Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Mururumbe Impwemu”

“Mururumbe Impwemu”

“Mururumbe Impwemu”

“Ntimunebwe ku bikorwa vyanyu. Mururumbe impwemu. Mushumbire Yehova.”​—ROM. 12:11.

1. Ni kubera iki Abisirayeli batanga ibimazi vy’ibitungwa be n’ayandi mashikanwa?

 YEHOVA arakenguruka ibimazi abasavyi biwe batangana umutima ukunze kugira ngo bagaragaze ko bamukunda kandi ko bayoboka ivyo agomba. Mu bihe vya kera, yaremera ibimazi bitandukanye vy’ibitungwa be n’ayandi mashikanwa. Ivyo bimazi Abisirayeli babitanga bisunze Itegeko rya Musa kugira ngo baharirwe ibicumuro bongere ba garagaze ko bamukengurukira. Mw’ishengero rya gikirisu, Yehova ntadusaba gutanga ibimazi nka birya nyene Abisirayeli basabwa gutanga. Ariko rero, mu kigabane ca 12 c’ikete intumwa Paulo yandikiye abakirisu b’i Roma, arerekana yuko n’ubu hariho ibimazi Imana yiteze ko na twebwe tuyishikanira. Reka turabe ukuntu twobigenza.

Ikimazi kizima

2. Twebwe abakirisu, dukwiye kubaho gute, kandi ivyo bisaba iki?

2 Soma Abaroma 12:1, 2. Mu bigabane vya mbere vy’iryo kete Paulo yanditse, yarerekanye neza ko abakirisu barobanuwe, baba Abayuda canke abatari Abayuda, bitwa abagororotsi mu nyonga z’Imana biciye ku kwizera, atari ku vyo bakora. (Rom. 1:16; 3:20-24) Mu kigabane ca 12, Paulo arasigura ko abakirisu bakwiye kugaragaza ugukenguruka kwabo biciye ku kubaho bitanga. Kugira ngo ivyo tubishikeko, dutegerezwa guhindura imizirikanyi yacu ikaba misha. Kubera gasembwa twarazwe, tuganzwa n’“itegeko ry’igicumuro n’urupfu.” (Rom. 8:2) Ku bw’ivyo rero, turakeneye guhindurwa, ni ukuvuga “[tuga]hindurwa bashasha mu nguvu zikoresha umuzirikanyi wa[cu],” biciye ku guhindura bimwe bishitse impengamiro zacu. (Ef. 4:23) Dushobora gusa kugira mwene ukwo guhinduka bimwe bishitse, dufashijwe n’Imana be n’impwemu yayo. Bisaba kandi ko twebwe ubwacu tugira akigoro gakomeye, tugakoresha “ububasha bwa[cu] bwo kwiyumvira.” Ivyo bisobanura ko dukora uko dushoboye kwose kugira ngo ‘ntidushushanywe n’iyi si’ be n’ingeso zayo zononekaye, ukwinezereza kwayo guteye isoni hamwe n’ivyiyumviro vyayo bitari vyo.​—Ef. 2:1-3.

3. Ni kubera iki tugira uruhara mu mirimo ya gikirisu?

3 Vyongeye, Paulo aradusaba gukoresha “ububasha bwa[cu] bwo kwiyumvira” kugira ngo twiyemeze neza “ukugomba kw’Imana kwiza, kwemerwa kandi gutunganye” ukwo ari kwo. Ni kubera iki dusoma Bibiliya ku musi ku musi, tuzirikana ku vyo dusoma, dusenga, twitaba amakoraniro ya gikirisu kandi tukagira uruhara mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami? Kwoba ari kubera yuko abakurambere b’ishengero baduhimiriza kubigira? Ego ni ko, turakenguruka ivyibutswa ngirakamaro abakurambere baduha. Ariko rero, tugira uruhara mu mirimo ya gikirisu kubera ko impwemu nyeranda ya Yehova Imana idusunikira kugaragaza ko tumukunda bimwe bivuye ku mutima. Vyongeye, twarajijutse ubwacu yuko kwitwararika imirimo nk’iyo ari vyo Imana itugombako. (Zek. 4:6; Ef. 5:10) Gutahura yuko biciye ku kubaho turi abakirisu nyakuri dushobora kwemerwa n’Imana, biratuma tugira umunezero mwinshi n’agahimbare kenshi.

Ingabirano zitandukanye

4, 5. Abakurambere bakirisu bakwiye gukoresha gute ingabirano bafise?

4 Soma Abaroma 12:6-8, 11. Paulo asigura ko “dufise ingabirano zitandukanye nk’uko ubuntu ata wari abukwiriye twahawe buri.” Zimwe mu ngabirano Paulo avuga, nk’uguhimiriza n’uguhagarikira, zerekeye canecane abakurambere bakirisu, bano bakaba bahanurwa guhagarikira ‘babigiranye ubwira nyabwo.’

5 Paulo avuga ko ubwira nk’ubwo nyene bukwiye kubonekera mu kuntu abacungezi basukura ari abigisha be no mu kuntu bitwararika “ubusuku.” Amakikuro y’ico canditswe asa n’ayerekana ko ng’aha Paulo ariko yerekeza ku “busuku” abo bacungezi barangurira mw’ishengero, ari ryo ‘mubiri umwe.’ (Rom. 12:4, 5) Ubwo busuku ni nka bumwe buvugwa mu Bikorwa 6:4, aho intumwa zivuga ziti: “Twebwe tuzokwihebera ugusenga n’ubusuku bwerekeye ijambo ry’Imana.” None ubwo busuku burimwo iki? Abakurambere bakirisu barakoresha ingabirano zabo kugira ngo bubake abagize ishengero. Baragaragaza ubwabo ko ‘bijukira ubwo busuku’ igihe baha ishengero ubuyobozi n’amabwirizwa vyo mw’Ijambo ry’Imana babigiranye ubwira biciye ku kwiyigisha babijanisha n’isengesho, kugira ubushakashatsi, kwigisha no kuragira. Abacungezi barakwiye gukoresha ingabirano zabo bavyitondeye kandi bakitwararika intama ‘babigiranye akamwemwe.’​—Rom. 12:7, 8; 1 Pet. 5:1-3.

6. Dushobora gute gukurikiza impanuro dusanga mu Baroma 12:11, icanditswe iki kiganiro gishingiyeko?

6 Paulo abandanya ati: “Ntimunebwe ku bikorwa vyanyu. Mururumbe impwemu. Mushumbire Yehova.” Niba tubonye ko dutanguye kunebwa mu busuku turangura, hari aho twoba dukeneye kugira ivyo duhinduye ku bijanye n’utumenyero twacu two kwiyigisha no gusenga tubigiranye ubwira bwinshi kuruta kandi kenshi kuruta dusaba impwemu ya Yehova, na yo ikaba ishobora kudufasha kurwanya ikintu cose cotuma tuba akazuyazi, ikadufasha no gusubira kugira umwete. (Luka 11:9, 13; Ivyah. 2:4; 3:14, 15, 19) Impwemu nyeranda yaratumye abakirisu bo mu ntango bagira ingoga zo kuvuga “ibintu vy’agatangaza vy’Imana.” (Ibik. 2:4, 11) Muri ubwo buryo nyene, irashobora gutuma tuba abanyamwete mu busuku, ‘tukarurumba impwemu.’

Ukwicisha bugufi n’ukwifata ruto

7. Ni kubera iki dukwiye gusukura tubigiranye ukwicisha bugufi n’ukwifata ruto?

7 Soma Abaroma 12:3, 16. Ingabirano twoba dufise zose tuzikesha “ubuntu ata wari abukwiriye” bwa Yehova. Paulo avuga mu rindi kete ati: “Ukuba abakwije neza ibisabwa kwacu kuva ku Mana.” (2 Kor. 3:5) Ku bw’ivyo, ntidukwiye kwishimagiza. Turakwiye kwemera twicishije bugufi yuko ivyiza vyose bishobora kuva ku busuku turangura tubikesha umuhezagiro w’Imana, tutabikesha ubushobozi bwacu bwite. (1 Kor. 3:6, 7) Ku bijanye n’ivyo, Paulo avuga ati: “Mbwira umuntu wese hiyo muri mwebwe kutiyumvira ko ahambaye kuruta uko abwirizwa kwiyumvira.” Birakenewe ko twumva yuko dufise agaciro kandi tukaronkera umunezero n’agahimbare mu murimo w’Ubwami turangura. Ariko rero, kwifata ruto, canke kumenya neza ko hari ivyo tudashoboye, bizoturinda kuba bamudakurwa kw’ijambo. Ahubwo riho, twipfuza “kwiyumvira ku buryo [tu]gira umuzirikanyi uroranye.”

8. Dushobora gute kwirinda gucika ‘ab’ubwenge mu maso yacu bwite’?

8 Ntivyoba biranga ubukerebutsi twiratiye ivyo twebwe ubwacu twaranguye. “Imana [ni] yo ikuza.” (1 Kor. 3:7) Paulo avuga ko Imana yahaye umwe wese mu bagize ishengero “urugero [runaka] rw’ukwizera.” Aho kubona ko turuta abandi, dukwiye kwemera ivyo bariko bararangura bisunze urugero rw’ukwizera bafise. Paulo abandanya kuvuga ati: “Mwiyumvire ivy’abandi nk’uko mwiyumvira ivyanyu.” Mu rindi kete iyo ntumwa yanditse, iratubwira kutagira ‘ikintu na kimwe dukora tubitumwe n’agatima k’amahane canke ukwishira imbere, ariko twiyumvire twiyoroheje mu muzirikanyi yuko abandi baturuta.’ (Flp. 2:3) Bisaba kwicisha bugufi vy’ukuri no kugira akigoro gakomeye kugira ngo twemere ko umwe wese mu bavukanyi n’abavukanyikazi bacu aturuta mu buryo bumwe canke mu bundi. Ukwicisha bugufi kuzoturinda gucika ‘ab’ubwenge mu maso yacu bwite.’ Naho guterwa uduteka tudasanzwe bishobora gutuma bamwebamwe muri twebwe bamenyekana cane, twese tuzokwironkera umunezero mwinshi cane mu gukora “ibintu biciye bugufi,” ni ukuvuga udukorwa tubayabaye akenshi usanga tudakunda kubonwa n’abantu.​—1 Pet. 5:5.

Ubumwe twebwe abakirisu dufitaniye

9. Ni kubera iki abakirisu bavyawe n’impwemu Paulo yabagereranije n’ibihimba vy’umubiri?

9 Soma Abaroma 12:4, 5, 9, 10. Abakirisu barobanuwe Paulo abagereranya n’ibihimba vy’umubiri bikorana mu bumwe biyobowe na Kristu, we Mutwe wavyo. (Kol. 1:18) Aributsa abo bakirisu bavyawe n’impwemu yuko umubiri ufise ibihimba vyinshi bikora ibikorwa bitandukanye kandi ko “naho [ari] benshi, [bagize] umubiri umwe mu bumwe na Kristu.” Muri ubwo buryo nyene, Paulo yahimirije abakirisu barobanuwe b’i Efeso ati: “Dukure mu bintu vyose twisunze urukundo, dukurira muri umwe ari umutwe, ni ukuvuga Kristu. Bivuye muri we umubiri wose, mu kuba ufatanirijwe hamwe ukanywana neza ukaba uwukorera hamwe biciye kw’ifatanirizo ryose ritanga ibikenewe, nk’uko igihimba kimwe cose gikora mu rugero rubereye, urafasha kugira habe ugukura kw’umubiri kugira ngo wiyubake mu rukundo.”​—Ef. 4:15, 16.

10. Ni ubukuru ubuhe abo mu “zindi ntama” bakwiye kwemera icese?

10 Naho abo mu “zindi ntama” batari mu mugwi w’abagize umubiri wa Kristu, barashobora kwigira vyinshi kuri ico kigereranyo Paulo atanga. (Yoh. 10:16) Paulo avuga yuko Yehova “yashize . . . ibintu vyose munsi y’ibirenge [vya Kristu] ngo abiganze, yongera [a]mugira umutwe ku bintu vyose ku bw’ishengero.” (Ef. 1:22) Muri iki gihe, abo mu zindi ntama bari muri ivyo “bintu vyose” Yehova yahaye Umwana wiwe ngo abiganze. Vyongeye, bari mu vyo Kristu ‘atunze’ yajeje “umushumba [wiwe] w’umwizigirwa kandi w’ubwenge.” (Mat. 24:45-47) Ku bw’ivyo, abafise icizigiro co kuzoba kw’isi bakwiye kwemera icese ko Kristu ari Umutwe wabo, bakongera bakayobokera umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge n’Inama Nyobozi iserukira uwo mushumba, be n’abagabo bagenywe kuba abacungezi mw’ishengero. (Heb. 13:7, 17) Ivyo biragira ico biterereye ku bumwe abakirisu bafitaniye.

11. Ubumwe dufitaniye bushingiye ku ki, kandi ni iyindi mpanuro iyihe Paulo yatanze?

11 Ubwo bumwe bushingiye ku rukundo, rwo “mugozi utunganye wunga ubumwe.” (Kol. 3:14) Mu Baroma ikigabane ca 12, ivyo Paulo arabishimikako mu kuvuga yuko urukundo rwacu rukwiye kuba “urutagiramwo ubwiyorobetsi” kandi ko “mu vy’urukundo rwa kivukanyi” dukwiye ‘kugiriranira ikibabarwe.’ Ivyo bituma twubahana. Iyo ntumwa ivuga iti: “Mu vyo guterana iteka mube aba mbere.” Ariko ntiwumve, dutegerezwa kutitiranya urukundo be n’ugutwarwa n’inyiyumvo gusa. Turakwiye gukora ivyo dushoboye vyose kugira ngo ishengero rigume ridahumanye. Igihe Paulo atanga impanuro ku bijanye n’urukundo, yongerako ati: “Muzinukwe ikibi, mwumire ku ciza.”

Inzira y’ubwakiranyi

12. Ku bijanye no kugaragaza ubwakiranyi, ni igiki dushobora kwigira ku bakirisu b’i Makedoniya ha kera?

12 Soma Abaroma 12:13. Urukundo dukunda abavukanyi bacu ruzotuvyurira umutima wo “[gusangira] n’aberanda nk’uko ivyo bakeneye biri” kandi twisunze uko ubushobozi bwacu bungana. Naho twoba turi abakene, turashobora gusabikanya n’abandi utwo dufise. Igihe Paulo yandika ku vyerekeye abakirisu b’i Makedoniya, yavuze ati: “Mu gihe c’ukugeragezwa gukomeye mu marushwa, umurengera wabo w’akanyamuneza hamwe n’ubworo bwabo bwinshi vyatumye ubutunzi bw’ubutanzi bwa cane bwabo bugwira. Kuko nk’uko ubushobozi bwabo koko buri, egome, ndavyemeza, vyari birengeye ubushobozi bwabo koko, mu gihe baguma batwinginga bashimitse rwose bibiviriyeko, ngo baterwe agateka ko gutanga n’umutima ukunze vyongeye ngo bagire uruhara mu busuku bugenewe aberanda [b’i Yudaya].” (2 Kor. 8:2-4) Naho abakirisu b’i Makedoniya bo ubwabo bari abakene, bari abantu batanga cane. Babona ko gusangira utwo bafise n’abavukanyi babo bari n’ivyo bakeneye b’i Yudaya ari agateka.

13. ‘Gukurikirana inzira y’ubwakiranyi’ bisobanura iki?

13 Iyo mvugo ngo “mukurikire inzira y’ubwakiranyi,” mu mvugo y’ikigiriki itanga iciyumviro co kwibwiriza. Bibiliya imwe (The New Jerusalem Bible) ihindura iyo mvugo ngo “murondere uturyo two kuba abakiranyi.” Rimwe na rimwe ubwakiranyi bugaragazwa mu gutumira umuntu kugira ngo musangire ibifungurwa, kandi ivyo ni ivyo gukezwa igihe bikozwe bivuye ku rukundo. Ariko nitwibwiriza, tuzoronka utundi turyo twinshi two kuba abakiranyi. Kimwe coco, niba uburyo dufise canke amagara yacu bitatworohereza gutumira abandi kugira ngo dusangirire hamwe ibifungurwa, gufatira hamwe na bo agakawa, akayi canke ikindi kinyobwa na vyo nyene ni uburyo bwo kugaragaza ubwakiranyi.

14. (a) Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “ubwakiranyi” rikomoka ku majambo ayahe? (b) Dushobora gute kwerekana ko twitwararika abanyamahanga mu busuku?

14 Ubwakiranyi burimwo kandi n’ukuntu tubona ibintu. Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “ubwakiranyi” rikomoka mu majambo abiri asobanura “urukundo” be na “kavantara.” Tubona gute ba kavantara canke abanyamahanga? Abakirisu bihatira kwiga urundi rurimi kugira ngo babwire inkuru nziza abanyamahanga bimukiye mu cibare c’ishengero ryabo barashobora mu vy’ukuri kubonwa ko bari mu bariko bakurikirana inzira y’ubwakiranyi. Ego ni ko, benshi muri twebwe usanga badashoboye kwiga urundi rurimi. Ariko rero, twese turashobora kugira uruhara ruboneka mu gufasha abanyamahanga biciye ku gukoresha neza ka gatabu kacu Inkuru nziza ku bantu bo mu mahanga yose (mu gifaransa), kano kakaba karimwo ubutumwa bwo muri Bibiliya buri mu ndimi nyinshi. Woba warironkeye ivyiza biciye ku gukoresha ako gatabu mu busuku?

Ukugirira abandi impuhwe

15. Yezu yatanze gute akarorero ku bijanye n’impanuro dusanga mu Baroma 12:15?

15 Soma Abaroma 12:15. Impanuro Paulo atanga muri ico canditswe ishobora kuvugwa muri aya majambo abiri gusa: Kugira impuhwe. Turakwiye kwiga gutahura inyiyumvo z’uwundi muntu, yaba anezerewe canke ababaye, eka mbere tukiyumva nk’uko na we yiyumva. Niba tururumba impwemu, bizogaragara ko twifatanije n’abandi mu munezero wabo canke ko tubumvira ikibabarwe. Igihe abigishwa 70 ba Kristu bagaruka akamwemwe kabasya bavuye mu gikorwa co kwamamaza maze bakamwiganira ivyiza baronkeye mu vyo bari baranguye, Yezu ubwiwe yaciye “abogaboga akanyamuneza mu mpwemu nyeranda.” (Luka 10:17-21) Yaranezeranwe na bo. Ikindi gihe na ho, Yezu ‘yarariranye n’abantu bariko bararira’ igihe umugenzi wiwe Lazaro yari yapfuye.​—Yoh. 11:32-35.

16. Dushobora gute kugaragaza ko dufitiye abandi impuhwe, kandi ni bande ahanini bakwiye kubigira?

16 Turipfuza kwigana akarorero ka Yezu mu bijanye no kugirira abandi impuhwe. Igihe uwo dusangiye ukwizera anezerewe turashima kunezeranwa na we. Muri ubwo buryo nyene, turakwiye kutaba ba sindabinezwe ku bijanye n’umubabaro n’intuntu abavukanyi n’abavukanyikazi bacu baba bafise. Akenshi, turashobora guhumuriza cane abo dusangiye ukwizera bafise intuntu mu mutima iyo dufashe umwanya wo kubatega yompi tubigiranye ikibabarwe. Kandi rimwe na rimwe twoshobora gusanga dukozwe ku mutima cane ku buryo impuhwe nyakuri dufitiye umuntu zishobora kugaragazwa mu gukorora amosozi. (1 Pet. 1:22) Abakurambere, ni bo ahanini bakwiye gukurikiza impanuro Paulo yatanze yo kugirira abandi impuhwe.

17. Gushika ubu, ni ibiki twigiye ku majambo dusanga mu Baroma ikigabane ca 12, kandi n’ibiki tuzorimbura mu kiganiro gikurikira?

17 Imirongo yo mu Baroma ikigabane ca 12 twarimbuye gushika ubu, yaduhaye impanuro dushobora gushira mu ngiro mu buzima bwacu bwa gikirisu be no mu bucuti dufitaniye n’abavukanyi bacu. Mu kiganiro gikurikira, tuzorimbura imirongo yasigaye y’ico kigabane, iyivuga ibijanye n’ukuntu dukwiye kubona no gufata abandi bantu batari mw’ishengero rya gikirisu, harimwo n’abaturwanya be n’abaduhama.

Mu buryo bw’isubiramwo

• Twerekana gute ko ‘tururumba impwemu’?

• Ni kubera iki dukwiye gusukurira Imana tubigiranye ukwicisha bugufi n’ukwifata ruto?

• Ni mu buryo butandukanye ubuhe twogaragazamwo ko dufitiye impuhwe n’ikibabarwe abo dusangiye ukwizera?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Amafoto ku rup. 4]

Ni kubera iki tugira uruhara muri iyi mirimo ya gikirisu?

[Ifoto ku rup. 6]

Umwe wese muri twebwe ashobora gute kugira uruhara mu gufasha ba kavantara kumenya ivyerekeye Ubwami?