utaba waramenye ukuri? Nitwazirikana ku mihezagiro imwimwe idasanzwe twironkera kubera yuko twigishwa na Yehova, bizodufasha kuguma duha agaciro inkuru nziza be no kugira umwete mu kiyibwira abandi.

Twaratewe agateka ko kwigishwa n’Imana

3. Ni kubera iki twokwemera tudakekeranya ko Yehova afise umutima ukunze wo kwigisha abantu b’abanyagasembwa?

3 Kubera ukumera neza kwa Yehova, arafise umutima ukunze wo kwigisha abantu b’abanyagasembwa. Mu kuvuga mu buryo bw’ubuhanuzi ibijanye n’abakirisu barobanuwe, muri Yesaya 54:13 hagira hati: “Abana bawe bose bazokwigishwa nanje, jewe Uhoraho, kand’amahoro abana bawe bazogira azoba menshi.” Ku bwa ngingo, ayo majambo arakora no ku bagize “izindi ntama” za Kristu. (Yoh. 10:16) Ivyo birabonekera neza mu buhanuzi buriko buraranguka muri kino gihe cacu. Yesaya yarabonye mw’iyerekwa abantu bavuye mu mahanga yose bariko basendanisha baja ku gusenga kw’ukuri. Avuga ko babwirana bati: “Ni muze tudūge, tuje ku murwa w’Uhoraho, ku ngoro y’Imana ya Yakobo, kugira ngw itwigishe ivy’inzira zayo, natwe tuzigenderemwo.” (Yes. 2:1-3) Mbega ukuntu ari agateka kwigishwa n’Imana!

4. Ni ibiki Yehova asaba abo yigisha?

4 None twokora iki kugira ngo twungukire ku nyigisho iva ku Mana? Ikintu nyamukuru umuntu asabwa ni uko aba uwicisha bugufi kandi akemera kwigishwa. Umwanditsi wa Zaburi Dawidi yanditse ati: “Uhoraho ni mwiza, aragororotse. . . . Abīcisha bugufi [“azobigisha,” NW] inzira yiwe.” (Zab. 25:8, 9) Yezu na we yavuze ati: “Ndagushemeza icese, Data, Mukama w’ijuru n’isi, kubera ko ivyo bintu wabihishije inkerebutsi n’incabwenge uvyitondeye, ukabihishurira inzoya.” (Luka 10:21) None ntiwumva ukwegerewe n’Imana “iha ubuntu ata wari abukwiriye abicisha bugufi”?​—1 Pet. 5:5.

5. Vyagenze gute ngo dushobore kuronka ubumenyi bwerekeye Imana?

5 None twebwe abasavyi ba Yehova, twoba dushobora kuvuga ko twamenye ukuri kubera ubushobozi bwacu bwite? Oya namba. Nkako, ntitwopfuye twararonse ubumenyi bwerekeye Imana biciye ku twigoro twacu bwite. Yezu yavuze ati: “Nta muntu ashobora kuza kuri jewe kiretse Data yandungitse amukwegereye.” (Yoh. 6:44) Biciye ku gikorwa co kwamamaza be no ku mpwemu nyeranda, Yehova ariko arakwegera abantu bameze nk’intama, ari bo bagize “ivy’igiciro vyo mu mahanga yose.” (Hag. 2:7) None ntukenguruka kuba uri umwe muri abo bantu Yehova yakwegereye ku Mwana wiwe?​—Soma Yeremiya 9:23, 24.

Irafise ububasha bwo kuryohora ubuzima

6. Kuronka “ukumenya Uhoraho” bishobora kugira ikintu kidasanzwe ikihe ku bantu?

6 Ubuhanuzi bwa Yesaya bukoresheje imvugo ngereranyo nziza igitangaza, buradondora ukuntu kamere z’abantu ziriko zirahindurwa muri kino gihe cacu. Abantu bahoze ari inkazi baracitse abanyamahoro. (Soma Yesaya 11:6-9.) Abahoze ari abansi kubera badasangiye ubwoko, ubwenegihugu, umuryango canke ikindi kintu gishingiye ku mico kama bakuriyemwo, barize kubana mu bumwe. Tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo, ‘inkota zabo barazimvunjemwo amasuka.’ (Yes. 2:4) None ni ibiki vyatumye haba ayo mahinduka adasanzwe? Abantu bararonse “ukumenya Uhoraho” maze barashira mu ngiro ubwo bumenyi mu buzima bwabo. Naho abasavyi b’Imana badatunganye, bagize umuryango w’ukuri w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose. Kuba inkuru nziza ikwegēra abantu kw’isi yose kandi ikaba yama ivyamwa vyiza, ico ni ikimenyamenya c’uko inyigisho iva ku Mana ifise agaciro gahebuje.​—Mat. 11:19.

7, 8. (a) Ni ibintu bimwebimwe ibihe “bihamangiye” inyigisho iva ku Mana ifasha abantu gutembagaza? (b) Ni igiki cerekana ko inyigisho iva kuri Yehova Imana ituma ashemezwa?

7 Ubusuku abasavyi b’Imana barangura, intumwa Paulo yabugereranije n’intambara yo mu buryo bw’impwemu. Yanditse ati: “Ibirwanisho vy’intambara yacu [si] ivy’umubiri, mugabo bigirwa ivy’ububasha n’Imana ku bwo gutembagaza ibintu bihamangiye. Kuko dutembagaza ivyiyumviro n’ikintu cose gihanitse gihagurukirijwe kurwanya ubumenyi bw’Imana.” (2 Kor. 10:4, 5) None inyigisho iva ku Mana yoba ikura abantu mu vyara vy’ibintu bimwebimwe ibihe “bihamangiye”? Bikeyi gusa muri ivyo ni inyigisho z’ikinyoma, ukwemera ibintazi be na filozofiya z’abantu. (Kol. 2:8) Inyigisho iva ku Mana irafasha abantu kuvavanura n’imigenzo mibi no gutsimbataza kamere zishimwa n’Imana. (1 Kor. 6:9-11) Irafasha kuryohora ubuzima bwo mu muryango. Vyongeye, iratuma abatagira icizigiro baronka intumbero nyakuri mu buzima. Iyo ni yo nyigisho ikenewe muri kino gihe.

8 Imwe muri kamere Yehova afasha abantu gutsimbataza ni ukuba inzirabugunge, nk’uko iki kintu cabaye kivyerekana. (Heb. 13:18) Umukenyezi umwe wo mu Buhindi yaremeye kugirirwa inyigisho ya Bibiliya maze mu nyuma arakwiza ibisabwa vyo kuba umwamamaji atarabatizwa. Umusi umwe igihe yariko arataha avuye gufasha mu bwubatsi bw’Ingoro y’Ubwami, yaratoye hasi hafi y’igituro c’amabisi umugufu w’inzahabu uciye amadolari amajana umunani y’Abanyamerika (amarundi arenga 800.000). Naho nyene ari umukene, yarajanye uwo mugufu ku biro vy’igipolisi maze arawushikiriza kugira ngo uze uhabwe nyene wo. Umupolisi yakorera aho hantu yaratangaye cane! Mu nyuma, uwundi mupolisi yarabajije uwo mukenyezi ati: “Ni kubera iki wahisemwo gushikiriza urya mugufu?” Na we yasiguye ati: “Inyigisho ishingiye kuri Bibiliya yarahinduye ubuzima bwanje; ni co gituma ubu ndi umuntu w’inzirabugunge.” Uwo mupolisi yarakozwe ku mutima maze aca abwira umukurambere mukirisu yari yaherekeje uwo mukenyezi kuri ivyo biro vy’igipolisi ati: “Muri iki gihugu hariho abantu barenga imiliyoni 38. Hamwe mwoshobora gufasha abantu cumi bagacika nk’uwu mukenyezi, mwoba mushitse ku kintu gikomeye.” Igihe turimbuye ukuntu inyigisho iva ku Mana yatumye abantu amamiliyoni baryohora ubuzima bwabo, wumva none tudaca tugira imvo nyinshi cane zo gushemeza Yehova?

9. Bishoboka gute ngo abantu bagire amahinduka akomeye mu buzima bwabo?

9 Ububasha Ijambo ry’Imana rifise bwo guhindura ubuzima bw’abantu, buri kumwe n’imfashanyo Yehova atanga biciye ku mpwemu yiwe nyeranda, buratuma abantu bashobora kugira amahinduka akomeye mu buzima bwabo. (Rom. 12:2; Gal. 5:22, 23) Mu Bakolosayi 3:10 hagira hati: “Mwambare kamere nshasha, imwe igirwa nshasha hisunzwe ishusho y’Uwayiremye, biciye ku bumenyi butagira amakosa.” Ubutumwa dusanga mw’Ijambo ry’Imana Bibiliya burafise ububasha bwo guhishura ico vy’ukuri umuntu ari imbere, kandi burashobora guhindura ukuntu yiyumvira eka mbere n’ukuntu abona ibintu. (Soma Abaheburayo 4:12.) Igihe umuntu yironsa ubumenyi butagira amakosa bwo mu Vyanditswe kandi akabaho ahuza n’ingingo mfatirwako zigororotse za Yehova, arashobora gucika umugenzi w’Imana, afise icizigiro co kubaho ibihe bidahera.

Turategurwa ku bwa kazoza

10. (a) Ni kubera iki Yehova ari we wenyene ashoboye kudutegura ku bwa kazoza? (b) Ni amahinduka akomeye ayahe agiye kugira ico akoze kw’isi iyo iva ikagera?

10 Yehova ni we wenyene ashoboye kudufasha kwitegurira kazoza kubera yuko azi ibiraririye gushika. Ni we ashinga ingene kazoza k’abantu kazoba kameze. (Yes. 46:9, 10) Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya burahishura yuko “umusi uhambaye w’Uhoraho uri hafi.” (Zef. 1:14) Ku bijanye n’uwo musi, nta gukeka ko amajambo avugwa mu Migani 11:4 azogaragara ko ari ay’ukuri, na yo akaba agira ati: “Itunga ntirigira ikimazi ku musi w’uburake, arik’ubugororotsi bukūra mu rupfu.” Igihe c’uko Yehova ashitsa urubanza rwiwe kuri iyi si ya Shetani nicagera, impagararo tuzoba dufise imbere y’Imana ni co kintu kizoba gihambaye kuruta ibindi vyose. Amahera nta co azoba amaze. Nkako, muri Ezekiyeli 7:19 hagira hati: “Bazoshiburira amafeza yabo mu nzira, n’amazahabu yabo azobabera nk’igihumane.” Kumenya ivyo imbere y’igihe birashobora kudufasha gukorana ubukerebutsi muri iki gihe.

11. Ni mu buryo bumwe ubuhe inyigisho iva ku Mana idufasha kwitegurira kazoza?

11 Uburyo bumwe buhambaye inyigisho iva ku Mana ituma twitegurira ukuza kw’umusi wa Yehova ni mu kudufasha gushira ibintu bibereye imbere y’ibindi. Intumwa Paulo yandikiye Timoteyo ati: “Tegeka abatunzi bo muri iki gihe kutihambaza, no kudashingira icizigiro cabo ku butunzi butari ubwo kwizigirwa, mugabo bagishingire ku Mana.” No mu gihe tutoba turi abatunzi, turashobora kwungukira kuri iyo mpanuro yahumetswe iva ku Mana. None ivyo bidusaba iki? Aho kwirundaniriza ubutunzi bw’umubiri, dukwiye kwihatira “gukora ivyiza” be no “kuba abatunzi mu bikorwa vyiza.” Biciye ku gushira ivy’impwemu mu kibanza ca mbere mu buzima bwacu, ‘turibikira nk’ubutunzi umushinge mwiza ku bwa kazoza.’ (1 Tim. 6:17-19) Ingendo nk’iyo y’ukwitanga iragaragaza ko dufise ubukerebutsi ngirakamaro kubera yuko, nk’uko Yezu yabivuze, “mbega bizomarira iki umuntu niyunguka isi yose mugabo agaheba ubuzima bwiwe?” (Mat. 16:26, 27) Kubera yuko umusi wa Yehova wegereje, vyoba vyiza umwe wese muri twebwe yibajije ati: ‘Ni hehe ndiko ndirundaniriza itunga? Noba ndiko nshumbira Imana canke ubutunzi?’​—Mat. 6:19, 20, 24.

12. Ni kubera iki tudakwiye gucika intege igihe hari abasuzugura ubusuku turangura?

12 Ca gikorwa ndokorabuzima co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa ni co kiza imbere mu “bikorwa vyiza” bivugwa mw’Ijambo ry’Imana abakirisu bakwiye gukora. (Mat. 24:14; 28:19, 20) Nk’uko vyari biri mu kinjana ca mbere, hari aboshobora gusuzugura ubusuku turangura. (Soma 1 Abakorinto 1:18-21.) Ariko rero, ivyo ntibihindura agaciro k’ubutumwa dushikiriza, kandi ntibituma ukuba duha akaryo uwo ari we wese ko kubwizera amazi atararenga inkombe biba ibidahambaye cane. (Rom. 10:13, 14) Igihe dufasha abandi kwungukira ku nyigisho iva ku Mana, biratuma na twebwe ubwacu tuzoshobora kuronka imihezagiro myinshi.

Turahezagirwa kubera yuko tugira ivyo duhevye

13. Ni ibintu ibihe intumwa Paulo yahevye ku bw’inkuru nziza?

13 Imbere yuko intumwa Paulo acika umukirisu, yari yarigishijwe kugira ngo azororanirwe mu vy’Abayuda. Igihe ashobora kuba yari afise imyaka itarenga 13, yaravuye mu gisagara ciwe c’amavukiro c’i Taruso yimukira i Yeruzalemu kugira ngo yigishwe n’umwigisha w’ivya rya Tegeko yemerwa cane yitwa Gamaliyeli. (Ibik. 22:3) Mu nyuma, Paulo yaratanguye kuba rurangiranwa mu bo mu runganwe rwiwe, kandi iyo aza kubandanya gutyo, yari gushobora kuronka igiti gikomeye mw’idini ry’Abayuda. (Gal. 1:13, 14) Igihe yemera inkuru nziza maze agatangura igikorwa c’ukwamamaza, ivyo vyose yaciye abiheba. None Paulo yoba yaricujije kubera iryo hitamwo yagize? Haba namba. Nkako, yanditse ati: “Mbere ibintu vyose mbona koko yuko ari uruhombo kubera agaciro gahebuje ko kumenya Kristu Yezu Umukama wanje. Kubera we naremeye guhomba ibintu vyose ndabibona nk’ikigunguzi c’umwanda.”​—Flp. 3:8.

14, 15. Ni imihezagiro iyihe twironkera kubera yuko turi “abakozi bakorana n’Imana”?

14 Nk’ukwo kwa Paulo, abakirisu muri iki gihe baragira ivyo bahevye ku bw’inkuru nziza. (Mrk. 10:29, 30) None hoba hari ico tubuze ngo ni uko tubigenza gutyo? Robert, umwe twavuga mu ntangamarara, aravuga ivyo n’abandi benshi bashobora kuvuga, ati: “Sinicuza na gato. Ubusuku bw’igihe cose bwaratumye ngira umunezero n’ugushira akanyota, kandi bwaratumye nshobora ‘kwumvirizako, ndamenya yuko Yehova aryoshe.’ Igihe cose naba ngize ibintu vy’umubiri mpevye kugira ngo nkurikirane imigambi yo mu vy’impwemu, Yehova yamye nantaryo andonsa imihezagiro iruta kure n’iyo ivyo naba nahevye. Ni nk’aho ata co naba vy’ukuri nahevye. Ahubwo nariyungukiye gusa!”​—Zab. 34:8; Imig. 10:22.

15 Nimba umaze igihe kinaka uriko uragira uruhara mu gikorwa co kwamamaza no kwigisha, nta gukeka ko na wewe nyene waronse uturyo two kwumvirizako maze uramenya ko Yehova aryoshe. Vyoba vyarashitse ukibonera ingene impwemu yiwe igufasha magingo wariko urashikiriza inkuru nziza? Woba wariboneye ingene abandi akamwemwe kabasya igihe Yehova yabugurura imitima kugira ngo biteho ubutumwa wariko urashikiriza? (Ibik. 16:14) Yehova yoba yaragufashije gutsinda intambamyi, kumbure akakuronsa akaryo ko kwagura ubusuku urangura? Yoba yaragufashe mu mugongo mu bihe vy’ingorane, agatuma ushobora kubandanya umusukurira igihe wumva yuko wacitse intege? (Flp. 4:13) Igihe ubwacu twiboneye ukuntu Yehova adufasha uko turangura ubusuku bwacu, turaheza tugatahura ko atari umugani kuri twebwe, vyongeye tukumva ko twamwiyegereje kuruta ukwo twahora. (Yes. 41:10) Ubwo none si umuhezagiro kuba turi mu “bakozi bakorana n’Imana” muri ca gikorwa gihambaye co gutanga inyigisho iva ku Mana?​—1 Kor. 3:9.

16. Wumva umerewe gute ku bijanye n’utwigoro ugira be n’ivyo wemera guheba mu bijanye n’inyigisho iva ku Mana?

16 Abantu benshi barizigira ko mu buzima bwabo bazoshobora kurangura ikintu kivamwo ivyiza biramba. Turamaze kubona yuko mbere n’ibintu bidasanzwe abantu bashikako mw’isi ya kino gihe akenshi bidateba kwibagirwa. Ariko rero, ibikorwa Yehova ariko ararangura muri ibi bihe vya none bijanye no kweza izina ryiwe, nta gukeka ko bizoba mu bintu vy’intibagirwa vyabaye muri kahise k’abasavyi biwe. Bizokwama vyibukwa ibihe vyose. (Imig. 10:7; Heb. 6:10) Ese twoha agaciro agateka twatewe ko kugira uruhara mu gikorwa kitazokwigera cibagirwa co gutanga inyigisho iva ku Mana!

Wokwishura gute?

• Ni ibiki Yehova asaba abo yigisha?

• Ni mu buryo ki inyigisho iva ku Mana iryohora ubuzima bw’abantu?

• Ni mu buryo butandukanye ubuhe twahezagiwe kubera ko dufasha abandi kwungukira ku nyigisho iva ku Mana?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Ifoto ku rup. 23]

Abigishwa na Yehova bagize umuryango w’ukuri w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose

[Ifoto ku rup. 24]

Ubwo none si umuhezagiro kuba turi “abakozi bakorana n’Imana”?