Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nararonse ibintu vyiza vyinshi

Nararonse ibintu vyiza vyinshi

Nararonse ibintu vyiza vyinshi

Nk’uko vyavuzwe na Arthur Bonno

HARI mu 1951. Twe n’umukenyezi wanje Edith twari kw’ihwaniro ry’intara igihe twumva itangazo ryavuga yuko hobaye inama y’abipfuza kuja mu murimo w’ubumisiyonari.

Naciye mvuga nti: “Uraza tuje kwumviriza ntuze!”

Edith yishuye ati: “Ivyo si ivyacu, Arthur!”

Nanje nti: “Erega Edith, ni ukwumviriza gusa.”

Iyo nama irangiye, haratanzwe inkaratasi zo kwuzuza dusaba kwitaba iryo Shure ry’i Gileyadi.

Namuhimirije nti: “Reka twuzuze.”

Yasubijeyo ati: “None ga Arthur, imiryango yacu na yo?”

Haciye nk’umwaka umwe n’igice iryo hwaniro ribaye, twaritavye Ishure ry’i Gileyadi maze turungikwa gukorera muri Équateur muri Amerika y’Epfo.

Nk’uko woshobora kubibona ufatiye kuri ico kiyago twe n’umukenyezi wanje twagiraniye kuri iryo hwaniro, nari umuntu azi kujijura kandi abona ko ata kintu na kimwe comunanira. Edith wewe yari umuntu yitonda kandi yifata ruto. Yakuriye mu gasagara ka Elizabeth i Pennsylvania muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, kuva akiri muto akaba atari bwigere aja kure cane y’i wabo canke ngo abone umunyamahanga. Gusiga umuryango wiwe nticari ikintu coroshe kuri we. Naho vyari ukwo, yaremeye n’umutima wiwe wose igikorwa twashinzwe co gukorera mu mahanga. Mu 1954 twarashitse muri Équateur, kuva ico gihe tukaba dukorera muri ico gihugu turi abamisiyonari. Mu myaka tumaze ng’aho, twarironkeye ibintu vyiza vyinshi. Woba wipfuza kwumva bimwebimwe muri ivyo?

Ibintu vyiza igitangaza twibuka

Ahantu ha mbere twarungitswe gukorera hari ku murwa mukuru wa Équateur ari wo Quito, ukaba uri muri ya misozi yitwa Les Andes. Vyasavye ko tumara imisi ibiri tugendera mw’igariyamoshi no mw’ikamyo kugira ngo dushikeyo tuvuye mu gisagara ca Guayaquil cubatse ku nkengera y’amazi, urwo rukaba ari urugendo ubu umuntu agira mu minuta 30 ari mu ndege! Twamaze imyaka ine y’intibagirwa dukorera i Quito. Mu nyuma, mu 1958, hari ikindi kintu ciza cabaye: Twarasabwe gukora igikorwa co kugendera amashengero.

Ico gihe, mu gihugu cose hari imizunguruko ibiri gusa mitomito. Ku bw’ivyo, ntitwagendera amashengero gusa, ariko kandi twaramara amayinga menshi mu mwaka turiko turamamaza mu dusagara dutoduto tw’Abahindi, akaba ata Vyabona babayo. Utuzu two muri utwo dusagara wasanga ari dutoduto, tutagira amadirisha n’ivyumba kandi ata kindi kintu na kimwe kirimwo kiretse igitanda. Twagiye dutwaye isandugu y’igiti yarimwo ishiga ry’ikizungu rikoreshwa na peteroli ryitwa iresho, dutwara n’ipanu, amasahani, ibase, amashuka, umusegetera, impuzu, ibinyamakuru vyo mw’isi bishaje hamwe n’ibindi bikoresho. Ivyo binyamakuru ni vyo twakoresha mu kuzibira imyenge yo mu mpome kugira ngo imbeba ntizoroherwe no kwinjira.

Naho utwo tuzu twarimwo umwiza tukaba kandi twasa nabi, turibuka ibintu vyiza igitangaza twayaga mw’ijoro twicaye ku gitanda, turiko turafungura imfungurwa zibayabaye twaba twatekeye kuri ya resho yacu. Kubera ko kamere nari mfise yo gukora ibintu gihuruduka akenshi yatuma mvuga ntabanje kwiyumvira, rimwe na rimwe umukenyezi wanje yarakoresha ivyo biringo bitekanye kugira ngo anyereke uburyo butandukanye burimwo ubugenge nari gushobora kuvugisha neza kuruta abavukanyi twagendera. Naramutega yompi, ivyo bikaba vyatuma amashengero nagendera arushiriza kuremeshwa. Vyongeye, igihe naba mpurudutse nkavuga nabi uwundi muntu, yaranka kugira uruhara muri ico kiyago. Ivyo vyatumye niga kuguma mbona abavukanyi banje mu buryo bwiza. Ariko rero, akenshi ivyo twayaga mw’ijoro vyaba bishingiye ku vyiyumviro twize mu biganiro vyo mu Munara w’Inderetsi be n’ivyo twaba twiboneye uwo musi mu murimo wo mu ndimiro. Mbega ukuntu twaciye mu bintu biteye umunezero!

Ingene twatoye Carlos

Mu gisagara ca Jipijapa kiri mu burengero bwa Équateur, baratubwiye izina ry’umuntu yari yashimishijwe, batubwira gusa izina Carlos Mejía, ntibaduha aderese yiwe. Bukeye twaravuye mu kazu twari dupanze tutazi iyo turi buhere mu kumurondera, duca dupfa gufata inzira. Twabwirizwa guca kure ibinogo vyinshi birimwo ivyondo vyari mu mabarabara yaho yasa nabi kubera ko hari haraye haguye imvura nyinshi. Nariko ngendera imbere y’umukenyezi wanje igihe bukwi na bukwi numva akaruru k’umuntu ababaye kanturutse inyuma kagira ngo: “Arthur!” Narahindukiye maze mbona Edith ahagaze mu vyondo vyirabura bimugera mu mavi. Ivyo bintu vyari bitwengeje cane ku buryo nari gutwenga iyo ntabona ko ariko ararira.

Narashoboye kumukura muri urwo rwondo, mugabo ibirato vyiwe bisigarayo. Hari agahungu n’agakobwa bariko baratwitegereza maze nca ndababwira nti: “Ndabaha amahera nimwakura ivyo birato muri urwo rwondo.” Mu kanya isase, ivyo birato bari babikuyeyo mugabo Edith yari akeneye aho yokarabira. Nyina w’abo bana yariko arihweza ibiriko biraba maze aca araduha ikaze mu nzu yiwe, akaba yaciye afasha umukenyezi wanje gukaraba ku birenge magingo ba bana bariko barahanagura vya birato. Imbere yuko tugenda, hari ikintu ciza cashitse. Narabajije uwo mugore nimba yari azi aho twoshobora gutora umugabo yitwa Carlos Mejía. Yaratangaye maze avuga ati: “Ni umugabo wanje.” Mu nyuma Carlos yaratanguye kwiga Bibiliya kandi amaherezo abagize uwo muryango bose barabatijwe. Haciye imyaka ivyo bibaye, Carlos, umukenyezi wiwe be na babiri mu bana biwe barabaye abatsimvyi badasanzwe.

Ingendo zigoye be n’ubwakiranyi burangwa igishika

Igikorwa co kugendera amashengero carimwo ingorane. Twakoresha amabisi, amagariyamoshi, amakamyo, utwato hamwe n’utudege. Igihe kimwe uwitwa John McLenachan, akaba yari umucungezi w’intara be n’umukenyezi wiwe Dorothy, baraduherekeje tugiye kwamamaza mu bigwati vy’abarovyi iruhande y’urubibe rwa Kolombiya. Twagendeye mu kato kariko imoteri. Ibimizi bingana n’ako kato vyariko birogera neza na neza iruhande yacu! Mbere n’umusozabwato yari abimenyereye twari kumwe yaratekewe n’ubwoba abonye ukuntu ivyo bimizi vyangana, aca akatisha nya kato akegereza inkombe.

Ariko rero, kuba twarashikiwe n’ingorane mu gikorwa co kugendera amashengero, vyaravuyemwo ivyiza. Twaramenyanye n’abavukanyi beza igitangaza kandi b’abakiranyi. Akatari gake imiryango yaba yatwakiriye yaratugobera ngo dufungure gatatu ku musi, mu gihe yoyo yafungura rimwe gusa, canke ikaturaza ku gitanda kimwe rudende caba kiri mu nzu, mu gihe yoyo yarara hasi. Umukenyezi wanje yarakunda kuvuga ati: “Aba bavukanyi bacu twikundira baramfasha kubona ingene dukeneye vy’ukuri ibintu bikeya.”

“Ntitwipfuza kwanka”

Mu 1960 hariho ikindi kintu ciza cadushikiye: twaratumiwe kuja gukorera ku biro vy’ishami vy’i Guayaquil. Mu gihe nakora igikorwa kijanye n’ivy’ubuyobozi, Edith yakorera mu ndimiro mw’ishengero ryari hafi y’ishami. Sinigeze mbona yuko mbereye gukorera mu biro, ari co gituma niyumvamwo ko hari ukuntu ntabishoboye. Mugabo nk’uko mu Baheburayo 13:21 havyerekana, Imana iraturonsa “ikintu ciza cose kugira ngo [d]ukore ukugomba kwayo.” Haciye imyaka ibiri, naratumiwe kwitaba ivyigwa vy’i Gileyadi vyomaze amezi icumi vyari kugirirwa kuri Beteli y’i Brooklyn muri New York. Ico gihe, abakenyezi basabwa kuguma ku gikorwa cabo. Umukenyezi wanje yararonse ikete rivuye i Brooklyn. Yasabwe kurimbura yitonze nimba yokwemeye kumara ayo mezi icumi atari kumwe n’umunega wiwe.

Mu kwishura, Edith yanditse ati: “Ndazi neza yuko ico kizoba ari co kintu kigoye kuruta ibindi vyose mw’isi umuntu yokora, mugabo turazi yuko Yehova atazobura kudufasha mu ngorane izo ari zo zose zoshobora kwaduka. . . . Ntitwipfuza kwanka uduteka utwo ari two twose twoshobora guterwa canke akaryo ako ari ko kose ko kurushiriza kuba abashoboye kurangura amabanga tujejwe.” Igihe cose namaze i Brooklyn, buri ndwi nararonka ikete ndungikiwe n’umukenyezi wanje.

Dusukura turi kumwe n’abo dusangiye ukwemera b’abizigirwa

Mu 1966, bivuye ku ngorane z’amagara, twe n’umukenyezi wanje Edith twarasubiye i Quito, aho twasubiye gukorera umurimo w’ubumisiyonari turi kumwe n’abavukanyi bo muri ako karere. Ese ukuntu bari uturorero twiza mu bijanye no kugumana ugutungana!

Hari mushiki wacu w’umwizigirwa yari afise umugabo badasangiye ukwemera yakunda kumukubita. Umusi umwe, isaha cumi na zibiri zo mu gitondo, hari umuntu yatubwiye ko uwo mushiki wacu yari yasubiye gukubitwa. Naciye nyarukira aho uwo mushiki wacu yaba. Igihe namubona, vyarandengeye. Yari arambaraye ku gitanda, yavyimbaganye kandi umubiri wose wuzuye ibikomere. Umugabo wiwe yari yamukubitishije ikirindi c’umukubuzo w’ikizungu gushika aho kivunikamwo kubiri. Uwo musi witereye, naragiye kuraba uwo mugabo i muhira maze ndamubwira yuko yari yakoze ikintu kiranga ubunyamaswa. Yarasavye ikigongwe cane.

Mu ntango z’imyaka ya 1970, amagara yanje yari yararushirije kumera neza maze turasubira mu gikorwa co kugendera amashengero. Mu muzunguruko twagendera, harimwo n’igisagara ca Ibarra. Igihe twagendera ico gisagara mu mpera z’imyaka ya 1950, hari Ivyabona babiri gusa, ni ukuvuga umumisiyonari umwe n’umuvukanyi wo muri ako karere. Ni co gituma twari dushashaye kubonana n’abashasha benshi bari bariyongereye kuri iryo shengero.

Kw’ikoraniro rya mbere twitavye ng’aho, Umuvukanyi Rodrigo Vaca yarahagaze ku mukiruruko maze ararongora ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza. Igihe cose yaba abajije ikibazo, ababa bari ng’aho, aho gukiriza baca basemerera bati: “Yo, yo!” (bisobanura ngo: Jewe, jewe!). Twe na Edith twaciye turabana dutangaye. Naribajije nti: ‘Ibi ni ibiki?’ Twahavuye tumenya yuko Umuvukanyi Vaca ari impumyi mugabo ko amenya amajwi y’abagize ishengero igihe bashize ijwi hejuru. Ni umwungere azi vy’ukuri intama ziwe! Ivyo vyatwibukije amajambo ya Yezu ari muri Yohani 10:3, 4, 14 yerekeye Umwungere w’agahebuza be n’intama, uwo mwungere akaba azinanyi neza cane na zo. Muri iki gihe, mu gisagara ca Ibarra hari amashengero atandatu akoresha ururimi rw’igisupanyoli, ishengero rimwe rikoresha ururimi rw’igikecuwa, be n’ishengero rimwe rikoresha ururimi rw’ibimenyetso. Umuvukanyi Vaca arabandanya gusukura ari umukurambere w’umwizigirwa n’umutsimvyi adasanzwe. *

Turakenguruka ukumera neza kwa Yehova

Mu 1974 Yehova yarongeye kutugirira neza igihe twasabwa gusubira kuri Beteli, aho nongeye gushingwa igikorwa kijanye no guhagarikira ibikorwa, mu nyuma na ho nkagenwa kuba mu bagize Komite y’ishami. Edith yabanje gukorera mu gikoni, maze mu nyuma atangura gukorera mu biro, ari na ho n’ubu akorera, akaba ajejwe ivyo kwakira no kurungika amakete.

Uko imyaka yagiye irahaca, twarahimbawe no kwakira abamisiyonari amajana n’amajana bamenyerejwe i Gileyadi, bano bakaba batuma abo mu mashengero bakoreramwo baba abahumuye n’abanyamwete. Turaremeshwa kandi na bene wacu be na bashiki bacu ibihumbi n’ibihumbi baje gukorera muri iki gihugu bavuye mu bihugu birenga 30. Ese ukuntu agatima kabo ko kwitanga kadukora ku mutima! Bamwebamwe baragurishije amazu yabo bongera baraheba ivyo bahora bakora kugira ngo baze ino gukorera mu turere aho usanga abamamaji b’Ubwami bakenewe cane. Baraguze imiduga kugira ngo bamamaze mu turere turi kure cane y’igisagara, barashinga amashengero mashasha, bongera barafasha mu bijanye no kwubaka Ingoro z’Ubwami. Bashiki bacu batarubaka izabo batari bake baravuye mu bindi bihugu baza gukorera ubutsimvyi ng’aha. Ese ukuntu ari abakozi b’abanyamwete kandi babishoboye!

Ego cane, nararonse ibintu vyiza vyinshi mu myaka maze ndiko ndakorera Imana. Ikiruta vyose muri ivyo ni ubucuti mfitaniye na Yehova. N’ikindi kandi, ndakenguruka kuba Yehova yarampaye “umufasha.” (Ita. 2:18) Iyo ntereje amaso inyuma mu myaka irenga 69 tumaze twubakanye, nca nibuka amajambo ari mu Migani 18:22 agira ati: “Hari uwaronse umugore mwiza? Yaronse ikintu ciza.” Narahimbawe no kuba kumwe na Edith. Yaramfashije mu buryo bwinshi cane. Yarerekanye kandi ko akunda nyina. Kuva igihe twashika muri Équateur, umukenyezi wanje yararungikira nyina ikete buri ndwi gushika mu 1990, igihe nyina yapfa afise imyaka 97.

Ubu mfise imyaka 90, Edith na we 89. Turaha agaciro umunezero twaronse mu gufasha abantu nka 70 kumenya Yehova. Kuba twarasavye kwitaba Ishure ry’i Gileyadi, ubu hakaba haciye imyaka 60, biraduhimbara vy’ukuri. Iyo ngingo twafashe yatumye turonka ibintu vyiza vyinshi mu buzima.

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 29 Inkuru y’ubuzima y’Umuvukanyi Vaca yasohotse muri Be maso! (mu congereza) yo ku wa 8 Nyakanga 1985.

[Ifoto ku rup. 29]

Aha twari ku kibuga c’inkino citwa Yankee Stadium c’i New York turi kumwe n’abandi bamisiyonari twiganye i Gileyadi mu 1958

[Ifoto ku rup. 31]

Aha twari twagendeye umuryango w’Ivyabona igihe twari mu gikorwa co kugendera amashengero mu 1959

[Ifoto ku rup. 32]

Aha twari kw’ishami ryo muri Équateur mu 2002