Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nararonse ubuzima buri n’intumbero

Nararonse ubuzima buri n’intumbero

Nararonse ubuzima buri n’intumbero

Nk’uko vyavuzwe na Gaspar Martínez

Mu buryo bunaka, inkuru inyerekeye ni ay’agahungu ka nyarucari kahavuye kaba umutunzi wo mu gisagara. Ariko rero uraza kubona ko ubutunzi nirundanirije atari bwo nari niteze.

NAKURIYE mu karere katimbuka ko mu gihugu hagati mu myaka ya 1930 mu ntara ya Rioja iri mu Buraruko bwa Esupanye. Igihe nari mfise imyaka cumi, vyarabaye ngombwa ko mpeba ishure, ariko ico gihe nari maze kumenya gusoma no kwandika. Jewe hamwe na benewacu be na bashikanje uko ari batandatu, akazi kacu kari ako mu mirima, tukaba twararagira intama canke tukarima agatongo kacu kangana urwara.

Ubukene twarimwo bwatuma tubona ko amatungo y’umubiri ari co kintu gihambaye cane. Twaragirira ishari ababa bafise ibintu vyinshi kuturuta. Yamara rero, igihe kimwe umusenyeri yarabonye yuko aho twaba “cari co kigwati cakunda ivy’Imana kuruta ibindi vyose vyo muri diyoseze yiwe.” Ntiyari azi na gato ko abenshi bohavuye bava muri Gatolika.

Ndondera ikintu ciza kuruta

Narubakanye na Mercedes, uno akaba yari umwigeme wo muri ico kigwati nyene. Budakeye na kabiri, twararonse umwana w’umuhungu twabwirizwa kwitwararika. Mu 1957, twarimukiye mu gisagara co hafi y’aho twaba citwa Logroño, kandi n’abagize umuryango wanje bose bahavuye bimukira muri ico gisagara nyene. Sinatevye kubona ko bitonyoroheye kuronka akazi k’umushahara ufadika kubera yuko nari umukozi atagira ubuhanga. Naribaza aho nari gukura impanuro. Naciye ntangura kugira ubushakashatsi mu bubiko bw’ibitabu bwo muri ako karere, naho ntari nzi vy’ukuri ivyo nategerezwa kurondera ivyo ari vyo.

Mu nyuma, narumvise ibijanye n’ikiganiro caca kw’iradiyo kigatanga ivyigwa vyerekeye Bibiliya biciye ku makete. Haheze igihe gito ndangije ivyo vyigwa, twarabonanye n’abaporotisanti bamwe bo mw’ishengero rya Evanjelike. Maze kugenda incuro nka zingahe aho basengera, narashoboye kubona ugukebana kwarangwa mu bantu bari bafise ibiti muri bo. Sinasubiyeyo, kandi naciye nshika ku ciyumviro c’uko amadini yose ategerezwa kuba ari cokimwe.

Amaso yanje ahumuka

Mu 1964, umusore umwe yitwa Eugenio yaratugendeye i muhira. Yari Icabona ca Yehova, iryo dini nkaba ntari bwigere ndaryumva. Ariko rero, naripfuza cane kuyaga na we ku bijanye na Bibiliya. Ico gihe niyumvira yuko nari mfise ubumenyi bukwiye bwerekeye Ivyanditswe. Namwishuye nkoresheje imirongo mikeya yo muri Bibiliya nari narize muri vya vyigwa nari narakurikiranye biciye ku makete. Naho nagerageje kuburanira inyigisho zinaka z’abaporotisanti, mu mutima wanje sinazemera vy’ukuri.

Tumaze kugiranira na Eugenio ibiyago birebire incuro zibiri, narabwirijwe kwemera yuko Eugenio yakoresha Ijambo ry’Imana nk’umuhanga. Naratangazwa cane no kubona ukuntu yashobora gutora ivyanditswe maze akamfasha kuzirikana ku bijanye n’ingene vyoshirwa mu ngiro, naho nari narize amashure asumba ayiwe. Eugenio yaranyeretse akoresheje Bibiliya yuko tubayeho mu misi ya nyuma be n’uko Ubwami bw’Imana bugiye vuba gutuma isi icika Iparadizo. Vyarankoze ku mutima.​—Zab. 37:11, 29; Yes. 9:6, 7; Mat. 6:9, 10.

Sinatevye kwemera kugirirwa inyigisho ya Bibiliya. Wamenga ivyo niga vyose vyari bishasha, kandi vyarankoze ku mutima. Naciye ngira ivyizigiro ntahorana, bino bikaba vyari bibereye ko mbaho ndavyisunga. Ico nari nararondeye nari ndakironse. Ico gihe, utwigoro nagira ndondera kwisununura mu vy’ubuzima twaciye dusa n’aho ata kintu kinini twari tumaze, kandi ivyo kugwa mvyuka kugira ngo ndonke akazi vyaciye bicika ibidahambaye cane. Naramenye mbere yuko indwara be n’urupfu ubwarwo bizoherengetezwa.​—Yes. 33:24; 35:5, 6; Ivyah. 21:4.

Naciye ubwo nyene ntangura kubwira incuti zanje ivyo nariko ndiga, ndabasigurira ndabigiranye umwete yuko Imana isezerana ko igiye kuzana isi y’iparadizo aho abantu b’abizigirwa bazoshobora kuba ibihe bidahera.

Umuryango wanje wemera ukuri kwo muri Bibiliya

Bidatevye, jewe n’abantu bashika 12 mu bo mu muryango wacu twarafashe ingingo yo kuza turahurira mu nzu kwa datawacu imisi yose ku w’iyinga ku muhingamo kugira ngo tuganire ku bijanye n’imihango yo muri Bibiliya. Twaramara amasaha abiri canke atatu buri ndwi muri ico kiganiro. Igihe Eugenio yabona ko umugwi munini nk’uwo w’incuti zanje bashimishwa na Bibiliya, yaciye atunganya ivyo kwitwararika umwe wose muri iyo miryango.

Nari mfise izindi ncuti i Durango, kano kakaba ari agasagara kari ku bilometero nka 120 uvuye aho twaba, akaba ata Vyabona bahaba. Ni co gituma haheze amezi atatu naciye mfata ikonji ry’imisi nk’ingahe kugira ngo ndabagendere maze ndabasigurire ibijanye n’ukwizera kwanje gushasha. Ico gihe, twarakoranira hamwe buri mugoroba turi abantu bashika cumi, kandi narabaganirira gushika mu gaturuturu. Bose barahimbarwa cane no kwumviriza. Igihe urwo rugendo rugufi nagize rwari rugiye kurangira, narabasigiye Bibiliya nkeya hamwe n’ibisohokayandikiro bikeya bishingiye kuri yo. Inyuma yaho, twagumye duhanahana amakuru.

Igihe Ivyabona bashika i Durango, hano akaba ata wundi muntu yari bwigere ahavuga ubutumwa, bahasanze abantu 18 barindiranye umushasharo kugirirwa inyigisho ya Bibiliya. Ivyo Vyabona barahimbawe no gutunganya ivy’uko buri muryango ugirirwa inyigisho.

Gushika ico gihe, Mercedes ntiyari bwagaragaze ko ashimishwa n’ukuri, bitavuye ku kugonanwa kwemera inyigisho zo muri Bibiliya ariko bivuye ahanini ku gutinya abantu. Igikorwa Ivyabona vya Yehova barangura cari kibujijwe muri Esupanye ico gihe, akaba ari co gituma yiyumvira yuko abakuru mu vy’intwaro bokwirukanye abana bacu babiri kw’ishure be n’uko twese twobaye ibicibwa. Ariko igihe yabona yuko abagize umuryango bose bariko baremera ukuri kwo muri Bibiliya, na we nyene yaciye yipfuza kugirirwa inyigisho.

Mu myaka ibiri, abantu 40 bo mu bagize umuryango wacu barabaye Ivyabona kandi barabatijwe bwa kimenyetso c’uko biyeguye kugira ngo bakorere Imana. Emwe, abagize umuryango wacu bari bafise intumbero be n’umugambi nk’ivyo nari mfise mu buzima. Narumva ko nari narashitse ku kintu kibereye koko. Twari twarahezagiwe kuko twaronse itunga ryinshi cane ryo mu vy’impwemu.

Uko narushiriza gukura ni ko ubuzima bwarushiriza kuryoha

Mu myaka 20 yakurikiye, nibanze ku kurera abahungu bacu babiri be no ku gufasha ishengero ryo mu karere twabamwo. Igihe jewe na Mercedes twimukira i Logroño, muri ico gisagara cabamwo abantu bashika 100.000 hari Ivyabona nka 20 bonyene. Ata gihe kinini kihaciye, narajejwe amabanga menshi mw’ishengero.

Mu nyuma, igihe nari mfise imyaka 56, ikompanyi nakorera ryarugaye bukwi na bukwi ihinguriro nakoreramwo, maze nca mba umushomeri. Namye nantaryo mfise icipfuzo gikomeye co gukora ubusuku bw’igihe cose, kikaba ari co gituma naciye nungukira kuri ukwo kuntu ivyanje vyari bihindutse kugira ngo mbe umutsimvyi. Amahera ya pansiyo naronka yari intica ntikize, kandi kubeshwaho na yo ntivyari vyoroshe. Mercedes yaragize ico afashije mu kuza arakora akazi kajanye n’ivyo kugira isuku. Twarashoboye kuvyifatamwo neza kandi ntitwigeze tubura ibintu vya nkenerwa. Ndacari umutsimvyi, Mercedes na we rimwe na rimwe arakora ubutsimvyi bwo gufasha, tukaba duhimbarwa cane n’igikorwa co kwamamaza.

Mu myaka mikeya iheze, Mercedes yaza arasigira ibinyamakuru vyacu umukenyezi umwe yari akiri muto yitwa Merche, uno akaba yari yarigeze kwiga Bibiliya akiri umwana muto. Merche yarakunda gusoma ibisohokayandikiro vyacu, kandi Mercedes yarabonye ko Merche yari agiha agaciro ukuri kwo muri Bibiliya mu mutima wiwe. Amaherezo, Merche yaremeye kugirirwa inyigisho ya Bibiliya maze aratangura gutera imbere neza. Ariko rero, umunega wiwe Vicente yaranywa cane kandi yama yirukanywe ku kazi. Ivyo vyatuma atamushigikira mu vy’amahera; umubano wabo wari mu gusambuka kubera yuko yanywa inzoga akarenza urugero.

Umukenyezi wanje yaragiriye inama Merche ngo asabe Vicente ko twoganira, kandi amaherezo twaraganiriye. Tumaze kumugendera akatari gake, yaremeye kugirirwa inyigisho ya Bibiliya. Vicente yaratanguye kugira amahinduka, akaza aramara imisi itari mike yahagaritse kunywa inzoga. Yahavuye aza aramara indwi imwe canke irenga atanywa inzoga. Amaherezo, yarahevye burundu kunywa inzoga. Mu maso hiwe harabaye neza bimwe biboneka, kandi umuryango wiwe wahavuye wunga ubumwe. Umuryango wiwe wose, harimwo umukenyezi wiwe be n’umukobwa wiwe, barashigikira mu buryo bwiza cane ishengero ritoya riri mu mazinga yitwa Canaries, ari na yo babamwo muri iki gihe.

Iyo ntereje amaso ku buzima nagize buri n’intumbero

Naho bamwebamwe mu ncuti zanje haheze imyaka myinshi barize inyigisho zo muri Bibiliya ubu bakaba barapfuye, incuti zacu zagumye zongerekana, kandi Imana yaraduhezagiye cane. (Imig. 10:22) Ese ukuntu bishimishije kubona abantu nka bose batanguye kwiga Bibiliya mu myaka 40 iheze, hamwe n’abana babo be n’abuzukuru babo, barabandanije gusukurira Yehova ari abizigirwa!

Ubu ndafise incuti nyinshi cane zo mu buryo bw’umubiri basanzwe ari Ivyabona, benshi muri bo bakaba basukura ari abakurambere, abakozi b’ishengero n’abatsimvyi. Umuhungu wanje w’imfura be n’umukenyezi wiwe basukurira ku biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova i Madrid, muri Esupanye. Igihe naba Icabona, muri Esupanye twari Ivyabona bashika 3.000. Ubu hariho abarenga 100.000. Ndahimbarwa cane n’ubusuku bw’igihe cose, kandi ndakengurukira cane Imana ku bw’ubuzima bwiza igitangaza nagize mu murimo wayo. Naho nize amashure make, rimwe na rimwe ndasukura ndi umucungezi musubirizi w’umuzunguruko.

Mu myaka mikeya iheze, nasanze ca gisagara nakuriyemwo ari nk’aho cari gisigaye ata bantu bakibamwo. Ubukene bwahavuye butuma biba ngombwa ko abahaba bose baheba amatongo yabo n’amazu yabo kugira ngo baje kurondera ubuzima bwiza kuruta. Igishimishije ni uko igitigiri kitari gito c’abo bantu bimutse, na jewe ndimwo, baronse itunga ryo mu vy’impwemu. Twaramenye ko ubuzima buri n’intumbero be n’uko gusukurira Yehova bituma umuntu aronka umunezero mwinshi cane ushoboka.

[Ifoto ku rup. 32]

Aba ni abantu nka bose bo mu muryango w’umuvukanyi Martínez bari mu kuri