Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Amasengesho utura ahishura iki ku bikwerekeye?

Amasengesho utura ahishura iki ku bikwerekeye?

Amasengesho utura ahishura iki ku bikwerekeye?

“Wewe wumva ivyo usabga, abafise umubiri bose bazoza kuri wewe.”​—ZAB. 65:2.

1, 2. Ni kubera iki abasavyi ba Yehova bashobora kumwitura mw’ishengero babigiranye ukwizigira?

 YEHOVA ntiyigera yirengagiza ivyo abasavyi biwe b’abizigirwa bamusaba. Turashobora kwizigira tudakeka ko atwumva. N’igihe nyene Ivyabona vya Yehova amamiliyoni boba bariko barasengera icarimwe, nta n’umwe yobwirwa ngo “uragerageza hanyuma.”

2 Kubera ko Dawidi umwanditsi wa zaburi yizigira adakeka ko Imana yumva ugutakamba kwiwe, yaririmvye ati: “Wewe wumva ivyo usabga, abafise umubiri bose bazoza kuri wewe.” (Zab. 65:2) Yehova yarishuye amasengesho ya Dawidi kubera ko yari umusavyi wiwe w’intahemuka. Vyoba vyiza umwe wese muri twebwe yibajije ati: ‘Ugutakamba kwanje kwoba kwerekana ko nizigira Yehova be n’uko ugusenga gutyoroye ari kwo nshira mu kibanza ca mbere? Amasengesho ntura ahishura iki ku binyerekeye?’

Dusenge Yehova twicishije bugufi

3, 4. (a) Ni agatima akahe dukwiye kuba dufise igihe twegera Imana mw’isengesho? (b) Dukwiye gukora iki niba duhagaritswe umutima n’“ivyiyumviro bidurumbanye” ku bijanye n’igicumuro gikomeye twakoze?

3 Niba dushaka ko amasengesho yacu yumvirwa, dutegerezwa gusenga Imana twicishije bugufi. (Zab. 138:6) Turakwiye gusaba Yehova ngo adusuzume, nk’uko Dawidi yabigize igihe yavuga ati: “Mana, nsuzuma umenye umutima wanje, n’uncace, umenye ivyiyumviro [“bidurumbanye,” NW] vyanje, urābe yuko harih’inzira y’ibibi yoba iri muri jewe, undōngōrere mu nzira y’ibihe bidashira.” (Zab. 139:23, 24) Ese ugusenga coba co kintu tutokora gusa, ariko kandi tukemera n’umutima ukunze gusuzumwa n’Imana no guhanurwa n’Ijambo ryayo! Yehova arashobora kutuyobora mu “nzira y’ibihe bidashira,” akadufasha gukurikirana ingendo ishikana ku buzima budahera.

4 Bite ho mu gihe twoba duhagaritswe umutima n’“ivyiyumviro bidurumbanye” ku bijanye n’igicumuro gikomeye twakoze? (Soma Zaburi 32:1-5.) Kugerageza kwiyobagiza ijwi ryo mu mutima riguma ritwagiriza birashobora gutuma dutakaza inkomezi nka kurya kw’igiti gikabirana mu gihe c’ubushuhe bwinshi bwo mu ci. Kubera ko Dawidi yari yakoze igicumuro, yaratakaje umunezero kandi ashobora kuba yaranarwaye. Ariko, ese ukuntu yumvise aruhuriwe igihe yaturira Imana ico gicumuro! Iyumvire umunezero Dawidi yagize igihe yumva ko ‘ugucumura kwiwe kwahariwe’ be n’uko Yehova yamugiriye ikigongwe. Igihe uwahuvye yaturiye Imana igicumuro yakoze birashobora gutuma aruhurirwa, kandi gufashwa n’abakurambere bakirisu na vyo nyene birashobora gutuma asubira kugira amagara meza mu vy’impwemu.​—Imig. 28:13; Yak. 5:13-16.

Dutakambire Imana kandi tuyikengurukire

5. Gutakambira Yehova bisobanura iki?

5 Niba hari ikintu na kimwe coba gitumye twiganyira, turakwiye gukurikiza impanuro Paulo yatanze igira iti: “Ntimwiganyire ku kintu na kimwe, mugabo muri vyose, mu gusenga no mu gutakamba bijana n’ugukenguruka, ivyo musaba bimenyeshwe Imana.” (Flp. 4:6) “Gutakamba” bisobanura “kwinginga wicishije bugufi.” Turakwiye gutakambira Yehova ngo adufashe canke ngo atuyobore na canecane mu gihe tugeramiwe, kibure tukaba turiko turahamwa.

6, 7. Ni imvo izihe zikwiye gutuma dutura n’amasengesho y’ugukenguruka?

6 Ariko rero, niba dusenga igihe gusa turi n’ico dukeneye, none ivyo vyoba bihishura iki ku bijanye n’imvo tubigirana? Paulo yavuze yuko ivyo dusaba dukwiye kubimenyesha Imana ‘tubijanisha n’ugukenguruka.’ Nta gukeka ko dufise imvo zo gukenguruka nk’uko Dawidi yabigize igihe yavuga ati: “Uhoraho, ubukuru n’ubushobozi n’icubahiro n’inganji n’igitinyiro n’ivyawe; kukw ibiri mw ijuru n’ibiri mw isi vyose ar’ivyawe; ubgami n’ubgawe, ewe Uhoraho, kandi ni wewe ushizwe hejuru ng’ube ūsumba vyose. . . . Mana yacu, turagukengurukiye, duhimbaje izina ryawe ry’icubahiro.”​—1 Ngo. 29:11-13.

7 Yezu yarakengurukiye Imana ku bw’ibifungurwa yongera arayikengurukira ku bw’umukate n’umuvinyu vyakoreshejwe mu gihe c’Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba. (Mat. 15:36; Mrk. 14:22, 23) Uretse gutura amasengesho aserura mwene ukwo gukenguruka, turakwiye ‘gushimira Uhoraho’ ku bw’“ibikorwa bitangaje yakoreye abana b’abantu,” ku bw’“imanza z[i]we zigororotse” no ku bw’ubutumwa bwiwe buboneka muri Bibiliya.​—Zab. 107:15; 119:62, 105.

Dusabire abandi

8, 9. Ni kubera iki dukwiye gusabira abakirisu bagenzi bacu?

8 Nta gukeka ko tuba turiko twisabira igihe dutura amasengesho, ariko turakwiye gusabira abandi, harimwo n’abakirisu tutazi. Naho intumwa Paulo ashobora kuba atari azi abo bari basangiye ukwizera bose b’i Kolosayi, yanditse ati: “Twama nantaryo dukengurukira Imana Se w’Umukama wacu Yezu Kristu igihe tubasengeye, kuva igihe twumva ivy’ukwizera kwanyu mu bijanye na Kristu Yezu be n’urukundo mufitiye aberanda bose.” (Kol. 1:3, 4) Vyongeye, Paulo yarasabiye abakirisu b’i Tesalonika. (2 Tes. 1:11, 12) Amasengesho nk’ayo arahishura vyinshi ku bitwerekeye akongera akagaragaza ukuntu tubona abavukanyi n’abavukanyikazi bacu.

9 Gusabira abakirisu barobanuwe be na bagenzi babo bagize “izindi ntama” biratanga ikimenyamenya c’uko twitwararika cane ishirahamwe ry’Imana. (Yoh. 10:16) Paulo yarasavye abo bari basangiye ukwizera kumusabira kugira ngo ‘ahabwe ubushobozi bwo kuvuga iyo ateranuye akanwa ngo amenyekanishe ibanga ryeranda ry’inkuru nziza.’ (Ef. 6:17-20) Twoba dusabira abandi bakirisu muri ubwo buryo?

10. Gusabira abandi vyoshobora kugira ico bikoze gute kuri twebwe?

10 Gusabira abandi vyoshobora kugira ico bihinduye ku kuntu tubabona. Niba dusabiye umuntu canecane twoba tutiyumvamwo, birashoboka ko ivyo bizotuma duhindura ukuntu tumubona? (1 Yoh. 4:20, 21) Amasengesho nk’ayo aradukomeza kandi akaremesha ubumwe hagati yacu n’abavukanyi bacu. N’ikindi kandi, amasengesho nk’ayo arerekana ko dufise urukundo nk’urwa Kristu. (Yoh. 13:34, 35) Iyo kamere ni kimwe mu vyamwa vy’impwemu nyeranda y’Imana. Twoba dusenga dusaba impwemu nyeranda, tugasaba Yehova ngo adufashe kugaragaza ivyamwa vyayo ari vyo urukundo, akanyamuneza, amahoro, ukwiyumanganya, ubuntu, ukumera neza, ukwizera, ubwitonzi be n’ukwigumya? (Luka 11:13; Gal. 5:22, 23) Niba tubigira, ivyo tuvuga be n’ivyo dukora bizokwerekana ko turiko tugenda tuyoborwa n’iyo mpwemu kandi ko tuyisunga mu buzima bwacu.​—Soma Abagalatiya 5:16, 25.

11. Ni kubera iki bibereye ko dusaba abandi ngo badusabire?

11 Niba tumenye ko abana bacu bariko baroshwa kwiba ibibazo kw’ishure, turakwiye kubasabira kandi tukanabafasha dukoresheje Ivyanditswe kugira ngo bashobore kuba inzirabugunge no kudakora ikintu kibi na kimwe. Paulo yabwiye abakirisu b’i Korinto ati: “Dusaba Imana . . . yuko mutokora ikintu na kimwe kibi.” (2 Kor. 13:7) Mwene ayo masengesho dutura twicishije bugufi arahimbara Yehova kandi agatuma tuvugwa neza. (Soma Imigani 15:8.) Turashobora gusaba abandi ngo badusabire, nk’uko intumwa Paulo na we nyene yabigize. Yanditse ati: “Mushishikare kudusengera, kuko tuzi neza ko turi n’ijwi ryo mu mutima rigororotse, kuko dushaka kwigenza mu buryo bugororotse muri vyose.”​—Heb. 13:18.

Amasengesho dutura ari n’ibindi ahishura ku bitwerekeye

12. Ni ibintu bihambaye ibihe dukwiye gushira mu masengesho yacu?

12 Amasengesho dutura yoba ahishura ko turi Ivyabona vya Yehova bahimbawe kandi b’abanyamwete? Ivyo usaba vyoba ahanini bihuza n’ivyo Imana igomba, ukwamamaza ubutumwa bw’Ubwami, ukwemeza ubusegaba bwa Yehova be n’ukweza izina ryiwe? Ivyo ni ibintu bihambaye dukwiye gushira mu masengesho yacu, nk’uko vyerekanwa na rya sengesho ry’akarorero rya Yezu, rino rikaba ritangurwa n’amajambo agira ati: “Data wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe niryezwe. Ubwami bwawe nibuze. Ivyo ugomba nibibe kw’isi nko mw’ijuru.”​—Mat. 6:9, 10.

13, 14. Amasengesho dutura ahishura iki ku bitwerekeye?

13 Amasengesho dutura Imana arahishura imvo dukorana ibintu, ivyo dushira imbere be n’ivyo twipfuza. Yehova arazi umuntu wacu w’imbere. Mu Migani 17:3, havuga hati: “Inkono yo mu ruganda iteka ifeza, n’umuriro uvugutira izahabu, arik’ ūgerageza imitima [ni] Uhoraho.” Imana irabona ibiri mu mutima wacu. (1 Sam. 16:7) Irazi ukuntu tubona amakoraniro tugira, ubusuku turangura be n’abavukanyi n’abavukanyikazi bacu. Yehova arazi neza ivyo twiyumvira ku bijanye n’“abavukanyi” ba Kristu. (Mat. 25:40) Arazi niba mu vy’ukuri dukeneye ivyo tumusavye canke ko tuba turiko turasubiramwo gusa amajambo manaka twafashe ku mutwe. Yezu yavuze ati: “Igihe usenga, ntuvuge vya bindi nyene ubisubiramwo kenshikenshi nk’uko abanyamahanga bagira, kuko biyumvira [bibesha] ko bazokwumvirwa kubera bakoresheje amajambo menshi.”​—Mat. 6:7.

14 Ivyo tuvuga mu masengesho dutura birahishura kandi urugero tugezako mu kwiheka ku Mana. Dawidi yavuze ku vyerekeye Yehova, ati: “Wambereye ubuhungiro, n’igihome kirekire kinkīngira umwansi. Nzoba mw ihema ryawe ibihe bidashira, nzohungira mu bgihisho bgo mu mababa yawe.” (Zab. 61:3, 4) Igihe Imana ‘ishanjije ihema ryayo kuri twebwe’ mu buryo bw’ikigereranyo, turumva ko dutekaniwe kandi ko dukingiwe na yo. (Ivyah. 7:15) Ese ukuntu bihumuriza kwiyegereza Yehova mw’isengesho tubigiranye ukujijuka ko ari ‘mu ruhande rwacu’ igihe twoba dushikiwe n’ikintu ico ari co cose kigerageza ukwizera kwacu!​—Soma Zaburi 118:5-9.

15, 16. Ni ibiki isengesho ryoshobora kudufasha gutahura neza ku bijanye n’icipfuzo dufise co kurondera guterwa uduteka tw’umurimo?

15 Amasengesho atarimwo uburyarya dutura Yehova ku bijanye n’imvo dukorana ibintu arashobora kudufasha kumenya neza izo mvo izo ari zo koko. Nk’akarorero, ukuba dushashaye gusukura turi abacungezi mu basavyi b’Imana vyoba vy’ukuri ari icipfuzo kiranga ukwicisha bugufi dufise co gufasha abandi no gukora uko dushoboye kwose kugira ngo duteze imbere inyungu z’Ubwami? Canke na ho kwoba ari uko dushaka kuba mu “kibanza ca mbere” canke mbere ko twipfuza ‘gukandamiza’ abandi? Ukwo si ko ibintu bikwiye kumera mu basavyi ba Yehova. (Soma 3 Yohani 9, 10; Luka 22:24-27.) Niba dufise ivyipfuzo bibi, amasengesho atarimwo uburyarya dutura Yehova Imana arashobora kubishira ahabona maze akadufasha kubihindura imbere y’uko bishinga imizi muri twebwe.

16 Abakenyezi bakirisu boshobora kuba bipfuza cane ko abanega babo basukura ari abakozi b’ishengero, amaherezo bakaba abacungezi, ari bo bakurambere. Abo bavukanyikazi boshobora kuba bakora bahuza n’inyiyumvo baserura mu masengesho batura bari ukwa bonyene mu kwihatira kuba intangakarorero mu kuntu bigenza. Ivyo birahambaye kubera ko ivyo abagize umuryango w’umuntu bavuga be n’ukuntu bigenza bigira ico bikoze ku kuntu ishengero rimubona.

Guserukira abandi mw’isengesho

17. Ni kubera iki bibereye ko tuba turi twenyene igihe dutura isengesho ryacu bwite?

17 Yezu yarakunda kuva mu masinzi y’abantu kugira ngo aje gusenga Se wiwe ari wenyene. (Mat. 14:13; Luka 5:16; 6:12) Na twebwe turakeneye gufata akanya kugira tube turi twenyene. Amasengesho dutura duturuye kandi turi ahantu hatekanye arashobora gutuma dufata ingingo zihimbara Yehova akongera akadufasha kuguma dukomeye mu vy’impwemu. Ariko rero, Yezu yaranasengera ku mugaragaro, kandi vyoba vyiza turimbuye ukuntu dushobora kubigira mu buryo bubereye.

18. Ni ibiki abavukanyi bakwiye kugumiza ku muzirikanyi igihe baserukira abagize ishengero mw’isengesho?

18 Ku makoraniro tugira, abavukanyi b’intahemuka baraserukira abagize ishengero mw’isengesho. (1 Tim. 2:8) Isengesho nk’iryo rirangiye, abo dusangiye ukwizera bakwiye kuba bashoboye kuvuga “amen,” bisobanura ngo “bibe gutyo nyene.” Ariko kugira ngo ivyo babishikeko, babwirizwa kuba bemeranya n’ibiba vyavuzwe. Muri rya sengesho ry’akarorero rya Yezu, nta kintu na kimwe kibabaza canke kitaranga ubugenge kirimwo. (Luka 11:2-4) N’ikindi kandi, ntiyavuze akantu kose abariko bamwumviriza bose bari bakeneye canke ingorane iyo ari yo yose bari bafise. Birabereye ko ibintu vyega umuntu ku giti ciwe biserurwa mw’isengesho atura ari wenyene, atari mw’isengesho atura aserukiye abandi. Igihe duserukira abandi mw’isengesho, turakwiye kwirinda kurishiramwo ibintu biba ari amabanga.

19. Dukwiye kwifata gute igihe hari uwuduserukiye mw’isengesho?

19 Igihe hari uwuduserukiye mw’isengesho, turakwiye kugaragaza ‘ugutinya Imana’ kugera kure. (1 Pet. 2:17) Ibintu bimwebimwe bitoba bibereye gukorerwa kw’ikoraniro rya gikirisu usanga hariho umwanya ubereye be n’ikibanza kibereye umuntu yoshobora kubikorerako. (Umus. 3:1) Nk’akarorero, dufate ko mu gihe c’isengesho nk’iryo hariho umuntu atumye umugwi munaka w’abantu bafatana amaboko bose. Hari abo ivyo vyobabaza canke bikabasamaza, harimwo abashitsi tudasangiye ukwizera. Abubakanye bamwebamwe boshobora gufatana ukuboko babigiranye ukwiyubara, ariko mu gihe bogumbirana iryo sengesho ririko riraturwa, inyifato nk’iyo yoshobora gutsitaza abobakubita ijisho. Boshobora kwiyumvira ko abo bubakanye ico gihe boba bariko bitwararika gusa ibijanye n’urukundo bafitaniye aho kwitwararika ibijanye n’icubahiro kigera kure bafitiye Yehova. Tubitumwe n’icubahiro kigera kure tumufitiye, nimuze rero “[du]kore vyose ku bw’ubuninahazwa bw’Imana” maze twirinde inyifato yogira uwo isamaza, ikamubabaza canke ikamutsitaza.​—1 Kor. 10:31, 32; 2 Kor. 6:3.

Dukwiye gusaba iki?

20. Wosigura gute amajambo yo mu Baroma 8: 26, 27?

20 Vyoshobora gushika ntitumenye ivyo twoshira mu masengesho dutura turi twenyene. Paulo yanditse ati: “Ingorane [ni] uko ico dukwiye gusaba Imana igihe tubikeneye [tuba] tutakizi, mugabo impwemu [nyeranda] ubwayo iratakamba ku bwacu mu miniho itavuzwe. Yamara [Imana i]sesangura imitima [i]razi ico impwemu ishaka kuvuga.” (Rom. 8:26, 27) Yehova yaratumye amasengesho menshi ashirwa mu Vyanditswe. Aremera ko ibintu abasavyi biwe ba kera bamusavye bahumekewe biba nk’aho ari vyo tumusavye maze akabishitsa. Imana iratuzi kandi ivyo yatumye impwemu yayo ivuga ibicishije ku banditsi ba Bibiliya irazi ico bisobanura. Yehova arishura ugutakamba kwacu igihe impwemu ‘idutakambira,’ ari kwo kuduserukira. Ariko, uko turushiriza kumenya neza ibiri mw’Ijambo ry’Imana, ivyo dukwiye gusaba vyoshobora guca vyizana mu bwenge bitagoranye.

21. Ni ibiki tuzoca irya n’ino mu kiganiro gikurikira?

21 Nk’uko twabibonye, amasengesho dutura arahishura vyinshi ku bitwerekeye. Nk’akarorero, yoshobora guhishura ukuntu ubucuti dufitaniye na Yehova bungana be n’urugero tugezako mu bijanye n’ukumenya Ijambo ryiwe. (Yak. 4:8) Mu kiganiro gikurikira, tuzoca irya n’ino amasengesho amwamwe be n’amajambo yakoreshejwe dusanga muri Bibiliya. None umwihwezo w’Ivyanditswe nk’uyo ushobora kugira ico ukoze gute ku bijanye n’ukuntu twegera Imana mw’isengesho?

Wokwishura gute?

• Dukwiye kwegera Yehova mw’isengesho dufise agatima akahe?

• Ni kubera iki dukwiye gusabira abo dusangiye ukwizera?

• Amasengesho yacu yoshobora guhishura iki ku bitwerekeye no ku mvo dukorana ibintu?

• Dukwiye kwifata gute igihe hari uwuriko aduserukira mw’isengesho?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Ifoto ku rup. 4]

Woba wama nantaryo ushemeza Yehova kandi ukamukengurukira?

[Ifoto ku rup. 6]

Inyifato tugira igihe hari uwuriko aduserukira mw’isengesho ikwiye kwama itera iteka Yehova