Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Bavukanyi, nimubibe ku bw’impwemu maze mukwize ibisabwa kugira mushingwe amabanga!

Bavukanyi, nimubibe ku bw’impwemu maze mukwize ibisabwa kugira mushingwe amabanga!

Bavukanyi, nimubibe ku bw’impwemu maze mukwize ibisabwa kugira mushingwe amabanga!

“Uwubiba ku bw’impwemu azoshwabura ubuzima budahera.”​—GAL. 6:8.

1, 2. Muri Matayo 9:37, 38 hariko hararanguka gute, ivyo bikaba bituma hakenerwa iki mu mashengero?

URIKO uribonera ibintu bitazokwigera vyibagirwa! Igikorwa Yezu Kristu yavuze kiriko kirarangurwa bimwe bishitse. Yezu yavuze ati: “Iyimbura ni rinini mugabo abakozi ni bake. Nimwinginge rero Umukuru w’iyimbura arungike abakozi mw’iyimbura ryiwe.” (Mat. 9:37, 38) Yehova Imana ariko arishura mwene ayo masengesho mu buryo budasanzwe. Mu mwaka w’umurimo wa 2009, igitigiri c’amashengero y’Ivyabona vya Yehova ari hirya no hino kw’isi cariyongereyeko ayashika 2.031 gica gishika ku 105.298. Incahagati y’abantu 757 barabatijwe ku musi ku musi!

2 Iyongerekana nk’iryo rituma hakenerwa abavukanyi bakwije ibisabwa kugira ngo baje imbere mu kwigisha no mu kuragira mu mashengero. (Ef. 4:11) Mu myaka mirongo iheze, Yehova yaratumye haboneka abagabo bakwije ibisabwa kugira ngo bitwararike ivyo intama ziwe zikeneye kandi turizigiye tudakeka ko azobandanya kubigira. Ubuhanuzi bwanditswe muri Mika 5:5 buradukura amazinda yuko mu misi ya nyuma, abasavyi ba Yehova bazoba bafise “abungere ndwi” n’“abaganwa munani,” abo bakaba bagereranya igitigiri kitari gito c’abagabo babishoboye babaja imbere.

3. Sigura ico bisobanura ‘kubiba ku bw’impwemu.’

3 Nimba uri Icabona ca Yehova w’igitsina-gabo yabatijwe, ni igiki cogufasha kugira icipfuzo co kurondera gukwiza ibisabwa kugira ngo uterwe uduteka tw’umurimo? Ikintu nyamukuru ni ‘ukubiba ku bw’impwemu.’ (Gal. 6:8) Kubigira gutyo birimwo kubaho mu buryo butuma impwemu nyeranda y’Imana ikorera mu buzima bwawe ata kiyitangira. Niwiyemeze ‘kutabiba ku bw’umubiri.’ Niwirinde kureka ibintu nko kwidibamira, kwinezereza be no kwisamaza ngo bigabanye icipfuzo ufise co kwitanga mu murimo w’Imana. Abakirisu bose bakwiye ‘kubiba ku bw’impwemu,’ kandi mu nyuma, abagabo babigenza gutyo boshobora gukwiza ibisabwa kugira ngo baterwe uduteka mw’ishengero. Kubera ko muri kino gihe hakenewe cane abakozi b’ishengero n’abakurambere, iki kiganiro cerekeye canecane abagabo bakirisu. Ku bw’ivyo rero bavukanyi, turabahimirije kukirimbura mubijanishije n’isengesho.

Nukwize ibisabwa kugira ngo ushingwe igikorwa ciza

4, 5. (a) Abagabo babatijwe bahimirizwa kurondera gukwiza ibisabwa kugira ngo baterwe uduteka utuhe mw’ishengero? (b) Umuntu arondera gute gukwiza ibisabwa?

4 Kugira ngo umugabo mukirisu abe umucungezi ntibipfa kwizana. Ategerezwa gukwiza ibisabwa kugira ngo ashingwe ico “gikorwa ciza.” (1 Tim. 3:1) Ivyo birimwo gusukurira abo basangiye ukwemera mu kwitwararika vy’ukuri ivyo bakeneye. (Soma Yesaya 32:1, 2.) Umugabo arondera gukwiza ibisabwa abitumwe n’imvo nziza ntaba ahahamira ubukuru. Ahubwo riho, aba afise icipfuzo gikomeye kitaranga ubwikunzi co kwungura abandi.

5 Mu kwihatira gukwiza ibisabwa vyerekanwa mu Vyanditswe ni ho umuntu aba ariko ararondera gukwiza ibisabwa kugira ngo abe umukozi w’ishengero be no kugira ngo ashingwe ibanga ryo kuba umucungezi. (1 Tim. 3:1-10, 12, 13; Tito 1:5-9) Nimba uri umuntu w’igitsina-gabo yiyeguye, niwibaze uti: ‘Noba ngira uruhara bimwe bishitse mu gikorwa co kwamamaza, kandi noba ndiko ndafasha abandi kubigenza gutyo? Noba ndiko ndakomeza abo dusangiye ugusenga mu kwitwararika bimwe bivuye ku mutima ukumererwa neza kwabo? Noba nzwi ko ndi umutohoji mwiza w’Ijambo ry’Imana? Noba ndiko ndaryohora insasanuro ntanga? Noba nitwararika n’umwete ibikorwa abakurambere banshinga?’ (2 Tim. 4:5) Birabereye ko ivyo bibazo birimburwa ata gufyina.

6. Ni ikintu nyamukuru ikihe gifasha umuntu gukwiza ibisabwa kugira ngo ashingwe amabanga mw’ishengero?

6 Ubundi buryo umuntu yokwiza ibisabwa kugira ngo ashingwe amabanga mw’ishengero ni ‘ukugirwa umunyabushobozi mu muntu ari imbere n’ububasha biciye ku mpwemu y’Imana.’ (Ef. 3:16) Umuntu abaye umukozi w’ishengero canke umukurambere mw’ishengero rya gikirisu ntaba atowe ngo agire igiti kinaka. Ako gateka umuntu agashikira biciye gusa ku gutera imbere mu vy’impwemu. None woshika gute ku gutera imbere mu vy’impwemu? Uburyo bumwe ni uko ‘woguma ugenda wisunga impwemu’ ukongera ugatsimbataza ivyamwa vyayo. (Gal. 5:16, 22, 23) Uko ugaragaza kamere z’ivy’impwemu zikenewe kugira ngo urangure amabanga yiyongereye wongera ushira mu ngiro impanuro uhabwa kugira ngo ugire ivyo uryohoye, ‘iterambere ryawe rizokwibonekeza ku bantu bose.’​—1 Tim. 4:15.

Agatima ko kwitanga karakenewe

7. Gusukurira abandi bisaba iki?

7 Gusukurira abandi bisaba gukora ugatama no kugira agatima ko kwitanga. Kubera yuko abacungezi bakirisu ari abungere bo mu buryo bw’impwemu, ingorane z’umukuku zirabaraza ishinga cane. Raba ukuntu amabanga intumwa Paulo yaranguye mu gikorwa ciwe co kuragira yagize ico amukozeko. Yabwiye abo bari basangiye ukwemera b’i Korinto ati: “Mu makuba menshi n’umubabaro mwinshi wo mu mutima [ni] ho nabandikiye n’amosozi menshi, atari ukugira ngo muterwe umubabaro, ahubwo kugira ngo mumenye urukundo ndabafitiye bimwe bidasanzwe.” (2 Kor. 2:4) Biragaragara ko Paulo yakora igikorwa ciwe abikuye ku mutima.

8, 9. Tanga uburorero bwo muri Bibiliya bwerekana ukuntu abagabo bitwararitse ivyo abandi bari bakeneye.

8 Agatima ko kwitanga kamye karanga abagabo bakoze bagatama ku bw’ineza y’abasavyi ba Yehova. Nk’akarorero, ntidushobora kwiyumvira ko Nowa yabwiye abandi bo mu rugo rwiwe ati: ‘Ubwato nibwarangira murabimenyesha kugira ngo twinjirane.’ Musa ntiyabwiye Abisirayeli igihe bari mu Misiri ati: ‘Tuzohurira ku Kiyaga Gitukura. Murakore uko mushoboye kwose mushikeyo.’ Yosuwa ntiyigeze avuga ati: ‘Impome za Yeriko nizasenyuka murabimenyeshe.’ Yesaya na we ntiyerekanye uwundi muntu maze ngo avuge ati: ‘Ng’uyu! Ba ari we utuma.’​—Yes. 6:8.

9 Akarorero ruheta dufise k’umuntu yaretse impwemu y’Imana ikamuvyurira umutima wo kugira ico akoze ni aka Yezu Kristu. Yaremeye n’umutima ukunze igikorwa yashinzwe co gusukurira abantu mu kubabera Umucunguzi. (Yoh. 3:16) None urukundo rwo kwitanga Yezu yagaragaje ntirukwiye gutuma natwe tugira agatima ko kwitanga? Igihe umukurambere umwe abumazemwo igihe kirekire yariko aravuga ukuntu yiyumva ku bijanye n’umukuku, yavuze ati: “Amajambo Yezu yabwiye Petero ngo ragira intama zanje ntonto, arankora ku mutima cane. Uko imyaka yagiye irarengana, nahavuye ntahura ingene amajambo makeyi gusa aranga urukundo canke igikorwa gisanzwe kiranga ubuntu bishobora kuremesha uwundi. Kuragira ni igikorwa nkunda cane.”​—Yoh. 21:16.

10. Ni igiki gishobora kuvyurira abagabo bakirisu umutima wo kwigana akarorero ka Yezu mu bijanye no gusukurira abandi?

10 Ku bijanye n’umukuku w’Imana, nta gukeka ko abagabo biyeguye bo mw’ishengero bipfuza kugaragaza agatima nk’ako Yezu yagaragaje, we yavuze ati: “Ndabaruhurira.” (Mat. 11:28) Kwizera Imana no gukunda ishengero biravyurira abagabo bakirisu umutima wo kurondera gukwiza ibisabwa kugira ngo bashingwe ico gikorwa ciza, ntibiyumvire yuko ivyo bisaba ibintu bikomeye cane canke ko ari amananiza. Bite ho igihe umuntu adasanzwe afise agatima ko kurondera gukwiza ibisabwa? Umuvukanyi yoba ashobora gutsimbataza icipfuzo co gusukurira ishengero?

Nutsimbataze icipfuzo co gusukura

11. Umuntu ashobora gute gutsimbataza icipfuzo co gusukurira abandi?

11 Nimba ukwiyumvamwo yuko utabishoboye ari vyo vyatumye utarondera gukwiza ibisabwa, birabereye ko usenga usaba impwemu nyeranda. (Luka 11:13) Impwemu ya Yehova izogufasha gutsinda umwitwarariko uwo ari wo wose woba ufise muri ivyo. Icipfuzo co gusukura gitangwa n’Imana, kuko impwemu ya Yehova ari yo ivyurira umuvukanyi umutima wo kurondera gukwiza ibisabwa maze ikamuronsa inkomezi zo gukora igikorwa ceranda. (Flp. 2:13; 4:13) Birabereye rero ko usaba Yehova ngo agufashe gutsimbataza icipfuzo co kwemera uduteka tw’umurimo.​—Soma Zaburi 25:4, 5.

12. Umuntu ashobora gute kuronka ubukerebutsi buhagije kugira ngo arangure amabanga yashinzwe?

12 Umukirisu yoshobora gufata ingingo yo kutarondera gukwiza ibisabwa kubera yuko abona ko ivyo umukuku ukeneye bisa n’ibisaba utwigoro twinshi kandi bikaba bigoye. Canke yoshobora kwiyumvamwo yuko ata bukerebutsi buhagije afise bwo kurangura ayo mabanga. Mu gihe ibintu vyifashe gutyo, yoshobora kuronka ubukerebutsi mu kurushiriza kwiga Ijambo ry’Imana n’ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya abigiranye umwete. Yoshobora kwibaza ati: ‘Noba ndondera umwanya wo kwiga Ijambo ry’Imana, kandi noba nsenga nsaba ubukerebutsi?’ Umwigishwa Yakobo yanditse ati: “Nimba . . . hari uwo muri mwebwe ahajije mu bukerebutsi, nagume abusaba Imana, kuko itanga cane kuri bose ata gutera imirarwe; kandi azobuhabwa.” (Yak. 1:5) Woba wemera ayo majambo yahumetswe? Mu kwishura isengesho Salomo yatuye, Imana yaramuhaye “umutima w’ubgenge wo gutahura” watumye ashobora gutandukanya iciza n’ikibi igihe yaba ariko araca imanza. (1 Abm. 3:7-14) Ego ni ko, ivya Salomo vyari ibidasanzwe. Yamara, turashobora kwemera tudakeka yuko Imana izoronsa ubukerebutsi abagabo bashinzwe amabanga mw’ishengero kugira ngo bashobore kwitwararika intama zayo mu buryo bubereye.​—Imig. 2:6.

13, 14. (a) Sigura ukuntu “urukundo Kristu afise” rwagize ico rukoze kuri Paulo. (b) “Urukundo Kristu afise” rukwiye kugira ico rukoze gute kuri twebwe?

13 Ikindi kintu cofasha umuntu gutsimbataza icipfuzo co gusukurira abandi ni ukuzirikana bimwe bishika kure ku bintu vyose Yehova be n’Umwana wiwe badukoreye. Nk’akarorero, rimbura ibivugwa mu 2 Abakorinto 5:14, 15. (Soma.) Ni mu buryo ki “urukundo Kristu afise rutugobera”? Urukundo Kristu yagaragaje mu gutanga ubuzima bwiwe ku bwacu yisunze ivyo Imana igomba ruribonekeza rwose ku buryo uko turushiriza kurukenguruka, bica bituvyurira cane umutima wo kugira ico dukoze. Urukundo rwa Kristu rwaragize ico rukoze ku vyo Paulo yakora. Rwatumye yirinda gukora ibintu biranga ubwikunzi rwongera ruramufasha gushingira imigambi yiwe ku gusukurira Imana n’abantu nka we mw’ishengero no hanze yaryo.

14 Kuzirikana ku rukundo Kristu afitiye abantu biratuvyurira umutima wo gukenguruka. Ivyo bica bituma dutahura ko vyoba bitabereye na gato ko tuguma ‘tubiba ku bw’umubiri’ mu gukurikirana imigambi y’ubwikunzi no mu kubaho ahanini turondera guhaza ivyipfuzo vyacu. Ahubwo riho, turagira ivyo duhinduye kugira ngo dushire mu kibanza ca mbere igikorwa Imana yadushinze. Turavyurirwa umutima wo ‘gushumbira’ abavukanyi bacu tubitumwe n’urukundo. (Soma Abagalatiya 5:13.) Nitwabona ko turi abashumba bakora bicishije bugufi ku bw’ineza y’abasavyi ba Yehova biyeguye, tuzobafatana iteka n’icubahiro. Ata gukeka, ntitwokwigana agatima ko kunebagura abandi no kubacira urubanza gakorerezwa na Shetani.​—Ivyah. 12:10.

Akigoro k’abagize umuryango

15, 16. Ni uruhara uruhe abagize umuryango barangura nimba umugabo ashaka gukwiza ibisabwa kugira ngo agenwe kuba umukozi w’ishengero canke umukurambere?

15 Mu gihe umuvukanyi ari umugabo yubatse afise abana, ukuntu ibintu vyifashe mu muryango wiwe birihwezwa igihe biba biriko birarabwa ko akwije ibisabwa vyo kuba umukozi w’ishengero canke umukurambere. Vy’ukuri, ukuntu ivy’impwemu vy’abo mu muryango wiwe vyifashe be n’ukuntu bazwi biragira ico bikoze kw’igenwa ryiwe. Ivyo birashimika ku kuntu bihambaye ko abagize umuryango bagira uruhara mu gushigikira serugo akaba na sebibondo igihe arondera gusukura ku bw’ineza y’ishengero ari umukozi w’ishengero canke umukurambere.​—Soma 1 Timoteyo 3:4, 5, 12.

16 Yehova arahimbarwa igihe abagize umuryango wa gikirisu basenyera ku mugozi umwe. (Ef. 3:14, 15) Bisaba uburimbane kugira ngo serugo arangure amabanga ajejwe mw’ishengero yongere ahagarikire abo mu rugo rwiwe “mu buryo bwiza.” Ku bw’ivyo, birahambaye ko umukurambere canke umukozi w’ishengero yiga Bibiliya ari kumwe n’umugore wiwe be n’abana biwe kugira ngo bose bungukire ku Gusenga kwo mu muryango kugirwa buri ndwi. Arakwiye kwama agira uruhara mu busuku bwo mu ndimiro ari kumwe na bo. Ku bw’iyo mvo nyene, birahambaye ko abagize umuryango bashigikira utwigoro serugo agira.

Woba uzosubira gusukura?

17, 18. (a) Mu gihe umuvukanyi atagikwije ibisabwa vyo kuba uwagenywe, ni ibiki vyoshobora kuba bikenewe? (b) Umuvukanyi yigeze kuba asukura ari umukurambere canke umukozi w’ishengero akwiye kuvyifatamwo gute?

17 Kumbure warigeze kuba uri umukurambere canke umukozi w’ishengero ariko ubu ukaba utagisukura muri iryo banga. Urakunda Yehova kandi urashobora kwemera udakeka yuko akikwitwararika. (1 Pet. 5:6, 7) Woba warabwiwe yuko ukeneye kugira ivyo uhinduye? Nugire umutima ukunze wo kwemera ikosa maze urikosore ubifashijwemwo n’Imana. Niwirinde kugira umujinya. Nube inkerebutsi, kandi ugaragaze agatima ko kubona ko ibintu bizogenda neza. Umukurambere umwe yari amaze imyaka n’iyindi asukura mugabo akaba yari yaratakaje uduteka twiwe tw’umurimo, yavuze ati: “Nari niyemeje kuguma nitaba amakoraniro, nja mu busuku bwo mu ndimiro, nongera nsoma Bibiliya nk’uko nari nsanzwe ndabigira nkisukura ndi umukurambere, iryo rikaba ryari ihangiro nari nshoboye gushikako. Narize kwihangana kubera yuko niyumvira ko mu mwaka umwe canke ibiri nosubiye kuronka uduteka nari mfise, mugabo vyatwaye hafi imyaka indwi kugira ngo nsubire gusukura ndi umukurambere. Muri ico kiringo narafashijwe cane n’indemesho yo kutadebukirwa ahubwo nkabandanya kurondera gukwiza ibisabwa.”

18 Nimba uri umuvukanyi ivyiwe vyifashe nk’ukwo bihejeje kuvugwa, ntucike intege. Nuzirikane ku kuntu Yehova ariko arahezagira ubusuku bwawe be n’urugo rwawe. Nukomeze umuryango wawe mu buryo bw’impwemu, ugendere abarwaye, kandi uremeshe abafise intege nke. Ikiruta vyose, nuhe agaciro agateka ufise ko gushemeza Imana no kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami uri Icabona ca Yehova. *​—Zab. 145:1, 2; Yes. 43:10-12.

Niwongere wihweze ukuntu ivyawe vyifashe

19, 20. (a) Abantu bose b’igitsina-gabo babatijwe bahimirizwa gukora iki? (b) Ni igiki tuzoca irya n’ino mu kiganiro gikurikira?

19 Ubu kuruta ikindi gihe cose harakenewe cane abasukura ari abacungezi n’abakozi b’ishengero. Ku bw’ivyo, turahimirije abantu bose b’igitsina-gabo babatijwe kwongera kwihweza ukuntu ivyabo vyifashe maze bibaze bati: ‘Nimba ntari umukozi w’ishengero canke umukurambere, noba nkwiye gusuzuma imvo zituma ntasukura muri ayo mabanga?’ Nureke impwemu y’Imana igufashe kubona mu buryo bubereye ico kibazo gihambaye.

20 Abagize ishengero bose bazokwungukira ku twigoro dushimwa n’Imana turanga ukwitanga tugirwa n’abo basangiye ukwemera. Mu gihe turanguye ibikorwa birangwa ubuntu kandi bizira ubwikunzi, turironkera umunezero uzanwa no gusukurira abandi be no kubiba ku bw’impwemu. Ariko rero nk’uko ikiganiro gikurikira kizovyerekana, dutegerezwa kudatuntuza impwemu nyeranda y’Imana. Ivyo twovyirinda gute?

[Akajambo k’epfo]

Wokwishura gute?

• Ubuhanuzi buri muri Mika 5:5, budukura amazinda ku biki?

• Sigura ico agatima ko kwitanga gasaba.

• Umuntu ashobora gute gutsimbataza icipfuzo co gusukurira abandi?

• Gusenyera ku mugozi umwe kw’abagize umuryango guhambaye ku rugero rungana iki nimba umugabo ashaka gukwiza ibisabwa kugira asukure ari umukozi w’ishengero canke umukurambere?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 25]

Wokora iki kugira ngo urondere gukwiza ibisabwa?