Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba ‘ushinze imizi kandi uhamangiwe ku mushinge’?

Woba ‘ushinze imizi kandi uhamangiwe ku mushinge’?

Woba ‘ushinze imizi kandi uhamangiwe ku mushinge’?

WOBA urigera witegereza igiti c’inganzamarumbu kiriko kirahungabanywa n’igihuhusi? Ico giti kiba gihanganye n’inkomezi nyinshi cane z’uwo muyaga, mugabo kiguma gihagaze. Uti kubera iki? Kubera yuko kiba gifise imizi ikomeye ishinze cane mu butaka. Turashobora kumera nk’ico giti. Igihe dushikiwe n’ibigeragezo bikomeye mu buzima, na twebwe turashobora kuguma duhagaze mu gihe tugumye ‘dushinze imizi kandi duhamangiwe ku mushinge.’ (Ef. 3:14-17) None uwo mushinge ni uwuhe?

Ijambo ry’Imana rivuga yuko ‘Kristu Yezu ubwiwe ari we buye rigumya imfuruka ry’umushinge’ w’ishengero rya gikirisu. (Ef. 2:20; 1 Kor. 3:11) Twebwe abakirisu turemeshwa ‘kubandanya kugenda twunze ubumwe na we, dushinze imizi kandi twubatswe muri we kandi dukomeye mu kwizera.’ Tubigenjeje gutyo, tuzoshobora kunanira ibitero vyose birondera gusenyura ukwizera kwacu, harimwo n’ibiza bimeze nk’“ivyiyumviro biryosharyosha” bishingiye ku “ruhendo ata co rurimwo” rw’abantu.​—Kol. 2:4-8.

“Ubwaguke n’uburebure bw’amakika n’uburebure bw’igihagararo n’ubwimbike”

Ariko none, dushobora gute gucika abantu “bashinze imizi” kandi ‘bakomeye batanyiganyiga mu kwizera’? Uburyo bumwe buhambaye bwo kurungika imizi yacu ibwina mu butaka, tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo, ni mu kwiga Ijambo ry’Imana ryahumetswe tubigiranye ubwira. Yehova ashaka ko “[d]utegera mu bwenge hamwe n’aberanda bose ubwaguke n’uburebure bw’amakika n’uburebure bw’igihagararo n’ubwimbike” vyerekeye ukuri. (Ef. 3:18) Ku bw’ivyo rero, nta mukirisu n’umwe akwiye kugarukiriza gusa ku gutahura kw’indenzirenzi, akabona ko bihagije kumenya “ibintu vy’intango” gusa vyo mw’Ijambo ry’Imana. (Heb. 5:12; 6:1) Ahubwo nyabuna, uwo ari we wese muri twebwe akwiye kurondera gutahura bimwe vyimbitse ukuri kwo muri Bibiliya abigiranye umushasharo.​—Imig. 2:1-5.

Birumvikana ko ivyo bidasobanura yuko kugira ubumenyi bwinshi ari co kintu gusa dukeneye kugira ngo tube “abashinze imizi kandi bahamangiwe” mu kuri. Nakare, na Shetani ubwiwe arazi ibiri muri Bibiliya. Turakeneye n’ibindi uretse ivyo. Turakeneye “kumenya urukundo rwa Kristu rurengeye ubumenyi.” (Ef. 3:19) Yamara rero, nitwiyigisha tubitumwe n’uko dukunda Yehova be n’ukuri, ukwongereza ubumenyi bw’ukuri bwerekeye Ijambo ry’Imana bizokomeza ukwizera kwacu.​—Kol. 2:2.

Nusuzume ugutahura kwawe

Ubona gute ufashe umwanya ubu nyene kugira ngo usuzume ugutahura kwawe ku bijanye n’inyigisho nkeya gusa zihambaye cane dusanga muri Bibiliya zerekeye ukuri? Ubigize vyoshobora kukuremesha kurushiriza kugira umwete mu kwiyigisha Bibiliya. Nk’akarorero, soma imirongo itangura mw’ikete intumwa Paulo yandikiye Abanyefeso. (Raba uruzitiro ruvuga ngo  “Ku Banyefeso.”) Umaze gusoma iyo mirongo, niwibaze uti: ‘Noba ntahura insobanuro y’imvugo zikoreshwa muri iyo mirongo yo muri Bibiliya zanditswe mu ndome zihiritse muri urwo ruzitiro?’ Reka tuzirimbure imwimwe ukwayo.

Bashinzwe “imbere y’ishingwa ry’isi”

Paulo yandikiye abo basangiye ukwizera ati: “[Imana] yadushingiye imbere y’igihe kugirwa abana bayo bwite biciye kuri Yezu Kristu.” Ego cane, Yehova yaratunganije ivy’uko abantu bamwebamwe yobagize abana biwe bwite bakaba mu bagize umuryango wiwe utunganye wo mw’ijuru. Abo bagizwe abana b’Imana bofadikanije na Kristu gutegeka ari abami n’abaherezi. (Rom. 8:19-23; Ivyah. 5:9, 10) Igihe Shetani yatangura kurwanya ubusegaba bwa Yehova, yavuze yuko abantu Imana yaremye bari bafise akanenge. Ese rero ingene bibereye kubona Yehova yarahisemwo bamwebamwe mu bagize uwo muryango nyene w’abantu kugira ngo bagire uruhara mu vyo kuzohava bakura ububi bwose ahantu hose, ushizemwo n’uwo ikibi gikomokako ari we Shetani wa Mubesheranyi! Ariko rero, Yehova ntiyashinze imbere y’igihe ngo ni naka na naka azogira abana biwe. Ahubwo riho, Imana yashinze ko hobayeho umugwi w’abantu botegetse bari kumwe na Kristu mw’ijuru.​—Ivyah. 14:3, 4.

None Paulo yashaka kuvuga “isi” iyihe igihe yandikira abakirisu bagenziwe ko bari baracaguwe uko bagize umugwi “imbere y’ishingwa ry’isi”? Ntiyariko yerekeza ku gihe Imana itari bwareme isi canke abantu. Ivyo ntivyobaye biranga ubutungane. Wumva none Adamu na Eva bari kugira ico babazwa gute ku bijanye n’ivyo bari bakoze nimba Imana yari yaramaze gushinga ko bocumuye, imbere y’uko baremwa? None, ni ryari Imana yashinze ukuntu yotoreye umuti ingorane zavyutse igihe Adamu na Eva bifatanya na Shetani mu kugarariza ubusegaba bwayo? Yehova yabigize gusa inyuma y’aho abavyeyi bacu ba mbere bagararirije, ariko hakaba hari imbere y’uko haboneka isi igizwe n’abantu b’abanyagasembwa yamara bashobora gucungurwa.

“Nk’uko ubutunzi bw’ubuntu ata wari abukwiriye bwayo buri”

Ni kubera iki Paulo yavuze ko intunganyo zirimburwa mu mirongo itangura igitabu c’Abanyefeso zabayeho “nk’uko ubutunzi bw’ubuntu ata wari abukwiriye [bw’Imana] buri”? Yabigize kugira ngo ashimike ku vy’uko Yehova atategerezwa gucungura abantu bari bahuvye.

Mu bisanzwe, nta n’umwe muri twebwe yakoze ikintu na kimwe gishobora gutuma aronka ugucungurwa. Ariko rero Yehova, asunitswe n’urukundo rwinshi akunda umuryango w’abantu, yarashizeho intunganyo zidasanzwe kugira ngo aturokore. Twihweje ukuntu turi abanyagasembwa tukaba n’abanyabicumuro, nk’uko Paulo yabivuze, ukurokorwa kwacu mu vy’ukuri ni ubuntu tutari dukwiriye.

Rya banga ryeranda ry’umugambi w’Imana

Mu ntango, Imana ntiyahishuye ukuntu yosubije mu buryo ivyo Shetani yari yononye. Ryari “ibanga ryeranda.” (Ef. 3:4, 5) Mu nyuma ishengero rya gikirisu rimaze gushingwa, Yehova yarahishuye ibintu vy’ido n’ido vyerekeye ukuntu yoranguye umugambi yari afitiye abantu be n’isi mu ntango. Paulo yasiguye yuko “ibihe vyashinzwe bimaze gukwira,” Imana yakoresheje “ubuyobozi,” buno bukaba ari uburyo bwo kuyobora ibintu buzotuma ibiremwa vyayo vyose bifise ubwenge vyunga ubumwe.

Intambwe ya mbere y’ukwo kwunga ubumwe yatanguye kuri Pentekoti yo mu 33 G.C., igihe Yehova yatangura gutororokanya abofadikanije na Kristu gutegeka mw’ijuru. (Ibik. 1:13-15; 2:1-4) Intambwe igira kabiri yobaye ari ugutororokanya abo bose bazoba kw’isi y’iparadizo bategekwa n’Ubwami Kristu arongoye ari Mesiya. (Ivyah. 7:14-17; 21:1-5) Ijambo ngo “ubuyobozi” ntiryerekeza ku Bwami burongowe na Mesiya, kubera yuko ubwo Bwami butari bwashingwe imbere yo mu 1914. Ahubwo, iryo jambo ryerekeza ku kuntu Imana iyobora ibintu kugira ngo irangure umugambi wayo wo gutuma ibiremwa vyayo vyose bisubira kwunga ubumwe.

Nube ‘uwukuze mu bubasha bwo gutahura’

Nta gukeka ko niwagira utumenyero twiza two kwiyigisha bizogufasha gutahura bimwe bishitse “ubwaguke n’uburebure bw’amakika n’uburebure bw’igihagararo n’ubwimbike” vyerekeye ukuri. Ariko rero, nta gukeka kandi ko kuba abantu bacurumba muri twinshi muri kino gihe bituma Shetani yoroherwa no kuburabuza canke mbere kuzimanganya mwene utwo tumenyero. Ntumureke ngo atume bigushikira. Nukoreshe “ubushobozi bwo gutegera” Imana yaguhaye kugira ngo ucike “[uwu]kuze mu bubasha bwo gutahura.” (1 Yoh. 5:20; 1 Kor. 14:20) Niwiyemeze neza yuko utahura igituma wemera ivyo wemera be n’uko ushobora nantaryo gutanga “impamvu y’icizigiro kiri muri [wewe].”​—1 Pet. 3:15.

Nufate ko ari ho wari uri muri Efeso igihe ikete Paulo yanditse ryariko rirasomwa ari bwo bwa mbere. Ubwo none amajambo yakoresheje ntiyari gutuma wipfuza gukura “mu bumenyi butagira amakosa bw’Umwana w’Imana”? (Ef. 4:13, 14) Nta gukeka ko wari kubigenza gutyo! Ku bw’ivyo rero, reka amajambo yahumetswe Paulo yavuze akuvyurire ico cipfuzo nyene muri kino gihe. Niwakunda Yehova bimwe bigera kure ukongera ukagira ubumenyi butagira amakosa bwerekeye Ijambo ryiwe, bizogufasha kuguma ‘ushinze imizi kandi uhamangiwe ku mushinge’ wa Kristu ata kunyiganyiga. Muri ubwo buryo, uzoshobora kwihangana mu gihe c’ikigeragezo ico ari co cose Shetani yoshobora kuguteza imbere y’uko umuhero w’iyi si mbi ushika.​—Zab. 1:1-3; Yer. 17:7, 8.

[Uruzitiro ku rup. 27]

 “Ku Banyefeso”

“Hahezagirwe Imana ari yo Se w’Umukama wacu Yezu Kristu, kuko yaduhezagije umuhezagiro wose wo mu vy’impwemu mu bibanza vyo mw’ijuru mu bumwe na Kristu, nk’uko yadutoye mu bumwe na we imbere y’ishingwa ry’isi, kugira ngo tube beranda, tutagira ikirabagu imbere yayo mu rukundo. Kuko yadushingiye imbere y’igihe kugirwa abana bayo bwite biciye kuri Yezu Kristu, nk’uko agahimbare keza k’ukugomba kwayo kari, ngo hashemezwe ubuntu ata wari abukwiriye bwayo bw’ubuninahazwa, ubwo yatugiriye n’umutima ukunze biciye ku mukundwa wayo. Muri we, turaronka ukubohorwa biciye ku ncungu tubihawe n’amaraso y’uwo, egome, ukubabarirwa amakosa yacu, nk’uko ubutunzi bw’ubuntu ata wari abukwiriye bwayo buri. Ubwo yarabugwije kuri twebwe mu bukerebutsi bwose no mu gutahura ibintu neza kwose, mu buryo bw’uko yatumenyesheje rya banga ryeranda ry’ukugomba kwayo. Ni nk’uko agahimbare keza kayo kari, ako yashingiye umugambi muri yo ubwayo, ku bw’ubuyobozi ibihe vyashinzwe bimaze gukwira, ni kwo kwongera gukoraniriza hamwe ibintu vyose muri Kristu, ivyo mw’ijuru n’ivyo kw’isi.”​—Ef. 1:3-10.