Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nuryohore amasengesho yawe biciye ku kwiyigisha Bibiliya

Nuryohore amasengesho yawe biciye ku kwiyigisha Bibiliya

Nuryohore amasengesho yawe biciye ku kwiyigisha Bibiliya

“Bgirukiro, ndakwinginze, tega ugutwi wumve ugusenga kwanje, jewe umusavyi wawe.”​—NEH. 1:11.

1, 2. Ni kubera iki bishobora kuba ngirakamaro urimbuye amasengesho amwamwe yanditswe muri Bibiliya?

 ISENGESHO be n’ukwiyigisha Bibiliya ni ibintu nyamukuru bigize ugusenga kw’ukuri. (1 Tes. 5:17; 2 Tim. 3:16, 17) Ego ni ko, Bibiliya si igitabu c’amasengesho. Naho ari ukwo, irimwo amasengesho menshi, ushizemwo n’ayatari make dusanga mu gitabu ca Zaburi.

2 Mu gihe woza urasoma Bibiliya wongera uyiyigisha, vyoshoboka ko uyisangamwo amasengesho ahuje n’uko ivyawe vyoba vyifashe. Nkako, igihe ufashe ivyiyumviro biserurwa mu masengesho yo mu Vyanditswe ukabikoresha mu masengesho utura, woba uriko uraryohora amasengesho yawe. Ni igiki dushobora kwigira ku bo amasengesho yabo yishuwe igihe basaba barondera gufashwa be no ku vyari bigize ayo masengesho batuye?

Nurondere kuyoborwa n’Imana wongere ubikurikirane

3, 4. Ni igikorwa ikihe umusuku wa Aburahamu yashinzwe gukora, kandi ni igiki ushobora kwigira ku co vyavuyemwo gitanzwe na Yehova?

3 Ukwiyigisha Bibiliya kuratuma ubona ko ukwiye kwama nantaryo usenga usaba kuyoborwa n’Imana. Rimbura ivyabaye igihe umwe sekuruza w’imiryango Aburahamu yarungika i Mezopotamiya umusuku wiwe yari akuze kuruta abandi bose, uwo bishoboka ko yari Eliyezeri, kuronderera Izahaki umukenyezi atinya Imana. Kubera ko abakobwa bavoma kw’iriba, uwo musuku yasenze ati: “Uhoraho, . . . enda se bibe birtya: umwigeme ndibubgire, nti Ndakwinginze, ururutsa umubindi wawe, nnyweko; akanyishura, ati Nywako, n’ingamiya zawe ndaziha zinywe: uyo abe ari we watoranirije Isaka umusavyi wawe; ivyo ni vyo bimmenyesha yuk’ugiriye neza databuja.”​—Ita. 24:12-14.

4 Isengesho ry’uwo musuku wa Aburahamu ryarishuwe igihe Rebeka yavomera amazi ingamiya z’uwo musuku. Haciye igihe gitoyi, yarajanye n’uwo musuku i Kanani maze aba umukenyezi mukundwa wa Izahaki. Ego ni ko, Imana ntushobora kuyitegako ikimenyetso kidasanzwe. Ariko, izokuyobora mu buzima niba uyisenga kandi ukaba wiyemeje kuyoborwa n’impwemu yayo.​—Gal. 5:18.

Isengesho rirafasha kugabanya amaganya

5, 6. Ni ikintu ikihe gishimishije ku bijanye n’isengesho Yakobo yatuye igihe yagira ahure na Esawu?

5 Isengesho rirashobora kugabanya amaganya. Kubera ko Yakobo yatinya kugirirwa nabi na mwene wabo w’ihasa ari we Esawu, yasenze ati: “Ewe Uhoraho, . . . izo mbabazi zose wagiriye umusavyi wawe, n’ukuntu utampemukiye, sinari mbereye kugirirwa na bikeya . . . Ndakwinginze, n’unkize, unkūre mu maboko ya mukurwanje Esau: kuko ndamutinya, yoye kuza akanyicana n’abana na ba nyina. Kand’ari wewe wambariye, uti Sinzobura kukugirira neza, uti Nzohindura uruvyaro rwawe, rungane n’umusenyi wo ku kiyaga, w’isinzi utōharūrika.”​—Ita. 32:9-12.

6 Naho Yakobo yari yagize ivyo akoze kugira ngo yikingire, isengesho ryiwe ryarishuwe igihe we na Esawu basubiza hamwe. (Ita. 33:1-4) Nusome witonze ibijanye n’ivyo Yakobo yasenze asaba, maze uraheza ubone ko atasavye gufashwa gusa. Yaraseruye ko yizera Uruvyaro rwasezeranywe be n’uko akengurukira Imana ku bw’ubuntu-mvarukundo bwayo. Woba ufise ‘ubwoba imbere’ muri wewe? (2 Kor. 7:5) Niba ari ukwo biri, ugutakamba kwa Yakobo kurashobora kukwibutsa ko amasengesho ashobora kugabanya amaganya. Yamara rero, amasengesho akwiye kuba atarimwo ugusaba gusa, ariko kandi akwiye kuba arimwo amajambo aserura ukwizera.

Nusenge usaba ubukerebutsi

7. Ni kubera iki Musa yasenze asaba ko yomenya inzira za Yehova?

7 Icipfuzo ufise co guhimbara Yehova kirakwiye kukuvyurira umutima wo gusenga usaba ubukerebutsi. Musa yarasenze asaba ko yomenya inzira z’Imana. Yatakambiye Yehova ati: “Rāba, wambariye ngo Dūgana abo bantu [ubakure mu Misiri]. . . . None rero, ndakwinginze, asangwa nagiriwe ubuntu imbere yawe koko, n’unyereke imigendere yawe, kugira ngo . . . mbone kurushiriza kugirirwa ubuntu imbere yawe.” (Kuv. 33:12, 13) Mu kumwishura, Imana yaratumye Musa amenya cane inzira zayo, ico kikaba cari ikintu yari akeneye narirya yabwirizwa kuyobora abasavyi ba Yehova.

8. Wokwungukira gute ku kuzirikana ku bivugwa mu 1 Abami 3:7-14?

8 Dawidi na we nyene yasenze ati: “Uhoraho, nyereka inzira zawe.” (Zab. 25:4) Salomo umuhungu wa Dawidi yarasavye Imana ubukerebutsi yari akeneye kugira ngo arangure neza amabanga umwami wa Isirayeli yari ajejwe. Isengesho rya Salomo ryarahimbaye Yehova, uno akaba atamuhaye gusa ivyo yari yasavye, ariko akaba kandi yaramuhaye ubutunzi n’icubahiro. (Soma 1 Abami 3:7-14.) Niba utewe uduteka tw’umurimo dusa n’utukurengeye, nusenge usaba ubukerebutsi wongere ugaragaze agatima ko kwicisha bugufi. Mu nyuma Imana izogufasha kwironsa ubumenyi no gukoresha ubukerebutsi bukenewe kugira ngo ayo mabanga ujejwe uyarangure mu buryo bubereye kandi buranga urukundo.

Nusenge ubikuye ku mutima

9, 10. Wewe ubona bisobanura iki kuba Salomo yaguma yerekeza ku mutima mw’isengesho yatuye igihe c’iyegurwa ry’urusengero?

9 Kugira ngo isengesho ryumvirwe, ritegerezwa kuba rivuye ku mutima. Salomo yaratuye isengesho rivuye ku mutima dusanga mu 1 Abami ikigabane ca 8, imbere y’uko amasinzi y’abantu akoranira i Yeruzalemu kugira ngo begurire Yehova urusengero rwiwe mu 1026 B.G.C. inyuma y’aho isandugu ry’isezerano rishiriwe Ahera Cane maze igicu ca Yehova kikuzura nya rusengero, Salomo yaciye ashemeza Imana.

10 Niwihweze witonze iryo sengesho Solomo yatuye, maze urabe ukuntu riguma ryerekeza ku mutima. Salomo yaremeye icese ko Yehova ari we wenyene azi umutima w’umuntu. (1 Abm. 8:38, 39) Iryo sengesho rirekana yuko umucumuzi ‘agaruka ku Mana n’umutima wiwe wose’ azororanirwa. Bishitse umwansi akagira imbohe abasavyi b’Imana, amasengesho yabo yokwumviwe mu gihe umutima wabo wobaye utunganiye Yehova. (1 Abm. 8:48, 58, 61) Nta gukeka ko rero amasengesho utura akwiye kuba avuye ku mutima.

Ingene amazaburi ashobora kuryohora amasengesho yawe

11, 12. Ni giki wigiye kw’isengesho ry’Umulewi umwe yamaze igihe kinaka adashobora kuja kw’ihema ry’Imana?

11 Kurimbura witonze igitabu ca Zaburi birashobora kuryohora amasengesho yawe kandi bikagufasha kurindira ko Imana iyishura. Rimbura ibijanye n’ukwihangana kw’Umulewi yari mu bunyagano. Naho yari amaze igihe kinaka adashobora kuja kw’ihema rya Yehova, yaririmvye ati: “Mutima wanje, n’iki gitumye wicurikīra? N’iki gitumye umpagararamwo? [“Rindira,” NW] Imana kuko na none nzosubira kuyihimbariza, ni yo gakiza ko mu maso hanje, n’Imana yanje.”​—Zab. 42:5, 11; 43:5.

12 Ni igiki ushobora kwigira kuri uwo Mulewi? Niba ugupfungwa uhorwa ukugororoka bitumye umara igihe kinaka udahurira hamwe n’abo musangiye ukwizera aho bagirira amakoraniro, nurindire Imana wihanganye kugira ngo igire ico ikoze ku bwawe. (Zab. 37:5) Nuzirikane ku munezero wagize mu murimo warangurira Imana mu bihe biheze, wongere usenge usaba ukwihangana magingo ‘ukirindiriye Imana’ ko ituma usubira kwifatanya n’abasavyi bayo.

Nusenge ubigiranye ukwizera

13. Mu buryo buhuje n’ibivugwa muri Yakobo 1:5-8, ni kubera iki ukwiye gusenga ubigiranye ukwizera?

13 Uko ivyawe vyoba vyifashe kwose, niwame nantaryo usenga ubigiranye ukwizera. Niba uriko uranyinyana n’ikintu kigerageza ugutungana kwawe, nukurikize impanuro wa mwigishwa Yakobo atanga. Niwiture Yehova mw’isengesho, kandi ntukekeranye ko ashobora kukuronsa ubukerebutsi ukeneye bwogufasha kwihanganira ico kigeragezo. (Soma Yakobo 1:5-8.) Imana irazi neza ivyiyumviro ivyo ari vyo vyose bidurumbanye woba ufise, kandi irashobora kukuyobora no kuguhumuriza biciye ku mpwemu yayo. Nuyibwire ibiri mu mutima wawe ubigiranye ukwizera kwuzuye, ni ukuvuga “[u]dakekeranya namba,” maze wemere ubuyobozi impwemu yayo ikuronsa be n’impanuro ukura mw’Ijambo ryayo.

14, 15. Ni kubera iki bishobora kuvugwa ko Hana yasenze yongera akorana ukwizera?

14 Hana, uno akaba yari umwe mu bakenyezi babiri b’Umulewi yitwa Elukana, yarasenze Imana yongera arakorana ukwizera. Hana, uwutagira akana, yama atukwa na mukeba wiwe, ari we Penina, uno akaba yari afise abana batari bake. Igihe Hana yari kw’itaberenakulo, yararaganiye Yehova yuko mu gihe yokwibarutse umuhungu, yociye amumuha. Kubera ko yaguma akomanya iminwa igihe yariko arasenga, Umuherezi Mukuru Eli yiyumviriye ko yari yaborewe. Aho amenyeye ko yari yihenze, yaciye avuga ati: “Imana ya Isirayeli iguhe ico wayisavye.” Naho Hana atari azi neza ico ivyo vyovuyemwo, yarizera ko isengesho ryiwe ryokwumviwe. Ni co gituma “[atasubiye] kwiraburanirwa ukundi.” Ntiyasubiye kugira umubabaro canke kwihebura.​—1 Sam. 1:9-18.

15 Inyuma y’aho Samweli avukiye maze agacuka, Hana yaciye amushikanira Yehova ngo amurangurire umurimo mweranda kw’itaberenakulo. (1 Sam. 1:19-28) Gufata umwanya ukazirikana kuri iryo sengesho yatuye ico gihe, na vyo nyene vyoshobora gutuma uryohora amasengesho yawe bwite, bikongera bikagufasha kubona ko umubabaro utewe n’ingorane itesha umutwe ushobora kuwutsinda mu gihe usenze wizigiye yuko Yehova azokwumvira.​—1 Sam. 2:1-10.

16, 17. Ni ibiki vyabaye bitumwe n’uko Nehemiya yasenze kandi agakorana ukwizera?

16 Wa mugabo w’umugororotsi Nehemiya wo mu kinjana ca gatanu B.G.C. yarasenze yongera arakorana ukwizera. Yatakamvye ati: “Bgirukiro, ndakwinginze, tega ugutwi wumve ugusenga kwanje, jewe umusavyi wawe, wumve n’ugusenga kw’abasavyi bawe bakunda kwubaha izina ryawe, untabare jewe umusavyi wawe, umpe kugira amahirwe uyu musi, no guhangazwa n’uwu muntu nsavye.” None ‘uwo muntu’ yari nde? Yari Aritazeruzi Umwami w’Abaperesi, Nehemiya akaba yari umukevyi wiwe.​—Neh. 1:11.

17 Nehemiya yari amaze imisi asenga abigiranye ukwizera inyuma y’aho amenyeye ko Abayuda barekuwe bakava mu bunyagano i Babiloni bari n’“amarushwa menshi n’ibitētērwa, kand[i ko] inzitiro z’amabuye z’i Yerusalemu [zari] zarasenyutse.” (Neh. 1:3, 4) Amasengesho ya Nehemiya yarumviwe kuruta uko yari avyiteze igihe Umwami Aritazeruzi yamwemera kuja i Yeruzalemu ngo asubire kwubaka uruzitiro rwaho. (Neh. 2:1-8) Urwo ruzitiro ntirwatevye gusanurwa. Amasengesho ya Nehemiya yumviwe kubera ko yibanda ku gusenga kw’ukuri kandi akaba yayatuye abigiranye ukwizera. Kwoba ari uko vyifashe ku bijanye n’amasengesho utura?

Niwibuke gushemeza no gukenguruka

18, 19. Ni imvo izihe zikwiye gutuma umusavyi wa Yehova amushemeza akongera akamukengurukira?

18 Mu masengesho utura, uribuka gushemeza Yehova no kumukengurukira. Hariho imvo nyinshi cane zituma wobigenza gutyo! Nk’akarorero, Dawidi yari ashashaye cane gushemeza ingoma ya Yehova. (Soma Zaburi 145:10-13.) Amasengesho yawe yoba yerekana ko ukenguruka agateka watewe ko gutangaza Ubwami bwa Yehova? Amajambo y’abanditsi b’amazaburi yoshobora kandi kugufasha guserurira Imana mw’isengesho rivuye ku mutima ko ukenguruka amakoraniro ya gikirisu, amateraniro be n’amahwaniro.​—Zab. 27:4; 122:1.

19 Gukenguruka ubucuti bw’agaciro ufitaniye n’Imana vyoshobora kugusunikira ku gutura amasengesho avuye ku mutima ukoresheje ivyiyumviro nk’ibi: “Mwami nzogushimira mu moko: nzokuririmbira ishimwe mu mahanga, kukw imbabazi zawe ari nyinshi zishika mw ijuru, ukuri kwawe gushika no mu bicu. Mana, n’ushirwe hejuru y’amajuru, icubahiro cawe kibe hejuru y’isi.” (Zab. 57:9-11) Mbega ivyiyumviro bikora ku mutima! Ntiwemera none ko mwene ayo majambo akora ku mutima yo mu gitabu ca Zaburi ashobora kugira ico akoze ku masengesho yawe kandi agatuma uyaryohora?

Nutakambire Imana ubigiranye ukwubaha kugera kure

20. Mariya yaseruye gute ukwihebera Imana kwiwe?

20 Ukwubaha Imana bimwe bigera kure kurakwiye kugaragarira mu masengesho utura. Amajambo aranga ukwubaha kugera kure Mariya yavuze gatoyi inyuma y’aho amenyeye ko akwiye kuba nyina wa Mesiya yari ameze nk’ayo Hana yavuze igihe yariko arashikana Samweli akiri umwana kugira ngo asukurire kw’itaberenakulo. Ukwubaha kugera kure Mariya yari afitiye Imana kugaragarira muri aya majambo yavuze agira ati: “Umutima wanje urashimagiza Yehova, kandi ntushobora kureka gusesekara umunezero ku vyerekeye Imana Umukiza wanje.” (Luka 1:46, 47) Amasengesho yawe yoba ashobora kuryohorwa mu guserura inyiyumvo nk’izo nyene? Ntibitangaje kubona Mariya, uwatinya Imana, yari yaratowe ngo abe nyina wa Yezu, ari we Mesiya!

21. Ni gute amasengesho Yezu yatura agaragaza icubahiro kigera kure be n’ukwizera?

21 Yezu yarasenga abigiranye ukwubaha kugera kure n’ukwizera kwuzuye. Nk’akarorero, imbere y’uko azura Lazaro, “Yezu [yarararamuriye] amaso mw’ijuru hanyuma avuga ati: ‘Data, ndagukengurukiye ko unyumvise. Ni ko, nari nzi yuko wama nantaryo unyumva.’” (Yoh. 11:41, 42) Amasengesho utura yoba yerekana ko ufitiye Imana mwene ico cubahiro kigera kure be n’ukwizera nk’uko nyene? Niwihweza witonze rya sengesho ry’akarorero rya Yezu riranga icubahiro kigera kure, uzokwibonera ko ibintu canecane bihambaye bigize iryo sengesho ari ukwezwa kw’izina rya Yehova, ukuza kw’Ubwami bwiwe be n’iranguka ry’ivyo agomba. (Mat. 6:9, 10) Nuzirikane ku masengesho yawe bwite. Yoba agaragaza ko witwararika cane Ubwami bwa Yehova, ugukora ivyo agomba be n’ukwezwa kw’izina ryiwe ryeranda? Amasengesho utura akwiye kuba agaragaza ivyo bintu.

22. Ni kubera iki ushobora kwemera udakeka ko Yehova azokuronsa umutima rugabo wo kwamamaza inkuru nziza?

22 Kubera uruhamo canke ibindi bigeragezo abasavyi b’Imana baba barimwo, akenshi usanga basenga basaba gufashwa kugira ngo basukurire Yehova n’umutima rugabo. Igihe Inama Nkuru yategeka Petero na Yohani guhagarika ‘kwigisha bishimikije izina rya Yezu,’ izo ntumwa zaranse kunuma zibigiranye umutima rugabo. (Ibik. 4:18-20) Bamaze kurekurwa, barabwiye abo bari basangiye ukwizera ivyari vyabashikiye. Abari aho bose baciye basaba Imana ko yobafasha kuvuga ijambo ryayo n’ubutinyutsi. Ese ukuntu bategerezwa kuba baranezerewe cane igihe iryo sengesho ryabo ryumvirwa, kubera ko baciye “buzuzwa impwemu nyeranda, bavuga ijambo ry’Imana n’ubutinyutsi”! (Soma Ibikorwa 4:24-31.) Ico vyavuyemwo ni uko abantu amasinzi bacitse abasavyi ba Yehova. Isengesho rirashobora kandi kugukomeza kugira ngo utangaze inkuru nziza n’ubutinyutsi.

Nugume uryohora amasengesho yawe

23, 24. (a) Tanga ubundi burorero bwerekana ko kwiyigisha Bibiliya bishobora gutuma uryohora amasengesho yawe. (b) Ni igiki uzokora kugira ngo uryohore amasengesho yawe?

23 Hariho ubundi burorero bwinshi bwotangwa bwerekana ko ugusoma Bibiliya no kuyisuzuma witonze bishobora gutuma uryohora amasengesho yawe. Nk’akarorero, nka kumwe kwa Yona, urashobora kumenya ko “agakiza kava k’Uhoraho.” (Yona 2:1-10) Niba uhagaritswe umutima n’igicumuro gikomeye wakoze kandi ukaba umaze kurondera imfashanyo ku bakurambere, inyiyumvo Dawidi yagaragaje mw’isengesho yatuye yoshobora kugufasha guserura ukwigaya kwawe mu masengesho utura. (Zab. 51:1-12) Mu masengesho amwamwe utura, urashobora gushemeza Yehova nk’uko Yeremiya yabigize. (Yer. 32:16-19) Niba uriko urondera uwo muzokwubakana, kwihweza witonze isengesho dusanga mu gitabu ca Ezira ikigabane ca 9, ubijanishije n’ugutakamba kwawe, rirashobora gukomeza umwiyemezo ufise wo kugamburukira Imana mu ‘kwubaka gusa mu Mukama.’​—1 Kor. 7:39; Ezr. 9:6, 10-15.

24 Nugume usoma Bibiliya, ugume uyiyigisha wongere uze urayisesanguramwo. Nurondere ivyiyumviro woshobora gushira mu masengesho yawe. Woshobora gukoresha ivyiyumviro vyo mu Vyanditswe mu masengesho yo gusaba, ayo gukenguruka be n’ayo gushemeza utura. Nta gukeka ko uzorushiriza kwiyegereza Yehova Imana, niwaryohora amasengesho yawe biciye ku kwiyigisha Bibiliya.

Wokwishura gute?

• Ni kubera iki dukwiye kurondera kuyoborwa n’Imana kandi tukabikurikirana?

• Ni igiki gikwiye kudusunikira gusenga dusaba ubukerebutsi?

• Igitabu ca Zaburi gishobora gute kudufasha kuryohora amasengesho yacu?

• Ni kubera iki dukwiye gusenga tubigiranye ukwizera n’ukwubaha kugera kure?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Ifoto ku rup. 8]

Umusuku wa Aburahamu yarasenze asaba kuyoborwa n’Imana. Nawe woba ubigira?

[Ifoto ku rup. 10]

Ugusenga kwo mu muryango kurashobora gutuma uryohora amasengesho yawe