Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nugume ukomeye mu vy’impwemu igihe uriko uritwararika incuti irwaye

Nugume ukomeye mu vy’impwemu igihe uriko uritwararika incuti irwaye

Nugume ukomeye mu vy’impwemu igihe uriko uritwararika incuti irwaye

INYUMA y’aho basangiye Icabona yitwa Kim afise ikivyimba hafi y’uruti rw’umugongo, baramutoye indwara ya kanseri. * Umugabo wiwe Steve avuga ati: “Ico kivyimba kimaze gukurwako mu kukibaga, Kim yaravuwe hakoreshejwe uburyo bw’imishwarara be n’imiti. Bivuye ku ngaruka z’ubwo buryo bwo kuvurwa, yahavuye agoyagoya cane. Vyari bisigaye bimugora cane kwiyunguruza.”

Woba ushobora kwiyumvira umubabaro Steve yagira igihe yaba ariko aritegereza umugenzi wiwe yikundira ariko aranyinyana n’iyo ndwara isinzikaza? Kumbure urafise incuti ya hafi irwaye indwara itera yunyuka canke iriko irashikirwa n’ingaruka z’ubusaza. (Umus. 12:1-7) Nimba ari ukwo, urazi yuko kugira ngo witwararike neza uwo muntu, utegerezwa kwitwararika n’ibikwerekeye. Mu gihe wogoyagoya mu vy’impwemu, uko ivyawe vyifashe mu vy’inyiyumvo be n’amagara yawe yo ku mubiri na vyo nyene birashobora gutangura kugeramirwa kandi woshobora kutaba ugishoboye kuronsa uwo muntu wo mu muryango imfashanyo akeneye. Ushobora gute none kuguma ufise uburimbane mu vy’impwemu igihe uriko uritwararika incuti irwaye canke igeze mu zabukuru? Hoba hari ico abandi bagize ishengero rya gikirisu bokora kugira ngo bitwararike mwene abo barwayi?

Woshobora gute kuguma ufise uburimbane?

Kugira ngo ugume ufise uburimbane mu vy’impwemu wongere ugume ufise amagara meza ku mubiri igihe uriko uritwararika incuti irwaye, urakeneye guhuza n’uko ibintu vyifashe no gukoresha neza umwanya wawe n’inguvu zawe. Mu Migani 11:2 hagira hati: “Ubgenge bubana n’abicisha bugufi.” Muri ico canditswe, imvugo ngo ‘kwicisha bugufi’ isobanura kumenya ko hari ivyo udashoboye. Kugira ngo wiyemeze neza ko utariko uragerageza gukora ivyo udashoboye, hari aho woba ukeneye gusuzuma urutonde rwawe be n’amabanga ujejwe.

Steve yaragaragaje ubukerebutsi be no kwicisha bugufi mu gusubira gusuzuma ibikorwa yari ajejwe. Uretse akazi yakora ko mw’isi, yasukura ari umuhuzabikorwa w’inama y’abakurambere n’umucungezi w’umurimo mw’ishengero ry’Ivyabona vya Yehova yarimwo muri Irilande. N’ikindi kandi yari umwe mu bagize Komite ijejwe guhanahana amakuru n’ibitaro mu karere iwabo. Steve avuga ati: “Kim ntiyigeze yidoga avuga yuko namwirengagiza mu kwitwararika cane ayo mabanga. Mugabo nari nzi yuko nariko ngerageza gukora ibirengeye ivyo nshoboye.” None Steve yatoreye umuti gute ico kintu? Avuga ati: “Maze gusuzuma ibintu ndabijanisha n’isengesho, narafashe ingingo yo guhagarika gusukura ndi umuhuzabikorwa. Narabandanije gusukura ndi umukurambere, mugabo mu guha abandi amwamwe mu mabanga nari njejwe mw’ishengero, narashoboye guhebera umwanya Kim nongera ndamwitwararika nk’uko yari abikeneye.”

Mu nyuma, Kim yaratoye mitende. Steve na Kim barasubiye kurimbura ukuntu ivyabo vyifashe, kandi Steve ashigikiwe n’umukenyezi wiwe, yarashoboye gusubira kurangura amabanga yahora ajejwe mw’ishengero. Steve asigura ati: “Twempi twarize gukora twisunga ivyo iyo ndwara yatuma dushobora gukora. Ndakengurukira cane Yehova kuba yaradufashije nkongera nkakengurukira umukenyezi wanje kuba anshigikira atidoga naho afise amagara make.”

Rimbura kandi ivyashikiye Jerry, uno akaba ari umucungezi w’ingenzi, be n’umukenyezi wiwe Maria. Babwirijwe guhindura imigambi yabo kugira ngo bitwararike abavyeyi babo bageze mu zabukuru. Maria avuga ati: “Twe n’umunega wanje twari dufise umugambi wo gusukurira mu cibare co mu mahanga turi abamisiyonari. Ariko rero, Jerry ni umwana w’ikinege, kandi abavyeyi biwe bari bakeneye kwitwararikwa. Twaciye rero dufata ingingo yo kuguma muri Irilande kugira ngo tubitwararike. Mu kubigenza gutyo, twarashobora kwama ari ho turi igihe se wa Jerry yari mu bitaro imbere y’uko apfa. Ubu tuguma duhanahana amakuru na nyina wa Jerry buri musi, kandi arashobora kuturonka bitagoranye igihe akeneye gufashwa. Ishengero nyina wa Jerry akukira ryaradufashije cane ryongera riradushigikira cane, ivyo bikaba vyaratumye dushobora kuguma mu gikorwa co kugendera amashengero.”

Ingene abandi bashobora gufasha

Igihe intumwa Paulo yariko aravuga ibijanye n’ibintu vy’umubiri bikwiye kuronswa abapfakazi bageze mu zabukuru bo mw’ishengero, yanditse ati: “Nimba umuntu ataronsa abiwe ivyo bakeneye, na canecane abo mu rugo rwiwe, aba yihakanye ukwizera akaba kandi abaye mubi kurusha uwutagira ukwizera.” Paulo yaribukije abakirisu bagenziwe yuko kugira ngo ivyo bakora bibe ‘ivyemewe mu nyonga z’Imana,’ bategerezwa kwitwararika mu vy’amahera abavyeyi babo bageze mu zabukuru be na ba sekuru na ba inakuru. (1 Tim. 5:4, 8) Ariko rero, abandi mw’ishengero barashobora gufasha mu buryo ngirakamaro kandi barakwiye kubigira.

Raba ibijanye na Hakan be na Inger, bano bakaba ari abubakanye bageze mu zabukuru baba muri Suwede. Hakan avuga ati: “Igihe umukenyezi wanje bamutora kanseri, cari ikintu kibabaje cane kuri twebwe. Inger yari yahoze afise amagara meza kandi akomeye. Ico gihe ho twabwirizwa kuja kwa muganga ku musi ku musi kugira ngo avurwe, kandi imiti yafata yatuma agoyagoya. Muri ico kiringo Inger yaguma i muhira, kandi vyari bikenewe ko ngumana na we kugira ndamwitwararike.” None ishengero Hakan na Inger barimwo ryabafashije gute?

Abakurambere bo mw’ishengero baratunganije ivy’uko uwo mugabo n’umugore bakurikirana amakoraniro ya gikirisu biciye kuri telefone. Ikigeretse kuri ivyo, abavukanyi n’abavukanyikazi baguma bitwararika kumenya ivyabo mu kubagendera no mu kubatelefona. Barabarungikira kandi amakete n’udukarata. Hakan avuga ati: “Twarumva ko dushigikiwe n’abavukanyi bose be n’uko Yehova adufasha. Ukwo kuntu batwitwararika vyaradufashije cane kuguma dukomeye mu vy’impwemu. Igishimishije, Inger yarakize, kandi twarashoboye kwongera kwitaba amakoraniro ya gikirisu ku Ngoro y’Ubwami.” Igihe abagize ishengero bakora ivyo bashoboye vyose kugira ngo bafashe abarwaye be n’abageze mu zabukuru bari muri bo, baba berekanye ko ari ‘abakunzi bakundana ibihe vyose kandi bavukiye kukubera nk’uwo muvukana mu magorwa.’​—Imig. 17:17.

Yehova araha agaciro utwigoro ugira

Kwitwararika incuti irwaye nta nkeka ko bishobora kuba ibiruhisha. Yamara, Umwami Dawidi yanditse ati: “Hahirwa ūbabara umurushwa,” nk’akarorero umuntu aba akeneye gufashwa kubera ko arwaye.​—Zab. 41:1.

Kubera iki abitwararika abarwaye canke abariko baracumukura bashobora guhimbarwa? Mu Migani 19:17 havuga hati: “Ūgirira akagongwe umugorwa aba agurānye Uhoraho, kand’ukugira neza kwiwe azokumwishura.” Ya Mana y’ukuri iritwararika bimwe bidasanzwe abasavyi bayo b’intahemuka barwaye, kandi irahezagira uwubagirira akagongwe. Umwanditsi wa Zaburi Dawidi yaririmvye ati: “Uhoraho azomwiyegeka ari ku buriri ahondobereye; ni wewe umworohereza ibisaswa iy’arwaye.” (Zab. 41:3) Turashobora kwemera tudakeka yuko Yehova yofasha uwo muntu yitwararika abandi abigiranye urukundo bishitse akagira ingorane canke agashikirwa n’ivyago.

Ese ukuntu ari vyiza kumenya ko Yehova Imana abona kandi ashima ivyo dukora mu kwitwararika incuti irwaye! Naho gufasha muri ubwo buryo vyoshobora gusaba ko tugira akigoro, Ivyanditswe bidukura amazinda yuko ‘ibimazi bimeze birtyo ari vyo bihimbara Imana.’​—Heb. 13:16.

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 2 Si ko bitwa.

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 18]

Nugume ufise uburimbane mu vy’impwemu wongere wemere gufashwa n’abandi