Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba uvyibuka?

Woba uvyibuka?

Woba uvyibuka?

Woba warinovoye ugusoma inomero z’Umunara w’Inderetsi za vuba? Raba nimba ushobora kwishura ibibazo bikurikira:

• Ni kubera iki twokwemera yuko itongo rya Edeni ari ahantu habayeho koko?

Bibiliya ivuga yuko ari ahantu habayeho koko, igatanga amakuru y’ido n’ido adondora aho ryari. Zibiri muri za nzuzi zivugwa muri iyo nkuru ziracatemba muri iki gihe. Ukwo si kwo imigani canke ibitito vyigana ibintu. Yezu, we Cabona co kwizigirwa kuruta abandi, yarerekanye ko Adamu na Eva ari abantu babayeho koko.​​—1/1, urupapuro rwa 5-6, 9.

• Imana yoba yari izi ko Adamu na Eva bocumuye?

Oya. Yehova yarabahaye ubwenge be n’ubushobozi bwo kwihitiramwo, bikaba vyaratuma bashobora guhitamwo kugamburuka canke kutagamburuka. Naho Imana ifise ubushobozi bwo kumenya ibintu imbere y’igihe, ibukoresha ku bintu bimwebimwe gusa.​​—1/1, urupapuro rwa 13-15.

• Abakirisu b’ukuri boba bakoresha izina ry’Imana nk’igiheko?

Abantu bamwebamwe bafata yuko ikintu kinaka canke ikimenyetso kinaka ari igiheko gifise ububasha budasanzwe bwo kubakingira, mugabo abasavyi b’Imana ntibabona izina ryayo muri ubwo buryo. Barizigira Yehova bakongera bakarondera gukora ivyo agomba, gutyo bakaba bahungiye mw’izina ryiwe. (Zef. 3:12, 13)​​—15/1, urupapuro rwa 5-6.

• Ni bande muri Isirayeli bungukira kuri rya tegeko rijanye no gutorora?

Bose bararyungukirako. Abakene babwirizwa gutorora ryarabaremesha gukura amaboko mu mpuzu. Abandi bararyungukirako kubera ko ryabaremesha kuba abatanzi ba cane no kwizigira imihezagiro y’Imana.​​—1/2, urupapuro rwa 15.

• Ni kubera iki Yehova yahevye Umwami Sauli?

Vyari vyitezwe ko Sauli arindira umuhanuzi w’Imana kugira ngo ashikane ikimazi, mugabo uwo mwami ntiyagamburutse, aba ari we ubwiwe ashikana ikimazi. Mu nyuma, ntiyagamburutse itegeko ryamusaba guherengeteza igisata canka Isirayeli.​​—15/2, urupapuro rwa 22-23.

• Dushobora gute kwerekana ko twanka ubugarariji?

Mu kutaba abaja b’inzoga, mu kwirinda ivy’ubupfumu no mu kwumvira ingabisho Yezu yatanze ijanye n’ubuhumbu. Nk’akarorero, turirinda kuraba amashusho yerekana ubushegabo be n’ibintu bitabaho yoshobora kudushiramwo. (Mat. 5:27, 28) Twovyerekana kandi mu kwirinda kwifatanya n’abaciwe.​​—15/2, urupapuro rwa 29-32.

• Ni igiki kiri n’ico kivuze ku bijanye n’ukuba abacukuzi barubuye iyororero ry’inzuki rya kera muri Isirayeli yo mu gihe ca none?

Abacukuzi b’ivya kera bahasanze imizinga irenga 30, abahinga bakaba bagereranya ko hafi itoni yose y’ubuki yashobora guhakurwa muri iyo mizinga buri mwaka. Ivyo vyerekana yuko ubuvumbi bwagirwa muri ico gihugu Imana yari yaravuze ko ‘cotemvye amata n’ubuki.’ (Kuv. 3:8)​​—1/3, urupapuro rwa 15.

• Ni mu buryo ki Yeremiya yari ameze nk’igiti “gitewe iruhande y’amazi, gishora imizi yaco”? (Yer. 17:7, 8)

Ntiyigeze areka kwama ivyamwa; eka kandi ntiyaretse ngo yoshwe n’abacokoranyi. Ahubwo, yarumiye kuri umwe Sôko ry’amazi azigama ubuzima yongera arafata nkama ibintu vyose Imana yamubwiye.​​—15/3, urupapuro rwa 14.

• Yezu yashaka kuvuga iki mu kubwira Marita yuko hakenewe ibintu bikeyi canke kimwe gusa? (Luka 10:41, 42)

Ntiyashaka kuvuga ko Marita yari umuntu akunda ivy’umubiri kubera ko yariko arategura ibifungurwa bitandukanye, eka kandi ntiyagomba kwerekana ko utwigoro twose Marita yariko aragira ata co twari tuvuze. Ahubwo, yariko arashimika ku bikwiye kuja imbere y’ibindi. Marita ntiyariko arungukira kuri ako karyo kadasanzwe ko gukomeza ukwizera kwiwe.​​—1/4, urupapuro rwa 12-13.

• Ni amahinyu amwamwe ayahe yaranze urubanza Yezu yaciriwe?

Sentare ntiyigeze yumviriza ivyiyumviro bimwambika izera. Harondewe ivyabona vy’ibinyoma. Urubanza rwumvirijwe mw’ijoro. Urwo rubanza rwatanguye rwongera rusozerwa ku musi umwe.​​—​—1/4, urupapuro rwa 20.