Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Idini—Ni je noryihitiramwo canke ni abavyeyi banje?

Idini—Ni je noryihitiramwo canke ni abavyeyi banje?

Idini​—Ni je noryihitiramwo canke ni abavyeyi banje?

MURI Polonye, abantu benshi usanga babwira Ivyabona vya Yehova bati: “Idini ndimwo ni ryo navukiyemwo kandi nzorinda mpfa ari ryo ndimwo.” Ivyo vyerekana ko kuri bo, idini umuntu ariragwa n’abavyeyi biwe na we agaca ariraga abana biwe. Woba umaze kwumva ivyiyumviro bisa n’ivyo ku vyerekeye idini aho mu karere iwanyu? Mbega ivyiyumviro mwene ivyo akenshi bivamwo iki? Idini rica rigira impengamiro yo gucika nk’ikintu co guheza umwuga rikongera rikaba nk’ikintu gusa umuntu aragwa n’abavyeyi. None ivyo vyoba vyoshikira Ivyabona vya Yehova bahawe iragi ryiza igitangaza ryo mu buryo bw’impwemu n’abavyeyi babo canke ba sekuru kibure ba inakuru babo?

Ivyo ntivyashikiye Timoteyo, uno akaba yari yarafashijwe na nyina be na inakuru bakunda Imana cane, kugira ngo yizere yongere akunde Imana y’ukuri. Timoteyo yamenye ivyanditswe vyeranda “guhera mu buhinja.” Cokimwe na nyina be na inakuru, Timoteyo yahavuye ubwiwe ajijuka yuko inyigisho za gikirisu zari iz’ukuri. ‘Yarumvishijwe aremera’ ivyo yumvise mu Vyanditswe ku bijanye na Yezu Kristu. (2 Tim. 1:5; 3:14, 15) Ku bw’ivyo, naho abavyeyi bakirisu muri kino gihe bakora uko bashoboye kugira bafashe abana babo ngo bacike abasavyi ba Yehova, abo bana ubwabo barakeneye gutsimbataza icipfuzo co gukorera Yehova.​—Mrk. 8:34.

Kugira ngo umwe wese akorere Yehova abitumwe n’urukundo kandi agume ari intadohoka naho hoza iki, ategerezwa kwumvishwa akemera biciye ku gufashwa kuzirikana mu buryo bujijura. Ukwizera kwiwe kuzoheza gukomere kwongere gushinge imizi.​—Ef. 3:17; Kol. 2:6, 7.

Uruhara rw’abana

Uwitwa Albert, a uno akaba yakuriye mu muryango w’Ivyabona, asigura ati: “Namye nantaryo mbona ko Ivyabona vya Yehova bari mw’idini ry’ukuri, ariko vyarangora kwemera ivyo bavuga ku bijanye n’ingene nkwiye kubaho.” Niba ukiri muto, hari aho woba ubona ibintu muri ubwo buryo. Ubona gute ugize utwigoro kugira ngo utahure ivyiza biva mu kubaho mu buryo Imana yipfuza ko tubaho maze ubone guhimbarwa no gukora ivyo igomba? (Zab. 40:8) Albert avuga ati: “Naciye ntangura gusenga. Ubwa mbere nabona bigoye. Nategerezwa kwinanata kugira ngo ndabigire. Ariko rero budakeye na kabiri, narumvise ko nka hamwe nari kugerageza gukora ibigororotse, noshoboye kugira agaciro mu nyonga z’Imana. Ivyo vyarandonkeje inkomezi zo kugira amahinduka yari akenewe.” Biciye ku gukomeza ubucuti wewe ubwawe ufitaniye na Yehova, urashobora gutsimbataza icipfuzo co gushitsa ivyo adusaba.​—Zab. 25:14; Yak. 4:8.

Nuzirikane ku rukino umaze gukina, nk’umupira w’amaguru canke urundi rukino runaka. Igihe utaba uzi amategeko arugenga canke ngo ube uzi kurukina neza, rwoshobora guca rukurambira. Ariko none, nka hamwe wokwiga amategeko arugenga kandi ukamenya kurukina neza, ubwo ntiwokwumva ushashaye kurukina mbere ukanarondera ingene worukina kenshi? Ukwo nyene ni ko biri ku bijanye n’imirimo ya gikirisu. Niwibwirize rero gutegura amakoraniro ya gikirisu. Nuyagiremwo uruhara. Emwe, naho woba ufise imyaka ingana gute, woshobora mbere kuremesha n’abandi biciye ku karorero utanga!​—Heb. 10:24, 25.

Ukwo ni na ko bigenda ku bijanye no kubwira abandi ivyerekeye ivyo wemera. Na vyo nyene bikwiye gukorwa bivuye ku rukundo, atari ku kagobero. Niwibaze uti: ‘Ni kubera iki nipfuza kubwira abandi ivyerekeye Yehova? Ni imvo izihe zituma ndamukunda?’ Urakeneye kumenya ko Yehova ari Umuvyeyi munyarukundo. Abicishije kuri Yeremiya, yavuze ati: “Muzondondera kandi muzombona, ni mwandondeza umutima wanyu wose.” (Yer. 29:13, 14) Ni igiki none ivyo vyogusaba? Uwitwa Jakub avuga ati: “Nabwirijwe guhindura uburyo niyumvira. Kuva nkiri umwana, naritaba amakoraniro nkongera nkaja mu busuku, ariko iyo mirimo hari ukuntu yahavuye icika nk’uguheza umwuga. Igihe namenya neza Yehova nongera ndatsimbataza ubucuti ubwanje mfitaniye na we, ni ho ukuri naciye ndakugira ukwanje koko.”

Abagenzi beza kandi bubaka baragira ikintu kinini bakoze ku rugero ushikanako mu kunezerererwa ubusuku urangura. Hari umugani wahumetswe ugira uti: “Gendana n’abanyabgenge, nawe uzogira ubgenge.” (Imig. 13:20) Nurondere rero kugirana ubugenzi n’abakurikirana imigambi y’ivy’impwemu kandi bahimbarwa no gusukurira Yehova. Uwitwa Jola avuga ati: “Nasanze biremesha kugirana ubugenzi n’abakiri bato benshi bakomeye mu vy’impwemu. Naciye ntangura kugira uruhara ntahorereza mu busuku n’umunezero mwinshi.”

Uruhara rw’abavyeyi

Jola avuga ati: “Ndakengurukira cane abavyeyi banje kubona baranyigishije ivyerekeye Yehova.” Egome, abavyeyi barashobora kugira ikintu gikomeye bakoze ku mahitamwo abana babo bagira. Intumwa Paulo yanditse ati: “Ba se, . . . mubandanye [kurera abana banyu] mu kubatoza indero no mu kuyobora ivyiyumviro vyabo nk’uko Yehova yashinze.” (Ef. 6:4) Iyo mpanuro yahumetswe irerekana mu buryo butomoye yuko uruhara rw’abavyeyi ari urwo kwigisha abana babo inzira za Yehova, atari izabo bwite. Aho gushira mu muzirikanyi w’abana bawe ivyo ushobora kuba waripfuje gushikako, ese ukuntu vyoba ari vyiza cane ubafashije kwishingira ihangiro mu buzima ryo kubaho bisunga imigambi ya Yehova!

Murashobora kwinjiza amajambo ya Yehova mu bana banyu kandi “[mukayahoza] mu kanwa iyo mwicaye mu nzu, n’iyo muriko muragenda mu nzira, n’iyo muryamye, n’iyo muvyutse.” (Gus. 6:6, 7) Ewa na Ryszard, bano bakaba ari abavyeyi b’abahungu batatu, baravuga ivyo bibuka bati: “Twaraganira cane ku bijanye n’imice itandukanye y’ubusuku bw’igihe cose.” None ivyo vyavuyemwo iki? Bigana bati: “Abo bahungu baciye bipfuza kwiyandikisha mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi bakiri bato cane, baraba abamamaji, maze bahava barifatira ingingo yo kubatizwa. Mu nyuma, bose bahavuye baja mu murimo w’igihe cose.”

Akarorero keza abavyeyi batanga karahambaye cane. Ryszard avuga ati: “Twari twariyemeje kutagira ubuzima burimwo tubiri, ni ukuvuga ukuntu twigenza i muhira ngo kube ugutandukanye n’ukuntu twigenza mw’ishengero.” Ku bw’ivyo rero, niwibaze uti: ‘Ni ibiki abana banje babona mu kuntu mbayeho? Boba babona urukundo nyakuri nkunda Yehova? Boba bibonera urwo rukundo mu masengesho ntura be no mu kamenyero mfise ko kwiyigisha? Boba barubonera mu kuntu mfata umurimo wo mu ndimiro, mu kwisamaza kwanje no mu bintu vy’umubiri ntunze hamwe no mu vyo mvuga ku vyerekeye abandi bagize ishengero?’ (Luka 6:40) Abana bazokwihweza ukuntu ubaho buri musi kandi ikintu cose uvuga mugabo udakora bazokibona.

Ugutoza indero abana kurarangura uruhara ruhambaye mu bijanye no kubarera. Ariko rero, Ijambo ry’Imana ryahumetswe ritubwira ngo “[turere] umwana [t]wisunze inzira imubereye.” (Imig. 22:6, NW) Ewa na Ryszard bavuga bati: “Twarafata umwanya wo kugirira inyigisho ya Bibiliya umwana wese ukwiwe.” Birumvikana ko abavyeyi ari bo bafata ingingo ku bijanye n’uko vyoba bikenewe canke bitoba bikenewe ko umwana umwumwe wese agirirwa inyigisho ukwiwe. Uko mwobigenza kwose, umwana ntakwiye gufatirwa mu rwara. Ivyo bisaba ko muhuza n’uko ibintu biba vyifashe kandi mugakora ibitegereka. Nk’akarorero, aho kubwira gusa abana banyu ko imiziki minaka ari mibi, mubona gute muberetse ingene bogira amahitamwo aranga ubukerebutsi, mukabereka ukuntu ivyo bijanye n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya?

Abana bawe boshobora kumenya neza na neza ivyo ubitezeko maze bagasa n’abakora ivyo wipfuza ko bakora. Yamara, birakenewe ko ubakora ku mitima. Uribuka yuko “inama yo mu mutima w’umuntu [ari] nk’amazi yo hasi mw ibenga, arik’umuntu w’umunyabgenge arayivoma.” (Imig. 20:5) Nube umuntu atahura cane, ugerageze kubona ibintu bigaragaza ingorane iyo ari yo yose ishobora kuba yihishije mu mutima w’abana bawe, maze uce ugira ico ukoze udatebaganye. Utarinze kuza urabagiriza, nubereke ko bikuraje ishinga, uheze ubabaze ibibazo bibereye. Ariko rero, uriyubara ntubadedaguze. Kubereka ko ubitwararika vy’ukuri bizobakora ku mutima maze bigufashe kugira ico ubafashije.

Uruhara rw’abagize ishengero

Bwa musavyi wa Yehova, woba ushobora gufasha abakiri bato bo mw’ishengero kugira ngo bahe agaciro iragi ryo mu buryo bw’impwemu baronse? Naho abavyeyi ari bo bafise ibanga ryo kumenyereza abana babo, abandi bagize ishengero, na canecane abakurambere, na bo nyene barashobora gushigikira utwigoro abavyeyi bagira. Usanga canecane bihambaye gufasha abari mu miryango igizwe n’abavyeyi badasangiye ukwizera.

None abakurambere bashobora gukora iki kugira bafashe abakiri bato gukunda Yehova no kwumva ko bakenewe kandi bari n’ico bamaze? Uwitwa Mariusz, uno akaba asukura ari umucungezi mw’ishengero rimwe ryo muri Polonye, avuga ati: “Abakurambere barakwiye kuyaga n’abakiri bato, bakayaga bakongera bakayaga na bo. Ivyo ntibikwiye kugirwa gusa igihe ingorane zadutse, ariko birakwiye gukorwa no mu bindi bihe, nk’iyo bari mu busuku, amakoraniro arangiye, canke bariko barasangira akayi.” Mubona gute mubajije abakiri bato ingene biyumva ku bijanye n’ishengero? Mwene ico kiganiro kirimwo ukwisanzura kiratuma abakiri bato biyegereza ishengero kandi kigatuma bashobora kwumva ko bari mu barigize.

Nimba uri umukurambere, woba uriko uragerageza kumenya abakiri bato bo mw’ishengero ryanyu? Naho Albert, umwe twamara kuvuga, ubu ariko arasukura ari umukurambere, akiri umuyabaga yarahuye n’ibigeragezo bitandukanye. Avuga ati: “Nkiri umuyabaga, narumva nkeneye kugenderwa cungere ku giti canje.” Abakurambere barashobora kandi kwerekana ko bitwararika abakiri bato umwumwe wese ukwiwe mu gusenga babasabira ko bomererwa neza mu vy’impwemu.​—2 Tim. 1:3.

Ni vyiza ko abakiri bato bagira uruhara mu mirimo y’ishengero. Ahandi ho, boshobora kwibanda ku gukurikirana imigambi y’ivy’isi. Yemwe abamaze gukura, mwoba mushobora gukorana na bo mu busuku maze mukabagira abagenzi? Nimumare umwanya mwisamaza hamwe n’abakiri bato, gutyo mutume haba akayaga k’ukwizigirana n’ubugenzi. Jola aravuga ivyo yibuka ati: “Hari umuvukanyikazi w’umutsimvyi yangaragarije ko anyitwararika. Igihe twajana mu busuku, ni bwo bwa mbere nari ngiyeyo numva ndabishaka vy’ukuri.”

Ihitamwo wigirira

Yemwe abakiri bato, nimwibaze muti: ‘Mfise imigambi iyihe? Nimba ntarabatizwa, vyoba biri mu migambi yanje?’ Ingingo yo kubatizwa ikwiye kuva ku mutima wuzuye urukundo ukunda Yehova, utabitumwe n’ikintu na kimwe gishingiye ku mugenzo warazwe n’abavyeyi.

Egome, ese Yehova yokubera Umugenzi nyakuri, ukuri na kwo kukakubera ubutunzi! Yehova abicishije ku muhanuzi Yesaya, yavuze ati: “Ntukihebure, kuko nd’Imana yawe.” Yehova azobana nawe igihe cose uzoba uri umugenzi wiwe. Azogukomeza vy’ukuri yongere ‘akuramire n’ukuboko kw’iburyo kw’ukugororoka kwiwe.’​—Yes. 41:10.

[Akajambo k’epfo]

a Bamwebamwe si ko bitwa.

[Ifoto ku rup. 4]

Nugerageze kumenya ibiri mu mutima w’umwana wawe

[Ifoto ku rup. 6]

Ingingo yo kubatizwa iva ku mutima wuzuye urukundo ukunda Yehova