Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ugusenga kwo mu muryango—Ni ntahara kugira ngo umuntu aze arokoke!

Ugusenga kwo mu muryango—Ni ntahara kugira ngo umuntu aze arokoke!

Ugusenga kwo mu muryango​—Ni ntahara kugira ngo umuntu aze arokoke!

NIWIBAZE nawe ukuntu “intambara yo kuri wa musi ukomeye w’Imana Mushoboravyose” izoba iteye ubwoba! (Ivyah. 16:14) Umuhanuzi Mika, akoresheje imvugo ngereranyo zikomeye, yanditse ati: “Imisozi izoshong[a] . . . , n’imyonga isaduke, bibe nk’ishashara ir’imbere y’umuriro, canke nk’amazi arindimuka ku gatembge.” (Mika 1:4) None ni icago ikihe kizoshikira abadakorera Yehova? Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Abishwe n’Uhoraho bazohēra ku mpera y’isi bashike ku yindi.”​—Yer. 25:33.

Dufatiya kuri mwene izo ngabisho, abahagarikiye imiryango, abo usanga benshi muri bo bireranye abana, vyoba vyiza bibajije ku bijanye n’abana babo bakuze bihagije ku buryo bashobora gutahura ibintu, bati: ‘Boba bazorokoka ico kintu gikomeye?’ Bibiliya iradukura amazinda yuko bazorokoka niba bafise amagara meza kandi bakomeye mu vy’impwemu ku rugero ruhwanye n’imyaka bafise.​—Mat. 24:21.

Igituma bihambaye ko mugira umugoroba wahariwe ugusenga kwo mu muryango

Kubera yuko uri umuvyeyi, nurabe neza ko ukora ivyo ushoboye vyose kugira ngo urere abana bawe “mu kubatoza indero no mu kuyobora ivyiyumviro vyabo nk’uko Yehova yashinze.” (Ef. 6:4) Nta wokwirirwa arashimika ku vy’uko bihambaye ko wigira Bibiliya hamwe n’abana bawe. Twipfuza ko abakiri bato bacu bamera nk’abakirisu b’i Filipi, abo Paulo yakeje kubera yuko bagamburukira Yehova n’umutima ukunze. Yanditse ati: “Bakundwa, nk’uko mwamye nantaryo mugamburuka, atari igihe ndahari gusa, mugabo n’ubu ntahari mukarushiriza kubigira mubikunze, mugume mushitsa ubukiriro bwanyu bwite mutinya kandi mujugumira.”​—Flp. 2:12.

Abana bawe boba bumira ku mategeko ya Yehova igihe uba atari ho uri? Bite ho igihe baba bari kw’ishure? Wofasha gute abana bawe kugira ngo bajijuke yuko amategeko ya Yehova aranga ubukerebutsi, gutyo bayoborwe na yo mbere n’igihe uba atari ho uri?

Ugusenga kwo mu muryango kurashobora kurangura uruhara runini mu gukomeza ukwizera kw’umwana wawe mu bijanye n’ivyo. Ku bw’ivyo, reka turimbure ibintu nyamukuru bitatu vyotuma inyigisho ya Bibiliya y’umuryango yanyu ishika ku ntumbero.

Nimukugire mudahorereza

Bibiliya irerekana yuko abana b’Imana bo mw’ijuru bashengerera imbere yayo ku bihe vyashinzwe. (Yobu 1:6) Nimukore gutyo nyene ku bijanye n’abana banyu. Nimushinge umusi be n’isaha muzohora mugirirako ugusenga kwo mu muryango maze muvyumireko. Vyongeye, nimutegekanye umwanya muzoca mukugirirako mu gihe hazoba hashitse ibintu mutari mwiteze.

Uko amezi arengana, murarabe neza akamenyero ko kuza murasibiriza ntikabinjirane. Muribuka ko abana banyu ari bo batohoji ba Bibiliya mukwiye kwitwararika gusumba abandi bose mufise. Yamara rero, Shetani arondera kubarotsa. (1 Pet. 5:8) Nivyashika mugaheba uwo mugoroba w’agaciro wahariwe ugusenga kwo mu muryango kugira ngo muri iryo joro mwirorerere televiziyo canke mukore ikindi gikorwa atari ic’ivy’impwemu, Shetani azoba atahukanye intsinzi.​—Ef. 5:15, 16; 6:12; Flp. 1:10.

Nimutume kuba ngirakamaro

Umugoroba wahariwe ugusenga kwo mu muryango ntukwiye kuba ujanye no kwunguka ubumenyi vyonyene. Nimwihatire gutuma uba ngirakamaro. Uti gute? Rimwe na rimwe, nimuhitemwo ibiganiro bijanye n’ivyo umwana wanyu azohangana na vyo mu misi iri imbere canke mu mayinga ari imbere. Nk’akarorero, mubona gute mushizemwo ibiringo vyo kwimenyereza mu buryo bw’udukino ivyo muzogira mu busuku? Abakiri bato barahimbarwa no gukora ibintu usanga bazi neza. Gusubiramwo mu buryo bw’udukino ukuntu mwoshikiriza ibisohokayandikiro be no kuzirikana ku buryo mwoshobora gutsinda amajambo yo guhagarika ibiyago bizofasha abo bana kwumva barushirije gushira ubwoba igihe bariko baragira uruhara mu mice itandukanye y’igikorwa co kwamamaza Ubwami.​—2 Tim. 2:15.

Murashobora kandi kugira udukino tuzofasha abana banyu kuvyifatamwo neza igihe bahanganye n’akosho k’urunganwe. Ikigabane ca 9 c’igitabu Ibibazo urwaruka rwibaza​—Inyishu ngirakimazi, kirashobora gukoreshwa mu biganiro vyo mu muryango. Ku rupapuro rwa 76 n’urwa 77, musi y’agatwe kavuga ngo “Novyifatamwo gute?”, uzohasanga ibintu bizotuma umwana wawe azirikana ku bijanye n’ukuntu yovyifatamwo muri ivyo bintu, maze mugire udukino tujanye n’ukwo kuntu yovyifatamwo. Mubona gute mugiye rimwe na rimwe murashira mwene utwo dukino mu gusenga kwanyu kwo mu muryango?

Ugusenga kwo mu muryango kuraha abavyeyi akaryo ko gushimika ku vyiza vyo kwishingira imigambi y’ivy’impwemu. Ku bijanye n’ivyo, igitabu Urwaruka ruribaza kirimwo amakuru meza cane mu kigabane ca 22 gifise umutwe uvuga ngo “Nkwiye guhitamwo umwuga uwuhe?” Igihe muriko murarimbura ico kigabane, nufashe umwana wawe gutahura ko gushingira ubuzima bwacu ku gukorera Yehova ari yo ngendo nziza kuruta izindi zose twoshobora gukurikirana. Nutsimbataze mu mutima w’umwana wawe icipfuzo co gukora ubutsimvyi, gusukurira kuri Beteli, kwitaba rya Shure rimenyereza abasuku, canke gukurikirana uwundi muce w’umurimo w’igihe cose.

Akajambo k’inkeburo: Abavyeyi bamwebamwe batabigirana intumbero mbi, usanga bashimika cane ku vyo baba bipfuza ko umwana wabo ashikako ku buryo batitwararika kubona ivyo aba ariko arakora. Ego ni ko biraba vyiza kuremesha abana bawe kwishingira imigambi myiza nk’umurimo wo kuri Beteli be n’igikorwa c’ubumisiyonari. Ariko rero igihe ubigira, uragaba ntusange uriko urarya umutima umwana wawe ukoresheje ivyo umwitezeko maze ugatuma acika intege. (Kol. 3:21) Urama wibuka ko umuhungu wawe canke umukobwa wawe abwirizwa gukunda Yehova n’umutima wiwe bwite, atari n’umutima wawe. (Mat. 22:37) Nurondere rero uburyo bwo gukeza umwana wawe ku vyo ariko arakora neza, kandi wirinde impengamiro yo gushimika ku vyo atariko arakora. Numufashe gukenguruka ibintu vyose Yehova yakoze. Nuheze ureke umutima w’umwana wawe witabire ukumera neza kwa Yehova.

Nutume kuba uguhimbaye

Ikintu nyamukuru kigira gatatu gituma ugusenga kwo mu muryango gushika ku ntumbero, ni ugutuma kuba uguhimbaye. None ico kintu wogishikako gute? Kumbure mwoshobora kugira igihe mukumviriza imwe mu makaseti y’ibikino bishingiye kuri Bibiliya canke mukaraba mukongera mukaganira kuri imwe mu makaseti yo kurorera yahinguwe n’Ivyabona vya Yehova. Canke mwoshobora gusomera hamwe igihimba kinaka co muri Bibiliya, umwumwe wese mu bagize umuryango akaba yahawe igice aza gusoma.

Mu Munara w’Inderetsi harimwo ibiganiro vyiza cane abagize umuryango borimburira hamwe. Nk’akarorero, rimwe na rimwe Umunara w’Inderetsi uba urimwo ikiganiro cokoreshwa mu kwiga kivuga ngo “Ku bw’urwaruka rwacu” hamwe n’ibiganiro vyama bisohoka vyofasha abahungu n’abakobwa bakiri bato bivuga ngo “Niwigishe abana bawe.”

Igitabu Urwaruka ruribaza kizofasha rwose canecane abavyeyi bafise abana b’imiyabaga. Igihe uriko urakoresha ico gitabu ntiwirengagize uruzitiro ruvuga ngo “Ibibazo vyo kuganirako” ruri ku mpera ya buri kigabane. Ibibazo biri muri urwo ruzitiro birashobora gukoreshwa mu kuganira mu muryango.

Ariko rero uragaba ntuhindure inyigisho y’umuryango ngo icike ikiringo co guperereza. Ku bijanye n’uruzitiro ruvuga ngo “Ibibazo vyo kuganirako,” ico gitabu kivuga mu ntangamarara yaco iri ku rupapuro rwa 7 giti: “Ivyo bibazo ntivyagenewe umwihwezo w’ingingo ku yindi. Bisubiye si uburyo bufasha abavyeyi gusuzuma abana babo. Vyateguriwe kuremesha ibiyago hagati y’urwaruka n’abavyeyi.” Ku bw’ivyo, ntugerageze guhatira umwana wawe kwishura ibibazo bituma avuga ibintu bimwega ubwiwe.

Niwatuma ugusenga kwanyu kwo mu muryango kuguma kudahorereza, kukaba ngirakamaro kandi kukaba uguhimbaye, Yehova azohezagira cane utwigoro ugira. Uwo mwanya udasanzwe mumarana mu muryango uzogira ico uterereye kugira ngo abo mwikundira bagume bafise amagara meza mu vy’impwemu kandi bakomeye.

[Uruzitiro ku rup. 31]

Nube umuntu yiyumvira utuntu dushasha

Uwitwa J.M. wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika avuga ati: “Igihe jewe n’umunega wanje twaba turiko turiga n’udukobwa twacu, twararimbura amayagwa yo gutegura ku bw’ikoraniro ry’ishengero maze tugaca dusaba udukobwa twacu ngo dushushanye igicapo cerekana mu ncamake ico cigwa. Rimwe na rimwe, twarasubiramwo mu buryo bw’udukino ibintu bivugwa muri Bibiliya canke tugasubiramwo ukuntu tuzoshikiriza ibisohokayandikiro mu busuku bwo mu ndimiro. Twaragerageje gutuma iyo nyigisho iguma iberanye n’imyaka bari bafise, ishimishije, yubaka kandi iryoshe.”

Uwitwa Y.T. wo mu Buyapani avuga ati: “Kugira mfashe agahungu k’umuntu twigana Bibiliya ngo gatahure ukuntu vyari bigoye gukoresha umuzingo mu gihe ca Bibiliya, twaracapuye igitabu ca Yesaya tumaze gufuta ibiharuro vyerekana ibigabane n’imirongo. Twaciye dufatanya izo mpapuro ruba urupapuro rumwe rurerure maze ku mpera imwimwe duca tuhafatishako ikintu kimeze nk’umuroha. Ako gahungu kaciye rero kagerageza kugira ivyo Yezu yagize mw’isinagogi i Nazareti. Inkuru ivugwa muri Luka 4:16-21 yigana ko Yezu ‘yazinguruye umuzingo [wa Yesaya], aca atora’ ahari handitse amajambo yariko ararondera. (Yes. 61:1, 2) Ariko rero, igihe ako gahungu kagerageza kubigenza gutyo, kasanze bitoroshe gutora ahari Yesaya 61 gakoresheje uwo muzingo muremure utarimwo ibiharuro vyerekana ibigabane be n’imirongo. Ako gahungu karatangajwe n’ubuhanga Yezu yari afise mu gukoresha imizingo, gaca kiha akamo gati: ‘Yooo, Yezu yari igitangaza!’”

[Ifoto ku rup. 30]

Ibiringo vyo gusubiramwo ibintu mu buryo bw’udukino birashobora gufasha abana bawe kuvyifatamwo neza igihe bashikiwe n’akosho k’urunganwe

[Ifoto ku rup. 31]

Niwihatire gutuma umugoroba wagenewe ugusenga kwo mu muryango uba uwuhimbaye