Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ni kubera iki wokwiyegurira Yehova?

Ni kubera iki wokwiyegurira Yehova?

Ni kubera iki wokwiyegurira Yehova?

“Muri iri joro iruhande yanje hahagaze umumarayika w’Imana negukira.”​—IBIK. 27:23.

1. Ni intambwe izihe ababa biteguriye kubatizwa baba baramaze gutera, kandi ivyo bituma havyuka ibibazo ibihe?

“WISHIMIKIJE inkuka ya Yezu Kristu, woba warigaye ivyaha vyawe utako uriyegurira Yehova kugira ngo ukore ivyo agomba?” Ico ni kimwe mu bibazo bibiri vyishurwa n’ababa bagiye kubatizwa mu gihe insiguro y’ibatisimu iba igira irangire. Ni kubera iki none abakirisu bakeneye kwiyegurira Yehova? Twungukira gute ku kwiyegurira Imana? Ni kubera iki umuntu adashobora gusenga Imana mu buryo yemera atabanje kuyiyegurira? Kugira ngo turonke inyishu z’ivyo bibazo, turakwiye kubanza kurimbura ico kwiyegura bisobanura.

2. Kwiyegurira Yehova bisobanura iki?

2 None kwiyegurira Imana bisobanura iki? Raba ukuntu intumwa Paulo yadondoye ubucuti yari afitaniye n’Imana. Ari imbere y’abandi bantu benshi bari kumwe na we mu bwato bwari mu kaga, Paulo yavuze ko Yehova ari ‘Imana yegukira.’ (Soma Ibikorwa 27:22-24.) Abakirisu b’ukuri bose begukira Yehova. Igihushanye n’ivyo, isi muri rusangi “iri mu bubasha bwa wa mubisha.” (1 Yoh. 5:19) Abakirisu begukira Yehova igihe bamwiyeguriye mu buryo yemera biciye mw’isengesho. Mwene ukwo kwiyegura ni indagano umuntu agira ku giti ciwe. Ica ikurikirwa n’ukubatizwa mu mazi.

3. Ibatisimu ya Yezu yagereranya iki, kandi abayoboke biwe bashobora kwigana gute akarorero kiwe?

3 Yezu yaraduhaye akarorero igihe ubwiwe yahitamwo gukora ivyo Imana igomba. Kubera ko yari yavukiye mw’ihanga rya Isirayeli ryari ryariyeguye, yari yaramaze kwiyegurira Imana. Naho ari ukwo, igihe yabatizwa yari akoze ikintu kiruta kure n’iyo ivyasabwa mu gihe c’Itegeko. Ijambo ry’Imana ryerekana ko yavuze ati: “Ehe! Ndaje . . . gukora ukugomba kwawe, ewe Mana.” (Heb. 10:7; Luka 3:21) Ibatisimu ya Yezu rero yagereranya kwishikana ku Mana kugira ngo akore ivyo Se agomba. Igihe abayoboke biwe bitanze bakabatizwa baba biganye akarorero kiwe. Ariko rero ku biberekeye, kubatizwa mu mazi ni ukwerekana ku mugaragaro yuko ubwabo bamaze kwiyegurira Imana mw’isengesho.

Ukuntu twungukira ku kwiyegura

4. Ubugenzi bwari hagati ya Dawidi na Yonatani butwereka iki ku bijanye no kugira indagano?

4 Ukwiyegura kw’umukirisu si ikintu co gufata minenegwe. Kurahambaye kuruta indagano isanzwe. None ukwiyegura tukwungukirako gute? Kugira ngo tubitangire akarorero, nimuze turimbure ukuntu kugira indagano mu bijanye n’ubucuti abantu bagiranira bivamwo ivyiza. Akarorero kamwe ni akerekeye ubugenzi. Kugira ngo winovore agateka ko kugira umugenzi, nawe ubwirizwa kwemera ibanga rijanye no kuba umugenzi. Ivyo usanga birimwo kugira indagano, ni ukuvuga kwiyumvamwo ko hari ico ubwirizwa gukora kugira ngo witwararike umugenzi wawe. Kamwe mu burorero ruheta budondorwa muri Bibiliya bw’abantu bagiraniye ubugenzi budasanzwe ni aka Dawidi na Yonatani. Baranagiraniye isezerano ryerekeye ubugenzi. (Soma 1 Samweli 17:57; 18:1, 3.) Naho ubugenzi burimwo indagano nk’iyo usanga ari imbonekarimwe, ubugenzi hafi nka bwose burarushiriza gukomera igihe ababufitaniye baba baragiraniye indagano, canke umwe wese akiyumvamwo ko hari ico abwirizwa gukorera uwundi.​—Imig. 17:17; 18:24.

5. Umugurano yashobora gute kuguma yungukira ku kwegukira shebuja ameze neza?

5 Rya Tegeko Imana yaha Abisirayeli, rirerekana ubundi bugenzi bwagira ico bwunguye abantu biciye ku kugira indagano. Igihe umugurano yaba yipfuza kuronka ugutekanirwa kuva ku kwegukira burundu shebuja ameze neza, yarashobora kugiranira na we isezerano ryamaho kandi ridahinduka. Iryo Tegeko ryagira riti: “Uwo mugurano ni yavuga amaramaje, ati Nkunda databuja n’umugore wanje n’abana banje, singomba kurekurwa ngo nje mu mwidegemvyo: shebuja amuzane aho ndi, jewe Imana, aheze amuhagarike ku rugi canke ku gishimaryango, amutoboze ugutwi umugera; uwo az’arinde apfa akimujākariye.”​—Kuv. 21:5, 6.

6, 7. (a) Abantu bungukira gute ku kugiranira indagano? (b) Ivyo vyerekana iki ku bijanye n’ubucuti dufitaniye na Yehova?

6 Ukwabirana ni ubugenzi busaba kugiranira indagano iri ku rugero rwo hejuru. Ni indagano ugirira umuntu, si iyo ugirira icete c’amasezerano yanyu. Abantu babiri bapfa kwibanira batabiranye ntibashobora kwigera baronka ugutekanirwa nyakuri, eka mbere n’abana babo ni ukwo. Ariko abubakanye baba baragiraniye indagano mu mubano uteye iteka, barafise imvo yo mu Vyanditswe ituma bihatira gutunganya ingorane mu rukundo, igihe ziba zadutse.​—Mat. 19:5, 6; 1 Kor. 13:7, 8; Heb. 13:4.

7 Mu bihe vya Bibiliya, abantu barungukira ku kugirana amasezerano adahinduka mu bijanye n’ivy’ubudandaji be n’akazi. (Mat. 20:1, 2, 8) Ukwo ni ko biri no muri kino gihe. Nk’akarorero, turungukira ku kugirana amasezerano yanditse adahinduka, canke gusinya kontara, imbere y’uko tuja mu vy’urudandazwa canke dutangura gukora mw’ihinguriro kanaka. Nimba rero kugiranira indagano bikomeza ubucuti nk’uburi hagati y’abagenzi, abubakanye, no mu bijanye n’akazi, ese ukuntu ukwiyegura utiziganya birushiriza kugira ico bikwunguye mu bijanye n’ubucuti ugiranira na Yehova! Nimuze ubu na ho turimbure ukuntu abantu muri kahise bungukiye ku kwiyegurira Yehova Imana be n’ukuntu ivyo vyaruta kure n’iyo indagano isanzwe.

Ukuntu Isirayeli yungukiye ku kwiyegurira Imana

8. Kwiyegurira Imana vyasobanura iki kuri Isirayeli?

8 Ihanga rya Isirayeli uko ryakabaye ryariyeguriye Yehova igihe abarigize bagirira Imana indagano. Yehova yarabakoranirije hafi y’Umusozi Sinayi, maze ababwira ati: ‘Nimwanyumvira vy’ukuri, mukitondera isezerano ryanje, muzombera inyegu niharije, nitoranirije mu mahanga yose.’ Abo bantu bishuye ata n’umwe avuyemwo bati: “Ivyo Uhoraho avuze vyose tuzobikora.” (Kuv. 19:4-8) Kuri Isirayeli, ukwiyegura vyasobanura n’ibindi uretse ukugira indagano yo gukora ikintu kanaka. Vyasobanura yuko begukira Yehova, kandi Yehova yarabafashe nk’“inyegu yiharije.”

9. Isirayeli yungukiye gute ku kuba yari yariyeguriye Imana?

9 Abisirayeli barungukiye ku kuba baregukira Yehova. Yarababereye intahemuka arongera arabitwararika nka kurya umuvyeyi munyarukundo agirira umwana wiwe. Imana yabwiye Isirayeli iti: “Mbeg’umugore yokwibagira umwana akiri kw ibere, ngo yoye kugirira akagongwe ubura bgiwe? Ni koko, abo boshobora kwibagira, ariko jeho sinoshobora kukwibagira.” (Yes. 49:15) Yehova yarabahaye ubuyobozi biciye kuri rya Tegeko, arabaremesha biciye ku bahanuzi, yongera arabakingira biciye ku bamarayika. Umwanditsi umwe wa Zaburi yanditse ati: “Amenyesha aba Yakobo ijambo ryiwe, amenyesha Abisirayeli ivyo yashinze, bo n’imanza ziwe. Nta rindi hanga yagiriye artyo.” (Zab. 147:19, 20; soma Zaburi 34:7, 19; 48:14.) Nk’uko Yehova yitwararitse iryo hanga ryamwegukira muri kahise, ni ko azokwitwararika abamwiyegurira muri kino gihe.

Igituma dukwiye kwiyegurira Imana

10, 11. Mbega twoba tuvuka turi abo mu muryango w’Imana wo kw’isi no mw’ijuru? Sigura.

10 Igihe bamwebamwe baba bariko bariyumvira ibijanye n’ukwiyegurira Imana be n’ukubatizwa, boshobora kwibaza bati: ‘None sinosenga Imana ntarinze kuyiyegurira?’ Icotuma twiyegurira Imana kiratomoka igihe turimbuye ico koko turi imbere yayo. Niwibuke yuko bivuye ku gicumuro ca Adamu, twese tuvuka tutari mu bagize umuryango w’Imana. (Rom. 3:23; 5:12) Kwiyegurira Imana ni co kintu nyamukuru dusabwa kugira ngo twemererwe kuba abo mu bagize umuryango wayo wo kw’isi no mw’ijuru. Reka turabe igituma ari ukwo bimeze.

11 Nta n’umwe muri twebwe afise umuvyeyi yari gushobora kumuraga ubuzima bumeze nk’uko bwari bukwiye kumera, ni ukuvuga ubuzima butunganye. (1 Tim. 6:19) Ntitwavutse turi abana b’Imana kubera yuko igihe umugabo n’umugore ba mbere bacumura, abantu baciye batandukana n’Umuvyeyi wabo munyarukundo akaba n’Umuremyi. (Gereranya no Gusubira mu vyagezwe 32:5.) Kuva ico gihe, abantu bo mw’isi bagumye batari mu bagize umuryango wa Yehova wo kw’isi no mw’ijuru, baguma bonkowe ku Mana.

12. (a) Abantu b’abanyagasembwa bashobora gute kuba abo mu bagize umuryango w’Imana? (b) Ni intambwe izihe dutegerezwa gutera imbere y’uko tubatizwa?

12 Ariko rero, umwumwe wese muri twebwe arashobora gusaba ko Imana yomwemerera kuba mu bagize umuryango w’abasavyi bayo bemewe. * None ivyo vyoshoboka gute ku bantu b’abacumuzi nka twebwe? Intumwa Paulo yanditse ati: “Igihe twari abansi, twasubijwe hamwe n’Imana biciye ku rupfu rw’Umwana wayo.” (Rom. 5:10) Igihe tubatijwe tuba dusavye Imana ijwi ryo mu mutima ryiza kugira ngo twemerwe na yo. (1 Pet. 3:21) Ariko rero imbere y’uko tubatizwa, hariho intambwe dutegerezwa gutera. Dutegerezwa kumenya Imana, tukiga kuyizigira, tukigaya, hanyuma tugahindura inzira zacu. (Yoh. 17:3; Ibik. 3:19; Heb. 11:6) Hariho ikindi kintu kiba kigisigaye gukorwa imbere y’uko twemererwa kuba abo mu bagize umuryango w’Imana. Uti ico na co ni igiki?

13. Ni kubera iki bibereye ko umuntu agira indagano yo kwiyegurira Imana kugira ngo abe uwo mu muryango wayo ugizwe n’abamusenga yemera?

13 Imbere y’uko umuntu yonkowe ku Mana ashobora kuba uwo mu muryango wayo ugizwe n’abasavyi bayo bemewe, arakwiye kubanza kugira ico asezeraniye Yehova ata gufyina. Kugira ngo dutahure igituma ari ukwo biri, iyumvire ivyerekeye umuvyeyi yubahwa agaragaje umutima mwiza wo gufasha umwana w’impfuvyi akiri muto, maze akipfuza kumutunga nk’umwe mu bagize umuryango wiwe bwite. Uwo muvyeyi asanzwe azwi yuko ari sebibondo yimereye neza. Naho ari ukwo, imbere y’uko yemera ko uwo mwana aba nk’umwana wiwe, uwo sebibondo aripfuza ko uwo mwana agira ico asezeranye. Uwo sebibondo rero avuga ati: “Imbere y’uko nemera ko uba nk’umwana wanje, ndakeneye kumenya ko uzonkunda kandi ukanyubaha nk’umuvyeyi wawe.” Mu gihe gusa uwo mwana yogira umutima ukunze wo kugira ico asezeranye ata gufyina, ni ho uwo muvyeyi yokwemera ko aba uwo mu bagize umuryango wiwe. None ivyo ntivyumvikana? Muri ubwo buryo nyene, abafise umutima ukunze wo kugira indagano yo kwiyegurira Yehova, ni bo gusa yemera ko baba abo mu bagize umuryango wiwe. Bibiliya ivuga iti: “Mutange imibiri yanyu ibe ibimazi bizima vyera, bihimbara Imana.”​—Rom. 12:1, Bibiliya Yera.

Kwiyegura ni ikintu kiranga urukundo n’ukwizera

14. Ni mu buryo ki ukwiyegura ari ikintu cerekana urukundo?

14 Kugira indagano y’ukwiyegurira Imana ni ikintu cerekana urukundo ruvuye ku mutima dukunda Yehova. Hari ukuntu ivyo bimeze nk’indagano y’ukwabirana. Umukwe mukirisu araserura urukundo rwiwe mu kugira indagano yuko atazohemukira umugeni wiwe, naho hoza iki. Ni icemeza ko umuntu azoshitsa ivyo asezeraniye mugenziwe, aho kuba gusa isezerano ryo kuzogira ico akoze. Umukwe mukirisu aratahura ko atari gushobora kuronka agateka ko kubana n’umugeni wiwe iyo ataza kugira indagano y’ukwabirana. Muri ubwo buryo nyene, ntidushobora kwungukira bimwe bishitse ku kuba uwo mu bagize umuryango wa Yehova tutagize indagano yo kwiyegura. Twiyegurira Imana rero kubera yuko, naho turi abanyagasembwa, twipfuza kuyegukira kandi tukaba twiyemeje kutayihemukira, naho hoza iki.​—Mat. 22:37.

15. Ni gute ukwiyegura ari ikintu kiranga ukwizera?

15 Igihe twiyeguriye Imana, tuba dukoze ikintu kiranga ukwizera. Uti ni kubera iki ari ukwo bimeze? Ukwizera Yehova biradukura amazinda yuko kwiyegereza Imana bituzanira ivyiza. (Zab. 73:28) Turazi yuko bitazokwama bitworohera kugendana n’Imana magingo tukiri mw’“iyaruka rihetaraye kandi rigoramanze,” ariko turizigiye umuhango Imana itanga wo kudushigikira mu twigoro tugira. (Flp. 2:15; 4:13) Turazi yuko turi abanyagasembwa, mugabo turizigiye tudakeka ko Yehova atugirira imbabazi, mbere n’igihe bishitse tugakora amakosa. (Soma Zaburi 103:13, 14; Abaroma 7:21-25.) Turizera yuko Yehova azoduha impera ku bw’umwiyemezo dufise wo kugumana ugutungana kwacu.​—Yobu 27:5.

Kwiyegurira Imana bishikana ku gahimbare

16, 17. Ni kubera iki kwiyegurira Yehova bishikana ku gahimbare?

16 Kwiyegurira Yehova birazana agahimbare kubera bisaba yuko twitanga ubwacu. Yezu yaravuze ukuri kw’ishimikiro igihe yagira ati: “Gutanga kurimwo agahimbare kuruta guhabwa.” (Ibik. 20:35) Yezu yarironkeye bimwe vyuzuye agahimbare kava ku gutanga mu gihe c’ubusuku bwiwe bwo kw’isi. Igihe vyaba bikenewe, yaragira ingendo ataruhuka, atagira ibifungurwa, kandi atorohewe, kugira ngo afashe abandi gutora inzira ijana mu buzima. (Yoh. 4:34) Yezu yarahimbarwa no kunezereza umutima wa Se. Yavuze ati: “Nama nantaryo nkora ibimuhimbara.”​—Yoh. 8:29; Imig. 27:11.

17 Gutyo, Yezu yareretse abayoboke biwe uburyo bwo kubaho bumara akanyota igihe yavuga ati: “Nimba hari uwushaka kunkurikira, niyiyanke.” (Mat. 16:24) Kubigenza gutyo, biratuma turushiriza kwiyegereza Yehova. Ubwo none hoba hari uwundi muntu twoshobora kwihebera, yoshobora kutwitwararika abigiranye urukundo ruruta urwo?

18. Ni kubera iki kubaho twisunga ukwiyegurira Yehova kwacu bituma turushiriza kugira agahimbare kuruta kwiyegurira ikindi kintu ico ari co cose canke uwundi muntu uwo ari we wese?

18 Kwiyegurira Yehova, maze mu nyuma ukabaho wisunga ukwo kwiyegura mu gukora ivyo agomba, birarushiriza kuzana agahimbare kuruta kwiyegurira ikindi kintu ico ari co cose canke uwundi muntu uwo ari we wese. Nk’akarorero, abantu benshi barahebera ubuzima bwabo ivy’ukwiruka inyuma y’amaronko, ariko ntibaronke agahimbare nyako be n’ugushira akanyota nyakuri. Yamara rero, abiyegurira Yehova bobo baragira agahimbare karamba. (Mat. 6:24) Agateka ko kuba “abakozi bakorana n’Imana” karatuma bahimbarwa, ariko ntibaba biyeguriye igikorwa, ahubwo baba biyeguriye Imana ikenguruka. (1 Kor. 3:9) Nta n’umwe yoshobora gukenguruka ukwitanga kwabo kuruta uko Imana ibigira. Mbere izosubiza i buto abaguma ari intahemuka kuri yo, kugira ngo baze bashobore kwungukira ku bwitwararitsi bwayo ibihe bidahera.​—Yobu 33:25; soma Abaheburayo 6:10.

19. Ni agateka akahe abiyeguriye Yehova bironkera?

19 Kwegurira ubuzima bwawe Yehova biratuma ugiranira na we ubucuti bwa hafi. Bibiliya ivuga iti: “Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza.” (Yak. 4:8; Zab. 25:14) Mu kiganiro gikurikira, tuzorimbura igituma tudakwiye kugonanwa ku bijanye no guhitamwo kwegukira Yehova.

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 12 Abagize “izindi ntama” za Yezu ntibazoba abana b’Imana ya myaka igihumbi itararangira. Ariko rero, kubera yuko biyeguriye Imana, nta coshobora kubabuza kuyitura bavuga ngo “Data,” kandi barashobora kubonwa mu buryo bubereye ko bari mu bagize umuryango wa Yehova ugizwe n’abamusenga.​—Yoh. 10:16; Yes. 64:8; Mat. 6:9; Ivyah. 20:5.

Wokwishura gute?

• Kwiyegurira Imana bisobanura iki?

• Twungukira gute ku kwiyegurira Imana?

• Ni kubera iki abakirisu bakwiye kwiyegurira Yehova?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Ifoto ku rup. 6]

Kubaho twisunga ukwiyegura kwacu bidushikana ku gahimbare karamba