Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Bagore, kubera iki mwoyoboka ubukuru?

Bagore, kubera iki mwoyoboka ubukuru?

Bagore, kubera iki mwoyoboka ubukuru?

“Umutwe w’umugore . . . ni umugabo.”​—1 KOR. 11:3.

1, 2. (a) Intumwa Paulo yanditse iki ku bijanye n’indinganizo Yehova yashizeho yerekeye ubukuru be n’ukuyoboka? (b) Ni ibibazo ibihe birimburwa muri iki kiganiro?

YEHOVA yarashinze ingene ibintu bikwiye gukurikirana mu buryo buri ku rutonde, nk’uko intumwa Paulo yabivuze igihe yandika yuko “umutwe w’umugabo wese ari Kristu; umutwe w’umugore na wo [ukaba] umugabo.” (1 Kor. 11:3) Ikiganiro c’imbere y’iki carerekanye yuko Yezu yabona ko kuyobokera Umutwe wiwe, ari we Yehova Imana, ari agateka kandi ko biteye umunezero, congera kirerekana yuko Kristu ari we mutwe w’abagabo bakirisu. Kristu yari umuntu w’umunyabuntu, atekereza, w’umunyempuhwe kandi atagira ubwikunzi mu kuntu yafata abantu. Abagabo bo mw’ishengero bakwiye kumera nk’ukwo nyene mu kuntu bafata abandi, na canecane abagore babo.

2 Tuvuge iki none ku vyerekeye abagore? Umutwe wabo ni nde? Paulo yanditse ati: “Umutwe w’umugore . . . ni umugabo.” Abagore bakwiye kubona gute ayo majambo yahumetswe? Iyo ngingo ngenderwako yoba ikwiye gukurikizwa n’igihe umugabo atemera? Kuyobokera ubukuru bw’umugabo vyoba bisaba yuko umugore adakurako umunwa mu mubano w’ababiranye, ni ukuvuga ntihagire ico avuga igihe hariko harafatwa ingingo? Ni mu buryo nyabaki umugore yihesha ugushemezwa?

“Hinge ndamuronderere umufasha”

3, 4. Kubera iki indinganizo y’ubukuru mu mubano w’ababiranye ari ngirakamaro?

3 Indinganizo ijanye n’ubukuru yashizweho n’Imana. Adamu amaze kuremwa, Yehova Imana yavuze ati: “Si vyiza k’uyu muntu yibana wenyene; hinge ndamuronderere umufasha bikwiranye.” Eva amaze kuremwa, Adamu yarahimbawe rwose no kuronka umugenzi akaba n’umufasha ku buryo yavuze ati: “Uyu n’igufa ryo mu magufa yanje, n’akara ko mu mara yanje.” (Ita. 2:18-24) Adamu na Eva bari bafise icizigiro ciza igitangaza co kuvyara umuryango w’abantu batagira agasembwa wose uko wakabaye, bano bakaba bobayeho ibihe bidahera mu gahimbare mw’iparadizo ikwiye kw’isi yose.

4 Kubera ubugarariji bw’abavyeyi bacu ba mbere, ukuntu ibintu vyari vyifashe neza mu buryo butagira agahaze muri rya tongo rya Edeni vyarahindutse. (Soma Abaroma 5:12.) Ariko indinganizo y’ubukuru yagumye ikora. Igihe ikurikijwe mu buryo bubereye, irazana ivyiza vyinshi n’umunezero mwinshi mu mubano w’ababiranye. Ibivamwo bica bimera nka kumwe Yezu yumva amerewe ku bijanye no kuyobokera Umutwe wiwe ari we Yehova. Imbere y’uko Yezu aba umuntu nkatwe, ‘yarahimbarwa igihe cose imbere ya Yehova.’ (Imig. 8:30, NW) Kubera agasembwa, abagabo ntibagishoboye kuba imitwe itagira agahaze, eka n’abagore ntibashoboye kuyoboka mu buryo butagira agahaze. Ariko rero, igihe abagabo n’abagore babandanije gukora ivyo bashoboye vyose, iyo ndinganizo ica ituma haboneka umunezero mwinshi ushoboka mu mubano w’ababiranye muri iki gihe.

5. Ni kubera iki abubakanye bakwiye gufata nka nkama impanuro iri mu Baroma 12:10?

5 Kugira ngo umubano w’ababiranye uroranirwe, birahambaye cane ko ababiranye bashira mu ngiro iyi mpanuro ishingiye ku Vyanditswe iraba abakirisu bose igira iti: “Mu vy’urukundo rwa kivukanyi mugiriranire ikibabarwe. Mu vyo guterana iteka mube aba mbere.” (Rom. 12:10) N’ikindi kandi, umugabo n’umugore bompi bakwiye kwihatira ‘gucika abanyabuntu kuri bagenzi babo, bakagira impuhwe z’ikibabarwe kandi bakababarirana ata gahigihigi.’​—Ef. 4:32.

Igihe uwo mwubakanye atemera

6, 7. Igihe umugore mukirisu ayobokera umugabo atemera bishobora kuvamwo iki?

6 Tuvuge iki igihe uwo mwubakanye atari umusavyi wa Yehova? Akenshi usanga umugabo ari we atemera. Muri ico gihe none umugore akwiye kumufata gute? Bibiliya yishura iti: “Namwe bagore, . . . muyobokere abagabo banyu bwite, kugira ngo, nimba hari abatagamburukira rya jambo, bagondozwe ata jambo rivuzwe, biciye ku ngeso z’abagore babo, kubera biboneye ingeso zanyu zitanduye ziri kumwe n’icubahiro kigera kure.”​—1 Pet. 3:1, 2.

7 Ijambo ry’Imana ribwira umugore kuguma afise agatima ko kuyobokera umugabo wiwe atemera. Inyifato yiwe nziza irashobora kugira ico imukozeko bigatuma arimbura ibintu bituma umugore wiwe yigenza muri ubwo buryo bwiza. Ico bivamwo ni uko uwo mugabo yoshobora gusuzuma ivyo umugore wiwe mukirisu yemera maze bigashobora gutuma na we yemera ukuri.

8, 9. Umugore mukirisu yokora iki igihe umugabo wiwe atemera atakiriye neza inyifato yiwe nziza?

8 Ariko none, bite ho igihe uwo mugabo atemera atavyakiriye neza? Ivyanditswe biremesha umugore yemera kugaragaza kamere za gikirisu ibihe vyose, naho ivyo vyoba bigoye gute. Nk’akarorero, mu 1 Abakorinto 13:4 dusoma duti: “Urukundo ruriyumanganya.” Vyoba vyiza rero umukenyezi mukirisu abandanije kugira inyifato irangwa “n’ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi n’ubwitonzi bikwiye, hamwe n’ukwiyumanganya,” akihanganira ivyo bintu abigiranye urukundo. (Ef. 4:2) Abifashijwemwo n’inguvu zikora z’Imana, ni ukuvuga impwemu nyeranda yayo, birashoboka ko aguma afise kamere za gikirisu naho yoba ari mu bintu bigoye.

9 Paulo yanditse ati: “Mu bintu vyose, ndonka inkomezi ndabikesheje umwe ampa ububasha.” (Flp. 4:13) Impwemu y’Imana iratuma umwe mu bubakanye w’umukirisu akora ibintu vyinshi atoshoboye gukora itamufashije. Nk’akarorero, igihe umuntu afashwe nabi n’uwo bubakanye vyoshobora gutuma yumva yokwihora. Yamara rero, Bibiliya ibwira abakirisu bose iti: “Ntihagire n’umwe mwishura ikibi ku kindi. . . . Kuko vyanditswe ngo: ‘Uguhora ni ukwanje; ni jewe nzosubiriza mu nkoko, ni ko Yehova avuga.’” (Rom. 12:17-19) Muri ubwo buryo nyene, mu 1 Abanyatesalonika 5:15 haduhanura hati: “Murabe ntihagire uwishura uwundi ikibi ku kindi, ahubwo mwame nantaryo mukurikirana iciza ku bijanye na bagenzi banyu no ku bandi bose.” Tubifashijwemwo n’impwemu nyeranda ya Yehova, turashobora gukora ivyo tutoshoboye gukora n’inguvu zacu bwite. Ese ukuntu bibereye ko dusenga dusaba yuko impwemu nyeranda y’Imana ituronsa ivyo duhajije!

10. Yezu yavyifatamwo gute igihe abandi baba bavuze amajambo ababaza canke bakoze ibintu bibabaza?

10 Yezu yaratanze akarorero kibonekeje mu bijanye n’ukuntu yafata abantu baba bamubwiye canke bamukoreye ibintu bibabaza. Muri 1 Petero 2:23 havuga hati: “Igihe yatukwa, ntiyasubizayo igitutsi. Igihe yababazwa, ntiyahiga, mugabo yaguma yiha umwe aca imanza mu bugororotsi.” Duhimirizwa gukurikiza akarorero keza yatanze. Ntushavuzwe n’inyifato mbi y’abandi. Nk’uko abakirisu bose bahanurwa kubigira, ‘nugire impuhwe z’ikibabarwe, wicishe bugufi mu muzirikanyi, ata kwishura ikibi ku kindi canke igitutsi ku kindi.’​—1 Pet. 3:8, 9.

Boba badakwiye gukurako umunwa mu mubano w’ababiranye?

11. Abagore bakirisu bamwebamwe bazogira uruhara mu gateka gahambaye akahe?

11 Kuyobokera ubukuru bw’umugabo vyoba bisobanura yuko abagore badakwiye gukurako umunwa mu mubano w’ababiranye, ntibagire ico bavuga mu bibazo vyo mu muryango canke mu bindi bintu? Uwokubesha. Yehova aratera uduteka twinshi abagore n’abagabo. Zirikana gatoyi kw’iteka rihambaye ba bantu 144.000 bafise ryo kuba abami n’abaherezi mw’ijuru bayoborwa na Kristu igihe azoba ategeka iyi si! Muri ico gitigiri harimwo n’abagore. (Gal. 3:26-29) Biragaragara ko Yehova yajeje abagore uruhara rutuma bagira ico bakoze mu kuntu yaringanije ibintu.

12, 13. Tanga akarorero kerekana ko abagore băvuga ubuhanuzi.

12 Nk’akarorero mu bihe vya Bibiliya, abagore baravuga ubuhanuzi. Muri Yoweli 2:28, 29 habuye hati: “Nzosuka [i]mpwemu [y]anje ku bari n’umubiri bose; abahungu banyu n’abakobga banyu bazovugishwa nanje. . . . N’abagurano banje b’abahungu n’abakobga muri iyo misi nzobasukako [i]mpwemu [y]anje.”

13 Mu bigishwa ba Yezu bashika 120 bari bakoraniye mu cumba co hejuru i Yeruzalemu ku musi wa Pentekoti yo mu 33 G.C., harimwo abagore n’abagabo. Impwemu y’Imana yarasutswe kuri uwo mugwi wose uko wakabaye. Ni co gituma Petero yashoboye gusubiramwo ivyo umuhanuzi Yoweli yari yaravuze maze avyerekeza ku bagabo cokimwe n’abagore. Petero yavuze ati: “Ibi ni ivyavuzwe biciye ku muhanuzi Yoweli, ngo: ‘Kandi mu misi ya nyuma,’ ni ko Imana ivuga, ‘nzosuka igice c’impwemu yanje ku bari n’umubiri b’ubwoko bwose, kandi abahungu banyu n’abakobwa banyu bazovuga ubuhanuzi . . . ; mbere nzosuka no ku bashumba banje be no ku bashumbakazi banje igice c’impwemu yanje muri iyo misi, na bo bazovuga ubuhanuzi.’”​—Ibik. 2:16-18.

14. Ni uruhara uruhe abagore baranguye mu gukwiragiza ubukirisu bwo mu ntango?

14 Mu kinjana ca mbere, abagore baragize uruhara ruboneka mu gukwiragiza ubukirisu. Barabwiye abandi ivyerekeye Ubwami bw’Imana bongera barakora ibintu bifitaniye isano n’ico gikorwa co kwamamaza. (Luka 8:1-3) Nk’akarorero, intumwa Paulo yise Foyibe ngo “umusuku w’ishengero riri i Kenkereya.” Vyongeye, igihe Paulo yariko arungikira indamukanyo abakozi bagenziwe, yaravuze abakenyezi batari bake b’abizigirwa, harimwo na “Tirifena na Tirifoza, abagore bakora cane mu Mukama.” Yaravuze kandi “Perusi umukundwa wacu, kuko yabize akuya cane mu Mukama.”​—Rom. 16:1, 12.

15. Ni uruhara uruhe abagore barangura mu gukwiragiza ubukirisu muri iki gihe cacu?

15 Muri iki gihe cacu, igice kinini c’abantu barenga imiliyoni indwi bamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana hirya no hino kw’isi, ni abagore b’imyaka itandukanye. (Mat. 24:14) Benshi muri bo ni abasuku b’igihe cose, abamisiyonari, n’abari mu bagize imiryango ya Beteli. Umwanditsi wa Zaburi Dawidi yaririmvye ati: “Umwami Imana yaravuze: Abagore bakwiza inkuru baba ingabo nyinshi.” (Zab. 68:11) Ese ukuntu ayo majambo yagaragaye ko ari ay’ukuri! Yehova araha agaciro uruhara abagore barangura mu kwamamaza inkuru nziza no mu gushitsa imigambi yiwe. Ivyo asaba bijanye n’uko abagore bakirisu bayoboka nta gukeka yuko bidasobanura ko badakwiye gukurako umunwa.

Abagore babiri baseruye ivyiyumviro vyabo

16, 17. Akarorero ka Sara kerekana gute ko abagore badakwiye kuba abadakurako umunwa mu mubano w’ababiranye?

16 Nimba Yehova atera uduteka twinshi abagore, none abagabo ntibakwiye kugisha inama abagore babo imbere y’uko bafata ingingo zikomakomeye? Boba bakoze ibiranga ubukerebutsi babigenjeje gutyo. Ivyanditswe biravuga ibintu bitari bike vyashitse aho abagore bagize ico bavuga canke bakoze mbere batarinze kubisabwa n’abagabo babo. Rimbura uturorero tubiri.

17 Sara, umugore w’umwe sekuruza w’imiryango Aburahamu, yaguma amubwira ngo yirukane umugore wiwe agira kabiri be n’umwana wiwe kubera ko batubaha. ‘Aburahamu vyaramubabaje cane,’ ariko ntivyababaje Imana. Yehova yabwiye Aburahamu ati: “Reka kubabazwa n’ivy’uwo mwana n’incoreke yawe: ivyo Sara akubariye vyose n’uvyemere.” (Ita. 21:8-12) Aburahamu yaragamburukiye Yehova, arumviriza Sara, araheza akora ivyo uno yamusavye.

18. Ni igiki Abigayili yibwirije gukora?

18 Zirikana kandi ku bijanye na Abigayili muka Nabali. Igihe Dawidi yariko arahunga wa Mwami w’ishari Sauli, yaramaze igihe akambitse hafi y’imikuku ya Nabali. Aho kugira ngo Dawidi agire ico atwaye mu matungo menshi y’uwo mugabo w’umutunzi, we hamwe n’abantu biwe barakingiye ivyo atunze. Ariko rero, Nabali “yar’umuntu w’ikigoryi kandi w’imico mibi,” kandi ‘yararandamukiye’ abantu ba Dawidi. Yari “umuntu w’umugesera,” kandi ‘ubujuju ni yo yari kamere yiwe.’ Igihe abantu ba Dawidi basaba Nabali babigiranye icubahiro ngo abahe ibifungurwa, yaranse. None Abigayili yaciye akora iki igihe yumva ivyari vyabaye? Atarinze kubibwira Nabali, yaciye “[a]kwakwanya, arakora imitsima amajana abiri, n’imikuza ibiri ya vino, n’inyama zihiye z’amapfizi atanu y’intama, n’ingero zitanu z’ingano zikaranze, n’imisoko ijana y’inzabibu zumye, n’uturobe amajana abiri tubumbabumbge mu nsukoni” maze abihereza Dawidi n’abantu biwe. Abigayili yoba yakoze ibibereye? Bibiliya ivuga iti: “Uhoraho akubita Nabali, arapfa.” Mu nyuma Dawidi yaciye arongora Abigayili.​—1 Sam. 25:3, 14-19, 23-25, 38-42.

‘Umugore yihesha ugushimwa’

19, 20. Ni igiki gituma umugore aba uwubereye gushemezwa vy’ukuri?

19 Ivyanditswe birakeza umugore akora ibintu nk’uko Yehova abigomba. Igitabu co muri Bibiliya c’Imigani kirashemagiza “umugore aroranye,” mu kuvuga giti: “[Ni] uw’igiciro kurusha utubuyenge twitwa marijani. Umutima w’umugabo wiwe wama umwizigira, kand’i we ntihabura inyungu. Uyo mugore amugirira neza, ntamugirira nabi, imisi yose y’ukubaho kwiwe.” N’ikindi kandi, “iy’ateranuye akanwa avuga ivy’ubgenge, icagezwe c’ineza kiri ku rurimi rwiwe. Agendeza ingeso z’abo mu rugo rwabo, kandi ntarya ivyo kurya vy’ukwamikara. Abana biwe bava hasi bakamuhezagira, n’umugabo wiwe na we, akamushemagiza.”​—Imig. 31:10-12, 26-28.

20 Ni igiki gituma umugore aba uwubereye gushemezwa vy’ukuri? Mu Migani 31:30 havuga hati: “Akazuru gusa karahendana, n’ubgiza bgo ku rukoba nta co bumaze, arik’umugore yubaha Uhoraho ni we ashimwa.” Mu kwubaha Yehova harimwo ivy’uko bikenewe ko umuntu ayoboka n’umutima ukunze indinganizo Imana yashizeho ijanye n’ubukuru. Bibiliya ivuga iti: “Umutwe w’umugore . . . ni umugabo,” nk’uko “umutwe w’umugabo wese ari Kristu,” kandi “umutwe wa Kristu . . . ni Imana.”​—1 Kor. 11:3.

Nukenguruke ingabirano Imana yatanze

21, 22. (a) Ni imvo izihe abakirisu bubatse bafise zo gukenguruka ingabirano Imana yatanze y’umubano w’ababiranye? (b) Kubera iki dukwiye kwubaha indinganizo Yehova yashizeho zijanye n’ubukuru? (Raba uruzitiro ruri ku rupapuro rwa 17.)

21 Abakirisu bubatse izabo barafise imvo nyinshi cane zo gukengurukira Imana! Barashobora kugenda bafatanye amaboko ari abubakanye bahimbawe. Barashobora na canecane gukenguruka ingabirano yahezagiwe y’umubano w’ababiranye itangwa n’Imana, kubera ko ituma baronka akaryo ko kunywana mu buzima maze bakagendana na Yehova. (Rusi 1:9; Mika 6:8) Kubera yuko ari we yatanguje umubano w’ababiranye arazi neza na neza ibisabwa kugira ngo umubano w’ababiranye ubemwo agahimbare. Niwame ukora ibintu nk’uko abigomba, maze ‘umunezero w’Uhoraho uzoba inkomezi zawe,’ mbere no muri iyi si idurumbanye.​—Neh. 8:10.

22 Umugabo mukirisu akunda umugore wiwe nk’uko yikunda azokoresha ubukuru bwiwe abigiranye ikibabarwe n’ukwitwararikana. Umugore wiwe atinya Imana azoba uwubereye gukundwa vy’ukuri, kuko azomushigikira akongera akamugaragariza icubahiro kigera kure. Igihambaye kuruta vyose, umubano wabo w’akarorero uzotera iteka ya Mana yacu Yehova ibereye gushemezwa.

Woba uvyibuka?

• Indinganizo Yehova yashizeho ijanye n’ubukuru hamwe no kuyoboka ni iyihe?

• Ni kubera iki abubakanye bakwiye guterana iteka?

• Umugore yemera akwiye gufata gute uwo bubakanye atemera?

• Ni kubera iki abagabo bakwiye kugisha inama abagore babo imbere y’uko bafata ingingo zikomakomeye?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Uruzitiro ku rup. 17]

Ni kubera iki dukwiye kwubaha ubukuru?

Yehova yarashinze mu biremwa vyiwe bifise ubwenge indinganizo zerekeye ubukuru. Ivyo vyagizwe ku bw’ineza y’ibiremwa vy’impwemu n’iy’abantu. Biratuma baronka uturyo two gukoresha uburenganzira bwabo bwo kwihitiramwo be no gutera iteka Imana mu kuyikorera bunze ubumwe kandi bahuje inama.​—Zab. 133:1.

Ishengero ry’abakirisu barobanuwe riremera ubukuru bwa Yezu Kristu. (Ef. 1:22, 23) Mu kwemera ubukuru bwa Yehova, amaherezo “Umwana ubwiwe na we azoyoboka [aganzwe] n’Uwamuhaye kuganza ibintu vyose, ngo Imana ibe vyose ku muntu wese.” (1 Kor. 15:27, 28) Ese rero ingene bibereye ko abantu biyeguriye Imana bakora bahuza n’indinganizo y’ubukuru mw’ishengero no mu muryango! (1 Kor. 11:3; Heb. 13:17) Tubigenjeje gutyo, turahungukira kuko Yehova aca atwemera akongera akaduhezagira.​—Yes. 48:17.

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 13]

Isengesho rirashobora gufasha umugore mukirisu kugaragaza kamere zishimwa n’Imana

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 15]

Yehova araha agaciro uruhara abagore barangura mu guteza imbere ivyungura Ubwami