Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nufate ingingo zitera iteka Imana

Nufate ingingo zitera iteka Imana

Nufate ingingo zitera iteka Imana

“Umunyabwenge ararimbura intambuko ziwe.”​—IMIG. 14:15.

1, 2. (a) Ni igiki dukwiye canecane kwitwararika mu ngingo zose dufata? (b) Ni ibibazo ibihe tugira turimbure?

DUSHOBORA kuba dufata nyinshi cane buri musi. Nyinshi muri zo usanga zigira ingaruka zitamara igihe kirekire. Ariko rero, zimwezimwe muri zo zirashobora kugira ikintu kinini zikoze ku buzima bwacu. Izo none ni inki? Ni ingingo dufata. Mu ngingo zose dufata, zaba izihambaye canke izidahambaye, dukwiye kwitwararika canecane gutera iteka Imana.​—Soma 1 Abakorinto 10:31.

2 Vyoba bikworohera gufata ingingo, canke birakugora? Nimba dushaka gutera imbere ngo tube abakirisu bahumuye, dutegerezwa kwiga gutandukanya icatsi n’ururo maze tugafata ingingo zerekana ivyo twebwe ubwacu twemera, atari ivyo uwundi muntu yemera. (Rom. 12:1, 2; Heb. 5:14) Ni izindi mvo zihambaye zimwezimwe izihe zituma biba ngombwa ko twiga gufata ingingo nziza? Ni kubera iki usanga rimwe na rimwe bigoye rwose gufata ingingo? Kandi ni ibintu ibihe twokora kugira ngo twiyemeze neza yuko ingingo dufata zitera iteka Imana?

Kubera iki dutegerezwa gufata ingingo?

3. Ni ibiki tudakwiye kureka ngo bitubuze gufata ingingo?

3 Nimba turi abantu badafata ingingo igihe bisaba ko dushigikira ingingo mfatirwako zo muri Bibiliya, abo twigana canke abo dukorana boshobora gushika ku ciyumviro c’uko tutajijutse vy’ukuri ku vyo twemera, ivyo bigatuma batugirako akosho bitagoranye. Boshobora kubesha, canke kwiba maze bagaca bagerageza kutwosha ngo ‘dukurikire isinzi’ mu kwifatanya na bo canke n’imiburiburi mu kubakingira ikibaba. (Kuv. 23:2) Ariko rero, umuntu azi gufata ingingo zitera iteka Imana ntareka ngo ubwoba canke icipfuzo co kwemerwa n’abandi bitume yigenza mu buryo buteye kubiri n’ijwi ryiwe ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya.​—Rom. 13:5.

4. Ni kubera iki abandi boshobora kwipfuza kudufatira ingingo?

4 Si ukuvuga yuko abantu bose bipfuza kudufatira ingingo baba badushakira inabi. Abagenzi batwipfuriza ineza boshobora kutugobera ngo dukurikize impanuro baduha. Nimba tuba kure y’i muhira, incuti zacu zoshobora kuba zikirajwe ishinga cane n’uko twomererwa neza maze zikipfuza kubandanya kugira uruhara mu ngingo zihambaye tubwirizwa gufata. Nk’akarorero, rimbura ibijanye no kwivuza. Bibiliya iriyamiriza mu buryo butomoye ivyo gukoresha amaraso mu buryo butabereye. (Ivyak. 15:28, 29) Ariko rero, ibindi bibazo bijanye no kwitwararika amagara usanga bidatomoye bikaba rero bisaba ko umwe wese muri twebwe yifatira ingingo ku vyerekeye uburyo bwo kuvurwa yokwemera canke atokwemera. * Incuti zacu zoshobora kuba zifise ivyiyumviro ntabanduka kuri ivyo bibazo. Ariko rero, igihe turondera gufata ingingo zijanye n’ivyo bibazo, umukirisu wese yiyeguye kandi yabatijwe ategerezwa kwikorera “umutwaro wiwe bwite.” (Gal. 6:4, 5) Dukwiye kwitwararika canecane kuguma dufise ijwi ryo mu mutima ryiza imbere y’Imana, atari imbere y’abantu.​—1 Tim. 1:5.

5. Twokora iki kugira ngo ukwizera kwacu ntigusabe nk’ubwato?

5 Kudafata ingingo birashobora kudushira mu kaga gakomeye. Umwigishwa Yakobo yanditse yuko umuntu adafata ingingo aba “adashikamye mu nzira ziwe zose.” (Yak. 1:8) Nka kurya kw’umuntu ari mu bwato butagira ingafe buri mu kiyaga kirimwo igihuhusi, azozungazungishwa n’ivyiyumviro vy’abantu bihindagurika. Ese ukuntu vyokworoha yuko ukwizera kw’umuntu nk’uwo gusaba nk’ubwato, agaca ata umwikomo ku bandi ngo ni bo batumye ashikirwa n’ibintu bibabaje! (1 Tim. 1:19) Twokora iki none kugira ngo ntidushikirwe n’ikintu nk’ico? Dutegerezwa kuba abantu “[ba]tanyiganyiga mu kwizera.” (Soma Abakolosayi 2:6, 7.) Kugira ngo tube abatanyiganyiga, turakeneye kwiga gufata ingingo zerekana ko twizera Ijambo ry’Imana ryahumetswe. (2 Tim. 3:14-17) Ni igiki none coshobora kubangamira ubushobozi bwacu bwo gufata ingingo nziza?

Igituma gufata ingingo bishobora kuba urugamba

6. Ubwoba bushobora gute kugira ico bukoze kuri twebwe?

6 Ubwoba bwoshobora gutuma tubura ico dufata n’ico tureka, tugatinya ko twohava dufata ingingo zitabereye, ko vyohava bitugendera nabi, canke ko abandi bohava babona ko turi ibijuju. Kurazwa ishinga n’ivyo bintu ni ikintu cumvikana. Nta muntu n’umwe yipfuza gufata ingingo itabereye, iyotuma ashikirwa n’ingorane igashobora no gutuma amaramara. Naho ari ukwo, gukunda Imana n’Ijambo ryayo birashobora gutuma ubwoba dufise bugabanuka. Uti mu buhe buryo? Gukunda Imana bizotuvyurira umutima wo kwama dusuzuma Ijambo ryayo hamwe n’ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya imbere y’uko dufata ingingo zihambaye. Ivyo bizotuma amakosa dukora agabanuka. Uti kubera iki? Kubera yuko Bibiliya ishobora ‘guha abantu batazi utuntu n’utundi ukwiyubara, n’umusore ikamuha ubumenyi n’ubushobozi bwo kwiyumvira.’​—Imig. 1:4.

7. Akarorero k’Umwami Dawidi gashobora kutwigisha iki?

7 Twoba tuzokwama dufata ingingo zibereye? Oya. Twese turakora amakosa. (Rom. 3:23) Nk’akarorero Umwami Dawidi yari umuntu w’inkerebutsi kandi w’umwizigirwa. Yamara, vyarashika agafata ingingo zitabereye zatuma we ubwiwe hamwe n’abandi bashikirwa n’imibabaro. (2 Sam. 12:9-12) Ariko rero, Dawidi ntiyaretse ngo amakosa yiwe atume aba umuntu adafata ingingo zatuma ashimwa n’Imana. (1 Abm. 15:4, 5) Turashobora kuba abantu bafata ingingo naho twoba twarakoze amakosa kera, mu gihe twibutse nka kumwe kwa Dawidi yuko Yehova azokwirengagiza amakosa twakoze maze akababarira ibicumuro vyacu. Azobandanya gushigikira abamukunda kandi bamugamburukira.​—Zab. 51:1-4, 7-10.

8. Ni igiki twigira ku vyo intumwa Paulo yavuze ku bijanye no kwubaka?

8 Turashobora kugabanya amaganya tugira ku bijanye no gufata ingingo. Uti gute? Mu gutahura yuko rimwe na rimwe usanga hariho ibintu bibereye bitari bike dushobora guhitamwo. Rimbura ukuntu intumwa Paulo yadufashije kuzirikana ku bijanye no kwubaka. Yanditse ahumekewe n’Imana ati: “Nimba umuntu yiyumvira ko ariko yigenza ukutabereye ku bijanye n’ubusugi bwiwe, nimba amaze kurengana ishurika ry’ubuto kandi akaba ari ko bibwirizwa kugenda, nakore ico ashaka; ntaba acumuye. Nibubake. Mugabo nimba umuntu yiyemeje mu mutima wiwe kugumya ubusugi bwiwe, akaba ata kimugobera mugabo akaba ategeka ukugomba kwiwe bwite kandi akaba yafashe iyo ngingo mu mutima wiwe bwite, azoba agize neza.” (1 Kor. 7:36-38) Paulo yarerekanye yuko kutubaka ari yo ngendo nziza kuruta izindi zose, mugabo nticari co kintu conyene kibereye umuntu yohitamwo.

9. Twoba dukwiye kurazwa ishinga n’ukuntu abandi babona ingingo dufata? Sigura.

9 Twoba dukwiye kurazwa ishinga n’ukuntu abandi babona ingingo dufata? Birakwiye kuturaza ishinga ku rugero runaka. Raba ivyo Paulo yavuze ku bijanye no gufungura ibifungurwa vyashobora kubonwa ko vyashikaniwe ibigirwamana. Yaremanze yuko ingingo yinaka ubwayo yoshobora kuba atari mbi, yamara igashobora kugirira nabi umuntu afise ijwi ryo mu mutima ridakomeye. None Paulo yiyemeje gukora iki? Yanditse ati: “Nimba . . . ibifungurwa bitsitaza mwene wacu, sinzokwigera nongera kurya inyama, kugira sintsitaze mwene wacu.” (1 Kor. 8:4-13) Na twebwe nyene turakwiye kurimbura ukuntu ingingo dufata zizogira ico zikoze ku majwi yo mu mutima y’abandi. Ariko ntiwumve, ikituraza ishinga cane ni ukuntu ivyo duhitamwo bizogira ico bikoze ku bucuti dufitaniye na Yehova. (Soma Abaroma 14:1-4.) Ni ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya izihe zizodufasha gufata ingingo zitera iteka Imana?

Ibintu vyodufasha gufata ingingo nziza

10, 11. (a) Dushobora gute kwirinda kwita imbere mu muryango? (b) Ni igiki abakurambere bakwiye kuguma bibuka igihe bafata ingingo zigira ico zikoze kw’ishengero?

10 Niwirinde kwita imbere. Imbere y’uko dufata ingingo yinaka, turakeneye kwibaza duti: ‘Noba mfise uburenganzira bwo gufata iyi ngingo?’ Umwami Salomo yanditse ati: “Ukwita imbere kwaje? Agateterwe kazoza rero; mugabo ubukerebutsi buri kumwe n’abifata ruto.”​—Imig. 11:2.

11 Abavyeyi boshobora guha abana babo akaryo ko gufata ingingo zimwezimwe, mugabo abana ntibakwiye kwiyumvira ko bafise ubwo burenganzira. (Kol. 3:20) Abagore na ba inabibondo barafise ubukuru bunaka mu muryango mugabo barakwiye kwemera ubukuru abagabo babo babafiseko. (Imig. 1:8; 31:10-18; Ef. 5:23) Muri ubwo buryo nyene, abagabo barakwiye gutahura yuko ubukuru bwabo buri n’aho bugarukira be n’uko bategerezwa kuyobokera Kristu. (1 Kor. 11:3) Abakurambere barafata ingingo zigira ico zikoze kw’ishengero. Ariko rero, bariyemeza neza yuko “[batarenga] ku bintu vyanditswe” mw’Ijambo ry’Imana. (1 Kor. 4:6) Vyongeye, barakurikiza neza ubuyobozi bahabwa na wa mushumba w’umwizigirwa. (Mat. 24:45-47) Turashobora kwirinda amaganya menshi be n’intuntu nyinshi tukabirinda n’abandi mu gihe dufata ingingo tubigiranye ukwifata ruto igihe gusa tuba twabiherewe uburenganzira.

12. (a) Ni kubera iki dukwiye kugira ubushakashatsi? (b) Sigura ukuntu umuntu yoshobora kwigirira bene ubwo bushakashatsi.

12 Nugire ubushakashatsi. Salomo yanditse ati: “Imigambi y’umunyamwete ntibura kuvamwo akarusho, ariko uwihutagiza wese ntabura kugana ku bukene.” (Imig. 21:5) Nk’akarorero, woba uriko urazirikana ibijanye n’umugambi wo gukora ivy’urudandaza? Ntutwarwe n’inyiyumvo. Niwegeranye amakuru ahambaye yose ajanye n’ico kibazo, uronderere impanuro ku bantu bamenyereye ico gikorwa, kandi urondere ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zijanye na co. (Imig. 20:18) Kugira ngo utunganye ubushakashatsi wagize, nutegure intonde zibiri, rumwe rwerekana neza inyungu wohakura, urundi rwerekana ingorane zoshika. Imbere y’uko ufata ingingo, ‘nuharure ivyosohoka,’ ni ukuvuga ico ivyo vyogutwara. (Luka 14:28) Nturimbure gusa ingaruka iyo ngingo yoshobora kugira ku kuntu ivyawe vyifashe mu vy’ubutunzi, ariko urimbure n’ingaruka iyo ngingo yogira ku bucuti ufitaniye na Yehova. Kugira ubushakashatsi bisaba umwanya n’akigoro. Mugabo ubigize, woshobora kwirinda gufata ingingo gihutihuti zotuma ugira amaganya adakenewe.

13. (a) Ibivugwa muri Yakobo 1:5 bidukura amazinda gute? (b) Gusenga dusaba ubukerebutsi bishobora gute kudufasha?

13 Nusenge usaba ubukerebutsi. Ingingo dufata zizotera iteka Imana mu gihe gusa tuyisavye ngo idufashe kuzifata. Umwigishwa Yakobo yanditse ati: “Nimba rero hari uwo muri mwebwe ahajije mu bukerebutsi, nagume abusaba Imana, kuko itanga cane kuri bose ata gutera imirarwe; kandi azobuhabwa.” (Yak. 1:5) Kwiyemerera yuko dukeneye ubukerebutsi buva ku Mana kugira ngo budufashe gufata ingingo si ikintu giteye isoni. (Imig. 3:5, 6) Na kare, kwiheka gusa ku kuntu twebwe ubwacu dutahura ibintu birashobora kutuzimiza bitagoranye. Igihe dusenze dusaba ubukerebutsi tukongera tukarondera ingingo ngenderwako mw’Ijambo ry’Imana, tuba turetse impwemu nyeranda ngo idufashe kumenya imvo nyakuri zituma twipfuza gukora ikintu kinaka.​—Heb. 4:12; soma Yakobo 1:22-25.

14. Ni kubera iki dukwiye kwirinda kuba ba nzobandabikora?

14 Nufate iyo ngingo. Ntuce wihutira gukora ico kintu utaragira ubushakashatsi kandi utarasenga usaba ubukerebutsi. Umuntu w’inkerebutsi arafata umwanya wo “[ku]rimbura intambuko ziwe.” (Imig. 14:15) Ariko rero, ntube nzobandabikora. Nzobandabikora yoshobora gutangura kwirondeza imvo zitabaho zituma atagira ico akoze. (Imig. 22:13) Mugabo n’ico gihe nyene aba afashe ingingo; mu bisanzwe aba afashe ingingo yo kureka abandi ngo babe ari bo bategeka ubuzima bwiwe.

15, 16. Bisaba iki kugira ngo dushire mu ngiro ingingo tuba twafashe?

15 Nushire mu ngiro ingingo wafashe. Akigoro tugira mu gufata ingingo nziza karashobora kuba impfagusa mu gihe tutoyishishikara ngo tuyishire mu ngiro twivuye inyuma. Salomo yanditse ati: “Ikintu cose ukuboko kwawe kuronse co gukora, nugikorane ububasha bwawe.” (Umus. 9:10) Kugira ngo bitugendere neza, dutegerezwa kugira umutima ukunze wo gutegekanya ibintu vyodufasha gushira mu ngiro ingingo tuba twafashe. Nk’akarorero, umwamamaji w’ishengero yoshobora gufata ingingo yo gukora ubutsimvyi. Yoba azobishikako? Yoshobora kubishikako mu gihe atareka ngo akazi k’umurengera be n’ukwisamaza bimutware inguvu n’umwanya akeneye kugira ngo yitwararike ubusuku bwiwe.

16 Ingingo nziza kuruta izindi zose usanga zidakunda kworoha gushira mu ngiro. Uti kubera iki? Kubera ko “isi yose iri mu bubasha bwa wa mubisha.” (1 Yoh. 5:19) Dutegerezwa kunigana n’“abatware b’iyi si y’umwiza, n’ibinyankomezi vy’impwemu vy’ibibisha [biri] mu bibanza vyo mw’ijuru.” (Ef. 6:12) Intumwa Paulo hamwe n’umwigishwa Yuda barerekanye yuko abafata ingingo yo gutera iteka Imana bazorwana intambara.​—1 Tim. 6:12; Yuda 3.

17. Ku bijanye n’ingingo dufata, Yehova atwitezeko iki?

17 Nusubire kwihweza ingingo wafashe maze ugire ivyo uyihinduyeko nimba bikenewe. Si ingingo zose zigenda neza na neza nk’uko tuba twabitegekanije. “Ibihe be n’ibishika giturumbuka” bidushikako twese. (Umus. 9:11) Naho ari ukwo, Yehova yiteze ko twumira kw’ibanga ku bijanye n’ingingo zimwezimwe tuba twarafashe naho twoshikirwa n’ibigeragezo. Ingingo umuntu aba yarafashe yo kwegurira ubuzima bwiwe Yehova canke kugira indagano y’ukwabirana ntashobora kuyihindura. Imana yiteze yuko tubaho twisunga ingingo nk’izo. (Soma Zaburi 15:1, 2, 4.) Ariko rero, nyinshi mu ngingo dufata usanga zidahambaye cane. Umuntu w’inkerebutsi azoza aracishamwo asubire kwihweza ingingo yafashe. Ntazoreka ngo ubwibone canke ukutagonda izosi bimubuze kugira ico ahinduye ku ngingo yafashe canke mbere kuyihagarika. (Imig. 16:18) Ikimuraza ishinga cane ni ukwiyemeza neza yuko abandanya gutera iteka Imana mu kuntu abayeho.

Niwigishe abandi gufata ingingo zitera iteka Imana

18. Abavyeyi bashobora gute kwigisha abana babo gufata ingingo nziza?

18 Abavyeyi barashobora gukora vyinshi kugira ngo bafashe abana babo kumenya ukuntu bofata ingingo zitera iteka Imana. Gutanga akarorero keza ni kimwe mu bintu vyigisha kuruta ibindi vyose. (Luka 6:40) Igihe bibereye, abavyeyi barashobora gusigurira abana babo ivyo ubwabo bakoze kugira ngo bafate ingingo yinaka. Boshobora kandi kubona ko bibereye kureka abana babo bakifatira ingingo zimwezimwe hanyuma bakabakeza igihe ingingo yinaka yavuyemwo ivyiza. Ariko none tuvuge iki igihe umwana afashe ingingo itabereye? Umuvyeyi yoshobora gusanga aciye arondera gufasha uwo mwana ngo ntashikirwe n’ingaruka, mugabo kubigenza gutyo vyoshobora kutama bigirira akamaro uwo mwana. Nk’akarorero, umuvyeyi yoshobora kureka umwana akaronka uruhusha rwo gutwara umuduga. Dufate yuko uwo mwana arenze kw’itegeko ry’ibarabara maze agacibwa amande. Uwo muvyeyi yoshobora kuriha ayo mande. Ariko rero, mu gihe uwo mwana yosabwa gukora kugira ngo arihe ayo mande, birashoboka rwose ko azokwiga kuba umuntu yemera kubazwa ivyo akora.​—Rom. 13:4.

19. Ni igiki dukwiye kwigisha abo twigana Bibiliya, kandi twobigira gute?

19 Yezu yabwiye abayoboke biwe kwigisha abandi. (Mat. 28:20) Kimwe mu vyigwa bihambaye kuruta ibindi twokwigisha abo twigana Bibiliya ni ukubafasha kumenya ukuntu bofata ingingo nziza. Kugira ngo tubigire neza, dutegerezwa kwirinda agatima ko kubabwira ico bokora. Birarushiriza kuba vyiza tubigishije kuzirikana ku ngingo mfatirwako zo muri Bibiliya kugira ngo bashobore kwifatira ingingo y’ico bokora. Nakare, “umwe wese muri twebwe azokwibarizwa n’Imana ivyiwe.” (Rom. 14:12) Ku bw’ivyo rero, twese turi n’imvo yumvikana yo gufata ingingo zitera iteka Imana.

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 4 Nimba ushaka ikiganiro gica irya n’ino ico kibazo, raba inyongera ivuga ngo “Ni ingingo izihe nkwiye gufata ku bijanye n’uduhimba twakuwe muri vya bihimba nyamukuru bigize amaraso no ku bijanye n’uburyo bwo kumvura hakoreshejwe amaraso yanje bwite?”, yasohotse mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Munyonyo 2006, urupapuro rwa 3-6.

Wokwishura gute?

• Ni kubera iki dukwiye kwiga gufata ingingo?

• Ubwoba bwoshobora kugira ico budukozeko gute mu bijanye no gufata ingingo, kandi dushobora gute kubutsinda?

• Ni ibintu bitandatu ibihe twokora kugira ngo twiyemeze neza ko ingingo dufata zitera iteka Imana?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Uruzitiro/​Ifoto ku rup. 16]

Ibintu vyodufasha gufata ingingo nziza

1 Niwirinde kwita imbere

2 Nugire ubushakashatsi

3 Nusenge usaba ubukerebutsi

4 Nufate iyo ngingo

5 Nushire mu ngiro ingingo wafashe

6 Nusubire kwihweza ingingo wafashe maze ugire ivyo uyihinduyeko

[Ifoto ku rup. 15]

Umuntu adafata ingingo ameze nk’umuntu ari mu bwato butagira ingafe buri mu kiyaga kirimwo igihuhusi