Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kubera iki dukwiye gutera iteka abageze mu zabukuru?

Kubera iki dukwiye gutera iteka abageze mu zabukuru?

Kubera iki dukwiye gutera iteka abageze mu zabukuru?

KU NKENGERA ya Kaliforoniya, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, hariho kimwe mu biti bikunze gufotorwa kuruta ibindi vyose kw’isi. Ico giti citwa Lone Cypress (Akajwari k’inyakamwe). Bivugwa yuko ico giti kimaze imyaka irenga 250. Kubera ko ico giti ciza igitangaza kizwi ko kirinda ivyokibangamira, caritwararitswe mu buryo butandukanye. Nk’akarorero, carakomejwe hakoreshejwe ibitsinga bigishigikira be n’ikintu cubatswe n’amabuye hasi kigikikuje.

Ico giti coshobora kutwibutsa abakirisu bageze mu za bukuru bari muri twebwe, abagaragaza ukwihangana kudasanzwe. Bumwe mu buryo bwibonekeje babigiramwo ni mu kwamamaza inkuru nziza. Umuhanuzi Yoweli yari yaravuze yuko “abatāma” botangaje ubutumwa bwo muri Bibiliya. (Yow. 2:28-32; Ibik. 2:16-21) Zirikana gato ku masaha adaharurwa abo bantu bamara bariko barafasha abandi babigiranye umwete kumenya ivyerekeye “inkuru nziza y’ubwami”! (Mat. 24:14) Bamwebamwe muri abo bamamaji b’Ubwami bageze mu zabukuru baramaze imyaka n’iyindi bihanganiye uruhamo be n’izindi ngorane. Nimba igiti c’akajwari gisanzwe kimenyekanira ku kurinda ivyokibangamira kandi kigakomezwa n’ikintu cubatswe n’amabuye be n’ibitsinga, ese ukuntu abageze mu za bukuru bari muri twebwe bibereye ko turushiriza kubaha agaciro no kubafatana iteka!

Yehova Imana yategetse abasavyi biwe ba kera ati: “Umuntu wese muri mwebge az’avire hasi ūmaze kuyenzura imvi, yubahe umutāma.” (Lew. 19:32) Mu basavyi ba Yehova bo muri iki gihe, turahasanga uburorero bwiza igitangaza bw’abantu b’abizigirwa bamaze imyaka mirongo ‘bagendana n’Imana.’ (Mika 6:8) Uko babandanya gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe, imvi zabo ziba vy’ukuri ari “igitsibo c’icubahiro.”​—Imig. 16:31.

Intumwa Paulo yabwiye uwari akiri muto Timoteyo ati: “Ntugakarire umugabo ahumuye.” Ahubwo Timoteyo yabwirizwa ‘kumwinginga nka se, abagore bahumuye na bo nka ba nyina.’ (1 Tim. 5:1, 2) Mu vy’ukuri, Timoteyo yabwirizwa ‘kuvira hasi’ abamaze kumera imvi. Biratomoye rero ko Yehova yiteze ko imvugo zacu zigaragaza iteka nk’iryo.

Mu Baroma 12:10 hagira hati: “Mu vyo guterana iteka mube aba mbere.” Nta gukeka ko abacungezi bo mw’ishengero batera iteka abakirisu bageze mu zabukuru. Ariko twese tubwirizwa kuba aba mbere mu vyo guterana iteka.

Birumvikana ko abagize umuryango bajejwe ibanga ridasanzwe ku bijanye n’abavyeyi babo be na ba sekuru na ba inakuru. Ku vyerekeye ca giti c’akajwari c’inyakamwe, abantu bararondeye uburyo butandukanye bwo kugikingira, kandi barabandanya kubigira. Nta gukeka rero ko dukwiye kurondera uburyo butandukanye bwo gukingira iteka ry’abavyeyi bacu bageze mu zabukuru be n’irya ba sokuru na ba nyokuru. Nk’akarorero, kuba abantu bumviriza bitonze bizoturinda kwumira ku vy’uko ibintu bikorwa nk’uko twebwe tugomba tutarinze kwitwararika inyiyumvo zabo.​—Imig. 23:22; 1 Tim. 5:4.

Abageze mu zabukuru bo muri twebwe barafise agaciro kanini kuri Yehova. Ntabaheba. (Zab. 71:18) Ya Mana y’ukuri irabakomeza koko kugira ngo babandanye kuyikorera ari abizigirwa. Ese natwe twobandanya gushigikira abageze mu zabukuru no kubatera iteka.

[Amafoto ku rup. 7]

Nka kurya nyene ca giti c’akajwari c’inyakamwe gikeneye gushigikirwa, n’abageze mu zabukuru barakeneye gufatanwa iteka

[Abo dukesha ifoto]

American Spirit Images/age fotostock