Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Tugaragaze imico myiza kuko turi abasuku b’Imana

Tugaragaze imico myiza kuko turi abasuku b’Imana

Tugaragaze imico myiza kuko turi abasuku b’Imana

“Nimwigane Imana.”​—EF. 5:1.

1, 2. (a) Ni kubera iki kugira imico myiza bihambaye? (b) Ni ibiki biza kurimburwa muri iki kiganiro?

 KU BIJANYE n’ukwigenza rupfasoni, umwanditsi umwe yitwa Sue Fox yandika ati: “Dukwiye kwama nantaryo tugaragaza imico myiza. Urupfasoni rurakenewe ahantu aho ari ho hose n’ibihe vyose.” Igihe abantu bagize akamenyero ko kugaragaza urupfasoni, ingorane bafitaniye n’abandi ziragabanuka kandi akenshi usanga zihera. Ariko, igihushane c’ivyo na co nyene kirashoboka. Gufata abandi mu buryo butaranga urupfasoni bishikana ku gutata, ku kugira ishavu n’umubabaro.

2 Mu bisanzwe, ishengero rya gikirisu ry’ukuri rirangwamwo imico myiza. Naho ari ukwo, tubwirizwa kwirinda imico mibi yiraye mw’isi ya kino gihe. Nimuze turabe ukuntu gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zijanye n’ukugaragaza urupfasoni bishobora kuturinda kugira imico mibi kandi bigatuma abantu bakwegerwa ku gusenga kw’ukuri. Kugira ngo dutahure neza ico kugaragaza imico myiza bisaba, reka turimbure uburorero Yehova Imana n’Umwana wiwe batanga.

Yehova n’Umwana wiwe baratanga akarorero mu bijanye no kugira imico myiza

3. Ni akarorero akahe Yehova Imana yatanze mu bijanye no kugira imico myiza?

3 Yehova Imana aratanga akarorero ntangere mu bijanye no kugira imico myiza. Naho afise ikibanza kiri hejuru cane co kuba ari Segaba w’ibiriho vyose, abantu abafatana ubuntu bwinshi be n’icubahiro gihambaye. Twisunze ururimi rwo mu ntango, igihe Yehova yavugana na Aburahamu be na Musa, yarakoresheje ijambo ryo mu giheburayo rikunze guhindurwa ngo “Ndakwinginze.” (Ita. 13:14; Kuv. 4:6) Igihe abasavyi ba Yehova bakoze amakosa, aragaragaza ko ‘yuzuye imbabazi, ari umunyabuntu, ateba kuraka, agira ikigongwe cinshi n’ukuri kwinshi.’ (Zab. 86:15) Aratandukanye cane n’abantu bamwebamwe usanga baca bashangashirwa igihe abandi badashikije ivyo baba babitezeko.

4. Dushobora gute kwigana Yehova igihe abandi baba bariko baratuyagira?

4 Imana kandi iragaragaza imico myiza mu kuntu yumviriza abantu. Igihe Aburahamu yabaza Yehova ibibazo ku bijanye n’abantu b’i Sodomu, yarishuye kimwekimwe cose abigiranye ukwihangana. (Ita. 18:23-32) Ntiyabonye ko Aburahamu yariko amutesha umwanya. Yehova arumviriza amasengesho y’abasavyi biwe be n’amarira y’abacumuzi bigaye. (Soma Zaburi 51:11, 17.) Ntidukwiye none kwigana Yehova mu kwumviriza igihe abandi baba bariko baratuyagira?

5. Kwigana imico myiza Yezu yagaragaje bishobora gute kuryohora imigenderanire dufitaniye n’abandi?

5 Kugira imico myiza ni kimwe mu bintu vyinshi Yezu Kristu yigiye kuri Se wiwe. Naho rimwe na rimwe Yezu yakoresha umwanya munini cane be n’inguvu nyinshi mu busuku yarangura, yamye nantaryo ari umuntu yihangana kandi w’umunyabuntu. Yezu yama yiteguriye gufasha abanyamibembe, impumyi zasegerereza be n’abandi bantu bari n’ivyo bakeneye, kandi yari afise umutima ukunze wo kubigira. Ntiyabirengagiza, naho baza kuri we ata sango yaba yabahaye. Akenshi yarahagarika ivyo yaba ariko arakora kugira ngo afashe umuntu yaba ari n’ibimuhagaritse umutima. Yezu yaritwararika bimwe bidasanzwe abamwizera. (Mrk. 5:30-34; Luka 18:35-41) Kubera ko turi abakirisu, turakurikiza akarorero ka Yezu mu kuba abanyabuntu n’abafasha abandi. Inyifato mwene iyo ntibura kubonwa n’incuti zacu, ababanyi bacu be n’abandi bantu. N’ikindi kandi, iyo nyifato iraninahaza Yehova ikongera igatuma tugira agahimbare.

6. Ni akarorero akahe Yezu yasize mu bijanye no kugaragariza abandi igishika n’umutima mwiza?

6 Yezu kandi yaragaragariza abantu icubahiro mu gukoresha amazina yabo. None indongozi z’idini ry’Abayuda zoba zaratera iteka abandi muri ubwo buryo? Habe namba. Indongozi zabona ko abantu batari bazi Itegeko ari “ibivume,” kandi uko ni ko zabafata. (Yoh. 7:49) Ariko ukwo si ko Umwana w’Imana yari ameze. Marita, Mariya, Zakayo be n’abandi benshi bariyumviye Yezu abahamagara mu mazina yabo. (Luka 10:41, 42; 19:5) Naho muri iki gihe imico kama be n’uko ibintu biba vyifashe vyoshobora gutuma tuganiriza abantu mu buryo bunaka, abasavyi ba Yehova barihatira kugaragariza abandi igishika. a Ntibareka ngo ugutandukanya abantu n’abandi hishimikijwe ikibanza bafise mu kibano gutume badaha icubahiro kibereye abo basangiye ukwizera be n’abandi bantu.​—Soma Yakobo 2:1-4.

7. Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zidufasha gute mu bijanye no kugaragariza abantu nkatwe urupfasoni aho ari ho hose?

7 Ukuba Imana be n’Umwana wayo bafatana ubuntu abantu bo mu mahanga yose no mu moko yose, biratera iteka abo bantu bikongera bigatuma abafise agatima kabereye bakwegerwa n’ukuri. Ariko ntiwumve, ibiranga imico myiza usanga bigenda biratandukana bivanye n’ahantu. Ni co gituma tudakurikiza urudome ku rundi amategeko manaka yashinzwe agenga imico. Ahubwo nyabuna, turareka ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zigatuma duhuza n’uko ibintu biba vyifashe mu bijanye n’ugutera iteka abantu nkatwe aho ari ho hose. Nimuze twihweze ukuntu gufata abantu tubigiranye urupfasoni bishobora gutuma turushiriza kuroranirwa mu busuku bwa gikirisu.

Kuramutsa abantu no kubayagisha

8, 9. (a) Ni akamenyero akahe kohava kabonwa ko ari ukubura urupfasoni? (b) Ni kubera iki dukwiye kureka amajambo ya Yezu dusanga muri Matayo 5:47 akagira ico akoze ku kuntu dufata abandi?

8 Muri iki gihe aho usanga mu mihingo myinshi abantu ata mwanya bafise mu buzima, akenshi usanga umuntu ahura n’uwundi, umwe wese akirenganira ata n’umwe aramukije uwundi canke ngo amubaze amakuru yiwe. Ego ni ko, nta n’umwe yokwitega kuvugana n’uwo ari we wese bahurira mu nzira icamwo abantu benshi. Yamara mu bindi bihe bitari bike, kuramutsa abandi ni ikintu kibereye kandi twokwipfuza kugira. Woba ufise akamenyero ko kuramutsa abandi? Canke woba akenshi wirenganira ata no kubamwenyurira canke kubabwira akajambo karyoshe? Umuntu yoshobora gusanga yatsimbataje akamenyero mu vy’ukuri kataranga urupfasoni, ata ntumbero mbi abigiranye.

9 Yezu yarabitwibukije igihe yavuga ati: “Nimwaramutsa abavukanyi banyu gusa, ikidasanzwe muba mukoze ni igiki? None abanyamahanga bo ntibagira nk’ivyo nyene?” (Mat. 5:47) Ku bijanye n’ivyo, umuhanuzwajambo umwe yitwa Donald Weiss yanditse ati: “Abantu birabababaza igihe abandi babirengagije. Mu vy’ukuri, nta kintu na kimwe woronka wireguza igihe wirengagije abandi. Umuti w’iyo ngorane uroroshe, na wo ukaba ari uwu: Nuramutse abantu. Nubavugishe.” Bizotugendera neza nitutareka ngo gukumira abandi canke kubirengagiza bigire ico bikoze ku migenderanire dufitaniye na bo.

10. Kugira imico myiza bishobora gute kudufasha kuroranirwa mu busuku? (Raba uruzitiro ruvuga ngo  “Gutanguza ikiyago biciye ku kumwenyura kurangwa igishika.”)

10 Rimbura ivyerekeye uwitwa Tom be n’umukenyezi wiwe Carol, bano bakaba ari abakirisu baba mu gisagara kininiya co mu gihugu kimwe co muri Amerika ya Ruguru. Kugiranira n’ababanyi babo ibiyago biryoshe ni kimwe mu bintu bakora mu gihe c’ubusuku bwabo. Uti none babigenza gute? Tom arerekeza ku majambo yo muri Yakobo 3:18, akavuga ati: “Turagerageza kugaragariza umutima mwiza abantu no kubana na bo mu mahoro. Turaganiriza abo dusanga hanze y’amazu yabo be n’ababa bariko barahakorera. Turabamwenyurira tukongera tukabaramutsa. Turaganira na bo ku bibashimisha, baba ari abana babo, imbwa zabo, inzu zabo canke akazi bakora. Haciye igihe, basigara badufata nk’abagenzi babo.” Carol yongerako ati: “Dusubiye kubagendera, turababwira uko twitwa tukongera tukababaza na bo uko bitwa. Turabamenyesha ivyo turiko turakorera aho mu babanyi bacu ariko tugaca make. Amaherezo, turaheza tukababwira inkuru nziza.” Tom na Carol baratumye benshi mu babanyi babo babizigira. Abatari bake baremeye kwakira ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya, kandi bakeyi muri abo barashimishijwe cane no kwiga ukuri.

Nugaragaze urupfasoni mu bintu bigoye

11, 12. Ni kubera dukwiye kwitega gufatwa nabi igihe tuba turiko turamamaza inkuru nziza, kandi dukwiye kuvyifatamwo gute?

11 Birashika tugafatwa mu buryo butaranga urupfasoni igihe turiko turamamaza inkuru nziza. Turiteze gushikirwa n’ico kintu kubera ko Kristu Yezu yaburiye abigishwa biwe ati: “Nimba barampamye, bazobahama na mwebwe.” (Yoh. 15:20) Ariko kugera ingere ku yindi mu kuvuga amajambo mabi, nta vyiza bizana. None dukwiye kuvyifatamwo gute? Intumwa Petero yanditse ati: “Mweze Kristu bwa Mukama mu mitima yanyu, mwama nantaryo mwiteguriye kwiburanira imbere y’umuntu wese abasavye impamvu y’icizigiro kiri muri mwebwe, mugabo mubigirana ubwitonzi n’icubahiro kigera kure.” (1 Pet. 3:15) Igihe tugaragaje urupfasoni, ni ukuvuga tukishurana ubwitonzi n’icubahiro, ivyo vyoshobora guhwamika abadutuka.​—Tito 2:7, 8.

12 Twoba dushobora kwitegurira guhangana n’amajambo mabi, ariko ivyo tukabigira mu buryo buhimbara Imana? Cane nyene! Paulo yadutegetse ati: “Imvugo yanyu yamane nantaryo igikundiro, irunze umunyu, kugira ngo mumenye ingene mubwirizwa kwishura umuntu wese.” (Kol. 4:6) Igihe dufise akamenyero ko kugaragariza urupfasoni abagize imiryango yacu, abo twigana, abo dukorana, abagize ishengero be n’ababanyi bacu, tuba turiko turitegurira neza kwihanganira agacokoro n’ibitutsi mu buryo bubereye.​—Soma Abaroma 12:17-21.

13. Tanga akarorero kerekana ko kugaragaza urupfasoni bishobora guhwamika abaturwanya.

13 Kugaragaza imico myiza mu bintu bigoye biravamwo ivyiza. Nk’akarorero mu Buyapani, hari Icabona yatyekejwe na nyene umuhana hamwe n’umushitsi yari yamugendeye. Nya muvukanyi abigiranye urupfasoni, yaciye yigira. Kubera ko yabandanije yamamaza muri ico cibare, yarabonye wa mushitsi ariko amwitegereza ari nka hariya. Igihe nya muvukanyi yamwegera, nya mugabo yavuze ati: “Tubabarire kuri birya bintu vyabaye. Naho twakubwiye amajambo ataranga ubuntu, nabonye wagumye umwenyura. None nokora iki kugira ngo mere nkawe?” Kubera ko uwo mugabo yari yarirukanywe ku kazi, nyina wiwe na we akaba yari aherutse gupfa, nta cizigiro namba yari afise c’uko yosubiye kugira agahimbare. Nya Cabona yaramusavye ko yomugirira inyigisho ya Bibiliya, na we aremera. Budakeye na kabiri yari asigaye yiga kabiri mu ndwi.

Uburyo bwiza kuruta ubundi bwose bwo gutsimbataza inyifato iranga urupfasoni

14, 15. Abasavyi ba Yehova bo mu bihe vya Bibiliya bigisha gute abana babo?

14 Abavyeyi batinya Imana bo mu bihe vya Bibiliya bariyemeza neza ko abana babo bigira i muhira ibintu vy’ishimikiro biranga urupfasoni. Irabire ingene Aburahamu n’umuhungu wiwe Izahaki bavugana mu rupfasoni, ivyo bikaba biboneka mw’​Itanguriro 22:7. Yozefu na we nyene yaragaragaje ko yigishijwe neza n’abavyeyi biwe. Igihe yari apfunzwe, yarasonera mbere n’abanyororo bagenziwe. (Ita. 40:8, 14) Amajambo yabwiye Farawo arerekana ko yari yarize uburyo bubereye bwo kuvugana n’umukuru.​—Ita. 41:16, 33, 34.

15 Muri ya Mabwirizwa Cumi Abisirayeli bahabwa harimwo irivuga riti: “Wubahe so na nyoko, kugira ng’urambire mu gihugu jewe Uhoraho Imana yawe nzoguha.” (Kuv. 20:12) Kugaragaza imico myiza i muhira ni uburyo bumwe abana bagaragazamwo ko batera iteka abavyeyi babo. Umukobwa wa Yefuta yaragaragaje ko yubaha se wiwe bimwe bidasanzwe mu gukora ahuza n’indagano yari yagize naho bitari vyoroshe namba.​—Abac. 11:35-40.

16-18. (a) Ni igiki umuntu ashobora gukora kugira ngo yigishe abana biwe imico myiza? (b) Ni ivyiza ibihe biva ku kwigisha abana imico myiza?

16 Birahambaye cane ko twigisha abana bacu imico myiza. Kugira ngo abakiri bato bashobore kuzovyifatamwo neza bamaze gukura, barakeneye kwiga uburyo bubereye bwo kuramutsa abashitsi, kwitaba telefone be no gusangira n’abandi ibifungurwa. Barakwiye gufashwa gutahura igituma bofasha abantu mu kubugururira urugi, bogaragariza ubuntu abageze mu zabukuru n’abarwaye kandi bagatwaza umuntu afise ibintu biremereye. Barakeneye gutahura ko bihambaye kuvuga ata buryarya amajambo nk’aya ngo “ndakwinginze,” “urakoze,” “urakoze gushima,” “noshobora kugufasha?” canke ngo “mbabarira.”

17 Si ngombwa ngo kwigisha abana urupfasoni bibe ikintu kigoye. Uburyo bwiza kuruta bwo kubigira ni ukubabera akarorero. Raba ivyo uwitwa Kurt amaze imyaka 25, avuga ku bijanye n’ukuntu we na bene wabo batatu bize kugira urupfasoni. Avuga ati: “Twaritegereza tukongera tukumviriza ingene mawe na dawe bavugana n’umutima mwiza be n’ukuntu bafata abandi bantu babigiranye ukwihangana n’ukubitwararika. Ku Ngoro y’Ubwami, jewe na dawe twaba turi kumwe igihe yaba ariko arayagisha abavukanyi be n’abavukanyikazi bakuze, amakoraniro ataratangura canke arangiye. Narumva ingene abaramutsa nkongera nkabona ingene abagaragariza icubahiro.” Kurt abandanya ati: “Haciye igihe, nari nsigaye meze nka we. Gufata abantu ubigiranye urupfasoni bica vyizana. Usanga atari uburyo utegerezwa gukoramwo ibintu, ahubwo ari uburyo wipfuza kubikoramwo.”

18 Ni ibiki bishobora gushika mu gihe abavyeyi bigishije abana babo imico myiza? Abo bana bazoshobora kwironkera abagenzi beza bongere babane amahoro n’abandi. Bazoronka ibikwiye bituma bakorana neza n’abakoresha babo canke abakozi bagenzi babo. Ikigeretseko, abana bisoneye, bafise imico myiza kandi bagororotse bazotuma abavyeyi babo banezerwa kandi bahimbarwe.​—Soma Imigani 23:24, 25.

Imico myiza ituma tuba abantu batandukanye n’ab’isi

19, 20. Ni kubera iki dukwiye kugira umwiyemezo wo kwigana Imana yacu y’inyabuntu be n’Umwana wayo?

19 Paulo yanditse ati: “Nimwigane Imana . . . nk’abana bakundwa.” (Ef. 5:1) Kwigana Yehova Imana be n’Umwana wiwe birimwo gukurikiza ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, nk’izo twarimbuye muri iki kiganiro. Nitwabigenza gutyo, tuzokwirinda kugaragaza urupfasoni rw’ubwiyorobetsi turondera gusa gutoneshwa n’umukuru canke kuronka inyungu zo mu vy’umubiri.​—Yuda 16.

20 Muri iyi misi ya nyuma y’ubutegetsi bwiwe bubi, Shetani yiyemeje gukuraho buhere ingingo mfatirwako zigenga ukwigenza rupfasoni Yehova yashizeho. Ariko uwo Mubesheranyi ntazoshobora kurandurana n’imizi imico myiza y’abakirisu b’ukuri. Ese umwe wese muri twebwe yogira umwiyemezo wo kwigana akarorero k’Imana yacu y’inyabuntu be n’ak’Umwana wayo. Gutyo, imvugo yacu be n’inyifato yacu bizokwama nantaryo bitandukanye n’ivyo abahitamwo kugira imico itaranga urupfasoni bakora. Tuzotuma izina rya ya Mana y’imico myiza Yehova rishemezwa, twongere dutume abantu b’umutima nziraburyarya bakwegerwa ku gusenga kw’ukuri.

[Akajambo k’epfo]

a Mu mico kama imwimwe, bibonwa ko kuvuga mw’izina umuntu akuze atabigusavye ari ukubura urupfasoni. Ni vyiza ko abakirisu bubahiriza iyo mico kama.

Woba uvyibuka?

• Ni igiki twigira kuri Yehova be n’Umwana wiwe ku bijanye n’ukugaragaza imico myiza?

• Ni kubera iki bibereye ko twebwe abakirisu turamutsa abantu n’igishika?

• Kugira urupfasoni bifasha gute kugira ngo umuntu aroranirwe mu busuku?

• Ni uruhara uruhe abavyeyi barangura mu bijanye n’ukwigisha abana babo imico myiza?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Uruzitiro ku rup. 27]

 Gutanguza ikiyago biciye ku kumwenyura kurangwa igishika

Abantu benshi baragonanwa gutangura kuganiriza umuntu batazi. Ariko rero, kubera urwo Ivyabona vya Yehova bakunda Imana n’abantu nkabo, baragira akigoro gakomeye ko kwiga kuyagisha abantu kugira ngo bababwire ukuri kwo muri Bibiliya. Ni ibiki vyogufasha kugira ivyo uryohoye muri uwo muce?

Hari ingingo ngenderwako ihambaye cane ivugwa mu Bafilipi 2:4, igira iti: “Umwe wese ku ruhande rwiwe atagumiza ijisho ku vyiwe bwite gusa, ariko kandi ku ruhande rwiwe, agumize ijisho no ku vy’abandi.” Zirikana kuri ayo majambo muri ubu buryo: Niba utari bwigere uhura n’uwo muntu, uno ntaba akuzi. None ushobora gute gutuma yumva yisanze? Kumwenyura ubigiranye igishika no kumuramutsa kigenzi vyoshobora gufasha. Yamara, hari n’ibindi wokwitwararika.

Igihe ugerageje gutangura kuyagisha umuntu, hari aho woba umuciriyemwo mu vyo yariko ariyumvira. Hamwe wogerageza kumuganiriza ku vyo ufise mu muzirikanyi wawe gusa, maze ntiwitwararike ivyo na we yariko ariyumvira, yoshobora kuvyakira nabi. Ku bw’ivyo rero, niba bishoboka ko umenya neza ivyo uwo muntu yariko arazirikanako, ubona gute uciye uba ari vyo ukoresha mu gutangura kumuyagisha? Ukwo ni ko Yezu yabigenjeje igihe yahura n’umugore umwe kw’iriba i Samariya. (Yoh. 4:7-26) Nya mugore yariko yiyumvira ukuntu aza kuronka amazi. Ico ni co kintu Yezu yashingiyeko mu gutangura kumuyagisha, maze adatevye aca agihinduramwo ikiyago kiryoshe cane gishingiye ku vy’impwemu.

[Amafoto ku rup. 26]

Kugaragariza umutima mwiza abantu birashobora gutuma ushinga intahe nziza

[Ifoto ku rup. 28]

Vyama nantaryo bibereye ko tugaragaza imico myiza