Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ukuntu amahwaniro atatu yagize ico akoze ku buzima bwanje

Ukuntu amahwaniro atatu yagize ico akoze ku buzima bwanje

Ukuntu amahwaniro atatu yagize ico akoze ku buzima bwanje

nk’uko vyavuzwe na George Warienchuck

WOBA urigera ukorwa ku mutima cane n’ikintu wumviye kuri rimwe mu mahwaniro yacu ku buryo waciye wumva usunikiwe kugira ibintu bihambaye uhinduye mu buzima bwawe? Ivyo vyaranshikiye. Ntereje amaso inyuma, ndabona yuko amahwaniro atatu ari yo canecane yagize ico akoze ku buzima bwanje. Irya mbere ryamfashije kugira umutima rugabo, irya kabiri rimfasha kurushiriza kubumbwa n’ivyo mfise, irya gatatu na ryo rimfasha kurushiriza kuba umuntu yitanga. Ariko rero, imbere y’uko ndababwira ibijanye n’ayo mahinduka, reka mbaze ndabiganire ibintu bimwebimwe vyabaye hagisigaye imyaka itari mike kugira ngo ayo mahwaniro abe, ivyo na vyo bikaba bijanye n’igihe nari nkiri muto.

Navutse mu 1928, nkaba nari umuhererezi mu bana batatu. Jewe na bashikanje Margie na Olga, twarerewe mu gasagara kitwa South Bound Brook, muri leta ya New Jersey mu gihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ico gihe ako gasagara kakaba kabamwo abantu nka 2.000. Naho twari dukenye, mawe yaratanga cane. Igihe cose yaba aronse uburyo bwo gutegura imfungurwa zidasanzwe, yarazisangira n’ababanyi. Igihe nari mfise imyaka icenda, mawe yaragendewe n’Icabona yavuga igihongiriya, urwo rukaba ari rwo rurimi kavukire mawe yavuga, bica bituma yumviriza ubutumwa bwo muri Bibiliya. Mu nyuma, uwitwa Bertha, uno akaba yari umuvukanyikazi afise imyaka 20 irenga gatoyi, yaciye abandanya agirira mawe inyigisho ya Bibiliya kandi yaramufashije araba umusavyi wa Yehova.

Sinari meze nka mawe kuko nari nsanzwe ndi umunyamasoni, nkaba narisuzugura. Icavyunyura ni uko mawe yashaka kuguma anshira hasi. Igihe namubaza ndiko ndakorora amosozi nti: “Ni kubera iki wama imisi yose unebagura?”, yambwiye yuko yankunda mugabo akaba atashaka ko mbona ko nduta abandi. Mawe yabigirana imvo nziza, mugabo kuba ntigera nkezwa vyatuma numva ata co maze.

Umusi umwe, hari umubanyi yakunda kumvugisha n’umutima mwiza yansavye ngo mperekeze uduhungu twiwe mu vyigwa vyo ku wa mungu bakurikirana mw’idini iwabo. Nari nzi ko bitohimbaye Yehova ngiyeyo, ariko naratinya kubabaza uwo mubanyi yari yimereye neza. Ni co gituma namaze amezi atari make ngenda ku rusengero naho nyene jewe ubwanje vyantera isoni. Kw’ishure, na ho nyene gutinya abantu vyaratumye nkora ibitandukanye n’ijwi ryanje ryo mu mutima. Umuyobozi w’ishure, uno akaba yari umugabo atwaza umukazo, yarasuzuma neza ko abigisha babwirije abana bose kuramutsa ibendera. Na jewe nyene narariramukije. Ivyo vyarabandanije hafi umwaka wose, ibintu biraheza birahinduka.

Niga icigwa mu bijanye no kugira umutima rugabo

Mu 1939, hari umugwi w’inyigisho y’igitabu watanguye gukoranira iwacu. Uwitwa Ben Mieszkalski, uno akaba yari umuvukanyi akiri muto w’umutsimvyi, ni we yayobora iryo koraniro. Twamwita ko ari Ben Munini, kandi yari abibereye. Ukuntu namubona, yangana n’umuryango mukuru w’inzu yacu mu burebure no mu bunini. Ariko rero, naho yari atinyitse ku gihagararo, yari afise umutima mwiza cane kandi igihe yaba amwenyuye n’igishika cinshi, ubwo nyene naca numva umutima usubiye mu nda. Ni co gituma igihe Ben yansaba ngo tujane mu murimo wo mu ndimiro, naciye nemera ndabigiranye umunezero. Twaracitse abagenzi. Igihe naba numva merewe nabi, yaranyagisha nka kurya nyene umuntu yitwararikana yoyagisha murumunawe. Ivyo vyari bihambaye cane kuri jewe, kandi nahavuye ndamukunda bihebuje.

Mu 1941, Ben yarasavye abagize umuryango wacu ngo bajane na we mu muduga wiwe kw’ihwaniro ryabereye i St. Louis, muri leta ya Missouri. Iyumvire nawe ukuntu naryohewe! Sinari bwigere ngira urugendo ruruta urw’ibilometero 80 uvuye i muhira, ariko ico gihe nagira nje ku bilometero birenga 1.500! Yamara rero, i St. Louis hari hariho ingorane. Abakuru b’idini bari bategetse abantu bo mu maparuwasi batwara kudahirahira ngo bakire mu mihana iwabo Ivyabona bari baremereye guha indaro. Abenshi baciye bareka kubakira. Abo mu muryango twari twabwiwe ko tuzoshikiramwo na bo nyene bari baratewe ubwoba. Naho ari ukwo, baraduhaye ikaze. Abo bari batwakiriye bavuze ko batari kudohoka kw’isezerano bari baragize ryo kuturonsa uburaro. Naratangajwe n’umutima rugabo bagaragaje.

Bashikanje babatijwe kuri iryo hwaniro. Uwo musi nyene, umuvukanyi Rutherford wo kuri Beteli y’i Brooklyn, yarashikirije insiguro ikora ku mutima, muri yo akaba yarasavye abana bose bashaka gukora ivyo Imana igomba ngo bahaguruke. Abashika 15.000 barahagurutse. Na jewe narahagurutse. Yaciye asaba abipfuza gukora ivyo bashoboye vyose mu gikorwa co kwamamaza ngo bavuge bati: “Egome.” Cokimwe n’abandi bana, narasemereye nti: “Egome!” Abantu baciye bakoma amashi menshi. Nari ndonse imbarutso.

Inyuma y’iryo hwaniro, twaragendeye umuvukanyi umwe yaba muri leta ya Virginie yo mu Burengero. Yaratubwiye yuko igihe kimwe ari mu gikorwa co kwamamaza, hari akagwi k’abantu bari bashangashiwe bamukubise baca bamusiga ikaburimbo maze bamuhomekako amubi. Narumvirije ubwanwa bwapfutse umunwa. Uwo muvukanyi yavuze ati: “Naho biri uko, nzobandanya kwamamaza.” Igihe twatandukana n’uwo muvukanyi, numvise mbaye nka Dawidi. Nari niteguriye guhangana na Goliyati, ni ukuvuga wa muyobozi w’ishure ryacu.

Igihe nasubira kw’ishure, naraturukiriye wa muyobozi. Yarandavye igitsure. Narasengeye mu mutima nsaba Yehova ngo amfashe. Naciye naduka nti: “Ubu hoho naritavye ihwaniro ry’Ivyabona vya Yehova. Sinzogenda nsubiye kuramutsa ibendera!” Haciye haba agacerere k’akanya gato. Uwo muyobozi yaciye ahaguruka bukebuke arava ku ntebe yari yicayeko ku meza yiwe, maze aca aza yerekeza aho ndi. Yari yarunguriye kubera ishavu. Yaciye atontoma ati: “Utaramukije ibendera nca ndakwirukana!” Ico gihe hoho sinadohotse, kandi ibwina muri jewe narumvise umunezero ntari bwigere ngira imbere y’aho.

Si je nabonye turabonanye na Ben kugira ngo ndamubwire ivyari vyabaye. Igihe namubona ari mu Ngoro y’Ubwami, naciye mvuga n’ijwi rirenga nti: “Banyirukanye kw’ishure! Nanse kuramutsa ibendera!” Ben yaciye ankikiza ukuboko kwiwe, aramwenyura, maze avuga ati: “Nta gukeka ko Yehova agukunda.” (Gus. 31:6) Ese ukuntu ayo majambo yankoze ku mutima! Ku wa 15 Ruheshi 1942, ni ho nabatijwe.

Niga akabanga ko kubumbwa n’ivyo mfise

Inyuma y’Intambara ya kabiri y’isi yose, ubutunzi bw’ibihugu bwarongerekanye bukwi na bukwi kandi agatima ko gukunda amaronko kariziziye benshi mu gihugu. Nari mfise akazi kandonsa amahera menshi kandi narashobora kugura ibintu ntari bwigere niyumvira ko noronse. Bamwebamwe mu bagenzi banje baraguze amapikipiki, abandi na bo bararyohoye amazu yabo. Naraguze umuduga w’umutonore. Bidatevye, icipfuzo nari mfise co kurushiriza kumererwa neza mu vy’umubiri caratanguye gutuma ntacitwararika cane ivyungura Ubwami. Nari nzi yuko ndiko ndazimira. Igishimishije ni uko ihwaniro ryabereye mu gisagara ca New York mu 1950 ryamfashije guhindura ingendo.

Kuri iryo hwaniro, umushikirizansiguro wese yararemesheje abari ng’aho kwitwararika cane igikorwa co kwamamaza. Umushikirizansiguro umwe yaduhimirije ati: “Nimwiyambure ibintu vyose musigarane birya bikenewe gusa, maze mwiruke muri rya siganwa.” Wamenga ni jewe nyene ariko arabwira. Narabonye kandi ukuntu baha impapuro z’umutsindo abari basohotse Ishure ry’i Gileyadi, ivyo bikaba vyatumye nibaza nti: ‘Niba ivyo Vyabona bo mu runganwe rwanje bashobora kwemera guheba ivyo kumererwa neza mu vy’umubiri kugira ngo baje gusukurira mu mahanga, jeho none sinkwiye kugira umutima ukunze wo kubigira ino iwacu?’ Iryo hwaniro ryarangiye namaze gufata ingingo yo kuba umutsimvyi.

Muri ico gihe nyene, nari naratanguye kureshanya na Evelyn Mondak, uno akaba yari umuvukanyikazi w’umunyamwete wo mw’ishengero narimwo. Nyina wa Evelyn, uwari areze abana batandatu, yari umukenyezi w’intatinya urukamvye. Yarakunda kwamamaza mu mabarabara imbere y’urusengero amahero rwa Gatolika y’i Roma. Naho patiri yama yamubwiye yashangashiwe ngo ahave, ntiyigera anyiganyiga. Nk’ukwo kwa nyina wiwe, Evelyn ntiyatinya abantu.​—Imig. 29:25.

Mu 1951, jewe na Evelyn twarubakanye, turaheba ubuzi twakora, maze duca dutangura ubutsimvyi. Umucungezi umwe w’umuzunguruko yaraturemesheje ngo twimukire i Amagansett, kino kikaba ari ikigwati kiri ku nkengera y’Ibahari Atalantike nko ku bilometero 160 uvuye mu gisagara ca New York. Igihe ishengero ry’aho ryatumenyesha ko ritashobora kuturonkera uburaro, twaciye turondera mwene ka gakonteneri ko kubamwo gakwegwa n’umuduga, ariko ntitwashoboye kuronka akari gahuye n’amahera twari dufise. Twahavuye twubuka ku kari kamaze gusaza. Nyene ko yatwatse amadolari 900 (amarundi arenga 900.000), ayo akaba ari yo mahera nyene twari twarahawe bwa ngabirano igihe twagira ubugeni. Twarakaguze, turagasanura, maze tukajana mu cibare cacu gishasha. Ariko rero, twashitseyo ata n’urumeya dufise kandi twaribaza ukuntu twobayeho, narirya twari abatsimvyi.

Evelyn yarakora ibijanye no kugira isuku mu mazu, kandi na jewe nararonse akazi ko mw’ijoro ko kugira isuku mw’iresitora imwe y’Abataliyano. Nyene iyo resitora yambwiye ati: “Ibifungurwa vyose bizosigara, uraza urabitahana ubishire umukenyezi wawe.” Igihe rero naba ntashe isaha umunani z’ijoro, ka gakonteneri kacu kaca kamotamwo ibifungurwa vyitwa pizza na pasta. Ivyo bifungurwa twaca dusubira gushusha vyaradufasha, na canecane mu rushana aho wasanga turiko turajugumira muri ako gakonteneri kacu kaba kuzuyeko ibibarafu. N’ikindi kandi, rimwe na rimwe abavukanyi bo mw’ishengero barasiga ifi nini ku manenge y’ingazi za nya gakonteneri. Mu myaka twamaze dusukurira i Amagansett turi kumwe n’abo bavukanyi twakunda, twarabonye ko kubumbwa n’ibintu vya nkenerwa mu buzima ari ikintu gituma ubuzima buba ubumara akanyota. Iyo myaka yari ihimbaye.

Twaravyuriwe umutima wo kurushiriza kwitanga

Muri Mukakaro 1953, twararonse akaryo ko kuramutsa abamisiyonari amajana bari baje kwitaba ihwaniro mpuzamakungu ryabereye mu gisagara ca New York bavuye mu bihugu bakoreramwo vyo mu mahanga. Baratwiganiye ibintu bishimishije babonye. Umunezero bari bafise watuma na twebwe twipfuza kugira umunezero nk’uwo. Vyongeye, igihe umushikirizansiguro umwe wo kuri iryo hwaniro yashimika ku vy’uko ibihugu vyinshi bitarashikamwo ubutumwa bw’Ubwami, twaciye dutahura ico twari dukwiye kugira, ni ukuvuga kurushiriza kwitanga mu kwagura ubusuku bwacu. Kuri iryo hwaniro nyene, twaciye dusaba ko twokwitaba ivyigwa vy’abipfuza kuba abamisiyonari. Muri uwo mwaka nyene, twararonse ubutumire bwo kwitaba umugwi ugira 23 w’Ishure ry’i Gileyadi, uno ukaba watanguye ivyigwa muri Ruhuhuma 1954. Emwe, ako kari agateka kadasanzwe!

Twarahimbawe cane igihe twamenya ko twarungitswe gukorera muri Berezile. Imbere y’uko dufata urugendo rwodushikanyeyo rw’imisi 14 turi mu bwato bugendeshwa n’umwuka, umuvukanyi umwe ari n’ivyo ajejwe kuri Beteli yambariye ati: “Wewe n’umukenyezi wawe muzoba muri kumwe n’abavukanyikazi icenda b’abirebange mu rugendo muzogira mugiye muri Berezile. Urabitwararika!” Woba ushobora kwiha ishusho y’ukuntu abagendesha ubwato banyihweje n’agatwengo kenshi igihe bambona ndiko ndaja mu bwato mpagatiwe n’abagore cumi? Yamara rero, abo bavukanyikazi nta ngorane n’imwe ivyo vyigeze bibatera. Ariko ntiwumve, nariruhukije igihe twashika ku butaka bwa Berezile ata ngorane n’imwe twagize.

Tumaze kwiga igiporotigali, naragenywe ngo mbe umucungezi w’umuzunguruko muri leta ya Rio Grande do Sul, ino ikaba iri mu Bumanuko bwa Berezile. Umucungezi w’umuzunguruko nari ngiye gusubirira, uno akaba yari umuvukanyi w’umwirebange, yatubwiye jewe n’umukenyezi wanje ati: “Birantangaje kubona ino harungitswe umugabo n’umugore bubakanye. Aka karere karagoye.” Amashengero yari asabagiye hirya no hino mu karere amahero ko hagati mu gihugu kandi amwamwe umuntu yashobora kuyashikamwo agiriye gusa mu mukogote ukwegwa n’umuduga. Uramutse uguriye ibifungurwa umushoferi, yarashobora kukwemerera kwurira mu mukogote wiwe. Nka kurya kw’abatwara amafarasi, twaricara turambije amaguru hejuru ku mizigo yaba apakiye, tukagenda twagumije cane n’amaboko yacu yompi imigozi yaba yayibohesheje. Igihe cose uwo mukogote waba ukase cane, twaca tugumya rwose kugira ngo ntidukoroke kubera yuko uwo muzigo muremure cane waca uhengama maze tugaca tubona epfo cane mu myonga. Ariko rero, igihe twaba tubonye ukuntu abavukanyi baba barindiranye umushasharo ko dushika bakeye mu maso, twaca tubona ko vyari bibereye ko tugira utwigoro two gufata izo ngendo zamara umusi wose.

Twaba mu mazu y’abavukanyi. Bari bakenye cane, ariko ntivyababuza kuba abantu bitanga. Mu karere kamwe kari ukwako, abavukanyi bose bakorera mw’ihinguriro rimwe rikora ibijanye no gutekera inyama mu magopo. Uduhera bahembwa twabashoboza gufungura rimwe gusa ku musi. Bishitse bakirirwa badakoze, uwo musi ntibawuhemberwa. Naho ari ukwo, igihe twaba twabagendeye, barafata ikonje y’imisi ibiri kugira ngo bashigikire imirimo y’ishengero. Yehova ni we bahanga amaso. Abo bavukanyi bicisha bugufi baratwigishije icigwa tutazokwigera twibagira kijanye n’ukwitanga ku bw’Ubwami bw’Imana. Igihe twabana na bo, twararonse inyigisho ata shure na rimwe ryoshoboye kuturonsa. Iyo nsubije amaso inyuma nkibuka abo bavukanyi, n’ubu amosozi y’umunezero aca anyuzura mu maso.

Mu 1976, twarasubiye muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika kugira ngo tuje kwitwararika mawe yari aremvye. Kuva muri Berezile ntivyari vyoroshe, mugabo turakenguruka kuba twariboneye ingene inyungu z’Ubwami zagiye ziratera imbere bimwe biboneka muri ico gihugu. Igihe cose turonse amakete avuye muri Berezile, duca twibuka ibintu vyinshi bihimbaye twiboneye muri ico gihe ciza igitangaza twaciyemwo mu buzima.

Dusubira kubonana n’abagenzi bacu somambike

Igihe twariko turitwararika mawe, twarakora ubutsimvyi tukongera tugakora n’ubuzi bujanye no kugira isuku. Mu 1980, mawe yarapfuye ari umwizigirwa kuri Yehova. Inyuma y’aho, nararonse ubutumire bwo gusukura ndi umucungezi w’umuzunguruko muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Mu 1990, jewe n’umukenyezi wanje twaragendeye ishengero ry’i Connecticut. Woba uzi umuntu twahasanze? Umwe mu bakurambere b’iryo shengero yari Ben, emwe umwe Ben nyene hari haheze imyaka ishika 50 amfashije guhagarara ku ruhande rwa Yehova! Woba ushobora kwibaza umunezero twagize turiko turagumbirana?

Kuva mu 1996, jewe na Evelyn dusukura turi abatsimvyi badasanzwe bafise amagara make mw’ishengero rikoresha ururimi rw’igiporotigali ry’i Elizabeth, muri leta ya New Jersey. Ndafise ingorane z’amagara, mugabo ndabifashijwemwo n’umukenyezi wanje nikundira, ndagira uruhara mu busuku uko bishoboka kwose. Evelyn arafasha kandi umubanyi umwe afise amagara make kandi ageze mu zabukuru. Woba uzi izina ryiwe? Ni Bertha, emwe umwe Bertha nyene haheze imyaka 70 afashije mawe gucika umusavyi wa Yehova! Turahimbawe no kuba dufise akaryo ko kumubwira ukuntu tumukengurukira ku vyo yakoze vyose mu gufasha umuryango wanje ngo wige ukuri.

Ndashima cane ukuntu ayo mahwaniro yabaye kera yamvyuriye umutima wo gushigikira nshikamye ugusenga kw’ukuri, kuremurura ubuzima bwanje be no kwagura ubusuku bwanje. Ego cane, ayo mahwaniro yaragize ico akoze ku buzima bwanje.

[Ifoto ku rup. 23]

Nyina wa Evelyn (ibubamfu) be na mawe

[Ifoto ku rup. 23]

Umugenzi wanje Ben

[Ifoto ku rup. 24]

Turi ku butaka bwa Berezile

[Ifoto ku rup. 25]

Ndi kumwe na Evelyn muri kino gihe