Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Ni icigwa ikihe kiri mu Migani 24:27?

Mu guhanura umusore, umwanditsi w’igitabu c’Imigani avuga ati: “Tunganya ibikorwa vyawe vyo hanze, uvyiroranirize mu ndimiro, hanyuma uz’ubone kwubaka inzu.” Ni icigwa ikihe none kiriko kiratangwa muri uyu mugani wahumetswe? Ni ic’uko umuntu akwiye kwitegura neza imbere y’uko yubaka urwiwe bwite maze agatanguza umuryango wiwe, akaba atahura neza amabanga ajanye n’iyo ndagano.

Kera, uwo murongo warigeze kuza urasigurwa mu buryo butanga iciyumviro c’uko umunega akaba na sebibondo, adategerezwa kwitwararika akazi k’ivy’umubiri gusa ariko kandi ko ategerezwa gukora kugira ngo yubake canke aremeshe umuryango wiwe, nko mu kwigisha ivy’impwemu abawugize. Naho ico ciyumviro ari ic’ukuri koko kandi kikaba gishingiye ku Vyanditswe, biboneka ko atari co kintu nyamukuru uwo murongo ushaka kuvuga. Uti kubera iki? Reka turimbure imvo zibiri zibituma.

Ubwa mbere, uwo murongo ntuvuga ibijanye no kwubaka mu buryo bwo kuremesha canke gukomeza umuryango umaze gushingwa. Ahubwo riho, uwo murongo utanga iciyumviro co kwubaka inzu nyakuyubaka. Ijambo ryahinduwe ngo “kwubaka” ryoshobora kandi gukoreshwa mu buryo bw’ikigereranyo mu bijanye no kwubaka canke gushinga umuryango, ni ukuvuga kwabira no kuvyara abana.

Ubwa kabiri, uwo murongo urashimika ku gukora ibintu mu rutonde rubereye, nk’uko umengo twovuga ngo “ubwa mbere ukore iki, hanyuma uce ukora kirya.” None uwo mugani woba utanga iciyumviro c’uko amabanga yo mu buryo bw’umubiri aza imbere y’ayo mu buryo bw’impwemu? Habe namba!

Mu bihe vya Bibiliya, igihe umusore yaba ashaka “kwubaka inzu” yiwe, ari kwo gutanguza umuryango biciye ku kwabira, yari akeneye kwibaza ati: ‘Noba niteguriye kwitwararika no gushigikira umukenyezi be n’abana bose twokwibaruka mu nyuma?’ Imbere y’uko atanguza umuryango, yari afise igikorwa yategerezwa gukora kijanye no kwitwararika imirima yiwe canke ibiterwa vyiwe. Ku bw’ivyo, Bibiliya imwe (Today’s English Version) ihindura uwo murongo mu buryo butomoye iti: “Ntiwubake inzu yawe maze ngo utanguze urugo imirima yawe itarera, ni ho uzokwiyemeza neza ko ushobora kubaho.” None iyo ngingo ngenderwako nyene, yoba ikora no muri kino gihe?

Ego cane. Umuntu agomba kwubaka urwiwe arakeneye kwitegurira iryo banga mu buryo bubereye. Niba amagara yiwe abimukundira, azobwirizwa gukora. Mu bisanzwe, igikorwa umuntu akora yivuye inyuma mu bijanye no kwitwararika umuryango wiwe ntigikwiye kugarukira ku bintu vy’umubiri gusa. Ijambo ry’Imana ryerekana ko umugabo adashitsa ivyo umuryango wiwe ukeneye mu vy’umubiri, mu vy’inyiyumvo be no mu vy’impwemu aba ari mubi kurusha uwutagira ukwizera! (1 Tim. 5:8) Ku bw’ivyo, igihe umusore yitegurira kwubaka urwiwe be n’ubuzima bwo mu rugo, arakwiye kwibaza ibibazo nk’ibi: ‘Noba niteguye neza kugira ngo ndonse umuryango ivyo ukeneye mu vy’umubiri? Noba niteguriye kuyobora umuryango wanje mu vy’impwemu? Noba nzoshitsa ibanga njejwe ryo kwigisha umuryango wanje Bibiliya ntahorereza?’ Nta gukeka ko Ijambo ry’Imana rishimika cane kuri ayo mabanga.​—Gus. 6:6-8; Ef. 6:4.

Ku bw’ivyo, umusore arondera umukenyezi arakwiye kuzirikana yitonze kuri iyo ngingo ngenderwako dusanga mu Migani 24:27. Vyoba vyiza inkumi na yo nyene yibajije nimba yiteguriye amabanga yo kuba umukenyezi na inabibondo. Abubakanye bakiri bato barakwiye kwibaza ibibazo nk’ivyo igihe biyumvira ibijanye n’ibanga ryo kurera abana. (Luka 14:28) Igihe abasavyi b’Imana babayeho bisunga ubwo buyobozi bwahumetswe vyoshobora kubafasha kwirinda ibintu vyinshi bivuna umutima maze bakinovora ubuzima bwo mu rugo buhimbaye.

[Iciyumviro ku rup. 12]

Ni ibibazo ibihe vyerekeye umubano w’ababiranye umusore akwiye kwibaza?