Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba ubona ikimenyamenya c’uko Imana iriko iratanga ubuyobozi?

Woba ubona ikimenyamenya c’uko Imana iriko iratanga ubuyobozi?

Woba ubona ikimenyamenya c’uko Imana iriko iratanga ubuyobozi?

BABA Abisirayeli canke Abanyamisiri ntibari bwigere babona ikintu nk’ico. Igihe Abisirayeli bariko barava mu Misiri, inkingi y’igicu yarahagaze hafi yabo maze ibandanya kugumana na bo. Mw’ijoro yaba inkingi y’umuriro. Ese ukuntu cari ikintu giteye akoba! Ariko none iyo nkingi yari yavuye hehe? Yari ifise intumbero iyihe? Kandi, ubu haciye imyaka nka 3.500, ni igiki twokwigira ku kuntu Isirayeli yabona iyo “nkingi y’umuriro n’igicu”?​—Kuv. 14:24.

Ijambo ry’Imana rirahishura aho iyo nkingi yava be n’intumbero yayo, mu kuvuga riti: “Yehova yagendera imbere yabo ku murango mu nkingi y’igicu kugira abayobore mu nzira, mw’ijoro na ho mu nkingi y’umuriro kugira abahe umuco, bigatuma bagenda ku murango no mw’ijoro. Nya nkingi y’igicu ntiyava imbere y’abantu ku murango, eka na nya nkingi y’umuriro mw’ijoro.” (Kuv. 13:21, 22) Yehova Imana yakoresheje iyo nkingi y’umuriro n’igicu kugira ngo ayobore abasavyi biwe abakuye mu Misiri be n’igihe bariko baraca mu gahinga. Babwirizwa kuba biteguriye kugenda kugira ngo bayikurikire. Igihe ingabo z’Abanyamisiri zari zomye inyuma abasavyi b’Imana zagira zibacakire, iyo nkingi yaciye ija hagati y’iyo migwi ibiri, irakingira Abisirayeli. (Kuv. 14:19, 20) Naho iyo nkingi itaberekeje mu nzira irashe kuruta izindi, gukurikiza ubuyobozi bwayo ni bwo buryo bwonyene bwari gutuma Isirayeli ishika mu Gihugu c’isezerano.

Kuba abasavyi b’Imana barabona iyo nkingi vyarabakura amazinda yuko Yehova yari kumwe na bo. Iyo nkingi yagereranya Yehova, kandi vyarashika akavugira muri yo. (Guh. 14:14; Zab. 99:7) Vyongeye, ico gicu carerekana yuko Musa ari we yari yagenywe na Yehova kugira ngo ayobore iryo hanga. (Kuv. 33:9) Muri ubwo buryo nyene, ahantu havuga ibijanye n’igihe iyo nkingi yaboneka irya nyuma haremeje yuko Yehova yagenye Yosuwa ngo asubirire Musa. (Gus. 31:14, 15) Ego cane, kugira ngo Abisirayeli bibagendere neza igihe bariko barava mu Misiri vyavana n’ukuba barabona ikimenyamenya c’uko Imana yariko irabaha ubuyobozi maze bakabukurikiza.

Baribagiye ico kimenyamenya

Igihe Abisirayeli babona iyo nkingi ari bwo bwa mbere bategerezwa kuba baratekewe n’ubwoba. Ariko rero, birababaje kubona ico gitangaro Abisirayeli baguma babona kitabakoze ku mutima bihagije ku buryo gituma babandanya kwizigira Yehova. Bararwanije ubuyobozi bw’Imana akatari gake. Igihe ingabo z’Abanyamisiri zaboma inyuma, barerekanye ko batizigira ububasha Yehova afise bwo kubarokora. Ahubwo baragirije umusavyi w’Imana Musa yuko yariko arabayobora abajana ahantu bari gupfira. (Kuv. 14:10-12) Inyuma y’aho barokorewe biciye ku kiyaga Gitukura, baridodombeye Musa, Aroni na Yehova kubera yuko ngo ata mazi n’ibifungurwa bari bafise. (Kuv. 15:22-24; 16:1-3; 17:1-3, 7) Vyongeye, haciye amayinga makeyi ivyo bibaye, barashize umukazo kuri Aroni ngo abahingurire imasa y’inzahabu. Iyumvire ntuze ico kintu! Mu gace kamwe k’ikambi Abisirayeli barimwo, barabona ya nkingi y’umuriro n’igicu, ico kikaba cari ikimenyamenya gikomeye c’Umwe yari yarabayoboye abakuye mu Misiri, hanyuma bari hafi y’aho hantu batangura gusenga ikigirwamana kitagira ubuzima, bakavuga bati: “Iyi ni yo Mana yawe, ewe Isirayeli, yakuduganye igukuye mu gihugu ca Misiri.” Mbega “ibikorwa bikomeye vy’akagaye”!​—Kuv. 32:4; Neh. 9:18.

Ibikorwa vy’ubugarariji Isirayeli yakoze vyarerekanye yuko yakengera cane ubuyobozi Yehova yayiha. Ingorane bari bafise ntiyari ijanye n’ukubona nya kubona ahubwo yari ijanye n’ukubona kwo mu buryo bw’impwemu. Barabona iyo nkingi, mugabo ntibari bagitahura ico yasobanura. Naho ivyo bakora “[vy]atuntuza Umweranda wa Isirayeli,” Yehova abigiranye imbabazi yarabandanije kubaronsa ubuyobozi abicishije kuri iyo nkingi gushika bashitse mu Gihugu c’isezerano.​—Zab. 78:40-42, 52-54; Neh. 9:19.

Nubone ikimenyamenya c’uko Imana itanga ubuyobozi muri iki gihe

No mu bihe vya none, Yehova ntiyigeze areka guha abasavyi biwe ubuyobozi butomoye. Nka kurya nyene ataretse ngo Abisirayeli bironderere inzira bacamwo, na twebwe nyene muri iki gihe ntidusabwa kwironderera inzira idushikana mw’isi nshasha. Yezu Kristu ni we yagenywe ngo arongore ishengero. (Mat. 23:10; Ef. 5:23) Yarahaye ubukuru bunaka umugwi w’umushumba w’umwizigirwa ugizwe n’abakirisu barobanujwe impwemu b’abizigirwa. Uwo mugwi w’umushumba na wo uragena abacungezi mw’ishengero rya gikirisu.​—Mat. 24:45-47; Tito 1:5-9.

Dushobora gute none kumenya ibintu biranga uwo mugwi w’umushumba w’umwizigirwa ari we mubwiriza w’umwizigirwa? Raba ukuntu Yezu ubwiwe awudondora. Agira ati: “None ni nde mubwiriza w’umwizigirwa, w’ubwenge, uwo shebuja azoshinga umugwi w’abasuku biwe ngo agume abaha ingero yabo y’ibifungurwa ku gihe kibereye? Hahiriwe uwo mushumba, shebuja niyashika azosanga ariko akora gutyo!”​—Luka 12:42, 43.

Ku bw’ivyo, uwo mugwi w’umubwiriza ni “umwizigirwa,” ukaba utigera uhemukira canke uheba Yehova, Yezu, ukuri kwo muri Bibiliya canke abasavyi b’Imana. Kubera ko uwo mugwi w’umubwiriza ari “uw’ubwenge,” urakoresha ubukerebutsi mu bijanye no kuyobora igikorwa gihambaye cane co kwamamaza “inkuru nziza y’ubwami” no guhindura “abantu bo mu mahanga yose abigishwa.” (Mat. 24:14; 28:19, 20) “Ku gihe kibereye,” uwo mugwi w’umubwiriza ubigiranye ukugamburuka uratanga ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu vyiza kandi vy’ingirakamaro. Ukuba Yehova ashima uwo mugwi bibonekera mu kuntu ahezagira abasavyi biwe mu gutuma bongerekana, mu kubaronsa ubuyobozi igihe bafata ingingo zihambaye, mu gutuma barushiriza gutahura ukuri kwo muri Bibiliya, mu kubakingira kugira ngo abansi babo ntibabazimanganye, no mu kubaronsa amahoro yo mu muzirikanyi no mu mutima.​—Yes. 54:17; Flp. 4:7.

Niwakirize yompi ubuyobozi Imana itanga

Dushobora gute none kwerekana ko dukenguruka ubuyobozi Imana itanga? Intumwa Paulo yavuze ati: “Mugamburukire ababaja imbere kandi muyoboke.” (Heb. 13:17) Kubigira vyoshobora kutama vyoroshe. Mu kubitangira akarorero, niwishire mu kibanza c’Umwisirayeli wo mu gihe ca Musa. Nufate yuko umaze igihe kinaka uriko uragenda maze ya nkingi igaca ihagarara. Mbega izohamara igihe kingana iki? Yoba izohamara umusi? Iyinga? Amezi nk’angahe? Uribaza uti: ‘Vyoba bibereye ko ntekurura ivyo mfise vyose?’ Mu ntango, woshobora gutekurura ibikoresho ukeneye kuruta ibindi. Ariko rero, haciye imisi mikeyi, urarambiwe no kuza urarondera mu bintu vyawe, ugaca utangura gutekurura ibintu vyose. Mugabo, ugira uheze gutekurura, uciye ubona iyo nkingi ihagurutse, ukaba rero ubwirizwa gusubira kubitekera! Nticoba ari ikintu coroshe na gato. Naho ari ukwo, Abisirayeli babwirizwa “ubwo nyene [gu]ca bagenda.”​—Guh. 9:17-22.

Tuvyakira gute none igihe turonse ubuyobozi buva ku Mana? Twoba tugerageza kubushira mu ngiro “ubwo nyene”? Canke twoba tubandanya gukora ibintu nk’uko nyene dusanzwe tubikora? Twoba tuzi ubuyobozi bugezweho, nk’ubwerekeye kurongora inyigisho za Bibiliya zo ku muhana, kubwira inkuru nziza abantu bavuga urundi rurimi, kwama tugira uruhara mu gusenga kwo mu muryango, gusenyera ku mugozi umwe na Komite ijejwe guhanahana amakuru n’ibitaro, no kwigenza mu buryo bubereye ku mahwaniro? Turerekana kandi ko dukenguruka ubuyobozi Imana itanga mu kwemera impanuro. Igihe dutegerezwa gufata ingingo zihambaye, ntitwizigira ubukerebutsi bwacu bwite ahubwo duhanga amaso Yehova n’ishirahamwe ryiwe kugira ngo baturonse ubuyobozi. Vyongeye, nka kurya nyene umwana arondera gukingirwa n’abavyeyi biwe igihe hateye igihuhusi, turarondera gukingirwa n’ishirahamwe rya Yehova igihe dushikiwe n’ingorane zo muri iyi si zimeze nk’igihuhusi kirimwo imituragaro.

Ego ni ko, abaja imbere abandi mu gice co kw’isi c’ishirahamwe ry’Imana ni abanyagasembwa, mugabo na Musa yari umunyagasembwa. Naho vyari ukwo, ya nkingi yaguma itanga ikimenyamenya c’uko Musa yari yaragenywe n’Imana be n’uko yamushima. Wabonye kandi yuko Umwisirayeli umwumwe wese atari we yavuga yuko hageze ko bahaguruka. Ahubwo abantu bakora “nk’uko Yehova [yaba] yategetse biciye kuri Musa.” (Guh. 9:23) Ku bw’ivyo, birashoboka yuko Musa, we Imana yacishako mu gutanga ubuyobozi, yatanga ikimenyetso co kugenda.

Muri iki gihe, umugwi w’umubwiriza wa Yehova uratanga ikimenyetso gitomoye igihe cose hageze ko tugenda. Uti none uwo mubwiriza abigira gute? Abicisha ku biganiro vyo mu Munara w’Inderetsi no mu Gikorwa dukorera Ubwami, ku bisohokayandikiro bishasha, no ku nsiguro zishikirizwa ku materaniro no ku mahwaniro. Ubuyobozi burahabwa kandi amashengero biciye ku bacungezi b’ingenzi canke ku makete kibure biciye ku vyigwa bihabwa abavukanyi bajejwe amabanga mw’ishengero.

Woba ubona neza ikimenyamenya c’uko Imana iriko iratanga ubuyobozi? Muri iyi misi ya nyuma Yehova arakoresha ishirahamwe ryiwe kugira ngo atuyobore twebwe abasavyi biwe, aducishije muri iyi si mbi ya Shetani imeze nk’agahinga gateye akaga. Ivyo biratuma twunga ubumwe, tugakundana kandi tukibera mu mutekano.

Igihe Isirayeli yashika mu Gihugu c’isezerano, Yosuwa yavuze ati: “Murazi neza n’imitima yanyu yose n’ubuzima bwanyu bwose yuko ata jambo na rimwe mu majambo meza yose Yehova Imana yanyu yababwiye ritashitse. Yose yararangutse ku bwanyu.” (Yos. 23:14) Muri ubwo buryo nyene, abasavyi b’Imana bo muri iki gihe ntibazobura gushika mw’isi nshasha yasezeranywe. Ariko rero, kugira ngo tuzoshikeyo bivana ahanini no kuba dufise umutima ukunze wo gukurikiza twicishije bugufi ubuyobozi Imana itanga. Ese rero twese twoguma tubona ikimenyamenya c’uko Yehova ariko aratanga ubuyobozi!

[Amafoto ku rup. 5]

Muri iki gihe turiko turayoborwa n’ishirahamwe rya Yehova

Ibisohoka ku mahwaniro

Amashure ya gitewokarasi

Kumenyerezwa mu makoraniro yo kuja mu ndimiro