Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Muri abagenzi banje”

“Muri abagenzi banje”

“Muri abagenzi banje”

“Muri abagenzi banje nimba mukora ico ndabategetse.”​—YOH. 15:14.

1, 2. (a) Abagenzi ba Yezu bava mu mice itandukanye iyihe y’ubuzima? (b) Ni kubera iki bihambaye ko tuba abagenzi ba Yezu?

 ABAGABO bari bicaranye na Yezu mu cumba co hejuru bari abantu bava mu mice itandukanye y’ubuzima. Petero na mwene wabo Andereya bari bahoze ari abarovyi. Matayo yahora ari umutozakori, ako kakaba kari akazi Abayuda bakengera. Bishoboka ko bamwe muri bo, nka Yakobo na Yohani, bari bazi Yezu kuva akiri umwana mutoyi. Abandi na bo, nka Natanayeli, bashobora kuba bari bamaze imyaka mikeyi gusa bamumenye. (Yoh. 1:43-50) Yamara, abari ng’aho bose muri rya joro ridasanzwe bahimbarizako Pasika i Yeruzalemu bari barajijutse yuko Yezu ari we Mesiya yari yarasezeranywe, Umwana w’Imana nzima. (Yoh. 6:68, 69) Nta gukeka ko bategerezwa kuba barakozwe ku mutima no kwumva ababwira ati: “Nabise abagenzi, kuko ibintu vyose numvise kuri Data nabibamenyesheje.”​—Yoh. 15:15.

2 Ku bwa ngingo, ayo majambo Yezu yabwiye intumwa ziwe z’intahemuka yerekeye abakirisu bose barobanuwe hamwe na bagenzi babo bo mu “zindi ntama.” (Yoh. 10:16) Twaba tuva mu muce uwuhe w’ubuzima, turashobora guterwa agateka ko kuba abagenzi ba Yezu. Ubugenzi dufitaniye na Yezu burahambaye cane kubera yuko kuba abagenzi biwe bituma tuba kandi abagenzi ba Yehova. Nkako, ntibishoboka ko twiyegereza Yehova tutabanje kwiyegereza Kristu. (Soma Yohani 14:6, 21.) Ni ibiki none dutegerezwa gukora kugira ngo tube abagenzi ba Yezu twongere tuzigame ubwo bugenzi dufitaniye na we? Imbere y’uko duca irya n’ino ico kibazo gihambaye, nimuze turimbure akarorero Yezu ubwiwe yatanze mu bijanye no kuba umugenzi mwiza maze turabe ico dushobora kwigira ku kuntu abigishwa biwe bakiriye ubugenzi yari afitaniye na bo.

Akarorero Yezu yatanze mu bijanye no kuba umugenzi mwiza

3. Yezu yamenyekaniye ku ki?

3 Wa Mwami w’inkerebutsi Salomo yanditse ati: “Umutunzi agira abakunzi benshi.” (Imig. 14:20) Ayo majambo arerekana muri make impengamiro abantu b’abanyagasembwa bafise yo kugiranira n’abandi ubugenzi bushingiye ku vyo bashobora guhabwa, atari ku vyo bashobora gutanga. Yezu ntiyagaragaje mwene ubwo bugoyagoye. Ntiyatwarwa n’itunga umuntu afise canke ikibanza umuntu afise mu kibano. Ego ni ko, Yezu yarumvise akunze umutware umwe akiri muto w’umutunzi maze aramuha ubutumire bwo kumukurikira. Ariko, Yezu yarategetse uwo mugabo kugurisha ivyo afise vyose maze akabiha aboro. (Mrk. 10:17-22; Luka 18:18, 23) Yezu ntiyamenyekaniye ku kuba yarifatanya n’abatunzi be n’abantu bakomakomeye, ahubwo yamenyekaniye ku kuba yakunda abantu baciye bugufi kandi bakengeretse.​—Mat. 11:19.

4. Ni kubera iki dushobora kuvuga ko abagenzi ba Yezu bari abantu b’abanyamakosa?

4 Ata gukeka, abagenzi ba Yezu bari abantu b’abanyamakosa. Igihe kimwe Petero ntiyabonye ibintu mu buryo bw’impwemu. (Mat. 16:21-23) Yakobo na Yohani baragaragaje agatima ko guhahamira ubukuru igihe basaba Yezu yuko yobaha ibibanza vy’imbere mu Bwami. Ico kintu bakoze carashavuje izindi ntumwa, kandi ikibazo c’ukuba rurangiranwa cagumye ari yo ntandaro y’imitongano. Ariko rero, Yezu yaragerageza gukosora ivyiyumviro vy’abagenzi biwe yihanganye kandi ntiyashoka abashavurira.​—Mat. 20:20-28.

5, 6. (a) Ni kubera iki Yezu yagumye ari umugenzi w’intumwa ziwe nka zose? (b) Ni kubera iki Yezu yahagaritse ubugenzi yari afitaniye na Yuda?

5 Yezu ntiyagumye ari umugenzi w’abo bantu b’abanyagasembwa kubera ko yarenza uruho rw’amazi ku dusembwa twabo canke kubera ko atatubona. Ahubwo riho, yahitamwo kwibanda ku mvo nziza bakorana ibintu no kuri kamere nziza bari bafise. Nk’akarorero, Petero, Yakobo na Yohani baratwawe n’agatiro aho gushigikira Yezu mu kiringo kigoye kuruta ibindi vyose yaciyemwo. Birumvikana ko ivyo vyababaje Yezu. Naho ari ukwo, yarabonye ko batabitumwa n’imvo mbi, kuko yavuze ati: “Nkako umutima urashashaye, mugabo umubiri ni goyigoyi.”​—Mat. 26:41.

6 Igihushanye n’ivyo, Yezu yarahagaritse ubugenzi yari afitaniye na Yuda Isikariyoti. Naho Yuda yaguma aboneka inyuma ko ari umugenzi, Yezu we yari yaramaze kubona ko uwo yahora ari umugenzi wiwe somambike yari yararetse umutima wiwe urononekara. Kubera ko Yuda yari yacitse umugenzi w’isi, yari yigize umwansi w’Imana. (Yak. 4:4) Ni co gituma Yezu yari yamaze gutaramura Yuda igihe yavuga ko intumwa ziwe z’intahemuka 11 zari zisigaye, bari abagenzi biwe.​—Yoh. 13:21-35.

7, 8. Yezu yagaragaje gute urwo yakunda abagenzi biwe?

7 Yezu ntiyibanda ku dukosa abagenzi biwe b’intahemuka bakora, kandi ivyo yakora vyose yabikora ku bw’ineza yabo. Nk’akarorero, yarasenze Se wiwe amusaba kubakingira mu bigeragezo vyobashikiye. (Soma Yohani 17:11.) Yezu yaragaragaza ko atahura yuko hari ivyo badashoboye. (Mrk. 6:30-32) Vyongeye, ntiyitwararika gusa kubabwira ivyo we ubwiwe yiyumvira, ariko kandi yaritwararika kwumva no gutahura ivyo bo ubwabo biyumvira be n’ukuntu biyumva.​—Mat. 16:13-16; 17:24-26.

8 Yezu yabayeho ku bw’abagenzi biwe kandi aranabapfira. Ego ni ko, Yezu yari azi yuko yategerezwa gutanga ubuzima bwiwe ngo bube ikintu cemewe n’amategeko casabwa kugira ngo ingingo mfatirwako ya Se wiwe igenga ubutungane ishitswe. (Mat. 26:27, 28; Heb. 9:22, 28) Ariko, yatanze ubuzima bwiwe kugira ngo agaragaza urukundo rwiwe. Yezu yavuze ati: “Nta wufise urukundo ruruta uru: ko umuntu aheba ubuzima bwiwe ku bw’abagenzi biwe.”​—Yoh. 15:13.

Abigishwa bakiriye gute ubugenzi Yezu yari afitaniye na bo?

9, 10. Abantu bakiriye gute ubutanzi bwa cane bwa Yezu?

9 Yezu yari umutanzi wa cane mu bijanye n’ukuntu yakoresha umwanya wiwe, ukuntu yagirira abandi igishika be n’ukuntu yabaronsa ibintu vy’umubiri. Ivyo vyatumye abantu bamwiyegereza kandi vyarabahimbara kugira ico bamuhaye na bo. (Luka 8:1-3) Yezu afatiye ku vyamushikiye, yarashoboye kuvuga ati: “Mugire akamenyero ko gutanga, namwe bazobaha. Bazobasukira mu bikondorero vyanyu ingero nziza, itsindagiye, inyingishe kandi isesekaye. Kuko ingero mugeresha ari yo namwe bazobagereshereza.”​—Luka 6:38.

10 Ariko ntiwumve, hariho abagerageje kuba abagenzi ba Yezu babitumwe gusa n’ivyo bashobora kumwungukirako. Abo bantu bigira ngo ni abagenzi ba Yezu baramuhevye igihe batahura nabi ivyo yari avuze. Aho kwizigira Yezu, baciye bashika ku ciyumviro kitari co maze bamutera ibitugu. Intumwa zozo zagumye ari intahemuka. Ubugenzi izo ntumwa zari zifitaniye na Kristu bwarageragejwe kenshi, ariko zarakoze uko zishoboye kwose kugira ngo zimushigikire mu mahirwe no magorwa. (Soma Yohani 6:26, 56, 60, 66-68.) Mw’ijoro rya nyuma Yezu yamaze ng’aha kw’isi ari umuntu nkatwe, yaragaragaje ko aha agaciro abagenzi biwe mu kuvuga ati: “Ni mwebwe mwumiye kuri jewe mu bigeragezo vyanje.”​—Luka 22:28.

11, 12. Yezu yakuye amazinda gute abigishwa biwe, kandi bavyakiriye gute?

11 Haciye igihe gitoyi Yezu akeje abigishwa biwe kubera ukudahemuka kwabo, abo bagabo nyene baramutaye. Muri make, bararetse ugutinya abantu kurarengera urwo bakunda Kristu. N’ico gihe nyene, Yezu yarabahariye. Inyuma y’aho apfiriye akazuka, yarabiyeretse yongera arabakura amazinda ko yari akiri umugenzi wabo. Ikigeretseko, yarabashinze igikorwa ceranda co guhindura “abantu bo mu mahanga yose” abigishwa no kumushingira intahe “gushika mu karere ka kure rwose k’isi.” (Mat. 28:19; Ibik. 1:8) None abo bigishwa bavyakiriye gute?

12 Abo bigishwa barakwiragije hose ubutumwa bw’Ubwami n’umutima wabo wose n’ubuzima bwabo bwose. Bafashwe mu mugongo n’impwemu nyeranda ya Yehova, ntibatevye kwuzuza Yeruzalemu inyigisho zabo. (Ibik. 5:27-29) Mbere n’iterabwoba bagirwako ryo kwicwa ntiryashoboye kubabuza kugamburuka itegeko rya Yezu ryabasaba guhindura abantu abigishwa. Haciye imyaka mirongo gusa baronse iryo tegeko rya Yezu, intumwa Paulo yarashoboye kwandika ko inkuru nziza yari imaze kwamamazwa “mu biremwa vyose vyo munsi y’ijuru.” (Kol. 1:23) Emwe, abo bigishwa baragaragaje ko baha agaciro cane ubugenzi bari bafitaniye na Yezu!

13. Ni mu buryo butandukanye ubuhe abigishwa ba Yezu baretse inyigisho ziwe zirabahindura?

13 Abahavuye bacika abigishwa ba Yezu na bo nyene bararetse inyigisho ziwe zirahindura ubuzima bwabo bwite. Abenshi usanga vyasavye ko bagira amahinduka akomeye mu kuntu bigenza no muri kamere zabo. Bamwe muri abo bigishwa bashasha bahora ari abantu bimarira inambu y’umubiri ku bo basangiye igitsina, barenga ibigo, baborerwa canke biba. (1 Kor. 6:9-11) Abandi na bo babwirijwe guhindura ukuntu bahora babona abo badasangiye ubwoko. (Ibik. 10:25-28) Naho vyari ukwo, baragamburukiye Yezu. Bariyambuye kamere yabo ya kera maze bambara kamere nshasha. (Ef. 4:20-24) Baramenye “umuzirikanyi wa Kristu,” baratahura ivyiyumviro vyiwe be n’ibikorwa vyiwe bongera baramwigana.​—1 Kor. 2:16.

Ubugenzi dufitaniye na Kristu muri iki gihe

14. Ni igiki Yezu yasezeranye kuzokora mu kiringo c’“insozero y’ivy’isi”?

14 Benshi muri abo bakirisu bo mu kinjana ca mbere bari bazi neza Yezu canke bakaba baramwiboneye amaze kuzuka. Biragaragara ko twebwe tutatewe ako gateka. Ariko none dushobora gute kuba abagenzi ba Kristu? Uburyo bumwe ni mu kugamburuka ubuyobozi butangwa n’umugwi wa wa mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge, ugizwe n’abavukanyi ba Yezu barobanujwe impwemu bakiri ng’aha kw’isi. Yezu yasezeranye yuko mu gihe c’“insozero y’ivy’isi,” yohaye uwo mushumba “ivyo atunze vyose” ngo abiganze. (Mat. 24:3, 45-47) Muri iki gihe, abantu benshi cane barondera kuba abagenzi ba Kristu usanga atari abagize uwo mugwi w’umushumba. None ukuntu bakira ubuyobozi baronswa biciye kuri uwo mugwi w’umushumba w’umwizigirwa bigira ico bikoze gute ku bugenzi bafitaniye na Kristu?

15. Ni igiki cerekana nimba umuntu azoshirwa mu ntama canke mu mpene?

15 Soma Matayo 25:31-40. Abobaye bagize uwo mugwi w’umushumba w’umwizigirwa Yezu yabise abavukanyi biwe. Muri ca kigereranyo kivuga ibijanye n’itandukanywa ry’intama n’impene, Yezu aratomora neza ko afatira ku kuntu dufata abavukanyi biwe. Nkako, yavuze yuko uburyo umuntu yobaye afata mbere na “batoyi bo hanyuma y’abandi mu bavukanyi [biwe]” ari co kintu cokwerekanye ko ari intama canke impene. Ku bw’ivyo rero, uburyo nyamukuru abafise icizigiro co kuba kw’isi bagaragaza icipfuzo cabo co kuba abagenzi ba Kristu ni mu gushigikira uwo mugwi w’umushumba w’umwizigirwa.

16, 17. Dushobora gute kugaragaza ko turi abagenzi b’abavukanyi ba Kristu?

16 Niba ufise icizigiro co kuzoba kw’isi utwarwa n’Ubwami bw’Imana, ushobora gute kugaragaza ko uri umugenzi w’abavukanyi ba Kristu? Reka turimbure uburyo butatu gusa. Ubwa mbere, ni mu kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza n’umutima wawe wose. Kristu yategetse abavukanyi biwe kwamamaza inkuru nziza kw’isi yose. (Mat. 24:14) Ariko rero, abavukanyi ba Kristu bakiri ng’aha kw’isi muri iki gihe ntiboshobora gushitsa iryo banga bajejwe badafashwe mu mugongo na bagenzi babo bo mu zindi ntama. Mu vy’ukuri, igihe cose abo mu zindi ntama bagize uruhara mu gikorwa co kwamamaza, baba bafashije abavukanyi ba Kristu gushitsa igikorwa ceranda bashinzwe. Kristu be n’abagize umugwi wa wa mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge baraha agaciro kanini ico gikorwa kiranga ubugenzi.

17 Uburyo bugira kabiri abagize izindi ntama bashobora gufasha abavukanyi ba Kristu ni mu gushigikira mu vy’amahera igikorwa co kwamamaza. Yezu yaremesheje abayoboke biwe kwironderera abagenzi biciye ku “butunzi butagororotse.” (Luka 16:9) Si ukuvuga yuko ubugenzi dufitaniye na Yezu canke na Yehova dushobora kubugura amahera. Ahubwo riho, dukoresheje ivyo dutunze mu gushigikira ivyungura Ubwami, tuba twerekanye ko turi abagenzi babo kandi ko tubakunda, atari mu majambo gusa, ariko kandi “mu bikorwa no mu kuri.” (1 Yoh. 3:16-18) Turashigikira abo bagenzi ba Kristu mu vy’amahera igihe tugize uruhara mu gikorwa co kwamamaza, igihe dutanze intererano z’amahera zigenewe kwubaka be no kubungabunga ibibanza tugiriramwo amakoraniro be n’igihe dutanga intererano z’amahera ku bw’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose. Twaba duterereye ayangana gute, nta gukeka ko Yehova na Yezu baha agaciro ukwo gutanga tugirana akamwemwe.​—2 Kor. 9:7.

18. Ni kubera iki dukwiye kugamburuka ubuyobozi bushingiye kuri Bibiliya butangwa n’abakurambere bo mw’ishengero?

18 Uburyo bugira gatatu twese tugaragazamwo ko turi abagenzi ba Kristu ni ugukurikiza neza ubuyobozi butangwa n’abakurambere bo mw’ishengero. Abo bagabo bagenwa n’impwemu nyeranda biciye kuri Kristu. (Ef. 5:23) Intumwa Paulo yanditse ati: “Mugamburukire ababaja imbere kandi muyoboke.” (Heb. 13:17) Vyoshobora gushika bikatubera urugamba kugamburuka ubuyobozi bushingiye kuri Bibiliya duhabwa n’abakurambere bo mw’ishengero dukukira. Kumbure twoba tuzi neza udusembwa bafise, maze ivyo bikaba vyotuma tubona mu buryo butari bwo impanuro baduha. Naho biri ukwo, Kristu we Mutwe w’ishengero, arahimbarwa no gukoresha abo bagabo b’abanyagasembwa. Ni co gituma ukuntu tuvyifatamwo mu bijanye n’ubukuru bafise bica bigira ico bikoze neza na neza ku bugenzi dufitaniye na Kristu. Igihe tutibanze ku dukosa abakurambere bakora maze tugakurikiza tunezerewe ubuyobozi baduha, tuba twerekanye urwo dukunda Kristu.

Aho dushobora gusanga abagenzi beza

19, 20. Ni igiki dushobora gusanga mw’ishengero, kandi ni igiki tuzorimbura mu kiganiro gikurikira?

19 Yezu arabandanya kutwitwararika atabicishije gusa ku bungere banyarukundo baducungera, ariko kandi arabigira mu gutuma mw’ishengero tuharonkera ba mawe be n’abo tuvukana mu buryo bw’impwemu. (Soma Mariko 10:29, 30.) Igihe watangura kwifatanya n’ishirahamwe rya Yehova, incuti zawe zavyakiriye gute? Nta gukeka ko zashigikiye utwigoro wagize kugira ngo wiyegereze Imana na Kristu. Yamara rero, Yezu yabuye yuko bizoshika “abansi b’umuntu [bakaba] abo mu rugo rwiwe bwite.” (Mat. 10:36) Ese kuntu bihumuriza kumenya ko mw’ishengero dushobora kuhasanga abazokwifatanya natwe kuruta abo tuvukana!​—Imig. 18:24.

20 Indamukanyo Paulo ubwiwe yashikirije mu gusozera ikete yandikiye ishengero ry’i Roma zirerekana ko yari yaragiraniye ubugenzi bwa hafi n’abatari bake muri ryo. (Rom. 16:8-16) Intumwa Yohani yasozereye ikete ryiwe rya gatatu mu kuvuga ati: “Undamukirize abagenzi mu mazina.” (3 Yoh. 14) Biragaragara rero ko na we nyene yari yaratsimbataje ubugenzi buramba n’abatari bake. Dushobora gute kwigana akarorero ka Yezu be n’ak’abigishwa bo mu ntango mu bijanye no gutsimbataza be no kuzigama ubugenzi bwiza dufitaniye n’abavukanyi be n’abavukanyikazi bacu? Ikiganiro cacu gikurikira kiraca irya n’ino inyishu y’ico kibazo.

Wokwishura gute?

• Ni akarorero akahe Yezu yatanze mu bijanye no kuba umugenzi mwiza?

• Abigishwa bakiriye gute ubugenzi Yezu yari afitaniye na bo?

• Dushobora gute kwerekana ubwacu ko turi abagenzi ba Kristu?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Ifoto ku rup. 14]

Yezu yaritwararika kumenya ivyo abagenzi biwe biyumvira be n’ukuntu biyumva

[Amafoto ku rup. 16]

Dushobora gute kugaragaza icipfuzo dufise co kuba abagenzi ba Kristu?