Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nutangane akamwemwe ubikuye ku mutima

Nutangane akamwemwe ubikuye ku mutima

Nutangane akamwemwe ubikuye ku mutima

MU BIJANYE n’ugutanga, intumwa Paulo yanditse ati: “Umwe wese nagire nk’uko yavyiyemeje mu mutima wiwe,” maze aca yongerako ati: “Atabigiranye umwikomo canke ngo abigire agoberewe, kuko Imana ikunda uwutangana akamwemwe.” (2 Kor. 9:7) Nta n’umwe Yehova agobera ngo ashigikire ugusenga gutyoroye. Arareka abasavyi biwe bakerekana ubwabo ko bamwihebeye biciye ku gutanga bavyigombeye kandi babigiranye akamwemwe. Kuva na kera na rindi, abasavyi biwe bamye batanga babigiranye akanyamuneza kenshi. Rimbura uburorero butatu buvyerekana.

Yehova amaze kuyobora Abisirayeli akabakura mu Misiri, yarategetse ko bubaka itaberenakulo. Kubera yuko hari hakenewe ibikoresho, Abisirayeli barasabwe gutanga intererano. Ico vyavuyemwo ni uko “umuntu wese asunitswe n’umutima wiwe” yazanye izahabu n’ifeza, udusharizo n’ibindi bikoresho. Abantu baratanze cane ku buryo hatanzwe itangazo risaba ko gutanga intererano bihagarara.​—Kuv. 35:5, 21; 36:6, 7.

Igihe vyaba ngombwa ko urusengero rwubakwa ibinjana nka bingahe inyuma y’aho, abasavyi b’Imana barongeye kuronka akaryo ko kwerekana ko bashigikira insengo y’ukuri. Umwami Dawidi yaratanze intererano ihagije akuye mu butunzi bwiwe bwite kugira ngo ashigikire ico gikorwa arongera aratera abandi akamo ngo batange. Ivyo barabikoze n’igishika. Ni co gituma intererano batanze z’izahabu n’ifeza zonyene zari n’agaciro kuruta ak’imiliyaridi 100 z’amadolari ufatiye ku gaciro agezeko ubu. Abantu baragize akanyamuneza ko gushikanira Yehova bivuye ku mutima.​—1 Ngo. 29:3-9; 2 Ngo. 5:1.

Abayoboke ba Yezu bo mu ntango, na bo nyene baragaragaje agatima ko gutangana akamwemwe. Ku musi wa Pantekoti yo mu 33 G.C., abantu bashika 3.000 barabatijwe, benshi muri bo bakaba bataba i Yeruzalemu. Kugira ngo abakirisu bafashe abo bantu batari bashoboye kuguma aho mu gisagara ngo bige n’ibindi vyinshi ku vyerekeye ukwizera bari baherutse kuronka, haragizwe intunganyo y’igihe gito yo kwegeranya amahera. Abavukanyi bamwebamwe baragurishije ivyo bari batunze maze bazanira intumwa amahera bakuyemwo kugira ngo afashe abari n’ivyo bakeneye. Mbega ukuntu Yehova ategerezwa kuba yarahimbawe no kwitegereza mwene ivyo bikorwa biranga ukwizera n’urukundo!​—Ibik. 2:41-47.

Muri iki gihe, abakirisu barabandanya gushigikira insengo y’ukuri biciye ku gutanga cane umwanya wabo, inguvu zabo n’ubutunzi bwabo kandi ivyo bakabigirana akamwemwe. Uruzitiro rujanye n’iki kiganiro rurerekana uburyo butandukanye ushobora kubigira.

[Uruzitiro ku rup. 18, 19]

Uburyo Butandukanye Bamwebamwe Bahitamwo Gutanga

INTERERANO KU BW’IGIKORWA KIRANGURIRWA KW’ISI YOSE

Abenshi barashira ku ruhande amahera, canke bakabika igitigiri kinaka c’amahera bazoshira mu dusandugu tw’intererano twanditseko ngo “Igikorwa kirangurirwa kw’isi yose.”

Ku kwezi ku kwezi, amashengero ararungika ayo mahera ku biro vy’Ivyabona vya Yehova bihagarikiye ibihugu akukira. Izo ntererano z’amahera zitangwa n’abavyishakiye, zoshobora no kurungikwa ata handi ziriwe ziraca kuri aderese ikurikira: Watchtower Bible and Tract Society of New York, Inc., Attention Treasurer’s Office, 25 Columbia Heights, Brooklyn, New York 11201- 2483, canke na ho zikarungikwa ku biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova bihagarikiye igihugu ubamwo. (Intererano zitangwa n’abavyishakiye zavuzwe mu kiganiro kiri kumwe n’uru ruzitiro zirashobora kandi kurungikirwa ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova bikorera mu gihugu ubamwo.) Amasheki arungikwa kuri iyo aderese akwiye kuba yanditsweko yuko amahera yohabwa “Watchtower.” Ibintu vyo mu mabuye y’agaciro canke ibindi bintu vy’agaciro na vyo nyene vyoshobora gutangwa. Ivyo bintu vyoba bitanzweko intererano bikwiye guherekezwa n’ikete rigufi rivuga yuko ari ingabirano.

INDINGANIZO Y’IVYO GUTANGA AMAHERA YOSHOBORA GUSUBIZWA

Amahera yoshobora kurungikirwa ishirahamwe Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania, kugira riyakoreshe mu gikorwa kirangurirwa kw’isi yose. Ariko rero, ayo mahera yoshobora gusubizwa mu gihe nyene kuyatanga abisavye. Ushaka kumenya vyinshi kuri ico kibazo, turakwinginze ubaze mu kwandikira Ibiro vy’Umushingwabigega ukoresheje aderese yamaze gutangwa.

KURINGANIZA IVYO GUTANGA UMUNTU AVYISHAKIYE

Uretse ingabirano z’amahera, hariho ubundi buryo bwo gutanga intererano zo guteza imbere umurimo w’Ubwami urangurirwa kw’isi yose. Muri ubwo buryo harimwo ubu bukurikira:

Soransi: Izina Watch Tower and Tract Society of Pennsylvania ryoshobora gutangwa ngo iryo shirahamwe ribe ari ryo ryakira amahera ya soransi y’ubuzima bw’umuntu canke imbitso y’amahera umuntu azokwikorako mu gihe akukurutse canke ahawe pansiyo.

Amakonte yo muri banki: Amakonte yo muri banki, impapuro zemeza amahera yabikishijwe muri banki, canke amakonte y’umuntu yakukurutse, birashobora kubikishirizwa ishirahamwe Watch Tower and Tract Society of Pennsylvania canke bigashingwa yuko bizohabwa iryo shirahamwe nyene vyo niyapfa, hisunzwe ibisabwa n’ibanki y’aho umuntu aba.

Umutahe umuntu afise ahantu be n’ivyete bitanga uburenganzira bwo kwakira amahera aho ayafise: Ivyo na vyo nyene vyoshobora guhabwa ishirahamwe Watch Tower bwa ngabirano canke akaba ari ryo rihabwa kuganza ibisigi vy’uwapfuye.

Itongo canke inzu: Itongo canke inzu, kibure vyompi uko ari bibiri, mu gihe ari ibishobora kugurishwa, birashobora gutangwa bwa ntererano mu kubigaba. Mu gihe ari aho umuntu aba, nyene kubitanga arashobora gusigirwa aho aba arabaye, agashobora kubandanya kuhaba igihe cose asigaje kubaho. Imbere yo kugira amasezerano yo gushikiriza ico ari co cose muri ivyo, urabanza ubivugane n’ibiro vy’ishami vyo mu gihugu ubamwo.

Ukuza uraronka amahera ku yo uba waratanzeko ingabirano: Muri iyo ndinganizo, umuntu araha urwego kanaka rukoreshwa n’Ivyabona vya Yehova amahera canke inzandiko zemeza ko ayafise ahantu. Nyene gutanga na we, canke umuntu yagenywe na we, araronka amahera kanaka ku mwaka ku mwaka amufasha kubaho. Ku mwaka biba vyemejwe ko nyene gutanga ayo mahera agengwa n’iyo ndinganizo, aragabanirizwa ikori yahora ayatangako.

Ivyete vy’iragi be n’imbitso: Itongo canke amahera birashobora kuragwa ishirahamwe Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania biciye ku cete c’iragi canditswe mu buryo bwemewe n’amategeko, canke bigashobora kwitwa ko ishirahamwe Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania ari ryo rigabiwe icete cemeza imbitso umuntu afise ahantu. Imbitso iteza imbere ishirahamwe ry’ivy’idini irashobora gutuma umuntu akurwako amakori amwamwe.

Imvugo ngo “kuringaniza ivyo gutanga umuntu avyishakiye” yerekana ko nyene gutanga abanza kubitegekanya. Mu ntumbero yo gusahiriza abantu bipfuza guteza imbere igikorwa Ivyabona vya Yehova barangurira kw’isi yose biciye ku buryo bunaka bwo gutanga intererano, harateguwe agatabu mu congereza be no mu gisupanyoli kerekeye ugutanga kwo gushigikira umurimo w’Ubwami urangurirwa kw’isi yose (Charitable Planning to Benefit Kingdom Service Worldwide). Ako gatabu kateguwe kugira gatange amakuru ajanye n’uburyo butandukanye ingabirano zishobora gutangwa haba ubu canke biciye ku kubiraga ishirahamwe. Abantu benshi, bamaze gusoma ako gatabu no kubiganira n’abahanuzwajambo babo mu vy’amategeko canke mu vy’amakori, barashoboye gushigikira ibikorwa Ivyabona vya Yehova barangurira kw’isi yose bijanye n’ivy’idini be n’ivy’ugufasha abari mu ngorane, muri ico gihe nyene bararushiriza kuhungukira rwose mu bijanye no kuriha amakori. Ako gatabu umuntu arashobora kukaronka mu kugasaba ku biro biraba ivy’ukuringaniza ivyo gutanga umuntu avyishakiye.

Nimba ushaka kumenya ayandi makuru kuri ivyo, wobiganira n’ibiro biraba ivy’ukuringaniza ivyo gutanga umuntu avyishakiye, mu kwandika ikete ukoresheje iyo aderese ishizwe aho hepfo canke mu guterefona ibiro vy’ishami bikorera mu gihugu canyu ukoresheje izo nomero zerekanywe.

Ivyabona vya Yehova

B.P. 2150 Bujumbura

Telefone: (257) 22241110