Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba uha agaciro ivyo Yehova yakoze kugira ngo akurokore?

Woba uha agaciro ivyo Yehova yakoze kugira ngo akurokore?

Woba uha agaciro ivyo Yehova yakoze kugira ngo akurokore?

“Hahezagirwe Yehova Imana ya Isirayeli, kubera yitayeho abantu biwe akabatunganiriza ukurokoka.”​—LUKA 1:68.

1, 2. Ukuba muri kino gihe ivyacu vyifashe nabi cane vyogereranywa n’iki, kandi ni ibibazo ibihe tugiye kurimbura?

 DUFATE ko urwariye mu bitaro. Yaba wewe canke abandi bose muri kumwe, mwese murwaye indwara imwe kandi umuti wayo ntuzwi. Igihe wumvise ko hariho umuganga ariko arita ku rutare kugira ngo atore umuti w’iyo ndwara, uca wumva ugize icizigiro. Urashashaye kwumva amakuru ajanye n’ukuntu ubwo bushakashatsi buriko buragenda. Umusi uri izina, ugiye wumva ko umuti wabonetse! Uwo muganga yubuye uwo muti yaritanze cane kugira ngo uboneke. None wovyakira gute? Nta gukeka ko wokwubaha uwo muganga kandi ukamukengurukira cane kubona yaratumye wewe n’abandi benshi bishoboka ko murokoka ntimuhasige ubuzima.

2 Hari aho wohava uvuga ko ico kintu duhejeje kuvuga kirimwo ukurenza urugero, ariko kirahuje n’uko ivyacu twese vyifashe. Umwumwe wese muri twebwe ivyiwe vyifashe nabi cane kuruta uko ivy’iyo ndwara duhejeje kuvuga bimeze. Turakeneye cane umurokozi. (Soma Abaroma 7:24.) Yehova yaremeye guheba ikintu gihambaye kugira ngo aturokore. Umwana wiwe na we nyene yaragize akigoro kadasanzwe. Nimuze rero turimbure ibibazo bine nyamukuru. Ni kubera iki dukeneye kurokorwa? Yezu vyamusavye iki kugira ngo turokoke? Yehova we vyamusavye iki? Kandi dushobora kwerekana gute ko duha agaciro ukwo kurokorwa kuva ku Mana?

Igituma dukeneye kurokorwa

3. Ni mu buryo ki igicumuro cogereranywa n’ikiza?

3 Ibiharuro biherutse kugirwa vyerekana ko kimwe mu biza vyatikije inganda gusumba ibindi muri kahise k’abantu ari ya nyonko yo muri Esupanye yaduka mu 1918, na yo ikaba yahitanye abantu amamiliyoni mirongo. Izindi ndwara usanga hari ukuntu zitikiza inganda kuruta. Naho zishobora kuba zifata abantu bake, benshi cane muri bo usanga bahasiga ubuzima. a Ariko rero, bite ho hamwe twogereranya igicumuro n’ikiza nk’ico? Niwibuke amajambo dusanga mu Baroma 5:12 agira ati: “Igicumuro cinjiye mw’isi biciye ku muntu umwe urupfu na rwo [ruza] biciye ku gicumuro, gutyo urupfu [rwarakwiye] ku bantu bose kuko bose bari baracumuye.” Kubera ko abantu bose b’abanyagasembwa bacumura, usanga ibice 100 kw’ijana vyabo ari bo bandura igicumuro. (Soma Abaroma 3:23.) None abahitanwa n’igicumuro bangana iki? Paulo yanditse ko igicumuro kizana urupfu “ku bantu bose.”

4. Yehova abona gute ibijanye n’ikiringo cacu co kubaho, kandi ni gute ukwo kuntu abona ibintu gutandukanye n’ukuntu abantu benshi muri iki gihe babibona?

4 Abantu benshi muri iki gihe igicumuro n’urupfu ntibabibona muri ubwo buryo. Usanga bahagaritswe umutima n’ivyo bita ngo ugupfa umuntu ataragera, ariko bakabona ko ari ibisanzwe igihe umuntu ahitanywe n’ubusaza. Biroroshe cane ko abantu bibagira ukuntu Umuremyi abona ibintu. Ikiringo cacu co kubaho ni gito cane ukigereranije n’ukuntu yari yabitegekanije. Mu vy’ukuri, nta muntu n’umwe aramara n’“umusi umwe” ufatiye ku kuntu Yehova abona ibintu. (2 Pet. 3:8) Ni co gituma Ijambo ry’Imana rivuga yuko ubuzima bwacu ari ubw’igihe gitoyi nka kurya kw’ikiringo ivyatsi bimara biriko birakura canke ico impemu zimara zisohotse. (Zab. 39:5; 1 Pet. 1:24) Turakeneye kugumiza ku muzirikanyi ukwo kuntu Yehova abona ibintu. Uti kubera iki? Niba dutahura ko ico twokwita indwara turwaye ari ikintu kidakwiye gufatwa minenegwe, turashobora kurushiriza guha agaciro ico twovuga ko ari umuti waco, na wo akaba ari ukurokorwa kwacu.

5. Ni igiki igicumuro canyaze umwe wese muri twebwe?

5 Kugira ngo dutahure neza ko igicumuro be n’ingaruka zaco ari ibintu bidakwiye gufatwa minenegwe, dutegerezwa kubanza gutegera neza ikintu nya gicumuro catunyaze ico ari co. Ivyo vyoshobora kubanza kutugora gutegera kubera ko igicumuro catunyaze ikintu tutari bwigere turonka. Mu ntango, Adamu na Eva bari bafise ubuzima butunganye. Kubera ko bari bafise umuzirikanyi n’umubiri bitunganye, bari bashoboye gucungera ivyiyumviro vyabo, inyiyumvo zabo be n’ibikorwa vyabo. Gutyo, bari bashoboye kuguma ari abasavyi ba Yehova Imana, bagakoresha ububangukirwe budasanzwe bari bararemanywe. Aho kubigenza gutyo, barashiburiye kure iyo ngabirano ntangere bari barahawe. Kubera ko bahisemwo gucumura kuri Yehova, baratakaje ubuzima yari yageneye abo bantu ba mbere ubwabo be n’abobakomotseko. (Ita. 3:16-19) Muri ico gihe nyene, barikwegeye bongera baradukwegera ya ndwara iteye ubwoba twavuga. Vyari bibereye ko Yehova abacira urubanza. Ariko tweho, araduha icizigiro c’uko tuzorokorwa.​—Zab. 103:10.

Ico Yezu vyamusavye kugira ngo turokorwe

6, 7. (a) Ni gute Yehova yerekanye ari bwo bwa mbere ko vyosavye ikintu gihambaye kugira ngo turokorwe? (b) Ni igiki dushobora kwigira ku bimazi vyatanzwe na Abeli be na ba sekuruza b’imiryango babayeho imbere ya rya Tegeko?

6 Yehova yari azi ko vyosavye ikintu gihambaye kugira ngo abokomotse kuri Adamu na Eva barokorwe. Hariho ikintu twigira mu buhanuzi bwo mw’​Itanguriro 3:15 ku bijanye n’ico ukwo kurokorwa kwosavye. Yehova yotanze “uruvyaro,” ni ukuvuga umurokozi, uno akaba umusi uri izina yosanganguye Shetani, akamurandura ubutagisubira kubaho. Ariko magingo ivyo vyobaye bitaraba, uwo murokozi yobwirijwe kubabazwa, agakomeretswa ku gitsintsiri mu buryo bw’ikigereranyo. None ubwo buhanuzi busobanura iki, narirya ivyo ivyo vyerekana ko umengo yogize umubabaro mwinshi kandi agacika inkokora? Ni ibiki Uwo Yehova yatoye yobwirijwe kwihanganira?

7 Kugira ngo uwo murokozi akize umuryango w’abantu igicumuro, yobwirijwe gutanga impongano, agatuma abantu basubiza hamwe n’Imana biciye ku gukuraho ingaruka z’igicumuro. None ivyo vyobaye birimwo iki? Hariho ibintu vyabaye mu ntango vyerekana ko vyobaye ngombwa ko hatangwa ikimazi. Igihe Abeli wa muntu wa mbere w’umwizigirwa yashikanira Yehova ibimazi vy’ibitungwa, Yehova yaramushimye. Mu nyuma, ba sekuruza b’imiryango batinya Imana ari bo Nowa, Aburahamu, Yakobo be na Yobu barashikanye ibimazi nk’ivyo nyene, bino bikaba vyarahimbaye Imana. (Ita. 4:4; 8:20, 21; 22:13; 31:54; Yobu 1:5) Haciye ibinjana bitari bike, Itegeko rya Musa ryarashimitse cane ku bijanye n’ugutanga ikimazi.

8. Ni ibiki umuherezi mukuru yakora ku Musi w’Impongano waba uko umwaka utashe?

8 Bimwe mu bimazi bihambaye cane vyasabwa na rya Tegeko vyari ivyashikanwa ku Musi w’Impongano waba uko umwaka utashe. Kuri uwo musi, umuherezi mukuru yarakora ibikorwa bitandukanye bifise ico vyagereranya. Yarashikanira Yehova ibimazi kugira ngo ahongere ibicumuro, akabanza guhongera ivy’abagize umugwi w’abaherezi, mu nyuma na ho agahongera ivy’abagize imiryango itari iy’abaherezi. Uwo muherezi mukuru yarinjira Aheranda Rwose h’itaberenakulo canke h’urusengero, akaba yajayo rimwe gusa mu mwaka kuri uwo musi. Ari muri ico kibanza, yaramijagira amaraso y’ivyo bimazi imbere y’isandugu y’isezerano. Rimwe na rimwe vyarashika hejuru y’iyo sandugu nyeranda hakaboneka igicu cakaka kandi gikayangana cerekana ko aho hantu ari imbere ya Yehova Imana.​—Kuv. 25:22; Lew. 16:1-30.

9. (a) Ku Musi w’Impongano, umuherezi mukuru yagereranya nde, kandi ni igiki ibimazi yashikana vyagereranya? (b) Ukuba umuherezi mukuru yarinjira Aheranda Rwose vyagereranya iki?

9 Intumwa Paulo yarahumekewe kugira ngo ahishure ico ivyo bikorwa vyagereranya. Yarerekanye ko uwo muherezi mukuru yagereranya Mesiya, ari we Yezu Kristu, ugutanga ibimazi na kwo kukagereranya urupfu rwa Kristu rwo kwitangako inkuka. (Heb. 9:11-14) Ico kimazi gitunganye cotangiye impongano nyakuri imigwi ibiri y’abantu, ni ukuvuga umugwi w’abaherezi ugizwe n’abavukanyi ba Kristu 144.000 barobanujwe impwemu be n’umugwi ugizwe n’“izindi ntama.” (Yoh. 10:16) Ukuba umuherezi mukuru yarinjira Aheranda Rwose, vyagereranya igihe Yezu yinjira mw’ijuru ubwaho kugira ngo ashikane imbere ya Yehova Imana agaciro k’inkuka y’incungu.​—Heb. 9:24, 25.

10. Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwerekanye ko Mesiya yoshikiwe n’iki?

10 Mu vy’ukuri, vyosavye ikintu gihambaye cane kugira ngo abakomoka kuri Adamu na Eva barokorwe. Mesiya yobwirijwe gutanga ubuzima bwiwe. Abahanuzi bo mu Vyanditswe vy’igiheburayo barashikirije ukwo kuri mu buryo butomoye. Nk’akarorero, umuhanuzi Daniyeli yaravuze adakikiriza yuko ‘Mesiya Segaba yokuweho’ canke yokwishwe, kugira ngo “ibigabitanyo bitangirwe impongano.” (Dan. 9:24-26) Yesaya yari yaravuze yuko Mesiya yokwanswe, agahamwa kandi akicwa ari kwo gucumitwa, kugira ngo yikorere ibicumuro vy’abantu b’abanyagasembwa.​—Yes. 53:4, 5, 7.

11. Ni mu buryo butandukanye ubuhe Umwana wa Yehova yerekanye ko afise umutima ukunze wo kwitangako ikimazi kugira ngo turokorwe?

11 Imbere y’uko Umwana w’ikinege w’Imana aza ng’aha kw’isi, yari azi neza ico vyomusavye kugira ngo turokorwe. Yobwirijwe kubabazwa bimwe biteye ubwoba maze akicwa. Igihe Se wiwe yamwigisha ibijanye n’ukwo kuri, yoba yariyonjoroye canke aragarariza? Aho kubigenza gutyo, yarayobotse n’umutima ukunze ubuyobozi Se yamuha. (Yes. 50:4-6) Muri ubwo buryo nyene, igihe Yezu yari ng’aha kw’isi, yarakoze abigiranye ukugamburuka ivyo Se wiwe agomba. Uti kubera iki? Inyishu imwe yayitanze muri aya majambo agira ati: “[Nda]kunda Data.” Iyindi na yo yayitanze muri aya agira ati: “Nta wufise urukundo ruruta uru: ko umuntu aheba ubuzima bwiwe ku bw’abagenzi biwe.” (Yoh. 14:31; 15:13) Ku bw’ivyo, ukurokorwa kwacu tugukesha ahanini urukundo rw’uwo Mwana wa Yehova. Naho vyamusavye ko atanga ubuzima bwiwe butunganye, yarahimbawe no kubutanga kugira turokorwe.

Ico vyasavye Yehova kugira ngo turokorwe

12. Incungu ni ikintu kigaragaza igomba rya nde, kandi ni kubera iki yayitanze?

12 Yezu si we yatunganije ivy’uko hatangwa inkuka y’incungu. Ahubwo riho, ubwo buryo bwo kurokorwa bwari umuce nyamukuru ujanye n’ivyo Yehova agomba. Intumwa Paulo yarerekanye ko igicaniro co ku rusengero bashikanirako ibimazi, cagereranya ivyo Yehova agomba. (Heb. 10:10) Gutyo rero, Yehova ni we ubwa mbere na mbere dukesha ukurokorwa biciye ku nkuka ya Kristu. (Luka 1:68) Ivyo biragaragaza ukugomba kwa Yehova gutunganye be n’urukundo ruhambaye akunda abantu.​—Soma Yohani 3:16.

13, 14. Akarorero ka Aburahamu gashobora gute kudufasha gutahura ivyo Yehova yakoze ku bwacu?

13 None Yehova vyamusavye iki kugira ngo agaragaze urwo adukunda muri ubwo buryo? Biragoye ko tubitegera neza. Ariko, hari inkuru yo muri Bibiliya ishobora kudufasha kurushiriza kubitegera neza. Yehova yarasavye wa mugabo w’umwizigirwa Aburahamu gukora ikintu c’amananiza, na co kikaba kwari ugutanga umwana wiwe Izahaki kw’ikimazi. Mu bisanzwe Aburahamu yari umuvyeyi munyarukundo. Ku vyerekeye Izahaki, Yehova yabwiye Aburahamu ati: “Umwana wawe w’ikinege ukunda.” (Ita. 22:2) Naho vyari ukwo, Aburahamu yabona ko gukora ivyo Yehova agomba vyari bihambaye kuruta mbere urukundo yakunda Izahaki. Aburahamu yaremeye gukora ico kintu yari asabwe maze aragamburuka. Ariko rero, Yehova ntiyaretse ngo Aburahamu akore ico umusi uri izina we ubwiwe yokoze. Imana yararungitse umumarayika kugira ngo abuze Aburahamu asigaje gato gusa ngo atange umwana wiwe kw’ikimazi. Aburahamu yari yiyemeje cane kugamburukira Imana yiwe muri ico kigeragezo kigoye ku buryo yumva adakeka ko yosubiye kubona uwo muhungu wiwe biciye gusa kw’izuka. Yamara yarizera agaherezako yuko Imana yozuye uwo muhungu wiwe. Nkako, Paulo yaravuze yuko Aburahamu yasubiye kubona Izahaki biciye kw’izuka, “mu buryo bw’ikigereranyo.”​—Heb. 11:19.

14 Woba ushobora kugerageza kwiyumvira umubabaro Aburahamu yagize igihe yariko yitegurira gutanga umwana wiwe kw’ikimazi? Ivyashikiye Aburahamu hari ukuntu bidufasha kugereranya umubabaro Yehova yagize igihe yatanga kw’ikimazi uwo yise ko ari “Umwana [wiwe], umukundwa.” (Mat. 3:17) Ariko, niwibuke ko umubabaro Yehova yagize ushobora kuba wari mwinshi kuruta. We hamwe n’Umwana wiwe, bari bamaze imyaka amamiliyoni adaharurwa, kumbure mbere imyaka amamiliyaridi bari kumwe. Uwo Mwana yarakoranye na Se wiwe n’umunezero mwinshi ari “umukozi [wiwe] w’umuhanga” akunda, akaba n’Umuvugizi wiwe ari we “Jambo.” (Imig. 8:22, 30, 31; Yoh. 1:1) Umubabaro Yehova yihanganiye igihe Umwana wiwe yakubagurwa, agatyekezwa maze akicwa nk’inkozi y’ikibi, uraruta kure n’iyo uwo dushobora kwiyumvira. Emwe, Yehova vyamusavye ikintu gihambaye kugira ngo turokorwe! Dushobora gute none kwerekana ko duha agaciro ukwo kurokorwa?

Wokwerekana gute ko uha agaciro ukurokorwa?

15. Yezu yasozereye gute igikorwa co gutanga impongano, kandi ni ibiki ico gikorwa cashitseko?

15 Inyuma y’aho Yezu azuriwe akaja mw’ijuru ni ho yasozera ico gikorwa gihambaye co gutanga impongano. Aho asubiriye kwa Se wiwe mukundwa, yaramushikirije agaciro k’inkuka yatanze. Abantu baciye baronswa imihezagiro ihambaye. Vyarashobotse ko ibicumuro biharirwa buhere, hakaba hatanguye ivy’abavukanyi ba Kristu barobanuwe, hakurikira ibicumuro “vy’isi yose.” Biciye kuri iyo nkuka, muri iki gihe abantu bose bigaya vy’ukuri ibicumuro vyabo maze bakaba abayoboke ba Kristu b’ukuri barashobora kubonwa ko badahumanye mu nyonga za Yehova Imana. (1 Yoh. 2:2) Ni mu buryo ki ivyo bikwerekeye?

16. Nutange akarorero kerekana igituma dukwiye gukenguruka kubona Yehova yaratumye bishoboka ko turokorwa?

16 Reka tugaruke kuri ka karorero katangwa mu ntango y’iki kiganiro. Dufate ko wa muganga yatoye wa muti w’indwara abwiye ba barwayi muri kumwe ati: ‘Umurwayi wese yemeye gufata uwu muti kandi agakurikiza neza amabwirizwa yose ajanye na wo, nta kabuza ko azokira.’ Bite ho mu gihe benshi mu barwayi muri kumwe bokwanka gukurikiza ubuyobozi nya muganga yatanze, bakavuga yuko ngo gufata uwo muti canke gukurikiza ayo mabwirizwa ata kindi vyokora atari ugusongera isibe? Woba wobashigikira, naho nyene woba ufise ibimenyamenya bijijura vyerekana ko uwo muti uvura neza iyo ndwara? Oya na we nu! Nta gukeka ko wokenguruka cane kubona uronse uwo muti kandi ugakurikiza witonze ubuyobozi nya muganga yatanze, kumbure ukaba wonabwira abandi ingingo wafashe. Mu buryo buruta kure n’iyo ivyo duhejeje kuvuga, umwe wese muri twebwe arakwiye kugaragaza ko ashashaye kwereka Yehova ukuntu akenguruka kubona yaratumye bishoboka yuko turokorwa biciye ku nkuka y’incungu y’Umwana wiwe.​—Soma Abaroma 6:17, 18.

17. Ni mu buryo butandukanye ubuhe wokwerekana ko ukenguruka ivyo Yehova yakoze kugira ngo akurokore?

17 Niba dukenguruka ivyo Yehova be n’Umwana wiwe bakoze kugira ngo dukurweko igicumuro n’urupfu, tuzovyerekana. (1 Yoh. 5:3) Tuzorwanya impengamiro yacu yo gukora igicumuro. Ntituzokwigera twisuka mu gukora igicumuro nkana maze ngo tugire ubuzima burimwo tubiri kandi bw’ubwiyorobetsi, ubwo akenshi abakora igicumuro nkana usanga baca bagira. Kugira ingendo nk’iyo nta ho vyoba bitaniye n’ukuvuga ko tudaha agaciro incungu canke ko tutayikenguruka namba. Ahubwo riho tuzogaragaza ugukenguruka kwacu mu kwihatira kuguma tudahumanye mu nyonga z’Imana. (2 Pet. 3:14) Tuzobigaragaza mu kubwira abandi icizigiro ciza igitangaza dufise c’ukurokorwa, kugira ngo na bo bashobore kubonwa ko badahumanye imbere ya Yehova bongere bagire icizigiro co kuzobaho ibihe bidahera. (1 Tim. 4:16) Ata gukeka, birabereye ko Yehova n’Umwana wiwe tubahebera umwanya wacu be n’inguvu zacu ukwo vyoba bingana kwose kugira ngo tubashemeze! (Mrk. 12:28-30) Nuzirikane kuri iki kintu! Turashobora kwitegana igishika igihe tuzoba twakize igicumuro bimwe bishitse. Tuzoshobora kubaho ibihe bidahera turi abantu batunganye nk’uko Imana yari yarabitegekanije, ivyo vyose tukaba tubikesha ivyo Yehova yakoze kugira ngo aturokore!​—Rom. 8:21.

[Utujambo tw’epfo]

a Bivugwa yuko ya nyonko yo muri Esupanye yafashe abantu bari hagati y’ibice 20 n’ibice 50 kw’ijana vy’ababa kw’isi bose ico gihe. Umugera w’iyo ndwara ushobora kuba wahitanye abantu bari hagati y’igice 1 gushika ku bice 10 kw’ijana vy’abari bawanduye. Igihushanye n’ivyo, abantu bake ni bo bandura umugera wa Ebola, ariko mu biringo bimwebimwe iyo ndwara yagiye iraduka usanga yahitanye ibice hafi 90 kw’ijana vy’abari banduye umugera wayo.

Wokwishura gute?

• Ni kubera iki ukeneye kurokorwa bimwe vyihutirwa?

• Kuba Yezu yaritanze bigira ico bikoze gute kuri wewe?

• Wewe wumva umerewe gute ku bijanye n’ingabirano y’incungu Yehova yatanze?

• Wewe wumva usunikiwe gukora iki kubera intunganyo Yehova yashizeho yo kukurokora?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Ifoto ku rup. 27]

Ku Musi w’Impongano, umuherezi mukuru wa Isirayeli yagereranya Mesiya

[Ifoto ku rup. 28]

Ukuba Aburahamu yaragize umutima ukunze wo gutanga umwana wiwe kw’ikimazi biratwigisha vyinshi ku bijanye n’ikimazi gihambaye kuruta Yehova yatanze