Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nuhe agaciro ikibanza ufise mw’ishengero

Nuhe agaciro ikibanza ufise mw’ishengero

Nuhe agaciro ikibanza ufise mw’ishengero

“Imana yashize ibihimba mu mubiri, kimwe cose muri vyo, nk’uko yabishatse.”​—1 KOR. 12:18.

1, 2. (a) Ni igiki cerekana ko umwe wese mw’ishengero ashobora kuharonka ikibanza yoha agaciro? (b) Ni ibibazo ibihe biza kurimburwa muri iki kiganiro?

 KUVA mu gihe ca Isirayeli ya kera, ishengero ryamye ari indinganizo Yehova yashizeho kugira ngo agaburire abasavyi biwe mu buryo bw’impwemu yongere abaronse ubuyobozi. Nk’akarorero, aho Abisirayeli batembagarije igisagara ca Ayi, Yosuwa yaciye “asoma amajambo yose y’ivyagezwe, imihezagiro n’imivumo, nk’uko vyari vyaranditswe vyose mu gitabu c’ivyagezwe . . . imbere y’ikoraniro ry’Abisirayeli ryose.”​—Yos. 8:34, 35.

2 Mu kinjana ca mbere G.C., intumwa Paulo yabwiye umukurambere mukirisu Timoteyo ko ishengero rya gikirisu ryari “urugo rw’Imana” rikaba n’“inkingi n’urwego bishigikiye ukuri.” (1 Tim. 3:15) Muri iki gihe “urugo” rw’Imana ni umuryango w’abakirisu b’ukuri ukwiye kw’isi yose. Mu kigabane ca 12 co mw’ikete rya mbere Paulo yandikiye Abakorinto ahumekewe, asanisha ishengero n’umubiri w’umuntu. Avuga ko ibihimba vyawo vyose bikenewe naho kimwekimwe cose gikora igikorwa gitandukanye n’ic’ikindi. Paulo yandika ati: “Imana yashize ibihimba mu mubiri, kimwe cose muri vyo, nk’uko yabishatse.” Arerekana mbere yuko ‘ibice vy’umubiri twiyumvira ko biteye iteka buhoro, tubikikuza iteka rirushirije kugwira.’ (1 Kor. 12:18, 23) Ku bw’ivyo, uruhara umuntu umwe w’umugororotsi arangura mu rugo rw’Imana ntirukwiye kubonwa ko ruhambaye canke rudahambaye kuruta urwo uwundi mukirisu w’umwizigirwa arangura. Ni ibikorwa bitandukanye gusa. Ariko none dushobora gute kuronka ikibanza mu ndinganizo y’Imana tukongera tukagiha agaciro? Ni ibintu ibihe vyoshobora kugira ico bikoze ku kibanza dufise mw’ishengero? Kandi dushobora gute gutuma ‘iterambere ryacu ryibonekeza ku bantu bose’?​—1 Tim. 4:15.

Twoha agaciro gute ikibanza dufise?

3. Ni uburyo bumwe ubuhe bwodufasha kuronka ikibanza mw’ishengero bukanadufasha kugaragaza ko tugiha agaciro?

3 Uburyo bumwe bwodufasha kuronka ikibanza mw’ishengero tukongera tukagaragaza ko tugiha agaciro ni ugusenyera ku mugozi umwe n’“umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” be n’Inama Nyobozi iserukira uwo mushumba. (Soma Matayo 24:45-47.) Turakeneye gusuzuma ukuntu twakira ubuyobozi duhabwa n’umugwi wa wa mushumba. Nk’akarorero, uko imyaka yagiye irarengana, twararonse ubuyobozi budomako ku bijanye n’inyambaro be n’ukwitunganya, ku bijanye n’ukwinezereza no ku bijanye n’ugukoresha nabi Internet. Twoba none dukurikiza neza izo mpanuro nziza kugira ngo dukingirwe mu buryo bw’impwemu? Bite ho ku bijanye n’impanuro idusaba kwishingira urutonde rudahorereza rw’ugusenga kwo mu muryango? Twoba twarafashe nka nkama iyo mpanuro maze turategekanya umugoroba ugenewe ugusenga kwo mu muryango? Niba turi abirebange, twoba dufata umwanya wo kwiyigisha Ivyanditswe? Nitwakurikiza ubwo buyobozi bwatanzwe n’umugwi wa wa mushumba, Yehova azoduhezagira umwe wese ku giti ciwe yongere aduhezagire uko tugize umuryango.

4. Ni ibiki dukwiye kurimbura igihe tugira amahitamwo ku bintu bitwega?

4 Hari abovuga yuko ukwinezereza, kwambara be n’ukwitunganya ari ibintu vyega umuntu ku giti ciwe. Ariko, ku mukirisu yiyeguriye Imana aha agaciro ikibanza afise mw’ishengero, ivyo yikundira ntibikwiye kuba co kintu conyene yisunga igihe afata ingingo. Ategerezwa canecane kurimbura ukuntu Yehova abona ibintu nk’uko vyerekanwa mw’Ijambo ryiwe Bibiliya. Ubutumwa buri muri Bibiliya bukwiye kutubera ‘itara rimurikira ibirenge vyacu, n’umuco umurikira mu nzira yacu.’ (Zab. 119:105) Vyongeye, vyoba biranga ubukerebutsi turimbuye ukuntu amahitamwo tugira ku bintu bitwega agira ico akoze ku busuku turangura no ku bandi, baba ari abo mw’ishengero canke abandi bantu.​—Soma 2 Abakorinto 6:3, 4.

5. Ni kubera iki dukwiye kwirinda agatima k’ukwigenga?

5 “Ya mpwemu ubu ikorera mu bana b’ubugambarazi” yarakwiragiye hose cane ku buryo isigaye imeze nka kurya kw’impemu duhema. (Ef. 2:2) Iyo mpwemu irashobora gutuma twiyumvira ko tudakeneye ubuyobozi butangwa n’ishirahamwe rya Yehova. Nta gukeka ko tutipfuza kuba nka Diyotirefe, uno akaba ‘ata kintu na kimwe kivuye ku ntumwa Yohani yakirana icubahiro.’ (3 Yoh. 9, 10) Turakwiye kwirinda gutsimbataza agatima k’ukwigenga. Haba mu mvugo canke mu ngiro, ese tutokwigera turwanya umuhora Yehova ariko arakoresha muri iki gihe kugira ngo amenyeshe abantu ivyo agomba. (Guh. 16:1-3) Ahubwo riho, turakwiye guha agaciro agateka twatewe ko gusenyera ku mugozi umwe n’umugwi wa wa mushumba. Vyongeye, ntidukwiye ga yemwe kwihatira kugamburukira no kuyobokera abatuja imbere mw’ishengero dukukira?​—Soma Abaheburayo 13:7, 17.

6. Ni kubera iki dukwiye gusuzuma uko ivyacu vyifashe?

6 Ubundi buryo twogaragazamwo ko duha agaciro ikibanza dufise mw’ishengero ni ugusuzuma twitonze uko ivyacu vyifashe maze tugakora ivyo dushoboye vyose kugira ngo ‘tuninahaze ubusuku bwacu’ twongere dutere iteka Yehova. (Rom. 11:13) Hari abashoboye gukora ubutsimvyi busanzwe. Abandi na bo barasukurira mu mice idasanzwe y’umurimo w’igihe cose ari abamisiyonari, abacungezi b’ingenzi canke bari mu bagize imiryango ya Beteli iri hirya no hino kw’isi. Abavukanyi be n’abavukanyikazi benshi barafasha mu bwubatsi bw’Ingoro z’Ubwami. Abasavyi ba Yehova benshi cane bariko barakora ukwo bashoboye kwose kugira ngo baronse imiryango yabo ivyo ikeneye mu vy’impwemu bongere bagire uruhara bimwe vyuzuye mu busuku uko indwi itashe. (Soma Abakolosayi 3:23, 24.) Turashobora kwizigira tudakeka ko nitwitanga tubikunze mu murimo w’Imana kandi tugakora uko dushoboye kwose kugira ngo tuyikorere n’ubugingo bwacu bwose, tuzokwama nantaryo dufise ikibanza mu ndinganizo yayo.

Ibintu bigira ico bikoze ku kibanza dufise mw’ishengero

7. Sigura ingene uko ivyacu vyifashe bishobora kugira ico bikoze ku kibanza dufise mw’ishengero.

7 Birahambaye ko turimbura twitonze ukuntu ivyacu vyifashe kubera ko ikibanza dufise mw’ishengero kivana ku rugero runaka n’ivyo dushoboye gukora. Nk’akarorero, ikibanza umuvukanyi afise mw’ishengero usanga mu mice imwimwe gitandukanye n’ico umuvukanyikazi afise. Imyaka, amagara be n’ibindi bintu na vyo nyene biragira ico bikoze ku vyo dushobora gukora mu murimo wa Yehova. Mu Migani 20:29 hagira hati: “Ubutōre bg’imisore ni bgo nkomezi zabo, kand’icubahiro c’abatāma n’imvi.” Abakiri bato bo mw’ishengero boshobora gukora ibintu vyinshi bisaba inguvu kubera ko bafise inkomezi zo mu buto, mu gihe abakuze na bo bagirira akamaro cane ishengero kubera ko bafise ubukerebutsi kandi bakaba bazi utuntu n’utundi. Turakeneye kandi kwama twibuka ko ikintu cose dushoboye gukora mw’ishirahamwe rya Yehova tugikesha ubuntu ata wari abukwiye bw’Imana.​—Ibik. 14:26; Rom. 12:6-8.

8. Ivyo twipfuza bigira ico bikoze gute ku vyo dukora mw’ishengero?

8 Ivyashikiye abigeme babiri bavukana birashira ahabona ikindi kintu kigira ico gikoze ku kibanza dushobora kugira mw’ishengero. Bompi bari barangije amashure yisumbuye. Ivyabo vyari vyifashe kumwe. Abavyeyi babo barakoze uko bashoboye kwose kugira babaremeshe gukwiza ibisabwa kugira ngo baze bakore ubutsimvyi busanzwe barangije amashure. Bamaze kuronka impapuro z’umutsindo, umwe yaciye atangura gukora umurimo w’ubutsimvyi, mu gihe uwundi na we yaciye atangura gukora akazi kamusaba gukora imisi yose. Ni igiki none catumye abo bavukanyikazi bafata ingingo zitandukanye? Ni icipfuzo bari bafise. Umwe wese yahavuye akora ivyo yipfuza gukora. None ukwo si ko vyifashe no kuri benshi muri twebwe? Turakeneye kuzirikana ata gufyina ku vyo twoshima gukora mu murimo w’Imana. Twoba dushobora kwongereza uruhara tugira muri uwo murimo, n’igihe nyene vyoba bisaba ko tugira ivyo duhinduye ku kuntu ivyacu vyifashe?​—2 Kor. 9:7.

9, 10. Twokora iki niba tubuze ikituvyurira umutima wo gukora vyinshi mu murimo wa Yehova?

9 Bite ho mu gihe twoba tubuze gusa ikituvyurira umutima wo gukora vyinshi mu murimo wa Yehova kandi tukaba dufise impengamiro yo gukora ibintu bike bishoboka dusabwa mw’ishengero? Mw’ikete Paulo yandikiye Abafilipi, avuga ati: “Imana [ni] yo iriko ikorera muri mwebwe, nk’uko agahimbare keza kayo kari, kugira ngo mugire ugushaka mwongere mukore.” Egome, Yehova arashobora gukorera muri twebwe maze akagira ico akoze ku vyipfuzo vyacu.​—Flp. 2:13; 4:13.

10 Ntidukwiye none gusaba Yehova ngo atume twipfuza gukora ivyo agomba? Umwami Dawidi wa Isirayeli ya kera ni ko yabigize. Yasenze ati: “Uhoraho, nyereka inzira zawe, nyigisha amarango yawe. Undōngōre mu kuri kwawe, unyigishe: kukw ari wewe Mana y’agakiza kanje; ni wewe nirirwa niteze.” (Zab. 25:4, 5) Turashobora kubigenza gutyo mu gusenga dusaba Yehova kugira ngo atume twipfuza gukora ibimuhimbara. Igihe tuzirikanye ku kuntu Yehova Imana be n’Umwana wiwe babona ivyo dukora kugira ngo tubasukurire, imitima yacu iraheza ikabogaboga ukubakengurukira. (Mat. 26:6-10; Luka 21:1-4) Ukwo kubakengurukira kurashobora kudusunikira gutakambira Yehova ngo atume twipfuza gutera imbere mu vy’impwemu. Umuhanuzi Yesaya yaradusigiye akarorero mu bijanye n’agatima dukwiye gutsimbataza. Igihe yumva ijwi rya Yehova ribaza riti: “Ndatuma nde, ni nde yotugīra?”, uwo muhanuzi yaciye yishura ati: “Ndi hano, ba ari jewe utuma.”​—Yes. 6:8.

Twotera imbere gute?

11. (a) Ni kubera iki bikenewe ko abavukanyi borondera kuzezwa amabanga mw’ishirahamwe? (b) Umuvukanyi ashobora gute gushikira uduteka tw’umurimo?

11 Kubera ko abantu 289.678 ari bo babatijwe kw’isi yose mu mwaka w’umurimo wa 2008, biragaragara ko hakenewe cane abavukanyi baja imbere abandi. None umuvukanyi yogira ico akoze gute ku bw’iyo nkenero? Tubivuze muri make, yokwihatira gukwiza kamere zo mu Vyanditswe abavukanyi basabwa kugira ngo babe abakozi b’ishengero canke abakurambere. (1 Tim. 3:1-10, 12, 13; Tito 1:5-9) None umuvukanyi yokwihatira gute gukwiza ivyo bisabwa vyo mu Vyanditswe? Yobigira mu kugira uruhara n’umwete mu busuku, mu kwitwararika cane amabanga ashingwa mw’ishengero, mu kwihata cane kugira ngo aryohore insasanuro atanga ku makoraniro ya gikirisu no mu kwitwararika abo basangiye ukwizera. Gutyo, aba agaragaje ko aha agaciro ikibanza afise mw’ishengero.

12. Abakiri bato bashobora gute kugaragaza umwete bafitiye ukuri?

12 Ni igiki abavukanyi bakiri bato, na canecane imiyabaga, bokora kugira ngo batere imbere mw’ishengero? Barashobora kwihatira gukura mu ‘bukerebutsi n’ugutegera kwo mu vy’impwemu’ biciye ku kwironsa ubumenyi bwo mu Vyanditswe. (Kol. 1:9) Nibatohoza Ijambo ry’Imana babigiranye umwete kandi bakagira uruhara cane mu makoraniro y’ishengero, nta gukeka ko ivyo bizobafasha kubishikako. Imisore irashobora kandi kubishikako mu kugira ico bakoze kugira ngo bakwize ibisabwa bituma binjira mu “muryango munini ujana ku gikorwa,” aho bashobora gusukura bari mu mice itandukanye y’umurimo w’igihe cose. (1 Kor. 16:9) Gukurikirana umurimo wa Yehova bakawugira wo mwuga wabo, mu vy’ukuri ni uburyo bwo kubaho bumara akanyota bikaba n’ingendo ishikana ku kwironkera imihezagiro myinshi.​—Soma Umusiguzi 12:1.

13, 14. Ni mu buryo butandukanye ubuhe abavukanyikazi bashobora kugaragaza ko baha agaciro uruhara barangura mw’ishengero?

13 Abavukanyikazi na bo nyene barashobora kugaragaza ko baha agaciro agateka batewe ko kugira uruhara mw’iranguka ry’ibivugwa muri Zaburi 68:11. Ico canditswe kivuga giti: “Umwami Uhoraho yaravuze: abagore bakwiza inkuru baba ingabo nyinshi.” Bumwe mu buryo buhambaye kuruta ubundi abavukanyikazi bashobora kugaragazamwo ko bakenguruka ikibanza bafise mw’ishengero ni ukugira uruhara mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa. (Mat. 28:19, 20) Ku bw’ivyo, igihe abavukanyikazi bagize uruhara bimwe bishitse mu busuku kandi bakitanga babikunze ku bw’ico gikorwa, baba berekanye ko baha agaciro uruhara bafise mw’ishengero.

14 Igihe Paulo yandikira Tito, yavuze ati: “Abatamakazi [ni]babe abatinya Imana mu nyifato, . . . abigisha b’ivyiza; ngo bafashe abagore bakiri bato bagarure ubwenge kugira bakunde abagabo babo, bakunde abana babo, babe abaroranye mu muzirikanyi, abatanduye, abitwararika ibikorwa vyo mu rugo, abameze neza, abayobokera abagabo babo bwite, kugira ngo ijambo ry’Imana ntiritukwe.” (Tito 2:3-5) Ese ukuntu abavukanyikazi bahumuye mu vy’impwemu bashobora kuba kirumara cane mw’ishengero! Biciye ku kwubaha abavukanyi baja imbere abandi be no gufata ingingo ziranga ubukerebutsi mu mice y’ubuzima nk’inyambaro n’ukwitunganya be n’ukwinezereza, barabera abandi akarorero keza bakongera bakerekana ko baha agaciro ikibanza bafise mw’ishengero.

15. Ni igiki umuvukanyikazi w’umwirebange yokora kugira ngo yihanganire irungu?

15 Rimwe na rimwe, umuvukanyikazi atarubaka urwiwe vyoshobora kumubera urugamba kubona ko afise ikibanza mw’ishengero. Umuvukanyikazi umwe ivyo vyashikiye, yavuze ati: “Kubaho uri umwirebange birashobora rimwe na rimwe gutuma ugira irungu.” Igihe bamubaza kuvuga ukuntu avyihanganira, yagize ati: “Isengesho be n’ukwiyigisha biramfasha gusubira kubona ko mfise ikibanza mw’ishengero. Ndihweza nitonze ukuntu Yehova ambona. Mu nyuma, nca ngerageza kuraba ingene nofasha abandi mw’ishengero. Ivyo biramfasha kutaguma niyumvira ibinyerekeye gusa.” Nk’uko muri Zaburi 32:8 havyerekana, Yehova yabwiye Dawidi ati: “Nzokugīra inama, ijisho ryanje rizokugumako.” Emwe, Yehova aritwararika abasavyi biwe bose, harimwo n’abavukanyikazi b’abirebange, kandi bose azobafasha kuronka ikibanza mw’ishengero.

Nuzigame ikibanza ufise!

16, 17. (a) Ni kubera iki kwemera ubutumire bwa Yehova bwo kuba mu bagize ishirahamwe ryiwe ari yo ngingo nziza kuruta izindi zose dushobora gufata? (b) Dushobora gute kuzigama ikibanza dufise mw’ishirahamwe rya Yehova?

16 Yehova yarakwegereye umwe wese mu basavyi biwe abigiranye urukundo kugira ngo agiranire ubucuti na we. Yezu yavuze ati: “Nta muntu ashobora kuza kuri jewe kiretse Data yandungitse amukwegereye.” (Yoh. 6:44) Mu bantu amamiliyaridi bose bari kw’isi, ni twebwe Yehova yatumiye kugira ngo tube mu bagize ishengero ryiwe muri iki gihe. Kuba twaremeye ubwo butumire ni yo ngingo nziza kuruta izindi zose twigeze gufata mu buzima bwacu. Yaratumye tugira ubuzima buri n’intumbero kandi buri n’ico buvuze. N’ikindi kandi, ese umunezero n’agahimbare twifitiye kubera ko dufise ikibanza mw’ishengero!

17 Umwanditsi wa zaburi yavuze ati: “Uhoraho, nkunda ah’inzu yawe igerereye.” Yaririmvye kandi ati: “Ikirenge canje gihagaze aharinganiye; nzoshemagiriza Uhoraho mu makoraniro.” (Zab. 26:8, 12) Ya Mana y’ukuri iratuma umwe wese muri twebwe agira ikibanza mw’ishirahamwe ryayo. Turashobora kuzigama ikibanza c’agaciro dufise mu ndinganizo ya Yehova mu kubandanya dukurikiza ubuyobozi bwa gitewokarasi no mu kuguma dufise vyinshi dukora mu murimo w’Imana.

Woba uvyibuka?

• Ni kubera iki ari ivyumvikana dushitse ku ciyumviro c’uko abakirisu bose bafise ikibanza mw’ishengero?

• Twerekana gute ko duha agaciro ikibanza dufise mw’ishirahamwe ry’Imana?

• Ni ibintu ibihe bishobora kugira ico bikoze ku kibanza dufise mw’ishengero?

• Abakirisu bakiri bato be n’abakuze bashobora gute kugaragaza ko baha agaciro ikibanza bafise mu ndinganizo y’Imana?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Ifoto ku rup. 16]

Abavukanyi bashobora gute gushikira uduteka mw’ishengero?

[Ifoto ku rup. 17]

Abavukanyikazi bashobora gute kugaragaza ko baha agaciro ikibanza bafise mw’ishengero?