Nutume iterambere ryawe ryibonekeza
Nutume iterambere ryawe ryibonekeza
“Uzirikane kuri ivyo bintu; ubicokeremwo, kugira ngo iterambere ryawe ryibonekeze ku bantu bose.”—1 TIM. 4:15.
1, 2. Ni ibiki tuzi ku vyerekeye ubuzima bwa Timoteyo akiri muto be n’ihinduka ryabaye igihe yari afise hafi imyaka 20?
MU NTARA yatwarwa n’Uburoma ya Galatiya, muri iki gihe hakaba ari mu gihugu ca Turukiya, ni ho Timoteyo yaba igihe yari akiri mutoyi. Haciye imyaka mirongo inyuma y’urupfu rwa Yezu, muri iyo ntara harashinzwe amashengero ya gikirisu atari make. Harageze aho uwukiri muto Timoteyo, nyina wiwe be na inakuru baba abakirisu kandi barabaye abanyamwete muri rimwe muri ayo mashengero. (2 Tim. 1:5; 3:14, 15) Mu vy’ukuri Timoteyo yarinovoye ubuzima ari umukirisu akiri muto igihe yaba aho hantu yari amenyereye. Ariko rero, ibintu ntivyatevye guhinduka.
2 Vyose vyatanguranye n’urugendo rugira kabiri intumwa Paulo yagize muri ako karere. Ico gihe, Timoteyo ashobora kuba yari ageze mu myaka yiwe ya nyuma y’ubuyabaga canke arengeje gatoyi imyaka 20. Mu gihe c’urwo rugendo rwa Paulo, kumbure ari i Lisitira, yaramenye ko Timoteyo “yavugwa neza n’abavukanyi” mu mashengero yo muri ako karere. (Ibik. 16:2) Naho Timoteyo yari muto, mu vy’impwemu ntugire ngo yari umwana. Maze, Paulo n’abagabo b’inararibonye bo muri iryo shengero, baramurambitseko ibiganza vyabo bayobowe n’impwemu nyeranda, baba bamushize ku ruhande ku bw’igikorwa kidasanzwe yoranguye mw’ishengero.—1 Tim. 4:14; 2 Tim. 1:6.
3. Ni agateka k’umurimo kadasanzwe akahe Timoteyo yatewe?
3 Timoteyo yararonse ubutumire budasanzwe bwo gufadikanya n’intumwa Paulo mu ngendo yagira! (Ibik. 16:3) Iyumvire ukuntu Timoteyo ategerezwa kuba yaratangaye yongera aranezerwa cane! Mu myaka yokurikiye, Timoteyo yogize ingendo ari kumwe na Paulo, mu bihe bimwebimwe na ho, akazigira ari kumwe n’abandi, aho boranguye ibikorwa bitandukanye boshinzwe n’intumwa be n’abagabo b’inararibonye. Paulo na Timoteyo barakoze igikorwa co kugendera amashengero cafashije cane kugira ngo abavukanyi bakomere mu vy’impwemu. (Soma Ibikorwa 16:4, 5.) Ku bw’ivyo, Timoteyo yahavuye amenyekana mu bavukanyi benshi kubera iterambere ryiwe ryo mu vy’impwemu. Intumwa Paulo amaze imyaka nka cumi akorana na Timoteyo, yandikiye Abafilipi ati: “[N]ta wundi mfise ari n’umutima nk’uwiwe azokwitaho koko ivyanyu. . . . Murazi ikimenyamenya yatanze ku bimwerekeye, yuko nka kurya kw’umwana ari kumwe na se, ari ko yakoranye nanje nk’umushumba mu guteza imbere inkuru nziza.”—Flp. 2:20-22.
4. (a) Ni ibanga riremereye irihe Timoteyo yashinzwe? (b) Ni ibibazo ibihe dushobora kwibaza ku bijanye n’amajambo Paulo yavuze dusanga muri 1 Timoteyo 4:15?
4 Amaja muri ico kiringo Paulo yandikira Abafilipi, yarashinze Timoteyo ibanga riremereye ryo kugena abakurambere n’abakozi b’ishengero. (1 Tim. 3:1; 5:22) Bigaragara ko Timoteyo yari amaze kuba umucungezi mukirisu w’umwizigirwa. Yamara, muri iryo kete nyene, Paulo yarahimirije Timoteyo ‘kureka iterambere ryiwe rikibonekeza ku bantu bose.’ (1 Tim. 4:15) None Timoteyo ntiyari amaze gutuma iterambere ryiwe ryibonekeza ku rugero rudasanzwe? None Paulo aho yashaka kuvuga iki, kandi dushobora gute kwungukira kuri iyo mpanuro yatanze?
Kamere zo mu vy’impwemu dukwiye kureka zikibonekeza
5, 6. Ni gute ishengero ry’i Efeso ryari rigeramiwe mu bijanye n’ukuguma rityoroye mu vy’impwemu, kandi Timoteyo yoshoboye gute kurikingira?
5 Reka turimbure amajambo akikuje ico canditswe co muri 1 Timoteyo 4:15. (Soma 1 Timoteyo 4:11-16.) Imbere y’uko Paulo yandika ayo majambo, yari yagiye i Makedoniya, yamara akaba yari yasavye Timoteyo kuguma i Efeso. Uti kubera iki? Bamwebamwe muri ico gisagara bariko batuma ishengero ryicamwo ibice mu kuryinjizamwo inyigisho z’ikinyoma. Timoteyo yategerezwa gukingira iryo shengero kugira ngo rigume rityoroye mu buryo bw’impwemu. None ivyo yobishitseko gute? Uburyo bumwe ivyo yobishitseko, ni mu kubera abandi akarorero keza bokwiganye.
6 Paulo yandikiye Timoteyo ati: “Nubere akarorero abizigirwa mu mvugo, mu ngeso, mu rukundo, mu kwizera, mu kutandura.” Yongeyeko ati: “Uzirikane kuri ivyo bintu; ubicokeremwo, kugira ngo iterambere ryawe ryibonekeze ku bantu bose.” (1 Tim. 4:12, 15) Iryo terambere ryari rifitaniye isano na kamere z’ivy’impwemu Timoteyo yari afise aho kuba rifitaniye isano n’ubukuru ubwo ari bwo bwose yobaye afise. Iryo ni ryo terambere umukirisu wese akwiye gushaka ko ryibonekeza
7. Abagize ishengero bose bitezweko iki?
7 Cokimwe no mu gihe ca Timoteyo, muri iki gihe hariho uduteka dutandukanye mw’ishengero. Hari abasukura ari abakurambere canke abakozi b’ishengero. Abandi usanga bakora umurimo w’ubutsimvyi. Hari n’abandi basukura ari abacungezi b’ingenzi, abanyabeteli canke abamisiyonari. Abakurambere baragira uruhara mu maporogarama atandukanye yo kwigisha, nko ku materaniro no ku mahwaniro. Ariko rero, abakirisu bose, ni ukuvuga abagabo, abagore n’abakiri bato, usanga bashoboye gutuma iterambere ryabo ryo mu vy’impwemu ryibonekeza. (Mat. 5:16) Nkako, nk’uko kwa Timoteyo, n’abakirisu bafise amabanga adasanzwe vyitezwe ko batuma kamere zabo zo mu vy’impwemu zibonekeza kuri bose.
Tube intangakarorero mu mvugo dukoresha
8. Ni ingaruka iyihe imvugo yacu igira ku gusenga kwacu?
8 Umwe mu mice Timoteyo yategerezwa kuberamwo abandi akarorero ni uwujanye n’imvugo yakoresha. Dushobora gute gutuma iterambere ryacu ryibonekeza muri uwo muce? Imvugo yacu irahishura vyinshi ku bitwerekeye. Birabereye rero kubona Yezu yaravuze ati: “Akanwa kavuga bivuye ku bibogaboga mu mutima.” (Mat. 12:34) Yakobo, uwari asangiye nyina na Yezu, na we nyene yaratahura ingaruka imvugo yacu ishobora kugira ku gusenga kwacu. Yanditse ati: “Nimba umuntu yibwira ko ari uwusenga mu buryo nyabwo yamara ntajiginyike ururimi rwiwe, mugabo akabandanya guhenda umutima wiwe bwite, insengo y’uwo muntu nta co imaze.”—Yak. 1:26.
9. Ni mu buryo butandukanye ubuhe dukwiye kuba intangakarorero mu bijanye n’imvugo dukoresha?
9 Imvugo yacu irashobora gutuma abandi mw’ishengero bamenya urugero tugezeko mu gutera imbere mu vy’impwemu. Ku bw’ivyo rero, aho gukoresha imvugo mbi, idatera iteka abandi, ibanegura canke ibabaza, abakirisu bahumuye barihatira gukomeza abandi, kubahumuriza, kubahoza no kubaremesha. (Imig. 12:18; Ef. 4:29; 1 Tim. 6:3-5, 20) Kuba twiteguriye kuganira n’abandi ku vyerekeye ivyo twemera mu bijanye n’inyifato runtu no kuburanira ingingo ngenderwako ziri hejuru z’Imana be n’icipfuzo dufise co kubaho tuzisunga, birashobora guhishura ko twihebeye Imana. (Rom. 1:15, 16) Nta gukeka ko abantu bafise umutima ugororotse bazokwihweza ukuntu dukoresha iyo ngabirano yo kuvuga twahawe maze bashobore kutwigana.—Flp. 4:8, 9.
Tube intangakarorero mu ngeso zacu no mu kutandura
10. Ni kubera iki ukwizera kuzira ubwiyorobetsi ari ikintu ntahara mu bijanye n’iterambere ryacu ryo mu vy’impwemu?
10 Hari n’ibindi umukirisu akeneye gukora kugira ngo abere abandi akarorero keza uretse gukoresha imvugo ibubaka. Igihe umuntu avuga ibintu vyiza ariko imvugo yiwe ntijane n’ingiro, vyotuma yitwa umwiyorobetsi. Paulo yari azi neza ubwiyorobetsi bw’Abafarizayo be n’ingaruka zonona z’iyo ngendo yabo. Yaragabishije Timoteyo akatari gake ku bijanye na mwene ubwo buryarya be na mwene ukwo kwiyerekana uko umuntu atari. (1 Tim. 1:5; 4:1, 2) Ariko Timoteyo ntiyari umwiyorobetsi. Mw’ikete rya kabiri Paulo yandikiye Timoteyo, yanditse ati: “Nibuka ukwizera kuri muri wewe kutagira ubwiyorobetsi.” (2 Tim. 1:5) Naho vyari ukwo, Timoteyo yari akeneye gutuma abandi babona ko ari umukirisu w’ukuri. Yategerezwa kubabera akarorero mu ngeso.
11. Ni ibiki Paulo yandikiye Timoteyo ku bijanye n’ubutunzi?
11 Mu makete abiri Paulo yandikiye Timoteyo, yaramuhimirije ku bijanye n’imice itari mike ijanye n’ingeso. Nk’akarorero, Timoteyo yategerezwa kwirinda kwiruka inyuma y’ubutunzi. Paulo yanditse ati: “Ugukunda amahera [ni] umuzi w’ubwoko bwose bw’ibintu bibi, kandi mu kurondera gushikira urwo rukundo bamwe barazimijwe bava ku kwizera, bitobekeranisha hose imibabaro myinshi.” (1 Tim. 6:10) Ugukunda ubutunzi ni ikimenyetso cerekana ko hari ico umuntu ahajije mu vy’impwemu. Igihushanye n’ivyo, abakirisu babumbwa n’ubuzima bworoheje, ni ukuvuga “[ba]fise ivyo kurya n’ivyo kwambara,” baba bagaragaje ko ari abantu bateye imbere mu vy’impwemu.—1 Tim. 6:6-8; Flp. 4:11-13.
12. Dushobora gute gutuma iterambere ryacu ryibonekeza mu buzima bwacu?
12 Paulo yarabwiye Timoteyo ukuntu vyari bihambaye ko abakenyezi bakirisu “bishariza mu nyambaro itunganije neza, mu rupfasoni n’ukurorana kw’umuzirikanyi.” (1 Tim. 2:9) Abakenyezi usanga bagaragaza urupfasoni be n’ukurorana kw’umuzirikanyi mu bijanye n’amahitamwo bagira mu nyambaro no mu kwitunganya, tutibagiye no mu yindi mice y’ubuzima bwabo, barabera abandi akarorero keza cane. (1 Tim. 3:11) Iyo ngingo ngenderwako irakora no ku bagabo bakirisu. Paulo yahanuye abacungezi kuba abantu ‘batarenza urugero mu ngeso, baroranye mu muzirikanyi n’abanyarutonde.’ (1 Tim. 3:2) Nitwagaragaza izo kamere mu mirimo yacu ya misi yose, iterambere ryacu rizokwibonekeza kuri bose.
13. Nka kumwe kwa Timoteyo, dushobora gute kubera abandi akarorero mu kutandura?
13 Timoteyo yategerezwa kuba intangakarorero no mu kutandura. Mu gukoresha iyo mvugo, Paulo yariko yerekeza ku muce kandondwa werekeye ingeso, uwo na wo ukaba ari uwujanye n’inyifato runtu mu vy’igitsina. Inyifato Timoteyo yagaragaza mu bijanye n’imigenderanire yagirana n’abakenyezi ni yo canecane yategerezwa kutabako umugayo. Yategerezwa kubona “abagore bahumuye nka ba ny[ina], abagore bakiri bato nka bashik[i]we mu kutandura kwose.” (1 Tim. 4:12; 5:2) Mbere n’igihe ibikorwa vy’ubushegabo vyoshobora kuba bisa nk’aho ari ibanga, Imana iba ibizi kandi nta gukeka ko impera n’imperuka biruhira kumenywa n’abakirisu bagenzi bacu. Ariko kandi, ni ivy’ukuri ko ibikorwa vyiza umukirisu akora bidashobora kuguma binyegejwe. (1 Tim. 5:24, 25) Abagize ishengero bose barafise akaryo ko gutuma iterambere ryabo ryibonekeza mu ngeso zabo no mu kutandura.
Urukundo n’ukwizera ni kamere zihambaye cane
14. Ivyanditswe bishimika gute ku vy’uko dukeneye kugiriranira urukundo?
14 Urukundo ni yo kamere nyamukuru iranga abakirisu b’ukuri. Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Iki ni co bose bazomenyerako yuko muri abigishwa banje, nimwagiriranira urukundo hagati yanyu.” (Yoh. 13:35) Mwene urwo rukundo turugaragaza gute? Ijambo ry’Imana ridusaba ‘kwihanganirana mu rukundo,’ ‘gucika abanyabuntu kuri bagenzi bacu, kugira impuhwe z’ikibabarwe, kubabariranira ata gahigihigi’ no kuba abakiranyi. (Ef. 4:2, 32; Heb. 13:1, 2) Intumwa Paulo yanditse ati: “Mu vy’urukundo rwa kivukanyi mugiriranire ikibabarwe.”—Rom. 12:10.
15. Ni kubera iki urukundo ari kamere ihambaye cane abakirisu bose bakwiye kugaragaza, na canecane abacungezi bakirisu?
15 Iyo Timoteyo aza kuba yarafashe nabi canke mu buryo butaranga ubuntu abakirisu bagenziwe, ivyiza yokoze ari umwigisha n’umucungezi vyobaye impfagusa. (Soma 1 Abakorinto 13:1-3.) Ariko rero, ukuba Timoteyo yaragaragariza igishika nyakuri abavukanyi biwe, abifatanije n’ibikorwa vy’ubwakiranyi be n’ibikorwa vyiza yabagirira, nta gukeka ko vyagaragaje iterambere ryiwe ryo mu vy’impwemu. Vyari bibereye rero kubona mw’ikete intumwa Paulo yandikiye Timoteyo, yaravuze mu buryo budasanzwe ko urukundo ari imwe muri kamere Timoteyo yategerezwa kuberamwo abandi akarorero.
16. Ni kubera iki Timoteyo yari akeneye kugira ukwizera gukomeye?
16 Mu kiringo cose Timoteyo yamaze i Efeso, ukwizera kwiwe kwarageragejwe. Bamwe bariko baremesha inyigisho ziteye kubiri n’ukuri kwa gikirisu. Abandi na bo bariko bakwiragiza “inkuru z’ikinyoma” canke barondera ivyiyumviro ata kintu na kimwe vyungura ishengero mu vy’impwemu. (Soma 1 Timoteyo 1:3, 4.) Paulo yavuze ko abo bantu ‘bishira hejuru kubera ubwishime, badatahura ikintu na kimwe, mugabo barwaye mu mutwe ibibazo n’impari ku majambo.’ (1 Tim. 6:3, 4) None Timoteyo yoba yari guhakwa kwemera ivyo vyiyumviro vyonona vyariko vyinyegeteza mw’ishengero? Oya, kubera ko Paulo yamuhimirije ngo “[arwane] indwano nziza y’ukwizera” yongere ahunge “amajambo ata co arimwo asiga iceyi ibintu vyeranda, [be] n’amajambo avuguruzanya y’ivyo bita bihenda ngo ni ‘ubumenyi.’” (1 Tim. 6:12, 20, 21) Nta gukeka ko Timoteyo yakurikije iyo mpanuro iranga ubukerebutsi ya Paulo.—1 Kor. 10:12.
17. Ukwizera kwacu kwoshobora gute kugeragezwa muri iki gihe?
17 Birashimishije kubona Timoteyo yarabwiwe yuko mu “bihe bizoza bamwe [botaye] ukwizera, bagakurikira amajambo y’amahumekano azimiza be n’inyigisho z’amadayimoni.” (1 Tim. 4:1) Twese abagize ishengero, harimwo n’abafise amabanga, turakeneye kuba nka Timoteyo mu bijanye no kugaragaza ukwizera gukomeye kandi kutanyiganyiga. Mu gihe duhagaze dushikamye kandi tugafata ingingo ntabanduka mu bijanye no kurwanya ubuhuni, turashobora gutuma iterambere ryacu ryibonekeza kandi tukaba intangakarorero mu kwizera.
Niwihatire gutuma iterambere ryawe ryibonekeza
18, 19. (a) Dushobora gute gutuma iterambere ryacu ryibonekeza kuri bose? (b) Ni ibiki bizorimburwa ubukurikira?
18 Biratomoye rero ko iterambere ryo mu vy’impwemu ry’umukirisu w’ukuri ridafitaniye isano n’ukuntu asa, n’ububangukirwe asanzwe afise canke kuba azwi cane. Vyongeye, ntivyoba ari ngombwa ko ribonekera ku myaka amaze asukurira mw’ishengero. Ahubwo riho, iterambere nyakuri ryo mu vy’impwemu rigaragarira ku kuba turi abantu bagamburukira Yehova haba mu vyiyumviro, mu mvugo no mu ngeso. (Rom. 16:19) Turakwiye kwumvira itegeko ridusaba gukundana no gutsimbataza ukwizera gukomeye. Emwe, nimuze twame tuzirikana ku majambo Paulo yandikiye Timoteyo twongere tuyacokeremwo kugira ngo iterambere ryacu rize ribonekere bose.
19 Iyindi kamere yerekana ko duteye imbere mu vy’impwemu kandi ko turi abakirisu bahumuye ni umunezero, iyo na yo ikaba ari kimwe mu vyamwa vy’impwemu nyeranda y’Imana. (Gal. 5:22, 23) Ikiganiro gikurikira kizoca irya n’ino ukuntu dushobora kurushiriza kugira umunezero no kuwuzigama mu bihe bitesha umutwe.
Wokwishura gute?
• Imvugo dukoresha ishobora gutuma abandi bamenya iki ku bitwerekeye?
• Iterambere ryacu ryibonekeza gute mu ngeso zacu no mu kutandura?
• Ni kubera iki abakirisu bategerezwa kuba intangakarorero mu rukundo no mu kwizera?
[Ibibazo vy’icigwa]
[Ifoto ku rup. 11]
Naho Timoteyo yari muto, mu vy’impwemu ntugire ngo yari umwana
[Amafoto ku rup. 13]
Iterambere ryawe ryoba ryibonekeza ku bandi?