Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Urukundo rwa Kristu ruratuma natwe tugira urukundo

Urukundo rwa Kristu ruratuma natwe tugira urukundo

Urukundo rwa Kristu ruratuma natwe tugira urukundo

“Yezu, . . . kubera yari yarakunze abiwe bari mw’isi, yarabakunze gushika kw’iherezo.”​—YOH. 13:1.

1, 2. (a) Ni mu buryo ki urukundo rwa Yezu ari urudasanzwe? (b) Muri iki kiganiro tuza guca irya n’ino imice iyihe twogaragazamwo urukundo?

 YEZU yaradusigiye akarorero ntangere bijanye no kugira urukundo. Ibintu vyose bimwerekeye, vyaba ari ivyo yavuga, inyifato yiwe, ivyo yigisha canke urupfu rwiwe rwo kwitangako inkuka, vyaragaragaje urukundo rwiwe. Yezu yaragaragarije urukundo abahura na we na canecane abigishwa biwe, gushika arangije ubuzima bwiwe ng’aha kw’isi.

2 Ako karorero kadasanzwe Yezu yasize mu bijanye no kugira urukundo karerekana ingingo mfatirwako iri hejuru abayoboke biwe bakwiye gukurikiza. Vyongeye, karatuvyurira umutima wo kugaragariza urukundo nk’urwo nyene abavukanyi n’abavukanyikazi bacu be n’abandi bantu bose. Muri iki kiganiro, turaza kurimbura ico abakurambere b’ishengero bashobora kwigira kuri Yezu mu bijanye n’ukuntu bogaragariza urukundo ababa bakoze amakosa, eka mbere n’ababa bakoze ayakomeye. Turaza kandi guca irya n’ino ukuntu urukundo rwa Yezu ruvyurira abakirisu umutima wo gufasha abavukanyi babo be n’abandi bantu igihe baba bashikiwe n’ibintu bigoye, icago c’icaduka canke indwara.

3. Yezu yafashe gute Petero naho yari yakoze amakosa akomeye?

3 Mw’ijoro ry’imbere y’urupfu rwa Yezu, intumwa yiwe bwite Petero yaramwihakanye incuro zitatu. (Mrk. 14:66-72) Yamara, Petero amaze kugaruka, nk’uko Yezu yari yarabivuze, Yezu yaramuhariye. Yezu yarajeje Petero amabanga ahambaye. (Luka 22:32; Ibik. 2:14; 8:14-17; 10:44, 45) Ni ibiki none twigira ku kuntu Yezu yafata ababa bakoze amakosa akomeye?

Nugaragarize abacumuzi umutima nk’uwa Kristu

4. Ni ikintu ikihe gisaba bimwe bidasanzwe ko tugaragaza umutima nk’uwa Kristu?

4 Kimwe mu bintu bitari bike bisaba ko tugaragaza umutima nk’uwa Kristu gishobora kuba gituntuza bimwe bidasanzwe ni ugutunganya ibijanye n’ikibi gikomeye kiba cakozwe haba mu muryango canke mw’ishengero. Ikibabaje, uko imisi ya nyuma y’ivy’isi ya Shetani yegereza igihe cayo c’agaheta, ni ko impwemu y’isi irushiriza kugira akosho kabi mu vy’ukwigenza runtu. Baba abato canke abakuze, bose barashobora kwandukirwa n’ingeso mbi z’isi canke ukutanegwa ibintu kwayo mu bijanye n’ukwigenza runtu, bigatuma badohoka ku mwiyemezo bafise wo guca muri ya nzira yaga. Mu kinjana ca mbere, vyarabaye ngombwa ko bamwe bacibwa mw’ishengero rya gikirisu, abandi na bo barakangirwa. Ukwo ni ko bigenda no muri iki gihe. (1 Kor. 5:11-13; 1 Tim. 5:20) Ariko rero, igihe abakurambere batunganya ivyo bibazo bagaragaje urukundo nk’urwa Kristu, birashobora kugira ikintu kinini bikoze ku mucumuzi.

5. Abakurambere bakwiye kwigana gute ukuntu Kristu yafata abacumuzi?

5 Nk’uko Yezu yabigize, abakurambere bategerezwa igihe cose gushigikira ingingo mfatirwako zigororotse za Yehova. Mu kubigenza gutyo, baba biganye ubwitonzi bwa Yehova, ubuntu bwiwe be n’urukundo rwiwe. Igihe umuntu yigaye vy’ukuri, akaba afise ‘umutima umenetse’ kandi ‘ujanjaguritse’ kubera ikosa yakoze, vyoshobora kworohera abakurambere “kubogora umuntu mwene uwo mu mutima w’ubwitonzi.” (Zab. 34:18; Gal. 6:1) Ariko none bite ho igihe baba bariko barafasha umuntu afise agatima k’ubugarariji canke yerekana ko atadogombwa mu mutima?

6. Ni igiki abakurambere bategerezwa kwirinda igihe bafasha abacumuzi, kandi kubera iki?

6 Igihe umucumuzi ateye akagere impanuro zishingiye ku Vyanditswe canke akagerageza kwegeka ku bandi ikibi yakoze, abakurambere be n’abandi bavukanyi boshobora kwumva bagize agashavu. Kubera ko baba bazi ivyo uwo muntu amaze kwonona, boshobora kugwa mu mutego wo guserura ukuntu ubwabo babona ivyo uwo muntu yakoze canke agatima yagaragaje. Yamara rero, ishavu rironona kandi ntirigaragaza “umuzirikanyi wa Kristu.” (1 Kor. 2:16; soma Yakobo 1:19, 20.) Yezu yaraburiye abantu bamwebamwe bo mu gihe ciwe akoresheje imvugo itomoye, ariko ntiyigeze na rimwe avuga ijambo riranga urwanko canke ribabaza. (1 Pet. 2:23) Ahubwo riho, yaguma yiteguriye gufasha abacumuzi yizigiye ko bashobora kwigaya maze bagasubira gutoneshwa na Yehova. Nkako, kimwe mu bintu nyamukuru vyatumye Yezu aza kw’isi kwari kugira ngo “[akize] abacumuzi.”​—1 Tim. 1:15.

7, 8. Ni igiki gikwiye kuyobora abakurambere igihe batunganya ibibazo vy’abacumuye muri komite ncarubanza?

7 None akarorero Yezu yadusigiye muri uwo muce gakwiye kugira ico gakoze gute ku kuntu tubona abo biba vyabaye ngombwa ko ishengero ritoza indero? Uribuka ko intunganyo ishingiye ku Vyanditswe igirwa mw’ishengero ijanye n’ukwihweza ibibazo vy’abacumuye muri komite ncarubanza ikingira ubusho kandi ishobora gutuma umucumuzi yatojwe indero yigaya. (2 Kor. 2:6-8) Birababaje kubona hariho abatigaya bikaba ngombwa ko bacibwa mw’ishengero. Yamara, birakora ku mutima kumenya yuko haciye igihe benshi muri abo bagaruka kuri Yehova no mw’ishengero ryiwe. Igihe abakurambere bagaragaje umutima nk’uwa Kristu, baba bafashije umuntu kugira ngo yikubite agashi, amaherezo azogaruke. Muri kazoza, bamwebamwe muri abo bahoze ari abacumuzi boshobora kutibuka impanuro zose zo mu Vyanditswe abakurambere babahaye, ariko nta gukeka yuko bazokwibuka ko abo bakurambere bubahirije agateka kabo kandi bakabafatana urukundo.

8 Ku bw’ivyo, abakurambere bategerezwa kugaragaza “ivyamwa vy’impwemu,” na canecane bakagaragaza urukundo nk’urwa Kristu, naho boba bariko bagerageza gufasha abacumuzi batemera impanuro. (Gal. 5:22, 23) Ntibakwiye kwigera bihutira gufata ingingo yo guca umucumuzi mw’ishengero. Babwirizwa kugaragaza ko bipfuza yuko abahuvye bagaruka kuri Yehova. Gutyo, igihe mu nyuma umucumuzi yikubise agashi akagaruka, nk’uko benshi babigira, yoshobora gukengurukira bimwe bigera kure Yehova be n’izo “ngabirano z’abagabo,” bo batumye vyoroha ko agaruka mw’ishengero.​—Ef. 4:8, 11, 12.

Nugaragaze urukundo nk’urwa Kristu mu gihe c’iherezo

9. Tanga akarorero kerekana ingene Yezu yagaragarije urukundo abigishwa biwe mu buryo ngirakamaro.

9 Luka aratanga akarorero kadasanzwe kerekana ingene Yezu yagaragaza urukundo mu buryo ngirakamaro. Kubera ko Yezu yari azi yuko haciye igihe ingabo z’Abaroma zokikuje igisagara ca Yeruzalemu cari kigiye gusangangurwa, bigatuma abanyagihugu baho badashobora guhunga, yaburiye abigishwa biwe abigiranye urukundo ati: “Nimwabona Yeruzalemu ikikujwe n’ingabo zishinze ikambi, muzoce mumenya yuko ugucika umusaka kwaho kwegereje.” None bari bakwiye gukora iki? Yezu yarabaronkeje imbere y’igihe ubuyobozi bokwisunze butomoye kandi budomako. Yavuze ati: “Maze abari i Yudaya bazoce batangura guhungira ku misozi, abari hagati muri Yeruzalemu na bo bazoce bavayo, abari hagati mu gihugu na bo ntibaze binjireyo; kuko iyo izoba ari imisi yo gushitsa ubutungane, kugira ngo ibintu vyose vyanditswe biranguke.” (Luka 21:20-22) Inyuma y’aho ingabo z’Abaroma zikikurije Yeruzalemu mu 66 G.C., abakirisu bagamburuka barakurikije ubwo buyobozi.

10, 11. Kurimbura ibijanye n’igihe abakirisu bo mu ntango bahunga bakava i Yeruzalemu bishobora gute kudufasha kwitegurira ya “makuba akomeye”?

10 Igihe abakirisu bariko barahunga bava i Yeruzalemu, bari bakeneye kugaragarizanya urukundo nk’urwo na Kristu yari yarabagaragarije. Nta gukeka ko babwirizwa gusabikanya n’abandi utwo bari bafise twose. Ariko rero, ubwo buhanuzi bwa Yezu bwogize iranguka rihambaye kuruta iry’iryo sangangurwa ry’ico gisagara. Yavuze ati: “Hazoba amakuba akomeye atigeze kubaho kuva mu ntango y’isi gushika n’ubu, oya, kandi atazokwongera kubaho.” (Mat. 24:17, 18, 21) Imbere y’uko ayo “makuba akomeye” yimirije ashika be no mu gihe cayo, na twebwe nyene twoshobora gushikirwa n’ingorane zikomeye kandi tukabura ibintu vya nkenerwa. Kugira umutima nk’uwa Kristu bizodufasha kuvyihanganira.

11 Muri ico gihe, tuzokenera kwigana akarorero ka Yezu maze tugaragaze urukundo ruzira ubwikunzi. Ku bijanye n’ivyo, Paulo yahanuye ati: “Umwe wese muri twebwe nashimishe mugenziwe mu vyiza ku bw’ukwubakwa kwiwe. Kuko na Kristu atishimishije ubwiwe . . . Ya Mana rero itanga ukwihangana n’uruhoza ibahe kugira hagati yanyu wa mutima nyene Kristu Yezu yari afise.”​—Rom. 15:2, 3, 5.

12. Ni urukundo nyabaki dukwiye gutsimbataza muri iki gihe, kandi kubera iki?

12 Petero, uwagaragarijwe urukundo na Yezu, na we nyene yarahimirije abakirisu gutsimbataza “igishika ca kivukanyi kitagira ubwiyorobetsi” no kugaragaza “ukugamburukira ukuri.” Babwirizwa “[gukundana] cane bivuye ku mutima.” (1 Pet. 1:22) Ubu kuruta ikindi gihe ico ari co cose, turakeneye gutsimbataza mwene izo kamere Kristu yagaragaje. Muri iki gihe, imikazo ishikira abasavyi b’Imana yaramaze gutangura kwiyongera. Nk’uko ihungabana ry’ivy’ubutunzi riherutse kuba rivyerekana mu buryo butomoye, nta muntu n’umwe akwiye kwizigira umuce n’umwe w’ivy’iyi si ishaje. (Soma 1 Yohani 2:15-17.) Ahubwo riho, uko umuhero w’ivy’iy’isi urushiriza kwegereza, turakwiye kurushiriza kwiyegereza Yehova n’abavukanyi bacu, tugatsimbataza ubugenzi nyakuri mw’ishengero. Paulo yahanuye ati: “Mu vy’urukundo rwa kivukanyi mugiriranire ikibabarwe. Mu vyo guterana iteka mube aba mbere.” (Rom. 12:10) Petero na we yarashimitse kuri ico ciyumviro nyene, ati: “Hejuru ya vyose, mugiriranire urukundo rwinshi, kuko urukundo rupfuka ibicumuro indiri.”​—1 Pet. 4:8.

13-15. Abavukanyi bamwebamwe bagaragaje gute urukundo nk’urwa Kristu inyuma y’aho ivyago vyadukiye?

13 Hirya no hino kw’isi, Ivyabona vya Yehova barazwi ko bagaragaza mu bikorwa urukundo nk’urwa Kristu. Rimbura ibijanye n’Ivyabona bitavye akamo batewe ko gufasha abandi inyuma y’aho ibihuhusi n’ibivumbuzi bibiciriye bigacika mu mihingo myinshi yo mu Bumanuko bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika mu 2005. Bivuye ku kwigana akarorero ka Yezu, abavukanyi barenga 20.000 baritanze bavyishakiye, benshi muri bo bakaba barahevye amazu yabo meza be n’ubuzi bwabo bw’igihe kirekire kugira ngo bafashe abavukanyi babo bashikiwe n’ivyo vyago.

14 Mu karere kamwe, haradutse igisebuzi caseburiye amazi i musozi gushika ku bilometero 80, ayo mazi akaba yari ameze nk’igihome cari gifise uburebure bw’amaduga bw’imetero 10. Amazi amaze gukama, ica gatatu c’amazu yo kubamwo be n’izindi nyubakwa vyari vyasambutse. Ivyabona bitanze bavyishakiye bo mu bihugu bitari bike baraje muri ako karere bitwaje ubuhanga bafise, ivyo bokwikozeko be n’ibikoresho vyo kwubaka, kandi bari biteguriye gukora igikorwa cose cari gikenewe. Abavukanyikazi babiri bavukana kandi b’abapfakazi, barapakiye ibintu vyabo mw’ikamyo ntoyi maze bagira urugendo rw’ibilometero 3.000 bagiye gufasha. Umwe muri abo bavukanyikazi yaciye aguma muri ako karere, akaba yabandanije gufasha komite ijejwe gutabara yo muri ako karere kandi asukura ari umutsimvyi asanzwe.

15 Amazu arenga 5.600 y’Ivyabona be n’ay’abandi bantu bo muri ako karere ni yo yubatswe canke arasanurwa. None Ivyabona bo muri ako karere bumvise bamerewe gute kubona baragaragarijwe urukundo muri ubwo buryo budasanzwe? Umuvukanyikazi umwe inzu yiwe yari yasambutse, yari yimukiye mu gakonteneri gakwegwa n’umuduga kava, kandi karimwo mwene rya shiga ry’ikizungu ryononekaye. Abavukanyi baramwubakiye inzu ibayabaye ariko nziza. Igihe yari ahagaze imbere y’iyo nzu yiwe nshasha isukuye, yarakoroye amosozi kubera ugukengurukira Yehova n’abavukanyi biwe. Inyuma y’aho amazu y’Ivyabona bandi baho batari bake amariye gusanurwa, ntibashotse bayinjiramwo ahubwo baramaze umwaka umwe canke urenga bakiri mu bibanza vy’imfatakibanza bari barimukiyemwo. Uti none ivyo babigize kubera iki? Kugira ngo ayo mazu yabo mashasha abe arakoreshwa n’abo bakozi bari baje gutabara. Ese ukuntu ako ari akarorero kajanye no kugaragaza umutima nk’uwa Kristu!

Nugaragarize abarwaye umutima nk’uwa Kristu

16, 17. Ni mu buryo butandukanye ubuhe dushobora kugaragariza abarwaye umutima nk’uwa Kristu?

16 Bisa n’uko bakeyi muri twebwe ari bo usanga barashikiwe n’icago c’icaduka gikomeye. Ariko, nka twese usanga dutegerezwa kwihanganira ingorane z’amagara, yaba ari twebwe turwaye canke abo mu muryango wacu. Yezu yaradusigiye akarorero mu bijanye n’ukuntu twofata abarwaye. Urukundo yabakunda rwaratuma abumvira akagongwe. Igihe amasinzi y’abantu yamuzanira ababo bari barwaye, “[yarakijije] abari bamerewe nabi bose.”​—Mat. 8:16; 14:14.

17 Naho muri iki gihe abakirisu batagira ubushobozi bwo gukiza abarwaye ku gitangaro nka Yezu, barabagaragariza ikibabarwe nk’uko na we nyene yabigira. None ivyo vyerekanwa n’iki? Ikintu kimwe kivyerekana ni uko abakurambere bagaragaza ko bafise umutima nk’uwa Kristu mu kugira ivyo batunganije kandi bakabihagarikira kugira ngo bafashe abarwaye mw’ishengero, gutyo bakaba ku bwa ngingo bakoze ibintu mu buryo buhuje n’ibivugwa muri Matayo 25:39, 40. a (Soma.)

18. Ni gute abavukanyikazi babiri bagaragarije uwundi muvukanyikazi urukundo nyakuri, kandi ivyo vyavuyemwo iki?

18 Ariko ntiwumve, si ngombwa ngo umuntu abe ari umukurambere kugira ngo akorere iciza abandi. Rimbura ivyerekeye uwitwa Charlene w’imyaka 44 yari arwaye kanseri kandi akaba yari yabwiwe ko asigaje kubaho imisi cumi. Aho abavukanyikazi babiri ari bo Sharon na Nicolette baboneye ivyo uwo muvukanyikazi yari akeneye be n’ukuntu kumwitwararika vyaruhisha cane umunega wiwe yikundira, baritanze kugira ngo bamufashe muri ico kiringo cose yari asigaje kubaho. Naho nya muvukanyikazi yagiye gupfa haheze amayinga atandatu, atari muri ya misi cumi yari yabwiwe, nya bavukanyikazi babiri bagumye bamugaragariza urukundo gushika kw’iherezo. Sharon avuga ati: “Usanga bigoye kwitwararika umuntu uzi neza ko atazokira. Yamara, Yehova yaradukomeje. Ico kintu caratumye turushiriza kwiyegereza Yehova n’abo dusangiye ukwizera.” Umunega wa Charlene avuga ati: “Sinzokwigera nibagira ukuntu abo bavukanyikazi babiri bakundwa badushigikiye mu buryo buranga ubuntu kandi ngirakamaro. Imvo zityoroye babigiranye be n’agatima keza bagaragaje vyaratumye ico kigeragezo ca nyuma kirushiriza kworohera Charlene wanje w’umwizigirwa, vyongera biranduhura ku mubiri no ku mutima, ico kikaba ari ikintu nari nkeneye bimwe bidasanzwe. Nzokwama nantaryo ndabakengurukira. Agatima kabo kw’ukwitanga karatumye ndushiriza kwizera Yehova no gukunda umuryango wose w’abavukanyi.”

19, 20. (a) Ni kamere zitanu izihe za Kristu twaciye irya n’ino? (b) Ni igiki wiyemeje kugira?

19 Muri ibi biganiro bitatu, twaciye irya n’ino kamere zitanu za Yezu be n’ukuntu dushobora kwiyumvira no gukora ibintu nka we. Nimuze tube abantu “[bi]tonda kandi [bi]yoroheje mu mitima,” nka Yezu. (Mat. 11:29) Nimuze kandi twihatire gufatana abandi ubuntu, n’igihe nyene udusembwa twabo be n’ubugoyagoye bwabo vyoba vyigaragaza. Ese twogamburukira Yehova mu vyo adusaba vyose tubigiranye umutima rugabo, n’igihe nyene twoba turi mu bigeragezo!

20 Ubwa nyuma, nimuze tugaragarize abavukanyi bacu bose urukundo nk’urwa Kristu “gushika kw’iherezo,” nk’uko na we ubwiwe yabigize. Urukundo mwene urwo ni rwo ruturanga ko turi abayoboke b’ukuri ba Yezu. (Yoh. 13:1, 34, 35) Egome, “urukundo rwa[we] rwa kivukanyi nirubandanye.” (Heb. 13:1) Ntudendebukirwe! Nukoreshe ubuzima bwawe kugira ngo ushemeze Yehova wongere ufashe abandi. Yehova azohezagira utwigoro ugira tuvuye ku mutima.

[Utujambo tw’epfo]

a Raba ikiganiro kivuga ngo “Ne vous contentez pas de dire: ‘Tenez-vous au chaud et continuez à bien vous nourrir’” (Ntimuvuge gusa ngo “Nimugume mususurutse kandi murya neza”) casohotse mu Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Gitugutu 1986.

Urashobora kubisigura?

• Abakurambere bashobora gute kugaragariza abacumuzi umutima nk’uwa Kristu?

• Ni kubera iki kwigana urukundo rwa Kristu bihambaye canecane muri iki gihe c’iherezo?

• Dushobora gute kugaragariza abarwaye umutima nk’uwa Kristu?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Ifoto ku rup. 17]

Abakurambere bipfuza ko abahuvye bagaruka kuri Yehova

[Ifoto ku rup. 18]

Abakirisu bariko barahunga bava i Yeruzalemu bagaragaje gute umutima nk’uwa Kristu?

[Ifoto ku rup. 19]

Ivyabona vya Yehova barazwi ko bagaragaza mu bikorwa urukundo nk’urwa Kristu