Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Umuvukanyikazi yoba akwiye kwitwikira umutwe igihe aba ariko asobanura mu rurimi rw’ibimenyetso insiguro zishingiye kuri Bibiliya zishikirizwa ku makoraniro, ku materaniro canke ku mahwaniro ya gikirisu?

Tubivuze muri rusangi, umuvukanyikazi akwiye kwitwikira umutwe igihe aba ariko arakora ibintu mu bisanzwe vyega umunega wiwe canke umuvukanyi mw’ishengero. Ivyo birahuje n’ingingo ngenderwako yavuzwe n’intumwa Paulo yuko “umugore wese asenga canke avuga ubuhanuzi umutwe wiwe udatwikiriye amaramaza umutwe wiwe” kubera ko “umutwe w’umugore [ari] umugabo.” (1 Kor. 11:3-10) Igihe umuvukanyikazi yitwikiriye umutwe mu buryo buranga urupfasoni kandi bubereye muri ivyo bihe, ni ikimenyetso c’uko ayoboka indinganizo ya gitewokarasi yo mw’ishengero rya gikirisu.​—1 Tim. 2:11, 12. a

Bite ho mu gihe umuvukanyikazi asobanura mu rurimi rw’ibimenyetso insiguro iriko irashikirizwa n’umuvukanyi? Mu vy’ukuri, uwo muvukanyikazi aba gusa ariko arashikiriza abari ngaho ivyiyumviro biba biriko biratangwa n’umushikirizansiguro. Ivyo bisobanura ko uwo muvukanyikazi atari we aba ariko arigisha, ahubwo ko ari uwo muvukanyi. Yamara rero, gusobanura mu rurimi rw’ibimenyetso nta ho bisa basana n’ugusobanura mu ndimi abantu bavuga. Ku bijanye no gusobanura mu ndimi abantu bavuga, ababa bariko barumviriza barashobora guhanga amaso umushikirizansiguro, ariko kandi bakanumviriza n’umusobanuzi. Vyongeye, mu buryo butandukanye n’ugusobanura mu rurimi rw’ibimenyetso, abavukanyikazi basobanura muri izo zindi ndimi, akenshi usanga badashirwa mu bibanza vyotuma ababa bariko barumviriza babahanga amaso nk’aho boba ari bo bariko baravuga ibiba biriko birashikirizwa. Rimwe na rimwe, abo bavukanyikazi boshobora mbere kuba bicaye igihe basobanura, canke na ho, niba bahagaze, bakarabana n’umushikirizansiguro gusa, ntibarabane n’ababa bariko barumviriza. Ku bw’ivyo rero, ntivyoba ari ngombwa ko umuvukanyikazi asobanura mu rurimi ruvugwa n’abantu yitwikira umutwe.

Ikigeretse kuri vyo, kubera ko habaye iterambere mu bijanye n’ubuhinga bukoreshwa mu gusobanura insiguro mu rurimi rw’ibimenyetso, uruhara rw’umusobanuzi rwoshobora guca rurushiriza kuba uruhambaye. Uwo musobanuzi wo mu rurimi rw’ibimenyetso usanga akunze kwerekanwa ku kintu kininiya kimeze nka televiziyo, mu gihe ababa bari ngaho boshobora kuba batanabona umushikirizansiguro nyezina. Dufise ivyo ku muzirikanyi, ni co gituma rero vyosa n’ivyumvikana uwo muvukanyikazi asobanura mu rurimi rw’ibimenyetso yemeye icese ko atari we arangura uruhara nyamukuru kuko ari umusobanuzi, ivyo akabigira mu kwitwikira umutwe.

None ivyo vyiyumviro biryohowe muri ubu buyobozi butanzwe bigira ico bikoze gute ku bijanye n’ugusobanura mu rurimi rw’ibimenyetso ibiganiro bishikirizwa mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi, mu myerekano, be n’insasanuro zitangwa mu gihe c’Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero, mu gihe c’Ikoraniro ry’umurimo be no mu gihe c’Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi? Umuvukanyikazi akoreshwa mu gusobanura mu rurimi rw’ibimenyetso mu gihe c’ayo makoraniro yoba akwiye kwitwikira mu mutwe? Bigaragara ko bitoba bikenewe yuko uwo muvukanyikazi yitwikira umutwe mu bihe bimwebimwe, kubera ko abantu bose baba bariko bakurikira iryo koraniro bashobora kuba batahura neza yuko atari we mu vy’ukuri arihagarikiye. Ukwo ni ko vyogenda, nk’akarorero igihe uwo muvukanyikazi asobanura muri urwo rurimi insasanuro zitangwa n’abumviriza, ibiganiro bishikirizwa n’abavukanyikazi canke imyerekano. Ariko rero, igihe akoreshejwe mu gusobanura ibiganiro bishikirizwa n’abavukanyi muri ayo makoraniro, igihe asobanura ivyo umuvukanyi ayobora Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi aba ariko aravuga canke ivyo uwuba ariko arayobora Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero aba ariko aravuga, kibure igihe aja imbere abandi mu gihe co kuririmba indirimbo, arakwiye kwitwikira umutwe. Mu gihe c’ikoraniro rinaka, vyoshobora kuba ngombwa ko umuvukanyikazi asobanura ivyo abavukanyi, abavukanyikazi, abana n’abakuze baba bariko baravuga. Dufatiye kuri ivyo, birushiriza kuba vyiza yitwikiriye umutwe mu gihe c’iryo koraniro ryose.

[Akajambo k’epfo]

a Nimba wipfuza amakuru y’ido n’ido avuga ibijanye n’igihe abavukanyikazi bokwitwikira umutwe, raba igitabu “Mwigumize mu rukundo rw’Imana,” ku rupapuro rwa 209 gushika ku rwa 212.