Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ukuntu twozigama ubugenzi mw’isi idakundana

Ukuntu twozigama ubugenzi mw’isi idakundana

Ukuntu twozigama ubugenzi mw’isi idakundana

“Ivyo bintu ndabibategetse, ngo mukundane.”​—YOH. 15:17.

1. Ni kubera iki abakirisu bo mu kinjana ca mbere bari bakeneye kuguma bafitaniye ubugenzi somambike?

 MW’IJORO rya nyuma Yezu yamaze ng’aha kw’isi, yararemesheje abigishwa biwe b’intahemuka kuguma bakundana. Ku mugoroba w’uwo musi, yari yavuze yuko urukundo bari kugaragarizanya ari rwo rwokwerekanye ko ari abayoboke biwe. (Yoh. 13:35) Izo ntumwa zari zikeneye kuguma zifitaniye ubugenzi somambike kugira ngo zishobore kwihanganira ibigeragezo vyari bizirindiriye no kugira ngo zirangure igikorwa Yezu yari yimirije kuzishinga. Mu vy’ukuri, abakirisu bo mu kinjana ca mbere bahavuye bamenyekanira ku kuntu bihebera Imana batanyiganyiga no ku kuntu bakundana bimwe bikomeye.

2. (a) Twiyemeje gukora iki, kandi kubera iki? (b) Ni ibibazo ibihe tugiye kurimbura?

2 Ese ukuntu muri iki gihe bihimbaye kuba twifatanya n’ishirahamwe rikwiye kw’isi yose rigizwe n’abantu bakurikiza akarorero basigiwe n’abakirisu bo mu kinjana ca mbere! Twiyemeje kugamburuka itegeko Yezu yatanze ryo kugaragarizanya urukundo nyakuri. Ariko rero, muri ino misi ya nyuma, abantu muri rusangi barahemuka kandi ntibagaragaza igishika c’abantu. (2 Tim. 3:1-3) Ubugenzi bagiranira akenshi usanga budashemeye kandi burangwa n’ubwikunzi. Kugira ngo tugumane akaranga kacu k’abakirisu b’ukuri, dutegerezwa kwamirira kure inyifato mwene izo. Nimuze rero turimbure ibibazo bikurikira: Umushinge w’ubugenzi nyabwo ni uwuhe? Dushobora gute kwironkera abagenzi beza? Ni ryari vyoshobora gukenerwa ko duhagarika ubugenzi dufitaniye n’umuntu? Kandi dushobora gute kuzigama ubugenzi buremesha?

Umushinge w’ubugenzi nyabwo ni uwuhe?

3, 4. Umushinge w’ubugenzi bukomeye kuruta ubundi bwose ni uwuhe, kandi kubera iki?

3 Ubugenzi bukomeye kuruta ubundi bwose buba bushingiye ku rukundo dukunda Yehova. Umwami Salomo yanditse ati: “Nah’umuntu yoshobora kunesha umwe, babiri bomunanira, kand’igitsibo c’imigozi itatu ntigicika vuba.” (Umus. 4:12) Igihe Yehova aba abaye umugozi ugira gatatu mu bugenzi kanaka, buno buca buramba.

4 Ego ni ko abadakunda Yehova na bo nyene barashobora kugiranira ubugenzi bushimishije. Ariko igihe abantu bahujwe n’urukundo umwe wese muri bo akunda Imana, ubugenzi bwabo buca buba intamenwa. Iyo bishitse hakavyuka ukutumvikana, abagenzi nyakuri bagerageza gufatana mu buryo buhimbara Yehova. Igihe abarwanya Imana bagerageje gutuma abakirisu b’ukuri bacanamwo, abo bansi babo barabona ko ubugenzi buri hagati yabo budashobora gusenyurwa. Kuva kera na rindi, abasavyi ba Yehova bamye bemera gupfa babigiranye umutima ukunze aho guhemukiranira.​—Soma 1 Yohani 3:16.

5. Ni kubera iki ubugenzi bwari hagati ya Rusi na Nawomi bwari bukomeye cane?

5 Nta gukeka yuko ubugenzi tugirana n’abakunda Yehova ari bwo bumara akanyota kuruta ubundi bwose dushobora kugira. Rimbura akarorero ka Rusi na Nawomi. Abo bakenyezi baragiraniye ubugenzi buri mu bushimishije cane gusumba ubundi bwose buvugwa muri Bibiliya. Ni kubera iki none ubugenzi bwabo bwari bukomeye cane? Rusi yarahishuye impamvu igihe yabwira Nawomi ati: “Ihanga ryanyu ni ryo rizoba ihanga ryacu, Imana yawe ni yo izoba Imana yanje. . . . Uhoraho arakabimpanira, kandi birushirije, ni nagira ikizontandukanya nawe, atar’urupfu.” (Rusi 1:16, 17) Biragaragara ko Rusi na Nawomi bompi bari bafitiye Imana urukundo rugera kure, kandi bararetse urwo rukundo ruragira ico rukoze ku kuntu umwe yafata uwundi. Icavuyemwo ni uko abo bakenyezi bompi bahezagiwe na Yehova.

Ukuntu tworonka abagenzi beza

6-8. (a) Ubugenzi bukomeye buboneka gute? (b) Ushobora gute kwibwiriza kugira ico ukoze kugira ngo wironkere abagenzi?

6 Akarorero ka Rusi na Nawomi karerekana yuko ubugenzi nyabwo budapfa kwizana. Bushingiye ku rukundo umwe wese aba akunda Yehova. Ariko rero, ubugenzi bukomeye buboneka ari uko umuntu akoze agatama kandi akitanga. Mbere n’abavukana basenga Yehova baba bari mu miryango y’abakirisu, barakenera kugira ico bakoze kugira ngo bagiranire ubugenzi somambike. Ushobora gute none kwironkera abagenzi beza?

7 Niwibwirize kugira ico ukoze. Intumwa Paulo yararemesheje abagenzi biwe bo mw’ishengero ry’i Roma ngo “[ba]kurikire inzira y’ubwakiranyi.” (Rom. 12:13) Gukurikira inzira buyira bisaba ko uza uratera intambwe imwimwe ku yindi. Muri ubwo nyene, kuba umwakiranyi bisaba ko ugira utuntu dutoduto uza urakora udahorereza. Nta muntu ashobora kuba umwakiranyi mu kibanza cawe. (Soma Imigani 3:27.) Uburyo bumwe ushobora kuba umwakiranyi ni mu kuza uratumira abantu batandukanye bo mw’ishengero kugira ngo musangire udufungurwa dusanzwe. Kugaragariza ubwakiranyi abagize ishengero ukukira, woba ushobora kubigira kimwe mu bintu wama ukora?

8 Ubundi buryo ushobora kwibwiriza kugira ico ukoze kugira ngo wironkere abagenzi, ni mu kuza urasaba abantu batandukanye ngo mwifatanye mu gikorwa co kwamamaza. Igihe muhagaze imbere y’urugi rw’uwo muba mwagendeye maze ukumva uwo muriko murakorana avuga ata buryarya ibijanye n’urukundo afitiye Yehova, ntushobora kureka kwumva urushirije kwiyegereza uwo muntu.

9, 10. Ni akarorero akahe Paulo yadusigiye, kandi twomwigana gute?

9 Niwaguke mu kibabarwe cawe. (Soma 2 Abakorinto 6:12, 13.) Vyoba birashika ukumva ata muntu n’umwe mw’ishengero iwanyu ushobora kugira umugenzi? Nimba bimaze gushika, vyoba biva ku kuba utariko uraguka mu bijanye n’abantu ubona ko wogira abagenzi? Intumwa Paulo yaradusigiye akarorero keza mu bijanye n’ukuntu yari yagutse mu kibabarwe. Yarigeze kuba yiyumvira ko atokwigeze agiranira ubugenzi somambike n’abatari Abayuda. Ariko rero, yahavuye aba “intumwa ku mahanga.”​—Rom. 11:13.

10 N’ikindi kandi, Paulo ntiyagiraniye ubugenzi n’abo banganya imyaka gusa. Nk’akarorero, we hamwe na Timoteyo baracitse abagenzi somambike naho batanganya imyaka kandi bakaba bari bakuriye mu bintu bitandukanye. Muri kino gihe, abakiri bato benshi baraha agaciro ubugenzi bafitaniye n’abagize ishengero bakuze kubaruta. Uwitwa Vanessa, uno akaba ageze mu myaka 20 y’amavuka, avuga ati: “Ndafise umugenzi pfampfe ageze mu myaka 50 y’amavuka. Ndashobora kumwiganira ikintu ico ari co cose nshobora kwiganira abagenzi tunganya imyaka. Kandi aranyitwararika cane.” None bigenda gute ngo abantu bunge ubugenzi mwene ubwo? Vanessa avuga ati: “Nabwirijwe kugira utwigoro kugira ngo dushike kuri ubwo bugenzi; siniraramiye ngo buzokwizana.” Woba ufise umutima ukunze wo kugiranira ubugenzi n’abantu mutanganya imyaka? Nta gukeka ko Yehova azohezagira utwigoro ugira.

11. Ni igiki dushobora kwigira ku karorero ka Yonatani na Dawidi?

11 Nube intahemuka. Salomo yanditse ati: “Umukunzi akundana ibihe vyose, kandi yavukiye kukubera nk’uwo muvukana mu magorwa.” (Imig. 17:17) Igihe Salomo yariko aratunganya ayo majambo, ashobora kuba yari afise mu muzirikanyi ubugenzi se wiwe Dawidi yari afitaniye na Yonatani. (1 Sam. 18:1) Umwami Sauli yashaka ko umuhungu wiwe Yonatani atorana ingoma ya Isirayeli. Ariko Yonatani yaremeye ivy’uko Yehova yari yarahisemwo Dawidi ngo aterwe ako gateka. Yonatani ntiyari ameze nka Sauli kuko we atagiriye ishari Dawidi. Ntiyababajwe n’ukuba Dawidi yarashemagijwe, eka kandi ntiyemeye ibinyoma Sauli yakwiragije ku bijanye na Dawidi. (1 Sam. 20:24-34) Twoba tumeze nka Yonatani? Igihe abagenzi bacu batewe uduteka, vyoba biduhimbara? Igihe bashikiwe n’ingorane, twoba tubahumuriza tukongera tukabashigikira? Igihe twumvise urusaku ku vyerekeye umugenzi, twoba twihutira kuvyemera? Canke, twoba tuburanira tudahemuka uwo mugenzi wacu nka kumwe Yonatani yabigize?

Igihe biba bikenewe ko ubugenzi buhagarara

12-14. Ni ingorane iyihe ishikira abatohoji ba Bibiliya bamwebamwe, kandi twobafata mu mugongo gute?

12 Igihe umutohoji wa Bibiliya atanguye kugira amahinduka mu buryo abayeho, yoshobora guhangana n’ingorane ikomeye ijanye n’abagenzi biwe. Yoshobora kuba afise abagenzi yumva amerewe neza iyo ari kumwe na bo, mugabo bakaba batabayeho bisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Muri kahise, yoshobora kuba yarakunda kumarana umwanya na bo bariko bararyoherwa. Ariko rero ubu, arabona ko ivyo bakora vyoshobora kumugirako akosho kabi, maze akumva ko akeneye kugabanya umwanya amarana n’abagenzi nk’abo. (1 Kor. 15:33) Naho biri ukwo, yoshobora kwumva umengo yoba abahemukiye atifatanije na bo.

13 Niba uri umutohoji wa Bibiliya ahanganye n’iyo ngorane, uribuka ko umugenzi nyakuri yohimbarwa n’uko uriko uragerageza kuryohora ubuzima bwawe. Yokwipfuza mbere no kwifatanya nawe mu kwiga ivyerekeye Yehova. Abagenzi atari ab’ukuri bobo ‘bazobandanya kugutuka’ kubera ko utiruka hamwe na bo muja “mu rushanga rumwe rw’ubuhumbu.” (1 Pet. 4:3, 4) Mu vy’ukuri, abo bagenzi ni bo baba baguhemukiye, si wewe uba ubahemukiye.

14 Igihe abatohoji ba Bibiliya bishitse bagahebwa n’abahoze ari abagenzi babo badakunda Imana, abagize ishengero barashobora kuja mu kibanza cabo. (Gal. 6:10) Wewe ubwawe woba uzi abitaba amakoraniro mw’ishengero iwanyu bariko bariga Bibiliya? Vyoba bigushobokera ko rimwe na rimwe wifatanya na bo mu buryo bwubaka?

15, 16. (a) Dukwiye kuvyifatamwo gute igihe umugenzi ahagaritse gusukurira Yehova? (b) Dushobora gute kwerekana urukundo dukunda Imana?

15 Ariko none, tuvuge iki igihe umugenzi wari ufise mw’ishengero ahisemwo gutera umugongo Yehova, kumbure bikaba ngombwa ko acibwa? Ikintu nk’ico kirashobora gutera intuntu nyinshi. Umuvukanyikazi umwe, mu kudondora ukuntu yavyakiriye igihe umugenzi wiwe somambike yahagarika gukorera Yehova, yavuze ati: “Narakubiswe n’inkuba. Nahora niyumvira ko uwo mugenzi wanje yari ashikamye mu kuri, ariko si ko vyari biri. Naribajije nimba yahora asukurira Yehova kugira gusa anezereze umuryango wiwe. Naciye ntangura gusuzuma imvo jewe ubwanje nakorana ibintu. Noba nariko nsukurira Yehova ndabitumwe n’imvo nziza?” None uwo muvukanyikazi yashoboye gute kuvyifatamwo neza? Avuga ati: “Naratereye umuzigo wanje kuri Yehova. Niyemeje kwereka Yehova ko ndamukunda kubera kamere ziwe, atari kubera gusa yuko andonsa abagenzi mw’ishirahamwe ryiwe.”

16 Ntidushobora kwitega ko tuzoguma turi abagenzi b’Imana niba twifatanya n’abahitamwo kuba abagenzi b’isi. Umwigishwa Yakobo yanditse ati: “Ntimuzi yuko kugiranira ubugenzi n’isi ari ukwankana n’Imana? Uwo wese rero ashaka kuba umugenzi w’isi aba yigize umwansi w’Imana.” (Yak. 4:4) Turashobora kwerekana urukundo dukunda Imana mu kwizigira yuko izodufasha kuvyifatamwo neza igihe twabuze umugenzi kubera yuko turi intahemuka kuri yo. (Soma Zaburi 18:25.) Wa muvukanyikazi twavuga arerekana muri make ukuntu ibintu bimeze, ati: “Naratahuye ko tudashobora gutuma umuntu akunda Yehova canke adukunda. Uko biri kwose, iyo ni ingingo umuntu ubwiwe yifatira.” Ariko none, ni igiki dushobora gukora kugira ngo tuzigame ubugenzi dufitaniye n’abaguma bari mw’ishengero?

Ukuntu twozigama ubugenzi nyabwo

17. Abagenzi beza baganira gute?

17 Guseruriranira neza akari ku mutima biratuma abantu baguma ari abagenzi somambike. Uko usoma inkuru zivugwa muri Bibiliya zerekeye Rusi na Nawomi, Dawidi na Yonatani hamwe na Paulo na Timoteyo, uzobona yuko abagenzi beza bayaga bisanzuye ariko bakabigira bubahana. Ku bijanye n’ukuntu dukwiye guseruriranira n’abandi akari ku mutima, Paulo yanditse ati: “Imvugo yanyu yamane nantaryo igikundiro, irunze umunyu.” Paulo yariko yerekeza neza na neza ku buryo dukwiye kuganira n’“abo hanze,” ni ukuvuga abatari abavukanyi bacu bakirisu. (Kol. 4:5, 6) Emwe, niba bibereye ko tuganiriza abatemera tubigiranye icubahiro, nta gukeka ko dukwiye kurushiriza kubigenza gutyo igihe tuganira n’abagenzi bacu bo mw’ishengero!

18, 19. Dukwiye kwakira gute impanuro iyo ari yo yose duhawe n’umugenzi wacu mukirisu, kandi ni akarorero akahe abakurambere b’i Efeso badusigiye?

18 Abagenzi beza baraha agaciro iciyumviro umwe wese muri bo ashikiriza, akaba ari co gituma bakeneye guseruriranira akari ku mutima mu buryo buranga igikundiro kandi badakikiriza. Wa Mwami w’inkerebutsi Salomo yanditse ati: “Ukw amavuta atāmirana n’ibimota neza binezereza umutima, ni ko n’uburyohe bg’umukunzi w’umuntu bumeze, buvuye mu nama zo mu mutima.” (Imig. 27:9) Ukwo kwoba ari ko ubona impanuro iyo ari yo yose uhawe n’umugenzi? (Soma Zaburi 141:5.) Niba umugenzi aguseruriye amakenga afise ku bijanye n’ingendo yinaka uriko urafata, uvyakira gute? Woba ubona ko amajambo akubwiye ari ikintu kiranga umutima mwiza, canke bica bikubabaza?

19 Intumwa Paulo yarahimbarwa n’ubucuti bwa hafi yari afitaniye n’abakurambere bo mw’ishengero ry’i Efeso. Bishoboka ko yari azi bamwebamwe muri abo bagabo kuva bagicika abemera. Ariko rero, mu mubonano yagiraniye na bo ari bwo bwa nyuma, yarabahaye impanuro zimwezimwe zidakikiriza. None bavyakiriye gute? Abo bagenzi ba Paulo ntivyabababaje. Ahubwo riho, barakengurutse ukuntu yabitwararika, kandi baranakoroye amosozi igihe yababwira yuko batokwongeye kumubona.​—Ibik. 20:17, 29, 30, 36-38.

20. Umugenzi afise urukundo ni igiki akora?

20 Abagenzi beza ntibemera gusa impanuro iranga ubukerebutsi, ariko kandi barayitanga. Birumvikana ko dukeneye kumenya igihe dukwiye “kuraba ivya[cu] bwite.” (1 Tes. 4:11) Vyongeye, dutegerezwa kwemera ko umwe wese muri twebwe “azobazwa n’Imana ku vyiwe.” (Rom. 14:12) Ariko igihe biba bikenewe, umugenzi afise urukundo aributsa mugenziwe ibijanye n’ingingo mfatirwako za Yehova abigiranye ubuntu. (1 Kor. 7:39) Nk’akarorero, wokora iki bishitse ukabona ko umugenzi atarubaka urwiwe atanguye gukwegana n’umuntu atizera? Woba woreka kumubwira amakenga ufise kubera yuko utinya ko ubugenzi mufitaniye bwohagarara? Canke bishitse uwo mugenzi wawe akirengagiza impanuro umuhaye, woca ukora iki? Umugenzi mwiza yoca aronderera imfashanyo ku bungere banyarukundo kugira ngo afashe mugenziwe yatirimutse. Kubigenza gutyo bisaba umutima rugabo. Yamara rero, ubugenzi bushingiye ku gukunda Yehova ntibuzogenda akagirire.

21. Ni ibiki rimwe na rimwe twese dukora, ariko ni kubera iki bihambaye ko tuzigama ubugenzi bukomeye mw’ishengero?

21 Soma Abakolosayi 3:13, 14. Rimwe na rimwe, tuzotuma abagenzi bacu ‘bagira ico batwidogera,’ kandi na bo nyene bazokora canke bavuge ibintu bidushavuza. Yakobo yanditse ati: “Twese dutsitara kenshi.” (Yak. 3:2) Ariko rero, icerekana ingene ubugenzi dufitaniye n’umuntu bungana si incuro ducumuranako, ahubwo ni ukuntu tubabarirana tugaherezako ibintu bibabaza tuba twagiraniye. Ese ukuntu bihambaye yuko dutsimbataza ubugenzi bukomeye mu guseruriranira akari ku mutima tudahishanya be no mu kubabarirana ata gahigihigi! Nitwagaragaza mwene urwo rukundo, ruzocika “umugozi utunganye wunga ubumwe.”

Wokwishura gute?

• Twoshobora gute kwironkera abagenzi beza?

• Ni ryari vyoshobora gukenerwa ko ubugenzi buhagarara?

• Ni ibiki dutegerezwa gukora kugira ngo tuzigame ubugenzi bukomeye?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Ifoto ku rup. 18]

Ubugenzi bukomeye bwari hagati ya Rusi na Nawomi bwari bushingiye ku ki?

[Ifoto ku rup. 19]

Woba wama ugaragariza abandi ubwakiranyi?