Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ntimutuntuze impwemu nyeranda ya Yehova

Ntimutuntuze impwemu nyeranda ya Yehova

Ntimutuntuze impwemu nyeranda ya Yehova

“Ntimutuntuze impwemu nyeranda y’Imana, iyo mwadomeshejwe ikidodo.”​—EF. 4:30.

1. Ni igiki Yehova yakoreye abantu amamiliyoni, kandi ni ibanga irihe bafise?

YEHOVA yarakoreye ikintu kidasanzwe abantu amamiliyoni baba muri iyi si idurumbanye. Yaratumye bishoboka ko bamwiyegereza biciye ku Mwana wiwe w’ikinege Yezu Kristu. (Yoh. 6:44) Uri muri abo bantu nimba wariyeguriye Imana ukaba kandi ubayeho wisunga ukwo kwiyegura. Kubera ko uri umuntu yabatijwe mw’izina ry’impwemu nyeranda, urafise ibanga ryo kubaho wisunga iyo mpwemu.​—Mat. 28:19.

2. Ni ibibazo ibihe tugira turimbure?

2 Twebwe ‘ababiba ku bw’impwemu’ turambara kamere nshasha. (Gal. 6:8; Ef. 4:17-24) Mugabo intumwa Paulo araduhanura akongera akatugabisha ngo ntidutuntuze impwemu nyeranda y’Imana. (Soma Abanyefeso 4:25-32.) Ubu tugira twihweze twitonze iyo mpanuro iyo ntumwa yatanze. Paulo yashaka kuvuga iki igihe yavuga ibijanye no gutuntuza impwemu y’Imana? Umuntu yiyeguriye Yehova ashobora gute gukora ikintu nk’ico? Kandi twokwirinda gute gutuntuza impwemu ya Yehova?

Ico Paulo yashaka kuvuga

3. Wosigura gute ico amajambo dusanga mu Banyefeso 4:30 ashaka kuvuga?

3 Imbere ya vyose, raba amajambo ya Paulo dusanga mu Banyefeso 4:30. Yanditse ati: “Ntimutuntuze impwemu nyeranda y’Imana, iyo mwadomeshejwe ikidodo ku bw’umusi w’ukubohorwa biciye ku ncungu.” Paulo ntiyashaka ko abo bari basangiye ukwemera yikundira bashira mu kaga kamere yabo y’ivy’impwemu. Impwemu ya Yehova ni yo bari “[bara]domeshejwe ikidodo ku bw’umusi w’ukubohorwa biciye ku ncungu.” Impwemu nyeranda y’Imana yari ikidodo, canke “icemeza c’ibizoza” catanzwe imbere y’igihe ku bw’abarobanuwe bazigama ugutungana kandi n’ubu ni ko iri. (2 Kor. 1:22) Ico kidodo gisobanura yuko abo bantu ari inyegu y’Imana be n’uko bazoronka ubuzima bwo mw’ijuru. Abadomwako ikidodo amaherezo bangana na 144.000.​—Ivyah. 7:2-4.

4. Kubera iki bihambaye ko twirinda gutuntuza impwemu y’Imana?

4 Gutuntuza impwemu birashobora kuba yo ntambwe ya mbere ituma inguvu ikora y’Imana ata kintu na kimwe iba igikora mu buzima bw’umukirisu. Icerekana ko ivyo bishoboka ni ivyo Dawidi yavuze aho amariye gucumura mu bijanye na Batisheba. Dawidi yinginze Yehova abigiranye ukwigaya, ati: “Ntunte kure yo mu nyonga zawe, ntunkūreko [im]pwemu [y]awe yera.” (Zab. 51:11) Abarobanuwe baguma ari “[ab]izigirwa no gushika ku rupfu,” ni bo bonyene bazoronka “urugori” rw’ubuzima budapfa mw’ijuru. (Ivyah. 2:10; 1 Kor. 15:53) Abakirisu bafise icizigiro co kuba kw’isi na bo nyene barakeneye impwemu nyeranda kugira ngo bagume batunganye imbere y’Imana bongere baronke ingabire y’ubuzima itanga yishimikije ukwizera inkuka y’incungu ya Kristu. (Yoh. 3:36; Rom. 5:8; 6:23) Ku bw’ivyo, twese dutegerezwa kwirinda gutuntuza impwemu nyeranda ya Yehova.

Umukirisu yoshobora gute gutuntuza impwemu?

5, 6. Umukirisu yoshobora gute gutuntuza impwemu ya Yehova?

5 Kubera ko turi abakirisu biyeguye, turirinda gutuntuza impwemu. Ivyo birashoboka nimba ‘tuguma tugenda twisunga impwemu,’ kubera yuko bizotuma tudatsindwa n’ivyipfuzo bibi vy’umubiri kandi ntitugaragaze ingeso zidahimbara Imana. (Gal. 5:16, 25, 26) Mugabo ivyo vyoshobora guhinduka. Twoshobora gutuntuza impwemu y’Imana ku rugero runaka hamwe twokwirekerana tukagenda akayombekere, kumbure tutabiciye n’ikanda, tukisuka mu ngeso Ijambo ryahumetswe n’impwemu y’Imana ryiyamiriza.

6 Hamwe twobandanya gukora ibintu bihushanye n’ubuyobozi butangwa n’impwemu nyeranda, twoba turiko turayituntuza twongera dutuntuza Yehova we Sôko ry’iyo mpwemu. Gusuzuma Abanyefeso 4:25-32 biraza kutwereka ukuntu dukwiye kwigenza, kandi birashobora kudufasha kwirinda gutuntuza impwemu y’Imana.

Ingene twokwirinda gutuntuza impwemu

7, 8. Sigura igituma dutegerezwa kuba imvugakuri.

7 Dutegerezwa kuba imvugakuri. Nk’uko bivugwa mu Banyefeso 4:25, Paulo yanditse ati: “Ubu ko mwiyambuye ibinyoma, umwe wese muri mwebwe navugane ukuri na mugenziwe, kuko turi ibihimba vya bagenzi bacu.” Kubera ko twunze ubumwe turi “ibihimba vya bagenzi bacu,” nta gukeka yuko tudakwiye kuba abanyaruyeri canke ngo turondere n’ibigirankana kuyovya abo dusangiye ugusenga, kubera yuko ivyo ata ho bitandukaniye no kubabesha. Umuntu wese yoshishikara ingendo nk’iyo vyomushikana ku kutagiranira ubucuti n’Imana.​—Soma Imigani 6:16, 17.

8 Amajambo be n’ibikorwa birangwa uruhendo birashobora kubangamira ubumwe bw’ishengero. Ku bw’ivyo, dukwiye kuba nka wa muhanuzi w’umwizigirwa Daniyeli, uwo abandi ata kintu kibi bashobora kumubonako. (Dan. 6:4) Kandi turakwiriye gufata nka nkama impanuro Paulo yahaye abakirisu bafise icizigiro co kuba mw’ijuru ijanye n’uko umwe wese mu bagize “umubiri wa Kristu” ari igihimba c’abandi bagize uwo mubiri, akaba akeneye kuguma yunze ubumwe n’abayoboke b’imvugakuri ba Yezu barobanuwe. (Ef. 4:11, 12) Nimba dufise icizigiro co kubaho ibihe bidahera kw’isi izoba yahindutse Iparadizo, na twebwe nyene dutegerezwa kuvuga ukuri, gutyo tukaba duterereye ku bumwe burangwa mu muryango wacu ukwiye kw’isi yose.

9. Ni kubera iki bihambaye ko twisunga ibivugwa mu Banyefeso 4:26, 27?

9 Dutegerezwa kurwanya wa Mubesheranyi, ntitumuhe akaryo ko kutugirira nabi mu buryo bw’impwemu. (Yak. 4:7) Impwemu nyeranda iradufasha kunanira Shetani. Nk’akarorero, ivyo turashobora kubigira mu kwirinda ishavu ridacungerewe. Paulo yanditse ati: “Murake, yamara ntimucumure; izuba ntirirenge mugishavuye, kandi ntimuhe ikibanza wa Mubesheranyi.” (Ef. 4:26, 27) Mu gihe dushavuye tubitumwe n’imvo zumvikana, guca dutura isengesho ryo mu gacerere birashobora kudufasha kugira “umutima utekanye,” tukagaragaza ukwigumya aho kuvyifatamwo mu buryo bwoshobora gutuntuza impwemu y’Imana. (Imig. 17:27, NW) Nimuze rero twirinde kuguma turatse bigatuma duha Shetani akaryo ko kutwosha gukora ikintu kibi. (Zab. 37:8, 9) Uburyo bumwe bwo kumunanira ni ugutorera umuti ukutumvikana tudatebaganye, nk’uko Yezu yaduhanuye kubigira.​—Mat. 5:23, 24; 18:15-17.

10, 11. Kubera iki tudakwiye kwiba canke gukora ikintu kiranga ubugunge?

10 Dutegerezwa kudatsindwa n’inyosha iyo ari yo yose yo kwiba canke kuba ingunge. Ku bijanye n’ubusuma, Paulo yanditse ati: “Uwiba ntiyongere kwiba, ahubwo nakore cane, akoreshe amaboko yiwe igikorwa ciza, kugira aronke ico aha uwuri mu mukeno.” (Ef. 4:28) Hamwe umukirisu yiyeguye yokwiba, yoba vy’ukuri ‘atukishije izina ry’Imana’ mu kurisiga iceyi. (Imig. 30:7-9) Mbere n’ubukene si imvo yumvikana yotuma umuntu yiba. Abakunda Imana na bagenzi babo baratahura yuko ata mvo yumvikana n’imwe yotuma umuntu yiba.​—Mrk. 12:28-31.

11 Paulo ntavuga gusa ivyo tudakwiye gukora; arerekana n’ivyo dukwiye gukora. Nimba tubaho tukongera tukagenda twisunga impwemu nyeranda, tuzokwita ku rutare kugira ngo dushobore kwitwararika umuryango wacu twongere turonke “ico [du]ha uwuri mu mukeno.” (1 Tim. 5:8) Yezu n’intumwa ziwe baraziganya amahera yo gufasha aboro, mugabo wa muguranyi Yuda Isikariyoti yaza aratwara kuri ayo mahera. (Yoh. 12:4-6) Nta gukeka ko atayoborwa n’impwemu nyeranda. Twebwe abayoborwa n’impwemu y’Imana “[t]wigenza mu buryo bugororotse muri vyose” nk’uko Paulo yabigize. (Heb. 13:18) Gutyo tuba twirinze gutuntuza impwemu nyeranda ya Yehova.

Ubundi buryo butandukanye twokwirinda gutuntuza impwemu

12, 13. (a) Nk’uko vyerekanwa mu Banyefeso 4:29, ni imvugo iyihe dukwiye kwirinda? (b) Imvugo yacu ikwiye kuba imeze gute?

12 Dutegerezwa gucungera imvugo yacu. Paulo yavuze ati: “Ntihagire ijambo riboze riva mu kanwa kanyu, mugabo havemwo ijambo ryose ryiza ryo kwubaka uko bikenewe, kugira ngo rihe ivyiza abaryumva.” (Ef. 4:29) N’aha nyene iyo ntumwa ntivuga gusa ivyo tudakwiye gukora; iratubwira n’ivyo dukwiye gukora. Tubifashijwemwo n’impwemu y’Imana, tuzovyurirwa umutima wo ‘kuvuga ivyiza vyo kwubaka kugira ngo bihe ivyiza abavyumva.’ Vyongeye, ntidukwiye kureka ngo hagire “ijambo riboze” riva mu kanwa kacu. Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “riboze” ryakoreshejwe mu kudondora icamwa kiboze, ifi ivyize, canke inyama ziboze. Nk’uko nyene mwene ivyo bifungurwa bidutera ishishi, turanka urunuka imvugo Yehova abona ko ari mbi.

13 Imvugo yacu ikwiye kuba iyibereye, irangwa ubuntu kandi “irunze umunyu.” (Kol. 3:8-10; 4:6) Abantu bakwiye gutahura yuko dutandukanye n’abandi igihe bumvise ivyo tuvuga. Nimuze rero dufashe abandi mu kuvuga ibintu ‘vyiza vyo kwubaka.’ Vyongeye, ese twokwumva tumerewe nka kumwe kw’umwanditsi wa Zaburi, we yaririmvye ati: “Amajambo yo mu kanwa kanje, n’ivyiyumviro vyo mu mutima wanje, bize bishimwe mu nyonga zawe, Uhoraho, gitandara canje, mucunguzi wanje.”​—Zab. 19:14.

14. Nk’uko bivugwa mu Banyefeso 4:30, 31, dutegerezwa kwiyambura ibiki?

14 Dukwiye kwiyambura umururazi, uburake, ugutukana, be n’ububi bwose. Paulo amaze kugabisha ku bijanye no gutuntuza impwemu y’Imana, yanditse ati: “Umururazi ubabaza wose, n’ishavu, n’uburake, n’ugukankama, n’ugutukana, bikurwe muri mwebwe hamwe n’ububi bwose.” (Ef. 4:30, 31) Kubera ko twese turi abantu b’abanyagasembwa, turakeneye kwita ku rutare kugira ngo ducungere ivyiyumviro vyacu n’ibikorwa vyacu. Hamwe twokwirekerana tugatwarwa n’“umururazi ubabaza, . . . n’ishavu, n’uburake,” twoba turiko turatuntuza impwemu y’Imana. Ukwo nyene ni ko biri hamwe twoguma duharura ibibi twakorewe, tukagaragaza inyifato yo kubika inziza, kandi tukanka gusubiza hamwe na nyene kutugirira nabi. N’igihe nyene twotangura kuza turirengagiza impanuro zo muri Bibiliya, twoshobora gutsimbataza ingeso zodushikana ku gucumura ku mpwemu maze tugashobora gushikirwa n’inkurikizi z’agahomerabunwa.

15. Mu gihe hari uwutugiriye nabi, dukwiye gukora iki?

15 Turakeneye kuba abanyabuntu, abanyempuhwe, n’abababarira abandi. Paulo yanditse ati: “Mucike abanyabuntu kuri bagenzi banyu, mugire impuhwe z’ikibabarwe, mubabariranira ata gahigihigi nk’uko Imana na yo yabababariye ata gahigihigi biciye kuri Kristu.” (Ef. 4:32) Naho twoba twababajwe cane n’ikibi kinaka twakorewe, nimuze tubabarire abandi, nk’uko Imana ibabarirana. (Luka 11:4) Dufate yuko uwo dusangiye ukwemera yatuvuzeko ikintu kibi. Mu kugerageza gutorera umuti iyo ngorane, turamwegereye. Arerekanye ko ababaye vy’ukuri maze akadusaba ikigongwe. Turamubabarira, mugabo ntibikwiye kugarukira aho. Mu Balewi 19:18 hagira hati: “Ntihaze hagire uwihōra, cank’ūbīkira inzigo abo mu bgoko bgabo; ariko mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda: ni jewe Uhoraho.”

Turakeneye kuba maso

16. Tanga akarorero kerekana yuko vyoshobora kuba ngombwa ko tugira ivyo duhinduye kugira ngo ntidutuntuze impwemu ya Yehova.

16 Mbere no mu mwiherero, twoshobora kwoshwa gukora ikintu kibabaza Imana. Nk’akarorero, umuvukanyi munaka yoshobora kuba amaze igihe yumviriza umuziki uteye amakenga. Amaherezo, ijwi ryiwe ryo mu mutima rikamubuza amahoro kubera yirengagije impanuro yo muri Bibiliya yashikirijwe mu bisohokayandikiro vya wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge.” (Mat. 24:45) Yoshobora gusenga ku bijanye n’iyo ngorane maze agashobora kwibuka amajambo ya Paulo ari mu Banyefeso 4:30. Kubera ko yiyemeje ashikamye kutagira ikintu na kimwe akora cotuntuza impwemu y’Imana, afashe ingingo yo kwirinda uwo muziki uteye amakenga kuva ico gihe. Yehova azohezagira agatima uwo muvukanyi agaragaje. Ku bw’ivyo, nimuze tugume twirinda gutuntuza impwemu y’Imana.

17. Ni igiki coshika hamwe tutoba maso kandi ngo tugume dusenga?

17 Tutabaye maso kandi ngo tugume dusenga, twoshobora gutwarwa n’ingeso ihumanye canke mbi yotuma impwemu ituntura. Kubera ko impwemu nyeranda ituma haba kamere zigaragaza ukuntu Data wa twese wo mw’ijuru ameze, irashobora gutuntuzwa canke kubabazwa, ico kikaba ari ikintu ata gukeka ko tutipfuza kugira. (Ef. 4:30.) Abanditsi b’Abayuda bo mu kinjana ca mbere baracumuye mu kuvuga ko ibitangaro Yezu yakora vyava kuri Shetani. (Soma Mariko 3:22-30.) Abo bansi ba Kristu ‘bararogose ku mpwemu nyeranda,’ gutyo baba bakoze igicumuro kitababarirwa. Ese tutokwigera dukora ikintu nk’ico!

18. Twomenya gute yuko tutakoze igicumuro kitababarirwa?

18 Kubera ko tutipfuza mbere no gukora ikintu coba cegereza igicumuro kitababarirwa, turakeneye kwibuka ivyo Paulo yavuze ku bijanye no kudatuntuza impwemu. Ariko none vyogenda gute hamwe twoba twakoze ikosa rikomeye? Nimba twarigaye kandi tugafashwa n’abakurambere, turashobora gushika ku ciyumviro c’uko Imana yatubabariye be n’uko tutacumuye ku mpwemu nyeranda. Tubifashijwemwo n’Imana, turashobora kandi kwirinda gusubira gutuntuza impwemu mu buryo na bumwe.

19, 20. (a) Ni ibintu bimwebimwe ibihe dukeneye kwirinda? (b) Dukwiye kwiyemeza gukora iki?

19 Imana ibicishije ku mpwemu nyeranda yayo, irakomeza urukundo, umunezero, be n’ubumwe birangwa mu basavyi bayo. (Zab. 133:1-3) Ku bw’ivyo rero, dukwiye kwirinda gutuntuza iyo mpwemu biciye ku kuvuga urusaku rubabaza canke biciye ku kuvuga ibintu vyotuma abungere bagenywe n’impwemu batakaza icubahiro. (Ibik. 20:28; Yuda 8) Ahubwo riho, dukwiye kuremesha ubumwe n’ukwubahana mw’ishengero. Nta gukeka ko tudakwiye kuremesha ivyo kwicamwo utugwi mu basavyi b’Imana. Paulo yanditse ati: “Ndabahimiriza, bavukanyi, mw’izina ry’Umukama wacu Yezu Kristu ngo mwese muvuge muhuza, kandi ntihabe ukwicamwo ibice muri mwebwe, ahubwo mube abunze ubumwe neza mu muzirikanyi umwe no mu ciyumviro kimwe.”​—1 Kor. 1:10.

20 Yehova arafise umutima ukunze wo kudufasha kwirinda gutuntuza impwemu yiwe kandi arabishoboye. Nimuze tubandanye gusenga dusaba impwemu nyeranda twongere twiyemeze kutayituntuza. Ese twoguma ‘tubiba ku bw’impwemu,’ tukarondera tubigiranye umwete ubuyobozi itanga, ubu be n’ibihe bidahera.

Wokwishura gute?

• Gutuntuza impwemu y’Imana bisobanura iki?

• Umuntu yiyeguriye Yehova yohava atuntuza gute impwemu yiwe?

• Ni mu buryo butandukanye ubuhe twokwirinda gutuntuza impwemu nyeranda?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 30]

Nutorere umuti ukutumvikana udatebaganye

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 31]

Ni ivyamwa ibihe vyerekana neza imvugo ukoresha?