Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Tugume turushiriza kugaragaza urukundo rwa kivukanyi

Tugume turushiriza kugaragaza urukundo rwa kivukanyi

Tugume turushiriza kugaragaza urukundo rwa kivukanyi

“Mubandanye kugendera mu rukundo, nk’uko na Kristu yabakunze.”​—EF. 5:2.

1. Ni ikintu ikihe gihambaye Yezu yerekanye ko coranze abayoboke biwe?

 KWAMAMAZA inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana inzu ku nzu ni ikintu kiranga Ivyabona vya Yehova. Naho ari ukwo, Kristu Yezu yarerekanye uwundi muce w’Ubukirisu woranze abigishwa biwe b’ukuri. Yavuze ati: “Ndabahaye ibwirizwa rishasha: mukundane; nk’uko nabakunze, abe ari ko namwe mukundana. Iki ni co bose bazomenyerako yuko muri abigishwa banje, nimwagiriranira urukundo hagati yanyu.”​—Yoh. 13:34, 35.

2, 3. Urukundo rwa kivukanyi tugaragaza rugira ico rukoze gute ku bantu bitaba amakoraniro ya gikirisu tugira?

2 Urukundo rurangwa mu muryango w’abakirisu b’ukuri, nta handi worusanga. Nka kurya nyene isumaku ikwega icuma, ni ko n’urukundo rukwēgēra abasavyi ba Yehova bakunga ubumwe rukongera rugakwēgēra abantu b’umutima nziraburyarya ku gusenga kw’ukuri. Fata nk’akarorero uwitwa Marcelino, uno akaba ari umugabo wo muri Kameruni yahumye biturutse kw’isanganya yagiriye ku kazi. Inyuma y’iryo sanganya, harakwiragijwe urukurukuru ruvuga yuko yahumye kubera ko yari umupfumu. Aho kumuhumuriza, umupasitori wiwe be n’abandi bantu bo mw’idini yarimwo baciye bamuca muri urwo rusengero. Igihe Icabona ca Yehova umwe yamutumira kwitaba ikoraniro, Marcelino yaragonanywe. Ntiyashaka ko hagira abongera kumwiyamiriza.

3 Marcelino yaratangajwe n’ivyamushikiye ku Ngoro y’Ubwami. Yarahawe ikaze n’igishika, yongera arahumurizwa n’inyigisho zo muri Bibiliya yahumviye. Yaciye atangura kwitaba amakoraniro yose y’ishengero, aratera imbere mu nyigisho yiwe ya Bibiliya, maze arabatizwa mu 2006. Ubu arabwira ukuri abagize umuryango wiwe be n’ababanyi biwe kandi aramaze gutanguza inyigisho za Bibiliya zitari nke. Marcelino yipfuza ko abo bigana Bibiliya bibonera urukundo nk’urwo na we nyene yiboneye mu basavyi b’Imana.

4. Ni kubera iki dukwiye gufata nka nkama impanuro Paulo atanga idusaba ‘kubandanya tugendera mu rukundo’?

4 Naho urwo rukundo rwa kivukanyi tugaragaza rukwegera, ntirwizana. Iyumvire nka hamwe hoba hariko haraka umucanwa mw’ijoro, abantu bakaza baregera hafi y’imbeya zawo ziriko ziyengera kugira basusuruke. Hamwe abo bantu bariko barota uwo mucanwa batoza barawushiramwo inkwi, amaherezo wozima. Muri ubwo buryo nyene, urwo rukundo rwiza igitangaza rurangwa mw’ishengero rwoshobora kuyama igihe umukirisu wese muri twebwe atogira ico akoze kugira ngo arukomeze. None ivyo twobigira gute? Intumwa Paulo yishura ati: “Mubandanye kugendera mu rukundo, nk’uko na Kristu yabakunze akitanga ku bwanyu bwa shikanwa n’ikimazi bihawe Imana ngo bibe umubabwe umota neza.” (Ef. 5:2) Ikibazo umwe wese muri twebwe akwiye kurimbura ni iki: Ni mu buryo butandukanye ubuhe nshobora kubandanya ngendera mu rukundo?

“Namwe nyene nimwaguke”

5, 6. Ni kubera iki Paulo yahimirije abakirisu b’i Korinto ‘kwaguka’?

5 Intumwa Paulo yandikiye abakirisu b’i Korinto ha kera, ati: “Akanwa kacu karabugurukiye yemwe Bakorinto, umutima wacu waragutse. Ntimwagiwe muri twebwe, mugabo mwagiwe mu kibabarwe canyu bwite. Nuko rero, bwa mpembo​—mvuga nk’uwubwira abana​—namwe nyene nimwaguke.” (2 Kor. 6:11-13) Ni kubera iki Paulo yahimirije Abakorinto kwaguka mu rukundo rwabo?

6 Rimbura ukuntu ishengero ry’i Korinto ha kera ryatanguye. Paulo yashitse i Korinto mu mpera z’umwaka wa 50 G.C. Naho iyo ntumwa igitangura kwamamaza muri ico gisagara yarwanijwe, ntiyatanye n’akabando. Haciye igihe gitoyi, abantu benshi bo muri ico gisagara barizeye inkuru nziza. Paulo yamaze “umwaka umwe n’amezi atandatu” ariko yigisha iryo shengero rishasha yongera arikomeza. Biragaragara ko yakunda cane abakirisu b’i Korinto. (Ibik. 18:5, 6, 9-11) Na bo bari bafise imvo yumvikana yo kumukunda no kumwubaha. Ariko rero, bamwebamwe mu bari bagize iryo shengero ntibamukunda. Kumbure bake muri bo ntibashima impanuro ziwe zidomako. (1 Kor. 5:1-5; 6:1-10) Abandi bashobora kuba barumviriza ivyo ‘intumwa z’agahebuza’ zavuga zimwambika ibara. (2 Kor. 11:5, 6) Paulo yipfuza ko abavukanyi n’abavukanyikazi bose bamukunda urukundo nyakuri. Ni co gituma yabasavye ‘kwaguka’ mu bijanye no kumwiyegereza no mu kwiyegereza abo basangiye ukwizera.

7. Dushobora gute ‘kwaguka’ mu kugaragaza urukundo rwa kivukanyi?

7 Twovuga iki ku bitwerekeye? Dushobora gute ‘kwaguka’ mu bijanye no kugaragaza urukundo rwa kivukanyi? Mu bisanzwe, abantu bo mu runganwe rumwe canke abantu bakomoka ahantu hamwe baroroherwa no kugaragarizanya urukundo rwa kivukanyi. Vyongeye, abantu bakunda ibintu bimwe mu bijanye n’ukwisamaza usanga bamara umwanya munini bari kumwe. Ariko, niba ivyo duhurizako n’abakirisu bamwebamwe bidutandukanya n’abandi, turakwiye ‘kwaguka.’ Vyoba biranga ubukerebutsi umwe wese muri twebwe yibajije ati: ‘Noba nsanga ari gake ngira uruhara mu busuku canke mu yindi mirimo yo kwiruhura ndi kumwe n’abavukanyi be n’abavukanyikazi tudashikirana cane? Ku Ngoro y’Ubwami, noba ntayagisha cane abashasha kubera yuko niyumvira ko hataragera kugiranira na bo ubugenzi? Noba ndamutsa abakuze n’abakiri bato bo mw’ishengero?’

8, 9. Impanuro Paulo yatanze dusanga mu Baroma 15:7 ishobora gute kudufasha kuramukanya mu buryo butuma turushiriza kugaragaza urukundo rwa kivukanyi?

8 Ku bijanye no kuramukanya, ivyo Paulo yabwiye Abaroma birashobora kudufasha gutsimbataza ukubona mu buryo bubereye abo dusangiye ugusenga. (Soma Abaroma 15:7.) Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe muri ico canditswe ngo “ikaze” risobanura “kwakirana ubigiranye ubuntu canke kwakirana neza, kwemera kwifatanya n’uwundi muntu hamwe no kugiranira na we ubugenzi.” Igihe umuntu w’umwakiranyi wo mu bihe vya Bibiliya yaba agendewe n’abagenzi i muhira iwe, yarabamenyesha ko ahimbawe no kubabona. Mu buryo bw’ikigereranyo, Kristu yaraduhaye ikaze nk’uko nyene, kandi duhimirizwa kumwigana mu guha ikaze abo dusangiye ugusenga.

9 Igihe tuba turiko turaramutsa abavukanyi bacu ku Ngoro y’Ubwami canke mu bindi bibanza, turashobora kwitwararika abo tutari duherutse kubona canke kuvugana na bo. Ni kubera iki tutomara iminuta mikeyi turiko turayaga na bo? Kw’ikoraniro rikurikira, turashobora kubigenza gutyo nyene no ku bandi. Mu kiringo gitoyi, turashobora gusanga twagiraniye ibiyago biryoshe n’abavukanyi be n’abavukanyikazi nka bose. Ntibikenewe ko duhagarika umutima ngo ni uko tutayaze n’umuvukanyi canke umuvukanyikazi wese kuri uwo musi. Nta n’umwe akwiye kubabazwa n’uko tutashoboye kumuramutsa kw’ikoraniro iryo ari ryo ryose tugize.

10. Ni akaryo keza cane akahe abagize ishengero bose bafise, kandi dushobora gute kukungukirako bimwe bishitse?

10 Kuramutsa abandi ni yo ntambwe ya mbere yo kubaha ikaze. Ni intambwe ishobora gutuma tugiranira na bo ibiyago biryoshe n’ubugenzi buramba. Nk’akarorero, igihe abitavye amahwaniro n’amateraniro bidondoranye maze bagatangura kuyaga, baca baguma bashashaye kuzosubira kubonana. Abakora bavyishakiye mu bwubatsi bw’Ingoro z’Ubwami hamwe n’abagira uruhara mu gikorwa co gutabara, akenshi usanga bagiranira ubugenzi bwiza kubera ko umwe wese amenya kamere nziza cane z’uwundi biciye ku kubwirana ivyo baba baraciyemwo. Ishirahamwe rya Yehova riraturonsa uturyo twinshi cane two kugiranira n’abandi ubugenzi buramba. ‘Nitwaguka,’ tuzorushiriza kugira abagenzi benshi, maze ivyo bikomeze urukundo dufitaniye rutuma twunga ubumwe mu gusenga kw’ukuri.

Tube abantu baronkeka

11. Nk’uko muri Mariko 10:13-16 havyerekana, ni akarorero akahe Yezu yatanze?

11 Abakirisu bose barashobora kwihatira kuba abegereka nk’uko Yezu yari ameze. Rimbura ukuntu Yezu yavyifashemwo igihe abigishwa biwe bagerageza kubuza abavyeyi kumuzanira abana babo. Yavuze ati: “Nimureke abana batoyi baze kuri jewe; ntimugerageze kubabuza, kuko ubwami bw’Imana ari ubw’abameze nk’abo.” Yaciye “afata nya bana mu maboko yiwe atangura kubahezagira, abarambitseko ibiganza.” (Mrk. 10:13-16) Iyumvire ukuntu abo bana bategerezwa kuba barahimbawe cane no kwitwararikwa na wa Mwigisha ahambaye muri mwene ubwo buryo buranga urukundo!

12. Ni ibiki bishobora kutubera intambamyi yo kuyaga n’abandi?

12 Umukirisu wese arakwiye kwibaza ati: ‘Noba ndonkeka, canke akenshi mboneka ko mfatiriwe cane?’ Utumenyero usanga ubwatwo ata co dutwaye turashobora rimwe na rimwe kuba inzitizi zo kuyaga n’abandi. Nk’akarorero, niba dukunze gukoresha telefone ngendanwa igihe tuba turi kumwe n’abandi canke twa twuma two mu matwi dukoreshwa mu kwumviriza imiziki canke ibindi bintu biba vyarafashwe, twoshobora gutuma biyumvira ko tutipfuza kwifatanya na bo. Niba abandi akenshi batubona twatwawe na orodinateri ngendanwa, boshobora gushika ku ciyumviro c’uko tudashaka kubavugisha. Ego ni ko, hariho “igihe co gucereza.” Ariko igihe turi mu bandi, akenshi kiba ari “igihe co kuvuga.” (Umus. 3:7) Hari aboshobora kuvuga bati: “Jewe nshima kuba ndi jenyene” canke bakavuga bati: “Jewe sinkunda kuvuga mu gitondo.” Naho biri ukwo, kuyaga n’abandi kigenzi n’igihe nyene tutoba tuvyiyumvamwo ni ikintu kigaragaza ko dufise urukundo “[ruta]rondera inyungu zarwo bwite.”​—1 Kor. 13:5.

13. Paulo yaremesheje Timoteyo gufata gute abavukanyi n’abavukanyikazi?

13 Paulo yaremesheje uwukiri muto Timoteyo kwubaha abagize ishengero bose. (Soma 1 Timoteyo 5:1, 2.) Na twebwe dukwiye gufata abakirisu bakuze nk’abavyeyi bacu, abakiri bato na bo tukabafata nk’abo tuvukana. Nitwabona ibintu muri ubwo buryo, nta n’umwe mu bavukanyi n’abavukanyikazi bacu twikundira azokwiyumvamwo ko tutamwitwararika.

14. Ni ivyiza bimwebimwe ibihe biva ku kugiranira n’abandi ibiyago vyubaka?

14 Igihe tugiranira n’abandi ibiyago vyubaka, tuba turiko turagira ico duterereye kuri kamere yabo yo mu vy’impwemu kandi bakumva bamerewe neza. Umuvukanyi umwe akora ku biro vy’ishami vyo mu gihugu kimwe aribuka ahimbawe ingene abanyabeteli batari bake bahamaze igihe kirekire bama bafata akanya ko kumuyagisha mu misi yiwe ya mbere kuri Beteli. Amajambo yabo aremesha yaratumye yiyumvamwo ko vy’ukuri ari mu bagize umuryango wa Beteli. Ubu na we aragerageza kubigana mu kuyagisha abanyabeteli bagenziwe.

Ukwicisha bugufi kuradufasha kugiranira amahoro n’abandi

15. Ni ibiki vyerekana ko natwe rimwe na rimwe dushobora kugira ivyo tudahurizako n’abandi?

15 Biboneka ko Evodiya na Sintike, bano bakaba ari abakirisukazi babiri b’i Filipi ha kera, vyabagoye gutorera umuti ingorane bari bafitaniye. (Flp. 4:2, 3) Umuhazuko ukomeye wabaye hagati ya Paulo na Barunaba waramenywe n’abantu batari bake, kandi waratumye batandukana mu gihe kinaka umwe wese afata inzira yiwe. (Ibik. 15:37-39) Izo nkuru zirerekana yuko no mu basavyi b’Imana b’ukuri rimwe na rimwe hashobora kubaho ivyo badahurizako. Yehova araturonsa imfashanyo kugira ngo dutorere umuti amatati maze dusubire kugiranira ubugenzi bwiza. Yamara, hariho ico adusaba.

16, 17. (a) Ni mu buryo ki ukwicisha bugufi guhambaye mu bijanye no gutorera umuti amatati abantu bafitaniye? (b) Inkuru yigana ibijanye n’igihe Yakobo yariko yegereza guhura na Esawu yerekana gute akamaro k’ukwicisha bugufi?

16 Dufate ko wewe n’umugenzi wawe mugire mufate urugendo mukoresheje umuduga. Imbere y’uko mutangura urwo rugendo, utegerezwa kwatsa uwo muduga ukoresheje ikontaki. Gutorera umuti ivyo umuntu adahurizako n’uwundi na vyo nyene bisaba kubanza gukoresha ico twokwita ikontaki. Ico kintu ni ukwicisha bugufi. (Soma Yakobo 4:10.) Nk’uko akarorero gakurikira ko mu Vyanditswe kavyerekana, ukwicisha bugufi kuratuma abari n’ico bapfa batangura gukurikiza ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya.

17 Hari hashize imyaka 20 Esawu ashavujwe cane no kuba yaratakaje uburenganzira bwo kuba samuragwa bukegukira ihasa ryiwe Yakobo, kandi yarondera kumwica. Igihe ayo mahasa yagira asubire kubonana inyuma y’ico kiringo cose cari kihaciye, “Yakobo [yaciye] aranduka umutima, arihebūra.” Yiyumvira ko bishoboka rwose yuko Esawu amugurukirako. Ariko igihe bahura, Yakobo yarakoze ikintu Esawu atari yiteze. Igihe Yakobo yariko yegereza mwene wabo, yagenda “akubita inkoro hasi.” None vyaciye bigenda gute? “Esau [yarirutse] aramusanganira, amugwa mu gikiriza, amurenganyakw amaboko, aramugūmbīra: baca bararira.” Ntibabaye bakirwana. Ukwicisha bugufi kwa Yakobo kwarafashije gutsinda urwanko rwose Esawu ashobora kuba yari amufitiye.​—Ita. 27:41; 32:3-8; 33:3, 4.

18, 19. (a) Igihe havyutse amatati, ni kubera iki bihambaye ko dufata iya mbere mu gushira mu ngiro impanuro ishingiye ku Vyanditswe? (b) Ni kubera iki tudakwiye guca dutana n’akabando igihe uwo wundi muntu adaciye avyakira neza ari bwo bwa mbere?

18 Bibiliya irimwo impanuro nziza cane ku bijanye n’ukuntu dushobora gutorera umuti amatati. (Mat. 5:23, 24; 18:15-17; Ef. 4:26, 27) a Yamara rero, tudashize mu ngiro iyo mpanuro twicishije bugufi, kugiranira amahoro n’abandi bizotugora. Kwitega ko uwo wundi muntu ari we atangura kugaragaza ukwicisha bugufi si wo muti mu gihe natwe tubishoboye.

19 Igihe utwigoro twacu twa mbere two kurondera kugiranira amahoro n’uwo turi n’ico dupfa dusa nk’aho ata co dushitseko bivuye ku mvo yinaka, ntidukwiye guca dutana n’akabando. Hari aho uwo muntu yoba agikeneye umwanya kugira ngo atsinde ishavu canke intuntu yagize. Bene wabo na Yozefu baramuhemukiye. Ivyo vyabaye hagisigaye igihe kirekire cane ngo basubire kumubona, kandi ico gihe akaba yari umushikiranganji wa mbere wa Misiri. Ariko, bahavuye bahinduka mu mutima maze barasaba ikigongwe. Yozefu yarabahariye, kandi abahungu ba Yakobo baracitse ihanga ryari rifise agateka ko kwitirirwa izina rya Yehova. (Ita. 50:15-21) Turaterera ku bumwe bw’ishengero no ku munezero waryo igihe tuguma dufitaniye amahoro n’abavukanyi be n’abavukanyikazi bacu.​—Soma Abakolosayi 3:12-14.

Dukunde “mu bikorwa no mu kuri”

20, 21. Ni icigwa ikihe dushobora kwigira ku kuba Yezu yarogeje ibirenge intumwa ziwe?

20 Gatoyi imbere y’urupfu rwiwe, Yezu yabwiye intumwa ziwe ati: “Nabahaye icitegererezo, kugira ngo, nk’uko nabagiriye, abe ari ko mugiriranira namwe.” (Yoh. 13:15) Ivyo yabivuze ari ho agiheza kwoza ibirenge vya bamwe 12. Ivyo Yezu yakoze ntiwari umugenzo canke ngo bibe igikorwa kiranga ubuntu vyonyene. Imbere y’uko Yohani avuga iyo nkuru yigana ibijanye n’ukwo kwoza ibirenge, yanditse ati: “Yezu, . . . kubera yari yarakunze abiwe bari mw’isi, yarabakunze gushika kw’iherezo.” (Yoh. 13:1) Urwo Yezu yakunda abigishwa biwe ni rwo rwamusunikiye gukora igikorwa mu bisanzwe cakorwa n’umushumba. Ku bw’ivyo, bategerezwa gukoreranira bicishije bugufi ibikorwa biranga urukundo. Mu vy’ukuri, urukundo nyakuri rwa kivukanyi rukwiye kudusunikira kwitwararika abavukanyi n’abavukanyikazi bacu bose.

21 Intumwa Petero, uno akaba yarogejwe ibirenge n’Umwana w’Imana, yaratahuye neza insobanuro y’ico kintu Yezu yakoze. Yanditse ati: “Ubu ko mwatyoroye ubuzima bwanyu biciye ku kugamburukira ukuri, bikavamwo igishika ca kivukanyi kitagira ubwiyorobetsi, mukundane cane bivuye ku mutima.” (1 Pet. 1:22) Intumwa Yohani, na we nyene akaba yarogejwe ibirenge n’Umukama, yanditse ati: “Bana bato, dukunde, atari mu majambo canke ku karimi, mugabo mu bikorwa no mu kuri.” (1 Yoh. 3:18) Ese imitima yacu yodusunikira kugaragaza urukundo rwa kivukanyi mu bikorwa.

[Utujambo tw’epfo]

a Raba igitabu Twagizwe ishirahamwe ngo dukore ivyo Yehova agomba, urupapuro rwa 144-150.

Woba uvyibuka?

• Ni mu buryo butandukanye ubuhe dushobora ‘kwaguka’ mu rukundo dufitaniye?

• Ni ibiki bizodufasha kuba abantu baronkeka?

• Ukwicisha bugufi kurangura uruhara uruhe mu bijanye no kugiranira amahoro n’abandi?

• Ni igiki gikwiye kudusunikira kwitwararika abo dusangiye ukwizera?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Ifoto ku rup. 21]

Niwakire abo musangiye ukwizera ubigiranye igishika

[Ifoto ku rup. 23]

Ntugishe uturyo twotuma abandi bakwiyegereza