Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Niwitwararikane urukundo abavukanyi n’abavukanyikazi bawe b’ibipfamatwi

Niwitwararikane urukundo abavukanyi n’abavukanyikazi bawe b’ibipfamatwi

Niwitwararikane urukundo abavukanyi n’abavukanyikazi bawe b’ibipfamatwi

ABASAVYI b’Imana bo muri iki gihe bagize umuryango munini w’abavukanyi n’abavukanyikazi, uwo na wo ukaba ukomoka ku bagabo no ku bagore bo mu bihe vya kera. Muri abo harimwo Samweli, Dawidi, Samusoni, Rahabu, Musa, Aburahamu, Sara, Nowa be na Abeli. Abatari bake mu basavyi ba Yehova b’intahemuka usanga ari ibipfamatwi. Nk’akarorero, abantu babiri batanguye kuba Ivyabona vya Yehova mu gihugu ca Mongoli ni umugabo n’umukenyezi wiwe b’ibipfamatwi. Vyongeye, kubera ukudahemuka kw’abo dusangiye ukwizera b’ibipfamatwi bo mu Burusiya, twaratahukanye intsinzi mu rubanza rwaciwe na ya Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu.

Mu bihe vya none, wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” yarasohoye ibisohokayandikiro vyo mu rurimi rw’ibimenyetso yongera aratunganya amashengero akoresha urwo rurimi tutibagiye amateraniro be n’amahwaniro agirwa muri urwo rurimi nyene. (Mat. 24:45) Abantu b’ibipfamatwi barungukiye cane kuri izo ntunganyo. a Ariko none woba urigera wibaza ico vyasavye abantu b’ibipfamatwi kugira ngo bige ivyerekeye Imana y’ukuri bongere batere imbere mu kuri, izo ntunganyo zitarashirwaho? Woba umaze kwiyumvira ico wokora kugira ngo ufashe abantu b’ibipfamatwi bo mu kibano canyu?

Imbere y’uko intunganyo ziriho ubu zishirwaho

Vyogenda gute nka hamwe wobaza abantu bamwebamwe b’ibipfamatwi bakuze ingene bamenye Imana? Boshobora kukubwira ukuntu bumvise bamerewe igihe bamenya ari bwo bwa mbere ko Imana ifise izina, ni ukuvuga ukuntu ukwo kuri kwonyene kwahinduye ubuzima bwabo kwongera kurabashigikira mu myaka yose bamaze imbere y’uko hasohorwa mu rurimi rw’ibimenyetso amavidewo canke twa tudisiki twitwa DVD kugira ngo bibafashe kwiga ibintu vyimbitse vyerekeye ukuri kwo mu Vyanditswe. Boshobora gusigura ukuntu vyari vyifashe igihe amakoraniro ya gikirisu atagirwa mu rurimi rw’ibimenyetso canke ngo hakoreshwe umusobanuzi wo muri urwo rurimi. Ico gihe, umuntu yarashobora kwicara iruhande yabo maze akagira utwo yanditse ku rupapuro kugira ngo abafashe gutahura ivyaba biriko birashikirizwa. Umuvukanyi umwe w’igipfamatwi yaramaze imyaka indwi yiga ukuri kwo muri Bibiliya muri ubwo buryo imbere y’uko iyo intunganyo yo gukoresha umusobanuzi yaza yashirwaho.

Ivyabona b’ibipfamatwi bakuze baribuka ico vyabasaba kugira ngo bagire uruhara mu busuku bwo mu ndimiro bari kumwe n’abandi bagize ishengero, babwira inkuru nziza abantu badafise iyo ngorane yo kwumva. Mu kuboko kumwe, baba bafise agakaratasi kanditseko amajambo yoroshe yo gutanguza ikiyago mu busuku bw’inzu ku nzu. Mu kundi kuboko na ho, baba bafise ibinyamakuru vy’Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! vyaba biherutse gusohoka. Rwari urugamba kwigisha Bibiliya uwundi muntu w’igipfamatwi nka bo bakoresheje gusa ibisohokayandikiro vyanditsemwo ivyo na bo ubwabo batatahura neza. Birashoboka ko abamamaji b’ibipfamatwi bakuze boba bibuka ukuntu bumva bavunitse umutima igihe abo baba bariko barabwira inkuru nziza bataba babatahuye, maze ivyo bigatuma badashobora kubabwira ibindi bintu vyerekeye ukuri kwo mu Vyanditswe. Vyongeye, barazi ingene umuntu yumva amerewe igihe akunda cane Yehova yamara ntashobore kugaragaza urwo rukundo mu bikorwa, umutima uri mu nda. Uti kubera iki? Kubera bataba bazi neza ko ata mahinyu ari mu vyo baba batahuye ku bijanye n’ikintu kinaka.

Naho bahura n’izo ntambamyi zose, abavukanyi n’abavukanyikazi bacu b’ibipfamatwi barumiye ku gutungana kwabo. (Yobu 2:3, NW) Bararorereye Yehova babishashaye. (Zab. 37:7) Kandi ubu ariko arabahezagira cane kuruta uko benshi muri bo bari bavyiteze.

Rimbura utwigoro umuvukanyi umwe w’igipfamatwi afise umugore n’abana yagize. Imbere y’uko amavidewo yo mu rurimi rw’ibimenyetso aboneka, yaguma ahagarikira inyigisho y’umuryango adahorereza. Umuhungu wiwe arigana ivyo yibuka ati: “Inyigisho y’umuryango yama nantaryo igora dawe, kubera ko ivyo yategerezwa kutwigisha vyava mu bisohokayandikiro vyo mu congereza. Akenshi, ntiyatahura neza igisomwa canditse. Na twebwe abana, nta co twamufasha uretse ko twasongera isibe. Igihe ataba yasiguye ibintu mu buryo nyabwo, twaca tubimwereka. Naho vyari ukwo, yama nantaryo ahagarikira inyigisho y’umuryango. Yabona ko kugira ico twize ku vyerekeye Yehova vyari bihambaye kuruta ukuba vyarashika akagira ubuyega bitumwe n’uko atatahura neza icongereza.”

Turafise akandi akarorero k’umuvukanyi yitwa Richard ageze mu myaka 70, uno akaba ari igipfamatwi n’impumyi aba i Brooklyn, muri New York muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Richard arazwi cane kubera ko yitaba amakoraniro ya gikirisu adahorereza. Kugira yitabe amakoraniro, afata mwene za gariyamoshi zica mu mabarabara yo mu kuzimu ari wenyene, akaza araharura incuro nya gariyamoshi iza irahagarara ngo amenye ko hageze yuko na we yururuka. Mu gihe kimwe c’urushana, haraguye urubura rwinshi cane ku buryo vyabaye ngombwa ko ikoraniro ryimurirwa ku wundi musi. Abagize ishengero bose bari bamenyeshejwe ivy’iryo hinduka, ariko hari ukuntu Richard atabimenyeshejwe. Aho abavukanyi batahuriye ko Richard atari yabimenyeshejwe maze bakaja kumurondera, bamusanze ahagaze hanze imbere y’Ingoro y’Ubwami, arindiriye yihanganye ko nya ngoro yugururwa. Bamubajije igituma yasohotse muri urwo rubura, yishuye ati: “Ndakunda Yehova.”

Ni igiki wokora?

Hoba hari abantu b’ibipfamatwi baba mu karere kanyu? Woba ushobora kwiga ibintu bimwebimwe bigize ururimi rw’ibimenyetso kugira ngo ushobore kuyaga na bo? Abantu b’ibipfamatwi usanga akenshi bagaragaza ubuntu kandi bihangana igihe baba bariko barigisha abandi ururimi rwabo. Woshobora guhura n’umuntu w’igipfamatwi akaryo kizanye canke igihe uri mu busuku. None wokora iki? Nugerageze kumuyagisha. Nukoreshe ibimenyetso, utwo wanditse, ibicapo, amafoto canke ubikoreshe vyose icarimwe. Naho uwo muntu yoba yerekanye ko adashimishwa n’ukuri, nubiyagire Icabona w’igipfamatwi canke Icabona azi ururimi rw’ibimenyetso. Hari aho ubutumwa dushikiriza bworushiriza gukwegera umuntu w’igipfamatwi igihe butanzwe mu rurimi rw’ibimenyetso.

Kumbure woba uriko uriga ururimi rw’ibimenyetso kandi ukaba wifatanya n’ishengero rikoresha urwo rurimi. None ushobora gute kurushiriza kuba umuhanga mu bijanye no gukoresha be no gutahura neza urwo rurimi? Naho ishengero ukukira ryoba ririmwo abandi bamamaji badafise ubwo bumuga bwo kutumva, ubona gute wigize nk’aho utazi kuvuga? Ivyo bizogufasha kwiyumvira mu rurimi rw’ibimenyetso, ni ukuvuga kwiyumvira wisunze ivyo ubona. Rimwe na rimwe woshobora kurondera kwiyorohereza mu guca uvuga, aho gukoresha ururimi rw’ibimenyetso. Ariko rero, nk’uko vyama bigenda igihe uriko uriga ururimi runaka, utegerezwa kwumirako kugira ngo urumenye neza.

Kugira akigoro gakomeye ngo ukoreshe ururimi rw’ibimenyetso vyerekana ko ukunda abavukanyi n’abavukanyikazi bacu b’ibipfamatwi be n’uko ububaha. Iyumvire umubabaro abantu b’ibipfamatwi bagira ku musi ku musi bitumwe n’uko badashobora gutahura abantu bakorana canke bigana. Umuvukanyi umwe w’igipfamatwi yavuze ati: “Imisi yose, abantu bankikije bama bariko bariyagira. Akenshi usanga nishwe n’irungu kandi nkumva ko ndi akahebwe, ivyo bigatuma nihebura, nkanashavura. Nta majambo noronka yodondora neza inyiyumvo rimwe na rimwe mpora ngira.” Amakoraniro tugira akwiye kubera abavukanyi n’abavukanyikazi bacu b’ibipfamatwi ahantu habaruhurira, aho baronkera imfungurwa zo mu buryo bw’impwemu kandi bakagiriranira ibiyago be n’ubugenzi birangwa igishika.​—Yoh. 13:34, 35.

Ico tutokwirengagiza ni ikijanye n’imigwi mitomito myinshi igizwe n’abantu b’ibipfamatwi yikoraniriza hamwe n’amashengero agizwe n’abantu badafise ubwo bumuga. Harakoreshwa umusobanuzi mu gihe c’amakoraniro. Kugira ngo abantu b’ibipfamatwi bo muri ayo mashengero batahure neza ibiba biriko birashikirizwa, usanga bicara mu bibanza vy’imbere mu Ngoro y’Ubwami. Ivyo bituma bashobora kubona neza uwo musobanuzi hamwe n’uwuba ariko arashikiriza ikiganiro. Vyaragaragaye ko abandi bagize ishengero baca bamenyera badatevye iyo ndinganizo, kandi ntibibasamaza. Iyo ndinganizo irakoreshwa kandi mu gihe c’amateraniro n’amahwaniro, aho usanga hariho abasobanura mu rurimi rw’ibimenyetso. Abo bavukanyi n’abavukanyikazi bo mw’ishengero bakora bagatama nka kurya nyene umuntu w’igipfamatwi yobigira, barabereye gukezwa n’igishika cinshi.

Kumbure uri mw’ishengero rifasha umugwi ukoresha ururimi rw’ibimenyetso canke ririmwo abantu bakeyi b’ibipfamatwi biba ngombwa ko basobanurirwa mu rurimi rw’ibimenyetso mu gihe c’amakoraniro. Wokora iki none kugira ngo ugaragaze yuko ubwawe witwararika abo bavukanyi b’ibipfamatwi? Nubatumire muhira iwawe. Niba bishoboka, niwige ibimenyetso na bikeyi. Ntuhagarikwe umutima n’iyo ntambamyi ibabuza kuyaga. Uzosanga kuyaga na bo bishoboka, kandi ukubagaragariza urukundo nk’urwo bizotuma wibonera ibintu bihimbaye utazokwigera wibagira. (1 Yoh. 4:8) Hariho ibintu vyinshi twokwungukira ku Vyabona bagenzi bacu b’ibipfamatwi. Ni abantu bazi kuyaga, batahura cane ibintu vyimbitse kandi batwenza cane. Umuvukanyi umwe, uno abavyeyi biwe bompi bakaba ari ibipfamatwi, avuga ati: “Mu buzima bwanje bwose namye mbana n’abantu b’ibipfamatwi, kandi barandonkeje ibintu vyinshi cane ntokwigera nshobora kuriha. Abavukanyi n’abavukanyikazi bacu b’ibipfamatwi, turashobora kubigirako ibintu vyinshi.”

Yehova arakunda abasavyi biwe b’intahemuka, harimwo n’ibipfamatwi. Nta gukeka ko akarorero kabo karanga ukwizera be n’ukwihangana kwabo, ari ibintu vyiyongera ku butunzi buri mw’ishirahamwe rya Yehova. Ese rero twokwitwararikana urukundo abavukanyi n’abavukanyikazi bacu b’ibipfamatwi!

[Akajambo k’epfo]

a Raba ikiganiro kivuga ngo ‘Yehova yaratumye mu maso hiwe hakira kuri bo,’ casohowe mu nomero y’Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Myandagaro 2009.

[Ifoto ku rup. 31]

Ubutumwa bw’Ubwami bwoshobora kurushiriza gukwegera umuntu w’igipfamatwi igihe bushikirijwe mu rurimi rw’ibimenyetso

[Amafoto ku rup. 32]

Amakoraniro tugira akwiye kubera abavukanyi n’abavukanyikazi bacu b’ibipfamatwi ahantu habaruhurira, aho baronkera indemesho zo mu buryo bw’impwemu