Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Mubane amahoro n’abantu bose”

“Mubane amahoro n’abantu bose”

“Mubane amahoro n’abantu bose”

“Nimba bishoboka, uko bivana namwe kwose, mubane amahoro n’abantu bose.”​—ROM. 12:18.

1, 2. (a) Ni imburi iyihe Yezu yahaye abayoboke biwe? (b) Ni hehe dushobora gukura impanuro zijanye n’ingene twovyifatamwo igihe turwanijwe?

 YEZU yaraburiye abayoboke biwe ko borwanijwe n’amahanga yo mw’isi, kandi mw’ijoro ry’imbere y’urupfu rwiwe, yarasiguye igituma ivyo vyobaye. Yabwiye intumwa ziwe ati: “Iyo muba ab’isi, isi yokunze cane icayo. Ariko kubera ko mutari ab’isi, mugabo nkaba nabatoye mw’isi, ni co gituma isi ibanka.”​—Yoh. 15:19.

2 Intumwa Paulo yariboneye ko ayo majambo ya Yezu ari ay’ukuri. Mw’ikete ryiwe rigira kabiri yandikiye mugenziwe yari akiri muto Timoteyo, Paulo yavuze ati: “Wewe warakurikiraniye hafi inyigisho yanje, ingendo yanje y’ubuzima, umugambi wanje washinzwe, ukwizera kwanje, ukwiyumanganya kwanje, urukundo rwanje, ukwihangana kwanje, uguhamwa kwanje, imibabaro yanje.” Paulo yaciye yongerako ati: “Nkako, abo bose bipfuza kubaho mu kwihebera Imana bifatanije na Kristu Yezu na bo nyene bazohamwa.” (2 Tim. 3:10-12) Mu kigabane ca 12 c’ikete Paulo yandikiye abakirisu b’i Roma, yarabahaye impanuro ziranga ubukerebutsi zijanye n’ingene bovyifashemwo igihe barwanijwe. Ivyo yavuze birashobora kutuyobora muri kino gihe c’iherezo.

‘Dukore ivyiza’

3, 4. Ni gute impanuro dusanga mu Baroma 12:17 yoshirwa mu ngiro (a) mu rugo rugizwe n’abadasangiye ukwizera? (b) mu vyo tugiranira n’ababanyi bacu?

3 Soma Abaroma 12:17. Paulo yasiguye ko igihe turwanijwe, tudakwiye guca tugera ingere ku yindi. Kwumvira iyo mpanuro birahambaye canecane mu ngo usanga zigizwe n’abadasangiye ukwizera. Umukirisu yubakanye n’uwutizeye arananira ibimugerageza ngo agere ingere ku yindi, haba mu mvugo canke mu ngiro. Nta ciza kiri mu ‘kwishura ikibi ku kindi.’ Ahubwo riho, mwene ako gatima gashobora gusa gutuma ibintu vyunyuka.

4 Paulo arerekana ukuntu umuntu yovyifatamwo neza, ati: “Mukore ivyiza mu maso y’abantu bose.” Mu rugo, iyo umukenyezi agaragarije umunega wiwe ubuntu nyakuri igihe uno aba avuze nabi ivyo yemera, yoshobora kuba ahwamitse ako gasomborotso. (Imig. 31:12) Uwitwa Carlos, ubu akaba ari uwo mu bagize umuryango wa Beteli mu gihugu kimwe, arigana ingene nyina wiwe yihanganiye ukurwanywa gukaze kwava kuri se wiwe mu kuguma amugaragariza ubuntu no mu kwitwararika neza ivyo mu rugo. Avuga ati: “Twebwe abana, yama aturemesha kwubaha dawe. Yaransaba ashimitse ko nokinana na dawe ama boules (umukino Abafaransa bakina bakoresheje ikintu kinini ciburungushuye, bakaba bagitembagaza kugira bageme utuntu dukozwe mu mbaho baba batondetse ahantu), naho uwo mukino atari wo nakunda. Yamara ivyo vyaratuma dawe yumva amerewe neza.” Yahavuye atangura kwiga Bibiliya mu nyuma arabatizwa. Kubera ko Ivyabona vya Yehova bakora “ivyiza mu maso y’abantu bose,” akenshi baratsinze umwikeko mu gufasha mu buryo ngirakamaro ababanyi babo igihe haba hateye icago.

Ingene ukurwanywa twogushongesha “amakara yaka”

5, 6. (a) Ni mu buryo ki umuntu arunda “amakara yaka” ku mutwe w’umwansi wiwe? (b) Nuvuge ivyabaye aho iwanyu vyerekana ingene gushira mu ngiro impanuro yo mu Baroma 12:20 bishobora kuvamwo ivyiza.

5 Soma Abaroma 12:20. Mu guhitamwo amajambo Paulo yakoresheje muri ico canditswe, nta gukeka ko yari afise mu muzirikanyi amajambo dusoma mu Migani 25:21, 22, agira ati: “Umwansi wawe ni yasonza umugaburire, ni yagira inyota umuhe amazi yo kunywa: kuk’uzoba umurunzekw amakara yaka ku mutwe, kand’Uhoraho azoguhēra.” Twisunze impanuro dusanga mu Baroma ikigabane ca 12, Paulo ntiyashaka na gato kuvuga yuko ayo makara y’ikigereranyo yasobanura uguhana uwuturwanya canke kumumaramaza. Ahubwo riho, amajambo yo muri uwo mugani be n’ayo Paulo yavuze mu Baroma asa na yo, bisa n’uko yerekeza ku buryo bwa kera bwakoreshwa mu gushongesha ubutare. Incabwenge imwe yo mu kinjana ca 19 yo mu Bwongereza yitwa Charles Bridges yavuze iti: “Ubutare bugumye cane nubukikuze umuriro hasi no hejuru; ntubushire hejuru yawo gusa, ariko uburundeko amakara yaka. [Abantu bakeyi ni bo usanga bafise] imitima ikomantaye cane ku buryo itoshongeshwa n’ububasha bukomeye bw’ukwihangana, ukwibabaza be n’urukundo rururumba.”

6 Nka kurya kw’“amakara yaka,” ibikorwa biranga ubuntu birashobora gucanira imitima y’abaturwanya maze kumbure bigashongesha urwanko rwabo. Ibikorwa biranga ubuntu abasavyi ba Yehova bakora vyoshobora gutuma abantu barushiriza kubabona mu buryo bwiza no kwakira neza ubutumwa bwo muri Bibiliya bamamaza. Intumwa Petero yanditse ati: “Mugumane ingeso nziza mu mahanga, kugira ngo, mu kintu babavugamwo nabi nk’inkozi z’ibibi, bivuye ku bikorwa vyanyu vyiza bibonera, baninahaze Imana ku musi w’igendura ryayo.”​—1 Pet. 2:12.

‘Tubane amahoro n’abantu bose’

7. Ni amahoro nyabaki Kristu asigira abigishwa biwe, kandi ayo mahoro akwiye kutuvyurira umutima wo gukora iki?

7 Soma Abaroma 12:18. Mw’ijoro rya nyuma Yezu yamaranye n’intumwa ziwe, yababwiye ati: “Ndabasigiye amahoro, ndabahaye amahoro yanje.” (Yoh. 14:27) Amahoro Kristu asigira abigishwa biwe ni ugutekana kwo mu mutima bagira igihe biyumvamwo ko bakundwa kandi bemerwa na Yehova Imana be n’Umwana wiwe mukundwa. Ayo mahoro yo mu mutima akwiye gutuma tubana amahoro n’abandi. Abakirisu b’ukuri ni abantu bakunda amahoro bakaba n’indemeshamahoro.​—Mat. 5:9.

8. Dushobora gute kuba indemeshamahoro i muhira no mw’ishengero?

8 Uburyo bumwe bwo kuba indemeshamahoro mu muryango ni ugutorera umuti ukutumvikana mu maguru masha uko bishoboka kwose aho kureka ngo ibintu birushirize kuba nabi. (Imig. 15:18; Ef. 4:26) Ukwo ni ko bimeze no mw’ishengero rya gikirisu. Intumwa Petero arerekana isano riri hagati yo gukurikirana amahoro no kurinda ururimi. (1 Pet. 3:10, 11) Yakobo amaze gutanga impanuro ikomeye ku bijanye no gukoresha neza ururimi be n’igituma bikenewe kwirinda ishari n’agatima k’amahane, na we yanditse ati: “Ubukerebutsi buva hejuru imbere ya vyose ni ubutanduye, maze bukaba ubw’amahoro, bugira ibitegereka, bugabirije kugamburuka, bwuzuye imbabazi n’ivyamwa vyiza, ntibusobanura abantu mu kugira nkunzi, ntibwiyorobeka. Vyongeye, urubuto rw’icamwa c’ubugororotsi rubibwa mu mahoro ku bariko baremesha amahoro.”​—Yak. 3:17, 18.

9. Ni igiki dukwiye kugumiza ku muzirikanyi uko tugerageza “[kubana] amahoro n’abantu bose”?

9 Mu majambo Paulo yavuze dusanga mu Baroma 12:18, arerekana ko tudakwiye kubana amahoro n’abandi mu muryango be no mw’ishengero gusa. Avuga ko dukwiye “[kubana] amahoro n’abantu bose.” Muri abo harimwo ababanyi bacu, abo dukorana, abo twigana be n’abantu duhura mu busuku turangura ku mugaragaro. Ariko rero iyo ntumwa irasa n’iyisigura iyo mpanuro mu kuvuga iti: “Nimba bishoboka, uko bivana namwe kwose.” Ivyo bisobanura ko dukora ibintu vyose vyumvikana dushoboye kugira ngo ‘tubane amahoro na bose,’ ariko atari ku buryo turenga ku ngingo ngenderwako z’Imana.

Uguhora ni ukwa Yehova

10, 11. Ni mu buryo ki “[duha] akaryo uburake,” kandi ni kubera iki ivyo bibereye?

10 Soma Abaroma 12:19. Naho boba ari “abafise agatima katabereye” ku bijanye n’igikorwa turangura be n’ubutumwa dushikiriza, aho hakaba harimwo abaturwanya imbonankubone, tuzoguma “[twi]yumanganije mu mibabaro” kandi dukore “mu bwitonzi.” (2 Tim. 2:23-25) Paulo ahanura abakirisu ko badakwiye kwihora, ariko ko bakwiye “[guha] akaryo uburake.” Ni uburake bwa nde Paulo ariko yerekezako? Ntariko avuga ko dukwiye guha akaryo uburake bwacu bwite. Biragaragara ko duha akaryo uburake bw’Imana. Kubera ko turi abakirisu, turazi ko uguhora atari ukwacu. Umwanditsi wa Zaburi yanditse ati: “Reka ishavu, va mu burake, ntuhagarike umutima, kukw ico kizana gukora ibibi gusa.” (Zab. 37:8) Salomo na we yahanuye ati: “Ntukavuge, uti Nzokwihōra ikibi nagiriwe: Ni witege Uhoraho, ni we azogukiza.”​—Imig. 20:22.

11 Igihe abaturwanya batugiriye nabi, kureka Yehova akaba ari we abihanira niba abona ko bibereye be no ku gihe abona ko kibereye, ni co kintu kiranga ubukerebutsi twokora. Mu kwerekana ko uburake bwa Yehova ari bwo yashaka kuvuga, Paulo yongeyeko ati: “Vyanditswe ngo: ‘Uguhora ni ukwanje; ni jewe nzosubiriza mu nkoko, ni ko Yehova avuga.’” (Gereranya no Gusubira mu vyagezwe 32:35.) Hamwe twogerageza kwihora, twoba turiko turakora ikintu kiranga ubwibone, tukiha gukora ivyo Yehova wenyene afitiye uburenganzira. N’ikindi kandi, twoba turiko turerekana ko tutizera uwu muhango Yehova atanga ugira uti: “Ni je nzosubiriza mu nkoko.”

12. Uburake bwa Yehova buzohishurwa ryari, kandi gute?

12 Mu ntango y’iryo kete Paulo yandikiye Abaroma, yavuze ati: “Uburake bw’Imana buriko burahishurwa buvuye mw’ijuru ku kutibanga Imana kwose no ku kutagororoka kwose kw’abantu bakandamiza ukuri mu buryo bw’ukutagororoka.” (Rom. 1:18) Uburake bwa Yehova buzohishurwa buvuye mw’ijuru biciye ku Mwana wiwe igihe ca “ya makuba akomeye.” (Ivyah. 7:14) Ivyo bizoba ari “ikimenyamenya c’urubanza rugororotse rw’Imana,” nk’uko Paulo yabisiguye mu rindi kete ryo mu makete yiwe yahumetswe, ati: “Kuko ari ibigororotse ku Mana kwishura amakuba abayabateza, mugabo, mwebwe abatezwa amakuba, ukuruhurirwa hamwe natwe igihe c’ihishurwa ry’Umukama Yezu avuye mw’ijuru ari kumwe n’abamarayika biwe b’ububasha mu muriro uyingana, niyazana uguhora ku batazi Imana be n’abatagamburukira inkuru nziza yerekeye Umukama wacu Yezu.”​—2 Tes. 1:5-8.

Dutsindishe ikibi iciza

13, 14. (a) Ni kubera iki tudatangara igihe turwanijwe? (b) Dushobora gute guhezagira abaduhama?

13 Soma Abaroma 12:14, 21. Kubera ko twizigiye tudakeka ko Yehova azoshitsa imigambi yiwe yose, turashobora kwitunira kuri ca gikorwa yadushinze co kwamamaza ‘mw’isi yose inkuru nziza y’ubwami,’ tuzi ko ata co tuzoba. (Mat. 24:14) Turazi ko ico gikorwa ca gikirisu kizotuma abansi bacu bashavura, kuko Yezu yatuburiye ati: “Muzokwankwa n’amahanga yose muhorwa izina ryanje.” (Mat. 24:9) Ni co gituma tudatangara canke ngo ducike intege igihe turwanijwe. Intumwa Petero yanditse ati: “Bakundwa, ntimuzazanirwe n’umuriro waka muri mwebwe, uwuriko ubashikira ku bw’ukugeragezwa, nk’aho mwoba muriko mushikirwa n’ikintu c’akatabonetse. Ahubwo, mubandanye kunezerwa kuko muri abasangira imibabaro ya Kristu.”​—1 Pet. 4:12, 13.

14 Aho kugirira inzigo abaduhama, turagerageza kubamurikira, tuzi yuko hari aboba babiterwa n’ukutamenya. (2 Kor. 4:4) Turihatira gukurikiza impanuro ya Paulo igira iti: “Mugume muhezagira ababahama; muhezagire, ntimuvume.” (Rom. 12:14) Uburyo bumwe bwo guhezagira abaturwanya ni mu kubasabira. Yezu yavuze muri ya Nsiguro yiwe yo ku Musozi, ati: “Mushishikare gukunda abansi banyu, kugirira neza ababanka, guhezagira ababavuma, gusabira ababatuka.” (Luka 6:27, 28) Afatiye ku vyamushikiye, intumwa Paulo yari azi ko umuntu ahama abandi ashobora gucika umwigishwa wa Kristu w’umwizigirwa be n’umusavyi wa Yehova w’umunyamwete. (Gal. 1:13-16, 23) Mu rindi kete, Paulo yavuze ati: “Iyo turiko turatukwa, turahezagira; iyo turiko turahamwa, turarindirako; iyo turiko turambikwa ibara, turinginga.”​—1 Kor. 4:12, 13.

15. Ni ubuhe buryo bwiza kuruta ubundi bwose bwo gutsindisha ikibi iciza?

15 Ku bw’ivyo, umukirisu w’ukuri arumvira iyi mpanuro dusanga mu murongo usozera Abaroma ikigabane ca 12 igira iti: “Ntureke ngo utsindwe n’ikibi, ahubwo ugume utsindisha ikibi iciza.” Shetani wa Mubesheranyi ni we ikibi cose gikomokako. (Yoh. 8:44; 1 Yoh. 5:19) Mu vyo intumwa Yohani yahishuriwe, Yezu yarerekanye ko abavukanyi biwe barobanuwe “[batsinze Shetani] kubera amaraso ya wa Mwagazi w’intama no kubera ijambo ry’ugushinga intahe kwabo.” (Ivyah. 12:11) Ivyo vyerekana ko uburyo bwiza kuruta ubundi bwose bwo gutsinda Shetani be n’akosho kabi agira ku vy’iyi si, ari ugukora iciza biciye ku gikorwa turangura co gushinga intahe, tukamamaza inkuru nziza y’Ubwami.

Tunezerwe mu cizigiro

16, 17. Mu Baroma ikigabane ca 12 hatwigishije iki ku bijanye (a) n’ukuntu dukwiye gukoresha ubuzima bwacu? (b) n’ukuntu dukwiye gukorana n’abandi mw’ishengero? (c) be n’ukuntu dukwiye gufata abarwanya ivyo twizera?

16 Umwihwezo mugufi twagize w’ikigabane ca 12 c’ikete Paulo yandikiye abakirisu b’i Roma watwibukije ibintu vyinshi. Twabonye yuko twebwe abasavyi ba Yehova bamwiyeguriye dukwiye kugira umutima ukunze wo kumushikanira ibimazi. Tubitumwe n’impwemu y’Imana, turashikana ibimazi n’umutima ukunze kubera ko twajijutse biciye ku bubasha bwacu bwo kwiyumvira yuko ivyo ari vyo Imana igomba. Turarurumba impwemu kandi tugakoresha ingabirano zitandukanye dufise tubigiranye umwete. Turasukura tubigiranye ukwicisha bugufi kwose kubereye be n’ukwifata ruto, tugakora uko dushoboye kwose kugira ngo tuzigame ubumwe twebwe abakirisu dufitaniye. Turakurikira ingendo y’ubwakiranyi kandi tukagaragariza abandi impuhwe nyakuri.

17 Vyongeye, mu Baroma ikigabane ca 12 turahasanga impanuro nyinshi zijanye n’ingene dukwiye kuvyifatamwo igihe turwanijwe. Ntidukwiye kwishura ikibi ku kindi. Turakwiye kugerageza gutsindisha ukurwanywa ibikorwa biranga ubuntu. Uko bishoboka kwose, tutarinze kurenga ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya, turakwiye kwihata tukabana amahoro n’abantu bose. Iyo mpanuro irakora mu muryango, mw’ishengero, mu babanyi, ku kazi, kw’ishure be no mu busuku turangurira ku mugaragaro. N’igihe nyene turwanijwe imbonankubone, turakora uko dushoboye kwose kugira ngo ikibi tugitsindishe iciza, tukibuka yuko uguhora ari ukwa Yehova.

18. Mu Baroma 12:12 haduhanura gukora ibintu bitatu ibihe?

18 Soma Abaroma 12:12. Uretse izo mpanuro zose ziranga ubukerebutsi kandi z’ingirakamaro, hariho ibintu bitatu Paulo aduhanura gukora. Kubera yuko tutokwigera dukora ivyo bintu vyose tudafashijwe na Yehova, iyo ntumwa iduhanura ngo “[du]shishikare gusenga.” Ivyo bizotuma dushobora gukurikiza iyindi mpanuro aduha yo ‘kwihangana mu makuba.’ Ubwa nyuma, turakeneye kugumiza imizirikanyi yacu kuri kazoza Yehova atubikiye kandi ‘tukanezerwa mu cizigiro’ co kubaho ibihe bidahera, haba mw’ijuru canke ng’aha kw’isi.

Mu buryo bw’isubiramwo

• Dukwiye kuvyifatamwo gute igihe turwanijwe?

• Ni hehe dukwiye kugerageza kuba indemeshamahoro, kandi gute?

• Kubera iki tudakwiye kurondera kwihora?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Ifoto ku rup. 8]

Gusahiriza ababanyi bacu mu buryo ngirakamaro vyoshobora kudufasha gutsinda umwikeko

[Ifoto ku rup. 9]

Woba wihatira kuba indemeshamahoro mw’ishengero?